Ibikurubikuru vyo mu murimo wo mu ndimiro
Mu Burundi, abantu 28.694 ni bo bitavye Amahwaniro y’akarere yataziriwe ngo “Gume mubanza kurondera Ubwami bw’Imana!” Habaye mwene ayo mahwaniro 24. Habatijwe abantu 579! Ata gukeka amavidewo yerekanywe yarabaye ikintu c’intibagirwa. Nimuze dukengurukire Yehova kubera ko aturonsa ibifungurwa vyinshi vyo mu vy’impwemu!