Inyishu Ku Bibazo Vyanyu
◼ Vyoba bibereye ko amashengero canke abantu ku giti cabo bakoresha ibimenyetso biranga inzego zigengwa n’amategeko, bikoreshwa n’Ivyabona vya Yehova?
Ikimenyetso c’urwego Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania be n’izindi nzego zikoreshwa n’ishirahamwe ryacu ni agacapo k’Umunara w’Inderetsi. Bibiliya yuguruye ni co kimenyetso urwego Christian Congregation of Jehovah’s Witnesses rushira ku vyo ruba rwanditse. Izindi nzego zikoreshwa n’Ivyabona vya Yehova zifise ibimenyetso biziranga bitandukanye.
Amashengero canke abantu ku giti cabo ntibakwiye gukoresha ibimenyetso canke amazina biranga inzego zemewe n’amategeko z’ishirahamwe, cabure ngo bakoreshe ibimenyetso canke amazina bisa cane n’ivyo vy’ishirahamwe, ku Ngoro z’Ubwami, ku bikoresho vyabo bwite canke ku bindi bintu. Bene ukwo gukoresha ibimenyetso vy’ishirahamwe vyoshobora gutuma abategetsi, abamamaji be n’abandi bazazanirwa ku bijanye n’imigenderanire yemewe n’amategeko iri hagati y’ishengero be n’inzego zemewe n’amategeko z’ishirahamwe. Muri ubwo buryo nyene, amakete yoshobora gufatwa ukutarikwo, akabonwa nk’aho yemejwe canke yarungitswe n’icicaro gikuru kibure ibiro vy’ishami.
Ikimenyetso c’Umunara w’Inderetsi canke ikindi gisa na co ntigikwiye kuzokoreshwa mu bikorwa bijanye no kwubaka Ingoro z’Ubwami naho nyene iyo Ngoro y’Ubwami yoba yegukira urwego runaka rw’Ishirahamwe Watch Tower. Amashengero yari asanzwe afise Ingoro z’Ubwami zifise ikimemenyetso kinaka, ntasabwe guca ubu nyene agihindura kubera y’uko ivyo vyoshobora gusaba ko haba amahinduka akomeye, umwanya, utwigoro be n’uburyo. Ariko rero, harakwiye kwiyumvirwa ivy’uko hagira ibihindurwa mu gihe vyoba atari vyinshi kandi bikaba bitosaba igikorwa gikomeye. Mu gihe na ho ibikeneye guhindurwa vyoba ari vyinshi, vyoshobora kugirwa igihe mutegekanirizako kuzosubiramwo iyo nyubakwa canke ico kimenyetso.