ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 15/9 rup. 3-7
  • Ukuntu iyi si izovaho

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukuntu iyi si izovaho
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • NI IGIKI KIZOBA IMBERE GATO Y’UKO IHEREZO RISHIKA?
  • “UMWAMIKAZI” YIHENDA MU KWIYUMVIRA KO AZOROKOKA
  • IGITERO KIZOGABWA KU BASAVYI B’IMANA
  • AMAHANGA AZOBWIRIZWA KWEMERA ICESE YEHOVA
  • NTA YINDI NTWARO NGANZASI IZOBAHO
  • IBIZOSHIKIRA UMWANSI MUKURU W’IMANA
  • IBINTU BIZOSHIKANA KU GIHE C’AMAHORO
  • Ubwami bw’Imana bukuraho abansi babwo
    Ubwami bw’Imana buraganza!
  • Harumagedoni ni agakuru keza cane
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Yehova arahishura “ibitegerezwa kuba vuba”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 15/9 rup. 3-7

Ukuntu iyi si izovaho

“Ntimuri mu mwiza ngo uwo musi uze ubahwikire nk’uko wohwikira ibisuma.”​—1 TES. 5:4.

WOSHOBORA KUBISIGURA?

Ni ibintu bitaraboneka ibihe bivugwa mu vyanditswe bikurikira?

  • 1 Abatesalonika 5:3

  • Ivyahishuwe 17:16

  • Daniyeli 2:44

1. Ni igiki kizodufasha kuguma turi maso no kwihanganira ibigeragezo?

HAGIYE kuba ibintu vy’agakomeye. Iranguka ry’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya riremeza ico kintu, tukaba rero dukeneye kuguma turi maso. Ni igiki kizobidufashamwo? Intumwa Paulo aduhimiriza “[k]ugumiza amaso yacu . . . ku bitaboneka.” Egome, turakeneye kuguma twibuka impera y’ubuzima budahera tuzoronka, haba mw’ijuru canke kw’isi. Nk’uko imirongo ikikuje ico canditswe ivyerekana, Paulo yanditse ayo majambo kugira ngo aremeshe abemera bagenziwe kugumiza umutima ku bintu bihimbaye bokwironkeye kubera ko bagumye ari abizigirwa. Kubigenza gutyo, vyobafashije kandi kwihanganira ibigeragezo n’uruhamo.​—2 Kor. 4:8, 9, 16-18; 5:7.

2. (a) Kugira ngo icizigiro cacu kigume kitanyiganyiga, dutegerezwa gukora iki? (b) Ni ibiki birimburwa muri iki kiganiro no mu gikurikira?

2 Impanuro Paulo yatanze irimwo iyi ngingo ngenderwako ihambaye: Kugira ngo icizigiro cacu kigume kitanyiganyiga, dutegerezwa kutibanda gusa ku bintu dushikizako amaso. Turakeneye gushira umutima ku bintu bihambaye bitaraboneka. (Heb. 11:1; 12:1, 2) Nimuze rero turimbure ibintu cumi bizoba muri kazoza bifitaniye isano cane n’icizigiro cacu co kubaho ibihe bidahera.a

NI IGIKI KIZOBA IMBERE GATO Y’UKO IHEREZO RISHIKA?

3. (a) Ni ikintu ikihe kitarashika kivugwa mu 1 Abatesalonika 5:2, 3? (b) Indongozi zo mu vya politike zizokora iki, kandi ni bande boshobora kuzokwifatanya na bo?

3 Ikintu kimwe kizoba, kiravugwa na Paulo mw’ikete yandikiye Abatesalonika. (Soma 1 Abatesalonika 5:2, 3.) Aravuga ibijanye n’“umusi wa Yehova.” Nk’uko uvugwa ng’aho, “umusi wa Yehova” ni ikiringo kizotangurana n’itikizwa ry’idini ry’ikinyoma kikazoshika ku gihe caco c’agaheta kuri ya ntambara ya Harumagedoni. Ariko rero, imbere gato y’uko uwo musi wa Yehova utangura, indongozi z’isi zizoba ziriko ziravuga ziti: “Amahoro n’umutekano!” Ivyo vyoshobora kwerekeza ku kintu kizoba rimwe canke ku bintu bizogenda birakurikirana. Amahanga yoshobora kwiyumvira yuko ari mu gutorera umuti zimwezimwe mu ngorane zayo zikomakomeye. Tuvuge iki ku bijanye n’indongozi z’amadini? Kubera ko ziri mu bigize iyi si, birashoboka ko zizokwifatanya n’izo ndongozi zo mu vya politike. (Ivyah. 17:1, 2) Muri ubwo buryo, abo bakuru b’amadini bazoba bariko barigana ba bahanuzi b’ikinyoma bo muri Yuda ya kera. Yehova yavuze ku biberekeye ati: “[Bavuga] bati: ‘Hari amahoro! Hari amahoro!’, kandi ata mahoro ariho.”​—Yer. 6:14; 23:16, 17.

