«Abana ni ingabire Yehova atanga»
HOBA hari umuntu amaze kuguha ingabire idasanzwe? Ushobora kuba wayihawe n’umuntu ukunda cane. None wofata gute iyo ngabire? Nta gukeka ko woyibungabunga cane.
Bibiliya ivuga ko ‘abana ari ingabire Yehova atanga.’ (Zab. 127:3) Kubw’ivyo rero, abavyeyi babona ko abana babo ari ingabire y’agaciro bahawe n’Umuvyeyi wabo wo mw’ijuru. Vyongeye, bipfuza gukora uko bashoboye kwose kugira ngo abana babo bagire amagara meza, babeho bahimbawe kandi bagiranire ubucuti bwiza na Yehova
Ariko rero ikibabaje, ni uko hari abavyeyi bamwebamwe muri iki gihe batabona abana babo nk’ingabire Yehova yabahaye. (Yes. 49:15; 2 Tim. 3:1-3) Abandi na bo barashobora kuba bipfuza kwitwararika abana babo, ariko bikabagora kubera ko bafise abana benshi. None ni ibiki bituma abavyeyi bamwebamwe bavyara abana benshi? Ni ibiki Yehova yiteze ko abavyeyi bakorera abana babo? Vyongeye, ni ibiki abavyeyi b’abakirisu bokora kugira ngo baroranirwe mu kurera abana babo?
NI IBIKI BITUMA ABAVYEYI BAMWEBAMWE BAVYARA ABANA BENSHI?
Akosho k’abantu bo mu kibano no mu muryango. Mu turere tumwetumwe, abavyeyi bafise abana benshi barubahwa cane n’abantu bo mu kibano. Kubw’ivyo, hari abavyeyi bagirwako akosho n’abo mu muryango wabo canke ababanyi babo ngo bavyare abana benshi, kumbure barenze n’abo bashoboye kurera.
Amaganya y’ivyoshika muri kazoza. Mu bihugu bimwebimwe aho abana bapfa ku bwinshi kubera gufungura nabi, indwara hamwe no kubura abaganga bakwiye, hari abavyeyi baca bavyara abana benshi kugira ngo n’imiburiburi hazogire abakura. Abandi na bo bahitamwo kuvyara abana benshi kugira bazoronke ababitwararika nibamara gusaza. Ivyo ni ko biri canecane mu bihugu aho usanga ata bigo vyitwararika abageze mu zabukuru bihari.
Uburyo bwo gutandukanya imvyaro. Mu tundi turere na ho usanga uburyo bwo gutandukanya imvyaro butaboneka ku bwinshi. Hari abandi batinya ingaruka z’imiti yo gutandukanya imvyaro kubera ko iyiboneka mu karere iwabo idakwije ubuziranenge. Hari n’abandi bidakunda ko bakoresha uburyo bwo gutandukanya imvyaro kubera ko buba buzimvye cane.a
NI IBIKI YEHOVA YITEZE KO ABAVYEYI BAKORERA ABANA BABO?
Nimumarane umwanya n’umwe wese mu bana banyu
Nimuronse abana banyu ivyo bakeneye. Yehova yarajeje abavyeyi ibanga ryo kuronsa abana babo ivyo bakeneye. Yiteze ko abavyeyi bakora cane kugira ngo umwana wabo wese aronke ibifungurwa, ivyambarwa n’uburaro. Yehova kandi yiteze ko abavyeyi batoza indero abana babo. Rero abavyeyi b’abakirisu ntibapfa kurungika abana babo mu mashure y’indaro. Ahubwo barakora uko bashoboye kwose kugira ngo abana babo bakurire muhira kandi bakabafasha kwiga ibizotuma bibeshaho. Ivyo bituma bamarana umwanya n’umwe wese mu bana babo, gutyo bakumva ko batekanye, bakingiwe kandi ko bakunzwe. Naho ari ukwo, Yehova ntiyitega ko abavyeyi baba abatunzi. Wanashima, abavyeyi yahisemwo ngo bamurerere Umwana wiwe akunda cane, ntibari abatunzi ariko bari abavyeyi bakora cane.—Mat. 13:55, 56; Luka 2:24.
Ico Bibiliya ivuga: «Mu vy’ukuri, nimba umuntu ataronsa abiwe ivyo bakeneye, na canecane abo mu rugo rwiwe, aba yihakanye ukwizera kandi aba abaye mubi kurusha uwutagira ukwizera.»—1 Tim. 5:8.
Yehova aratahura ko abavyeyi bokenera gufashwa bamaze gusaza. Nkako, kimwe mu vyo abana bokora mu gutera iteka abavyeyi babo, ni ukwitwararika kubaronsa ivyo bakeneye bamaze gusaza. (Kuv. 20:12; 1 Tim. 5:4) Ariko rero, Yehova arahimbarwa iyo abavyeyi bashize umutima ku kuntu bazokwitwararika abana babo aho kuwushira ku kuntu abana bazobitwararika.—2 Kor. 12:14.
Nimwigishe abana banyu ivyerekeye Yehova. Abavyeyi b’abakirisu barafise kandi ibanga ryo gufasha abana babo gukunda Yehova no kumusenga. Kwigisha abana ivyerekeye Imana ni co kintu gihambaye Yehova yiteze ko abavyeyi bakorera abana babo.—Gus. 6:6, 7.
