UMUNTU AVUGWA MURI BIBILIYA
Tinya Imana cokimwe na Obadiya
Obadiya ni we yagaba ivyo mu rugo rw’umwami mubi Ahabu, umwe yatuma igihugu cuzura ugusenga Bayali. Ariko Obadiya we yaratinya Imana ‘kuva mu buto bwiwe.’ (1 Abm. 18:1-13) Igihe rero umwamikazi Yezebeli yategeka ko abahanuzi ba Yehova bose bicwa, Obadiya yari azi ko yari akwiye kugira ico akoze abigiranye umutima rugabo kugira ngo iryo bara ntirigwe. Kunyegeza umuhanuzi umwe gusa vyarimwo akaga, mugabo Obadiya we yanyegeje abahanuzi 100 kandi yarabaronsa ibifungurwa naho hari inzara ikomeye. Ibaze rero ingene bitamworoheye kunyegeza abo bantu bose, ku buryo mu bahanuzi b’ikinyoma amajana bakorera umwami n’umwamikazi ata n’umwe yabimenye.—1 Abm. 18:19.
Ni igiki none twigira kuri uwo mugabo yatinya Imana? Obadiya yaratinya Imana cane kuruta ukwo yatinya Ahabu. Ivyo vyatumye agira umutima rugabo aremera gushira ubuzima bwiwe mu kaga, kugira akingire abavukanyi biwe. Na twebwe nyene, turakeneye kugaragaza ugutinya Imana, na canecane igihe igikorwa cacu kibujijwe mu karere tubamwo. Ukwo gutinya Imana kuzotuma tugira umutima rugabo wo gufasha abavukanyi na bashiki bacu igihe bari mu bihe bitoroshe.