4. Ni ibiki dutahura abandi bantu badatahura?

4 Abazogira uruhara mu kuvuga ngo “Amahoro n’umutekano!” baba ari bande, ico kintu kizokwerekana yuko umusi wa Yehova ugira utangure. Ni co gituma Paulo yavuze ati: “Bene wacu, ntimuri mu mwiza ngo uwo musi uze ubahwikire nk’uko wohwikira ibisuma, kuko mwese muri abana b’umuco.” (1 Tes. 5:4, 5) Mu buryo butandukanye n’abandi bantu, turatahura ico ibintu biba muri iki gihe bisobanura twishimikije Ivyanditswe. None ubwo buhanuzi bujanye no kuvuga ngo “Amahoro n’umutekano!” buzoranguka neza na neza gute? Dutegerezwa kurindira kugira ngo tuzobibone. Nimuze rero twiyemeze “[kuguma] turikanuye kandi tuzigame ubwenge bwacu.”​—1 Tes. 5:6; Zef. 3:8.

“UMWAMIKAZI” YIHENDA MU KWIYUMVIRA KO AZOROKOKA

5. (a) Ya “makuba akomeye” azotangura gute? (b) Ni “umwamikazi” uwuhe azokwihenda mu kwiyumvira ko ashobora kurokoka?

5 Ni ikindi kintu kitaraboneka ikihe kizoca gikurikira? Paulo yavuze ati: “Igihe bazoba bavuga ngo: ‘Amahoro n’umutekano!’ ni ho agatikizo ka bukwi na bukwi kazoza kuri bo ako kanya nyene.” Ikiringo ca mbere c’ako “gatikizo ka bukwi na bukwi” ni igitero kizogabwa kuri “Babiloni Akomeye,” ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma, iyitwa kandi “umumaraya.” (Ivyah. 17:5, 6, 15) Ico gitero kizogabwa ku madini yose y’ikinyoma, harimwo n’ay’abiyita abakirisu, kizoba ari intango ya ya “makuba akomeye.” (Mat. 24:21; 2 Tes. 2:8) Abantu benshi bazotangazwa n’ico kintu. Kubera iki? Kubera ko gushika ico gihe, uwo mumaraya azoba abona adakeka yuko ari ‘umwamikazi atazokwigera abona ikigandaro.’ Mugabo, bukwi na bukwi azosanga yarihenze mu kwiyumvira ko ashobora kurokoka. Azokurwaho ningoga na ningoga, nk’aho vyoba bishitse “mu musi umwe.”​—Ivyah. 18:7, 8.

6. Ni nde azotikiza idini ry’ikinyoma?

6 Ijambo ry’Imana rivuga yuko “igikoko” gifise “amahembe cumi” ari co kizogaba ico gitero kuri uwo mumaraya. Umuntu yize igitabu c’Ivyahishuwe, arabona yuko ico gikoko ari Ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Ayo “mahembe cumi” agereranya intwaro zose zo muri iki gihe zishigikira ico “gikoko c’ibara ry’agahama.”b (Ivyah. 17:3, 5, 11, 12) Ese ukuntu ico gitero kizoba ari simusiga! Ibihugu bigize iryo Shirahamwe mpuzamakungu bizosahura ubutunzi bw’uwo mumaraya, vyerekane ukuntu ameze vy’ukuri, bimurotse, ‘bimutongore.’ Azotikizwa ubutagisubira kubaho.​—Soma Ivyahishuwe 17:16.

