Amatangazo
◼ Ivyo tuzoshikiriza muri Kigarama: Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? canke Abapfuye boba vy’ukuri bashobora kwongera kubaho?, Imibabaro yoba izoteba igahera?, Ni igiki cotuma mu rugo harangwa agahimbare?, Ni nde vy’ukuri aganza isi?, Ubona gute Bibiliya?, Ubona gute kazoza? be na Woba ushaka kumenya ukuri? Nzero na Ruhuhuma: Kamwe muri utu dutabu tw’impapuro 32: Inkuru nziza iva ku Mana, Niwumvirize Imana canke Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera. Ntwarante na Ndamukiza: Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso!
◼ Icibutso co mu 2016 kizoba ku wa gatatu igenekerezo rya 23 Ntwarante 2016.
◼ Guhera ku wa 1 Nzero 2015, ya ntunganyo y’uko amashengero akoresha uwa gatandatu wa mbere wa buri kwezi mu kwibanda ku gutanguza inyigisho za Bibiliya izohagarara. Abamamaji boshobora gushikiriza ibinyamakuru nk’uko basanzwe babigira ku yindi ya gatandatu. Turashobora gutanguza inyigisho za Bibiliya igihe ico ari co cose mu kwezi dukoresheje ibinyamakuru canke ibindi bitabu bikoreshwa mu kuyobora inyigisho za Bibiliya.