Ingene twotanguza ibiyago
Umunara w’Inderetsi 1 Nzero
“Bisa n’uko igiturire mu ntwaro cabaye ndanse. Wibaza ko biva ku ki? [Rindira yishure.] Aya majambo dusanga muri Bibiliya aratwereka ico bivako. [Soma Umusiguzi 7:20.] Iki kinyamakuru kirerekana ikintu Bibiliya ivuga ko kizokuraho igiturire. Turagusavye urondere akanya ugisome. Rwawe ng’iki.”
Be maso! Nzero
“Abantu benshi bemera yuko ibiri n’ubuzima vyabayeho ku gihamana, mugabo abandi barakekeranya. Wibaza ko ibiri n’ubuzima vyabayeho gute? [Rindira yishure.] Ubushakashatsi bumaze imyaka mirongo bugirwa burerekana yuko ibiri n’ubuzima biva ku biri n’ubuzima. Ivyo birahuye n’aya majambo asanzwe yo muri Bibiliya. [Soma Zaburi 36:9.] Iki kinyamakuru kirasigura igituma abantu benshi bahavuye bemera yuko ibiri n’ubuzima bihanitse rwose kandi ari vyiza cane ku buryo bitoba vyabayeho ku gihamana.”