7. Ni igiki kizotuma ca “gikoko” kigaba igitero?

7 Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya burerekana kandi ikizotuma ico gitero kiba. Hari ukuntu Yehova azoshira mu mitima y’abategetsi bo mu vya politike “gushitsa iciyumviro [ciwe],” ni ukuvuga gutikiza wa mumaraya. (Ivyah. 17:17) Idini rikokeza intambara rirabandanya gutuma ibintu bigenda nabi mw’isi; ku bw’ivyo, amahanga yoshobora kwiyumvira ko gutikiza uwo mumaraya vyoyagirira akamaro. Nkako, abategetsi nibatera iryo dini, bazokwiyumvira yuko bariko barashitsa “iciyumviro cabo kimwe.” Mugabo Imana izoba iriko irabakoresha kugira ngo irandurane n’imizi idini ry’ikinyoma. Gutyo rero, ibintu bizohinduka mu buryo butangaje, igice kimwe c’isi ya Shetani gitere ikindi, kandi Shetani ntazoshobora guhagarika ico kintu.​—Mat. 12:25, 26.

IGITERO KIZOGABWA KU BASAVYI B’IMANA

8. Igitero ca “Gogi wo mu gihugu ca Magogi” ni iki?

8 Idini ry’ikinyoma rimaze gutikizwa, abasavyi b’Imana bazoba “b[ac]ibereye mu mutekano” kandi “ata ruhome rubakingiye.” (Ezk. 38:11, 14) Ni ibiki none bizoshikira uwo mugwi w’abantu uzoba usa n’uwutagira gitabara uzobandanya gusenga Yehova? Biboneka yuko “ibisata vyinshi” bizobagabako igitero simusiga. Ijambo ry’Imana rivuga yuko ico kintu ari igitero ca “Gogi wo mu gihugu ca Magogi.” (Soma Ezekiyeli 38:2, 15, 16.) Dukwiye kubona gute ico gitero?

9. (a) Ni ikintu nyamukuru ikihe kiraza ishinga umukirisu? (b) Ni ibintu ibihe dukwiye gukora ubu kugira ngo dukomeze ukwizera kwacu?

9 Kumenya imbere y’igihe ibijanye n’ico gitero kizogabwa ku basavyi b’Imana ntibituma duhagarika umutima birenze urugero. Ikituraje ishinga si ubukiriro bwacu bwite, ahubwo ni ukwezwa kw’izina rya Yehova be n’ukwemezwa kw’ubusegaba bwiwe. Nkako, Yehova yavuze incuro zirenga 60 ati: “Muzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova.” (Ezk. 6:7) Ku bw’ivyo, turarindiranye umushasharo iranguka ry’uwo muce uhambaye w’ubuhanuzi bwa Ezekiyeli, twizigiye yuko “Yehova [azi] kurokora mu kigeragezo abantu bari n’ukwihebera Imana.” (2 Pet. 2:9) Magingo ivyo bitaraba, turipfuza kutagisha akaryo na kamwe ko gukomeza ukwizera kwacu kugira ngo tuzoshobore kugumana ugutungana kwacu imbere ya Yehova naho twoshikirwa n’ibigeragezo bimeze gute. None dukwiye gukora iki? Turakwiye gusenga, kwiga Ijambo ry’Imana no kurizirikana kandi tukabwira abandi ubutumwa bw’Ubwami. Tubigenjeje gutyo, icizigiro cacu co kubaho ibihe bidahera kizoguma kitanyiganyiga “nk’inanga.”​—Heb. 6:19; Zab. 25:21.

AMAHANGA AZOBWIRIZWA KWEMERA ICESE YEHOVA

10, 11. Ni igiki kizokwerekana ko Harumagedoni igira itangure, kandi ni ibiki bizoba muri ico gihe?

10 Igitero kizogabwa ku basavyi ba Yehova kizotuma haba ikintu c’agakomeye ikihe? Yehova akoresheje Yezu be n’ingabo zo mw’ijuru, azohaseruka ku neza y’abasavyi biwe. (Ivyah. 19:11-16) Ukwo kuhaseruka kuzoba ari “intambara yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose,” ari yo Harumagedoni.​—Ivyah. 16:14, 16.

