Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizorimburwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi mu ndwi itangura ku wa 27 Ndamukiza 2009. Umucungezi w’ishure azoyobora isubiramwo ry’iminuta 20 rishingiye ku mayagwa yarimbuwe mu biganiro vyashikirijwe kuva mu ndwi itangura ku wa 2 Ntwarante gushika mu ndwi itangura ku wa 27 Ndamukiza 2009.
1. Yozefu yavyifashemwo neza gute mu nyosha mbi yamushikira buri musi? (Ita. 39:7-12) [lv rup. 105 ing. 18–rup. 106 ing. 20]
2. Ni umuco uwuhe Bibiliya itanga ku bijanye n’imisi mikuru yo kwibuka ivuka? (Ita. 40:20-22) [lv rup. 147 ing. 9, rup. 150–rup. 151 ing. 11]
3. “Icumu ry’ubugabe” be n’ “inkoni yo kuganza” bisobanura iki? (Ita. 49:10) [w04 15/1 rup. 29 ing. 3]
4. Amajambo Yozefu yavuze agira ati: “Muze mukūre amagufa yanje ino, muyadūgane,” yagize ico akoze gute? (Ita. 50:25) [w07 1/6 rup. 28 ing. 10]
5. Ni igiki codufasha kwizigira mu gihe dushinzwe ibanga ritoroshe? (Kuv. 4:10, 13) [w04 15/3 rup. 25 ing. 4]
6. Ni ibiki vyavuye mu kuntu Yehova yafashe Farawo, kandi ivyo bintu vyabaye bigira ico bikoze gute kuri twebwe? (Kuv. 9:13-16) [w05 15/5 rup. 21 ing. 8]
7. Muri Kuvayo 14:30, 31 hatekeye insobanuro iyihe muri iki gihe? [w04 15/3 rup. 26 ing. 5]
8. Nk’uko biri muri Kuvayo 16:1-3, ni akaga akahe kari mu kwidodomba? [w06 15/7 rup. 15 ing. 4-5]
9. Nk’uko Isezerano ry’Itegeko riri muri Kuvayo 19:5, 6 rivyerekana, ni ku rugero rungana iki vyovugwa ko Isirayeli yari ‘ubwami bw’abaherezi, ihanga ryera’? [w95-F 1/7 rup. 16 ing. 8]
10. Ni mu buryo ki ibwirizwa rigira cumi rivuga ibijanye n’umwina rirengeye amategeko ashingwa n’abantu? (Kuv. 20:17) [w06 15/6 rup. 23-24 ing. 16]