Ibibazo vy’abasomyi
Ni ryari amahanga azoshikiriza itangazo ry’«amahoro n’umutekano?»
Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’«Ibibazo vy’abasomyi» giheruka gusohorwa mu Munara w’Inderetsi,a vuba Yehova azoshira «iciyumviro ciwe» mu mitima ya ya «mahembe cumi» (ayagereranya intwaro zose z’ivya politike), ico ciyumviro kikaba ari ico guha ubushobozi bwayo n’ububasha bwayo ca «gikoko gitukura», ari ryo shirahamwe mpuzamakungu ONU. Ico gikoko citwa kandi «ishusho ya ca gikoko.» (Ivyah. 13:14, 15; 17:3, 16, 17) Mu nyuma, ya «mahembe cumi» na ca gikoko kizoba giherutse guhabwa ububasha bizoca bikuraho idini ry’ikinyoma kw’isi yose. None amahanga yoba azoshikiriza itangazo ry’«amahoro n’umutekano»b imbere y’uko idini ry’ikinyoma risangangurwa, canke azobigira inyuma yaho?—1 Tes. 5:3.
Mu bisanzwe, ntituzi igihe nyezina itangazo ry’«amahoro n’umutekano» rizoshikirizwa. Iyaba tuzi amakuru yose, ntivyoba bigikenewe ko tuguma turi maso. Yamara Yezu yigishije abigishwa biwe ‘kuguma bari maso.’ (Mat. 24:42; 25:13; 26:41) Reka ubu na ho dusuzume twitonze ivyo intumwa Pawulo yavuze mw’ikete yandikiye Abatesalonika.
Pawulo yanditse ati: «Igihe bazoba bavuga ngo: ‘Amahoro n’umutekano!’, ni ho agatikizo kazoza bukwi na bukwi, kabazeko ako kanya nyene.» (1 Tes. 5:2, 3) Ibitabu vyacu vyahora bisigura uwo murongo muri ubu buryo: Itangazo ry’«amahoro n’umutekano» rizoshikirizwa gatoyi imbere y’uko amakuba akomeye atangura, ayazotangurana n’isangangurwa rya Babiloni Akomeye ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma. Vyahora bivugwa ko iryo tangazo rizoba ikimenyetso ca nyuma cerekana ko amakuba akomeye agomba atangure.
Ariko rero inyuma yo kubizirikanako twitonze, biboneka ko hari ukundi ico ciyumviro gishobora gutahurwa. Birashoboka ko iryo tangazo rizotangwa inyuma y’isangangurwa ry’idini ry’ikinyoma. Kubera iki dushitse kuri ico ciyumviro? Raba imvo zimwezimwe.
Ni uruhara uruhe «idini ry’ikinyoma» ryagiye riragira mu ntambara zo kw’isi? Bibiliya ivuga iti: «Iwe (ni ukuvuga «wa mumaraya akomeye» ari we Babiloni Akomeye) ni ho habonetse amaraso . . . y’abantu bose bishwe kw’isi.» (Ivyah. 17:1, 5; 18:24) Kuva kera na rindi, wa mumaraya akomeye yagiye arashigikira intambara zo kw’isi be n’ibikorwa vy’iterabwoba. Duca twumva rero ko idini ry’ikinyoma ryamye rikokeza intambara n’ubugizi bwa nabi, aho kuremesha amahoro n’umutekano. Ivyo bica bivyura iki kibazo: Amahanga yoba azoshikiriza itangazo ry’«amahoro n’umutekano» inyuma yo gukuraho Babiloni Akomeye? Birashoboka, ariko nta vyo twokwemeza.
Ni ibiki bizokurikira itangazo ry’«amahoro n’umutekano?» Pawulo avuga ati: «Ni ho agatikizo kazoza bukwi na bukwi, kabazeko ako kanya nyene.» (1 Tes. 5:3) Nka hamwe rero amahanga yoshikiriza itangazo ry’«amahoro n’umutekano» imbere y’uko idini ry’ikinyoma risangangurwa, hohava haca igihe kugira idini ry’ikinyoma hamwe n’ayo mahanga bisangangurwe. Ariko Pawulo avuga ko agatikizo k’ayo mahanga kazoza «bukwi na bukwi» kabazeko «ako kanya nyene.» Birashoboka rero ko amahanga azoshikiriza itangazo ry’«amahoro n’umutekano» inyuma yo gukuraho idini ry’ikinyoma.
Abasavyi ba Yehova bazobona gute ibiriko biraba? Pawulo avuga ati: «Bavukanyi, ntimuri mu mwiza ngo uwo musi uze ubahwikire nk’uko umuco w’umurango wohwikira ibisuma.» (1 Tes. 5:4) Zirikana iki kintu: Hamwe itangazo ry’«amahoro n’umutekano» ryoshikirizwa inyuma y’isangangurwa ry’idini ry’ikinyoma, abasavyi ba Yehova bazoca babona ko agatikizo ka ya mahanga kari hafi. Ariko ayo mahanga yoyo ntazomenya ibigomba biyashikire. Agatikizo kazoyazako bukwi na bukwi nk’igisuma.
None twitege iki? Vuba ya ‘mahembe cumi’ be na ca gikoko kizoba cahawe ububasha, bizosangangura idini ry’ikinyoma. Iyo izoba ari intango y’amakuba akomeye. Turazi kandi ko hazogera igihe kanaka amahanga agatangaza «amahoro n’umutekano.» None ivyo bizoba ryari? Duhejeje kubona uburyo bubiri bushoboka. Ubwa mbere, birashoboka ko iryo tangazo rizoshikirizwa imbere y’uko idini ry’ikinyoma risangangurwa. Ubwa kabiri, birashoboka ko iryo tangazo rizoshikirizwa intwaro z’ivya politike zimaze gukuraho idini ry’ikinyoma. Reka tubirindire turabe ingene bizogenda. Akenshi ubuhanuzi bwo muri Bibiliya tubutahura neza igihe buba buriko buraranguka canke bumaze kuranguka.—Gereranya na Yohani 12:16.
Mu kurindira, igihambaye kuruta si ukumenya igihe hazoshikirizwa itangazo ry’«amahoro n’umutekano», ahubwo ni ukuguma turi intahemuka kuri Yehova. Dukwiye ‘kuguma turikanuye kandi tukazigama ubwenge bwacu’, kugira ngo uko bizogenda kwose tuzobe twiteguye.—1 Tes. 5:6.
a Raba «Ibibazo vy’abasomyi» mu Munara w’Inderetsi wo muri Munyonyo 2025.
b Imvugo Pawulo yakoresheje ng’aha yerekana ko bishoboka yuko ritazoba ari itangazo rimwe, ahubwo ko ruzoba ari urukurikirane rw’amatangazo.