11 Ku bijanye n’iyo ntambara, Yehova avuga biciye kuri Ezekiyeli ati: “‘[Nzohamagarira kuri Gogi] inkota mu karere kanje kose k’imisozi,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. ‘Inkota y’umuntu wese izobangurirwa mwene wabo.’” Kubera ko abazoba bashigikiye Shetani bazoba bataye umutwe, bazoja mu muvurungano maze bahindukirize ibirwanisho vyabo ku bo bafatanije urugamba, ni ukuvuga umurwanyi arwanye mugenziwe. Ariko rero, na Shetani azoshikirwa n’umuvurungano ukomeye. Yehova avuga ati: “Umuriro be n’amazuku, ni vyo nzogwisha kuri [Gogi] no ku nteko ziwe no ku bisata vyinshi bizoba biri kumwe na we.” (Ezk. 38:21, 22) Ico kintu Imana izokora kizovamwo iki?

12. Amahanga azobwirizwa gukora iki?

12 Amahanga azobwirizwa gutahura yuko aneshejwe bimwe bibi bivuye kw’itegeko ryatanzwe na Yehova ubwiwe. Mu nyuma, nk’uko vyagenze kuri ba barwanyi b’Abanyamisiri ba kera boma inyuma Abisirayeli ku Kiyaga gitukura, ingabo za Shetani zoshobora kuzokwiha akaruru zihebuye ziti: “Yehova [ni we] ata gukeka abarwanira”! (Kuv. 14:25) Egome, amahanga azobwirizwa kwemera icese Yehova. (Soma Ezekiyeli 38:23.) None hasigaye igihe kingana iki kugira ngo ivyo bintu bitangure?

NTA YINDI NTWARO NGANZASI IZOBAHO

13. Ni ibiki tuzi ku bijanye n’igihimba kigira gatanu ca ca gishusho Daniyeli adondora?

13 Hari ubuhanuzi buri mu gitabu ca Daniyeli budufasha kumenya igihe tugezemwo ico ari co. Daniyeli aravuga ibijanye n’igishusho kimeze nk’umuntu gikozwe mu butare butandukanye. (Dan. 2:28, 31-33) Kigereranya intwaro nganzasi zagiye zirakurikirana zagize ikintu gikomeye zikoze ku basavyi b’Imana muri kahise no muri iki gihe. Izo ntwaro ni Babiloni, Ubumedi n’Ubuperesi, Ubugiriki, Uburoma hamwe n’iyindi ntwaro nganzasi ya nyuma iriho muri iki gihe cacu. Wize igitabu ca Daniyeli urabona yuko muri ico gishusho iyo ntwaro nganzasi ya nyuma igereranywa n’ibirenge be n’amano. Mu gihe c’Intambara ya mbere y’isi yose, Ubwongereza na Leta Zunze Ubumwe za Amerika vyaratanguye gukorana mu buryo budasanzwe. Egome, igihimba kigira gatanu ca ca gishusho Daniyeli yerekwa, ni Intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika. Ibirenge ni co gihimba ca nyuma c’ico gishusho, bikaba vyerekana ko ata yindi ntwaro nganzasi y’abantu izobaho. Kuba ibirenge n’amano bikozwe mu cuma n’ibumba, bigereranya ukuntu Intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika igoyagoya.

14. Ni intwaro nganzasi iyihe izoba iganza isi Harumagedoni niyashika?

14 Ubwo buhanuzi nyene burerekana yuko Ubwami bw’Imana, ubugereranywa n’ibuye rinini, bwasituwe ku musozi ugereranya ubusegaba bwa Yehova mu 1914. Iryo buye ubu ririko riragenda ryihuta rigana ku co rigomba guseka, ico na co kikaba ari ibirenge vya ca gishusho. Kuri Harumagedoni, ivyo birenge hamwe n’igice gisigaye c’ico gishusho bizojanjagurwa. (Soma Daniyeli 2:44, 45.) Ku bw’ivyo, Intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika izoba ikiganza isi Harumagedoni niyashika. Ese ukuntu bizoba biteye umunezero kwibonera ingene ubwo buhanuzi buranguka mu buryo bushitse!c Ariko none, ni igiki Yehova azokorera Shetani?

IBIZOSHIKIRA UMWANSI MUKURU W’IMANA

15. Inyuma ya Harumagedoni, ni igiki kizoshikira Shetani n’amadayimoni yiwe?

15 Ubwa mbere, Shetani azobwirizwa kwibonera kuva mu ntango gushika kw’iherezo ukuntu ishirahamwe ryiwe ryose ryo kw’isi rikurwaho. Ubukurikira, Shetani ubwiwe azoca ashikirwa. Intumwa Yohani aravuga ibizoca bikurikira. (Soma Ivyahishuwe 20:1-3.) Yezu Kristu, we “mumarayika . . . afise urupfunguruzo rw’inyenga,” azofata Shetani n’amadayimoni yiwe abararirize mu nyenga maze abagumizeyo mu kiringo c’imyaka igihumbi. (Luka 8:30, 31; 1 Yoh. 3:8) Ico kintu ni yo ntambwe ya mbere yo gukomeretsa umutwe wa ya nzoka.d​—Ita. 3:15.

