Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 4 Rusama
INDWI ITANGURA KU WA 4 RUSAMA
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
lv ikig. 4, inzitiro ziri ku rup. 46-49
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Kuvayo 23-26
No. 1: Kuvayo 24:1-18
No. 2: Igihambaye vy’ukuri ni igiki? (lr ikig. 16)
No. 3: Umusi umwumwe wose w’irema, woba wari umusi w’amasaha 24? (td 17B)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 5: “Nukoreshe udupapuro tw’inkuru nziza muri ibi bihe.” Nuremeshe abavukanyi kwitegurira gushikiriza udupapuro tw’inkuru z’Ubwami igihe cose habonetse akaryo.
Imin. 10: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 15: Akamaro ko kwitwararika abandi. Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza gishingiye kuri Matayo 8:2, 3 no kuri Luka 7:11-15. Ni kubera iki abantu barushiriza kuba abiteguriye kutwumviriza igihe tuberetse ko tubitwararika bimwe bivuye ku mutima? Dushobora gute kumenya ibihimbara uwo dusanze ku muhana be n’ibimuraje ishinga? Twoshobora gute kugaragaza ubwitwararitsi igihe duhuye n’umuntu ageze mu zabukuru, umuyabaga, umunyeshure wo muri kaminuza, umuvyeyi, canke uwurwaye cabure uwishwe n’intuntu?