Ico Bibiliya ivuga: «Mubandanye kubarera mu kubatoza indero mwongera mubakebura nk’uko Yehova yashinze.»—Ef. 6:4.
YEHOVA YIPFUZA KO MURORANIRWA MU KURERA ABANA BANYU
Nimuyage imbere y’igihe igitigiri c’abana mwipfuza kuvyara
Nimutegekanye ibintu imbere y’igihe. Nimba mwipfuza kuvyara abana nimuzirikane mwitonze ku kuntu ivyanyu vyifashe. Nk’akarorero, muhisemwo kuvyara abana benshi, mwoba muzoronka uburyo bukwiye bwo kubagaburira, kubambika, no kubarihira amashure? Nimba mutobishobora, nimuyage n’uwo mwubakanye igitigiri c’abana mwovyara kugira mushobore kwitwararika buri mwana wese nk’uko Yehova abibasaba. Ariko ntiwumve, Yehova aratahura ko ibintu vyose bitama bigenda nk’uko tuba twabitegekanije. (Umus. 9:11) Ariko rero, azohezagira utwigoro twose mugira kugira mushitse ivyo abitezeko.
Ico Bibiliya ivuga: «Imigambi y’umunyamwete ntibura kuroranirwa, ariko abihutagiza bose bibashikana ku bukene.»—Imig. 21:5.
«Ni nde muri mwebwe iyo ashatse kwubaka umunara, atabanza kwicara agaharura ico bizomutwara, kugira arabe ko afise ibikwiye vyo kuwurangiza?»—Luka 14:28.
Nimushire Yehova mu kibanza ca mbere mu muryango wanyu. Ikintu gihambaye kuruta ibindi vyose mukwiye kwitwararika mu muryango wanyu, ni ugukorera Yehova. Nimba mufise abana, nimufate umwanya wo kwigisha umwumwe wese muri bo gukunda Yehova. Nimubafashe gukurikira neza mu makoraniro no kuyungukirako. Nimwitwararike kuguma mugira ugusenga kwo mu muryango buri ndwi. Nimumenyereze abana banyu kwamamaza. Ibanga ryo kurera abana banyu ntimuriremeke abana banyu bakuze canke izindi ncuti. Naho gufasha abana gukunda Yehova bisaba umwanya n’inguvu, muzohimbarwa n’ivyiza bizovamwo.
Ico Bibiliya ivuga: «Nta kindi contera umunezero kuruta kwumva yuko abana banje babandanya kugendera mu kuri.»—3 Yoh. 4.b
Nimwizigire Yehova. Nimba muriko muriyumvira ivyo kuvyara abana canke mumaze kubaronka, nimumenye ko ivyo Yehova abitezeko bihambaye kuruta imico n’imigenzo vy’aho mubaye.
Gufasha abana banyu gukunda Yehova bisaba umwanya n’akigoro
Nimba muhisemwo kuvyara abana bake, nimwizigire ko Yehova azoguma abaronsa ivyo mukeneye mumaze gusaza. Nimwirinde kubona abana banyu nk’umutahe muzokwikorako mumaze gusaza. Ntimukwiye kwigera mugira ubwoba ko mutazoronka uwubitwararika. Yehova asezerana ko azobitwararika, kandi yama ashitsa ivyo asezerana.—Yos. 23:14.
Ico Bibiliya ivuga: «Niwizigire Yehova n’umutima wawe wose, kandi ntiwiheke ku bwenge bwawe. Numwibuke mu vyo ukora vyose, na we azogorora inzira zawe.»—Imig. 3:5, 6.
«Kuva nkiri muto gushika ubu nshaje, sindigera mbona umugororotsi yahebwe, canke abana biwe basegerereza ibifungurwa.»—Zab. 37:25.
«Gume rero mubanza kurondera Ubwami n’ubugororotsi bw’Imana, ivyo bindi vyose na vyo muzovyongerwa.»—Mat. 6:33.
Abana ni ingabire y’agaciro Yehova yahaye abavyeyi. Ese ingene Yehova ahimbarwa iyo abavyeyi b’abakirisu bitwararitse neza iyo ngabire yabahaye. Bararonsa abana babo ivyo bakeneye mu vy’umubiri, bakitaho uko bamerewe, bakanabafasha kugiranira ubucuti bwiza na Yehova. Barategekanya imbere y’igihe igitigiri c’abana bazovyara, kandi ivyo Imana ibitezeko babona ko ari vyo bihambaye kuruta imico n’imigenzo vy’aho babaye. Iyo abavyeyi b’abakirisu bakoze ivyo bintu, baba berekanye ko abana babo ari ‘ingabire y’agaciro Yehova yabahaye.’
a Umugabo n’umugore ni bo bihitiramwo igitigiri c’abana bovyara, igihe bobavyarirako, n’uburyo bwo gutandukanya imvyaro bokoresha. Kubw’ivyo rero, nta n’umwe akwiye gutora amahinyu ingingo baba bifatiye. (Rom. 14:4, 10-13) Vyongeye, umugabo n’umugore b’abakirisu bakwiye kugumiza ku muzirikanyi impanuro dusanga mu 1 Abakorinto 7:3-5.
b Naho abana bavugwa muri uwo murongo berekeza ku bigishwa, umuvyeyi na we nyene arashobora kugira umunezero nk’uwo Yohani yagize.