16. Kuba Shetani azoba ari “mu nyenga” bizoba bisobanura iki?

16 None iyo “nyenga” Shetani n’amadayimoni yiwe bazoraririzwamwo ni iki? Ijambo ry’ikigiriki aʹbys·sos ryakoreshejwe na Yohani risobanura ngo “kirekire cane canke kirekire birenze urugero.” Rihindurwa kandi ngo “kidashobora kumenyekana, kitagira aho kigarukira,” be na “ahantu hagaragara hatagira iherezo.” Ku bw’ivyo, ni ahantu ata muntu n’umwe ashobora gushika kiretse Yehova be na wa mumarayika yagenye “afise urupfunguruzo rw’inyenga.” Shetani ari ng’aho, azoba adashobora kugira ico akoze, ameze nk’uwapfuye ku buryo “[atongera] kuzimiza amahanga gushika iyo myaka igihumbi iheze.” Mu vy’ukuri, iyo “ntambwe iroha” izonumishwa!​—1 Pet. 5:8.

IBINTU BIZOSHIKANA KU GIHE C’AMAHORO

17, 18. (a) Ni ibintu bitaraboneka ibihe tumaze kurimbura? (b) Ivyo bintu nivyamara kuba, tuzokwinjira mu kiringo ikihe?

17 Himirije gushika ibintu bihambaye kandi vy’agakomeye. Turashashaye kubona ukuntu amajambo agira ngo “Amahoro n’umutekano!” azoranguka. Mu nyuma, tuzokwibonera ugutikizwa kwa Babiloni Akomeye, igitero ca Gogi w’i Magogi be n’intambara ya Harumagedoni. Vyongeye, Shetani n’amadayimoni yiwe bazoraririzwa mu nyenga. Inyuma y’ivyo bintu, igihe ububi bwose buzoba bwavuyeho, tuzokwinjira mu kindi kiringo c’ubuzima, ni ukuvuga muri ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi, aho tuzokwironkera “amahoro menshi.”​—Zab. 37:10, 11.

18 Uretse ivyo bintu bitanu duhejeje kwihweza, hariho ibindi bintu “bitaboneka” twipfuza ‘kugumizako amaso.’ Ivyo bintu bizorimburwa mu kiganiro gikurikira.

a Ivyo bintu cumi birimburwa muri iki kiganiro no mu gikurikira.

b Raba igitabu Révélation:le grand dénouement est proche! urupapuro rwa 251-258.

c Imvugo ngo ‘ubwo bwami bwose buzoherengetezwa’ iboneka muri Daniyeli 2:44, yerekeza ku bwami, ari zo ntwaro nganzasi, bugereranywa n’ibihimba vya ca gishusho. Ariko rero, ubuhanuzi bwo muri Bibiliya busa n’ubwo burerekana yuko “abami b’isi yose” bazokoranirizwa hamwe kugira barwanye Yehova kuri wa “musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose.” (Ivyah. 16:14; 19:19-21) Ku bw’ivyo, ubwami buzotikizwa kuri Harumagedoni si burya bugereranywa n’ico gishusho bwonyene, ahubwo harimwo n’ubundi bwose bwo muri iyi si.

d Intambwe ya nyuma yo kujanjagura umutwe wa ya nzoka iba ya myaka igihumbi irangiye igihe Shetani n’amadayimoni yiwe bararirizwa mu “kiyaga c’umuriro n’amazuku.”​—Ivyah. 20:7-10; Mat. 25:41.

IBINTU BITANU BIRARIRIYE GUSHIKA:

  1. Ugutangaza “Amahoro n’umutekano!”

  2. Amahanga agaba igitero kuri “Babiloni Akomeye” maze akamutikiza

  3. Igitero kizogabwa ku basavyi ba Yehova

  4. Intambara ya Harumagedoni

  5. Shetani n’amadayimoni yiwe batererwa mu nyenga

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika