Ihwaniro ry’intara ry’Ivyabona vya Yehova ryo mu 2007 ryataziriwe ngo “Kurikira Kristu!”
1, 2. (a) Musa yaremesheje gute Abisirayeli kwungukira ku gukoranira hamwe? (b) Ni imyiteguro nyabaki dukeneye gutangura kugira guhera ubu?
1 Musa yabwiye Abisirayeli bose be n’abanyamahanga baba muri bo kwama bakoranira hamwe uko haciye imyaka indwi kugira ngo basomerwe Ivyagezwe. Ni kubera iki babisomerwa? “Kugira ngo bavyumve, bavyige” (Gus. 31:10-12). Yehova yarabona ko bikenewe yuko akoranya abasavyi biwe mu migwi mininiminini. Ubu bwa vuba, abasavyi ba Yehova bagiye gusubira gukoranira hamwe ku Mahwaniro y’intara y’imisi itatitatu yataziriwe ngo “Kurikira Kristu!”.
2 Woba umaze gutangura kwitegura? Woba ukeneye gusaba ikonji umukoresha wawe? Woba ushobora gufasha abo mwigana Bibiliya canke abo mu muryango wawe batizera kugira ngo bazokwitabe iryo hwaniro muri kumwe? Hoba hariho abandi mw’ishengero bakeneye gusahirizwa kugira ngo bazoryitabe? Woba utegekanya kuzokwitaba irindi hwaniro ritari iryo ishengero ukukira ryasabwe kuzokwitaba? Woba uzokenera uburaro? Amakuru akurikira azogufasha kwitegura.
3. (a) Ni iranguka irihe ryo muri Yesaya 25:6 ririko riraba muri iki gihe? (b) Ni ibiki vyagaragaye ku bijanye n’abitaba ihwaniro ku musi wa gatanu, kandi dukwiye gukora iki ku giti cacu?
3 Uzobe ari ho uri imisi yose uko ari itatu: Yehova araronsa abasavyi biwe imfungurwa umukimba zo mu vy’impwemu (Yes. 25:6). Muri izo harimwo amazimano yo mu vy’impwemu atangirwa ku mahwaniro tugira ku mwaka ku mwaka. Biramaze kwibonekeza ko abitaba ihwaniro ku musi wa gatanu baba ari bake cane kuruta abaryitaba ku yindi misi. Niwishingire umugambi wo kuzoba ari ho uri mu misi itatu yose iruhura y’iryo hwaniro ishirahamwe rya Yehova ryaduteguriye. Nimba ukeneye gusaba ikonji umukoresha wawe, nubishire mw’isengesho. Nuce rero ‘ushira amanga’ uvugane n’umukoresha wawe, itariki ihwaniro uzokwitaba rizoberako ikimara kumenyeshwa (1 Tes. 2:2; Neh. 2:4, 5). Vyoshobora kuba ngirakamaro umusiguriye yuko ihwaniro ugira buri mwaka ari umuce w’ugusenga kwawe. Kubigira hakiri kare vyoshobora kworohereza umukoresha wawe kugira ivyo ahinduye kugira ngo akuronse ikonji uzoba wasavye.
4. Dushobora gute gutegura abo twigana Bibiliya be n’abo mu muryango batizera kugira baze bitabe ihwaniro?
4 Nutegure abo mwigana Bibiliya be n’umuryango wawe: Ese ukuntu vyotera umunezero kwitaba ihwaniro uri kumwe n’abo mwigana Bibiliya, bagaheza bakibonera igishika kirangwa mu bavukanyi bacu bakirisu iyo bari “mw ikoraniro ryinshi” (Zab. 22:25)! Nubibamenyeshe hakiri kare cane kugira ngo bategekanye umwanya wo kuzoryitaba. Babwire impamvu zituma wewe ubwawe ukunda kwitaba amahwaniro. Urashobora gutegura abo mwigana ku bijanye n’ivyo bokwitega kuzokwibonera, mu kubereka amavidewo yacu arimwo amahwaniro yabaye, canecane ya videwo ivuga ngo Unis grâce à l’enseignement divin (Barafatanye mu nda bivuye ku nyigisho iva ku Mana) niba iboneka. Aho amavidewo ataboneka, woshobora gukoresha amafoto ari ku rupapuro rwa 18 mu gatabu Les Témoins de Jéhovah—Unis pour faire la volonté de Dieu sur toute la terre. Numenyeshe imigambi yawe n’abagize umuryango batizera. Kumbure barashobora gutunganya ivyo kuza kuraba ca gikino c’ivya Bibiliya canke kwitaba n’imiburiburi umwe mu misi y’iryo hwaniro muri kumwe.
5. Dushobora kwerekana gute agatima ko gutanga kavugwa muri 1 Timoteyo 6:18?
5 Nusahirize abavukanyi n’abavukanyikazi bawe: Intumwa Paulo yasavye abakirisu bari bifise mu vy’umubiri ‘gukora iciza, kuba abatunzi mu bikorwa vyiza, no kuba abanyabuntu bakunda gutanga’ (1 Tim. 6:17, 18). Turashobora kugaragaza ako gatima ko gutanga Paulo yaremesheje mu kwiyumvira abageze mu zabukuru n’abafise ubumuga, abari mu murimo w’igihe cose, imiryango irimwo umuvyeyi umwe, eka kumbure n’abandi bo mw’ishengero boba bakeneye gusahirizwa kugira ngo bitabe iryo hwaniro. Incuti zizera z’abo bantu ni zo ubwa mbere na mbere zegwa n’ibanga ryo kwitwararika ivyo bakeneye, ariko abakurambere be n’abandi barashobora kuraba ikibereye maze bakabasahiriza babigiranye umutima mwiza igihe bikenewe.—Gal. 6:10; 1 Tim. 5:4.
6. Ni inyobozo izihe duhabwa nimba dushaka kwitaba irindi hwaniro ritari iryo ishengero ryacu rizokwitaba?
6 Kwitaba irindi hwaniro: Igikorwa dukorera Ubwami co muri Ruhuhuma 2007 kizoba kirimwo urutonde rw’amahwaniro yose azobera muri Afirika yo mu Buseruko. Nimba ukeneye amakuru yiyongereye ku bijanye n’irindi hwaniro ritari iryo ishengero ryanyu rizokwitaba, woshobora kwandikira abahagarikiye iryo hwaniro.
7. Ni inyobozo izihe twokurikiza mu gihe twoba dutegekanya kuzorara mw’ihoteli?
7 Kubikisha icumba mw’ihoteli: Niba uzorara mw’ihoteli maze ukaba ukeneye ko Urwego rujejwe uburaro rwogufasha kumenya ihoteli yo mu gisagara kizoberamwo ihwaniro yoba ibereye, turagusavye wandikire Urwego rujejwe uburaro hakiri kare. Niwerekane amahera wipfuza kuriha ku musi ku musi ku muntu.
8, 9. (a) Ni imyiteguro iyihe iba yaragizwe ku bwacu imbere y’uko dushika mu kibanza kiberamwo ihwaniro? (b) Twokwerekana gute ko duha agaciro be n’uko dukenguruka igikorwa cose kiba carakozwe ku neza yacu? (Soma Abaheburayo 13:17.)
8 Niwisunge indinganizo zashinzwe: Igihe tugiye mu kibanza kiberamwo ihwaniro, turabona ko haba harakozwe ibikorwa vyinshi vyo kutwitegurira. Abavukanyi barangwa urukundo baba bajejwe kwakira abantu baraturamutsa, bakaduha agapapuro ka porogarama bakongera bakadufasha kuronka aho twicara. Abavukanyi n’abavukanyikazi baba basukuye ico kibanza bakaba banatunganije umukiruruko mu buryo buryoheye ijisho. Hari n’ibikorwa ngirakamaro biba vyararanguwe umuntu adashoka abona, nko gutegura insiguro zishikirizwa kuri iryo hwaniro, kuvugana n’abajejwe amahoteli be no kwitwararika utundi tuntu tutari duke.
9 Kw’ihwaniro rimwerumwe ryose, abantu batari bake baba barakoze amezi n’ayandi kugira ngo batunganye ibikenewe, kandi n’imiryango yabo iba yaragize ico iterereye mu kubaha umwanya wo kwitwararika ivyo bintu bihambaye. Ntidushima none utwigoro tuba twaragizwe ku neza yacu? Turashobora kwerekana ko tubakengurukira mu gukurikiza inyobozo ziri muri iki kiganiro be n’ubundi buyobozi ubwo ari bwo bwose twohabwa imbere y’uko ihwaniro tuzokwitaba riba (Heb. 13:17). Igihe twese tuzikurikije n’umutima ukunze, bituma ibintu vyose ‘bitungana neza, bikarorana’.—1 Kor. 14:40.
10. (a) Ni kubera iki mu gihe cacu bihambaye rwose ko abasavyi ba Yehova bakoranira hamwe? (b) Umwe wese muri twebwe yokora iki guhera ubu?
10 Ugukoranira hamwe kw’abasavyi b’Imana ni co kintu gihambaye kuruta ibindi vyose, uko ‘tubona wa musi wegereza’ (Heb. 10:25). Ku mahwaniro yacu ya gikirisu, umugwi wa wa mushumba wo kwizigirwa w’ubwenge uraturonsa ibidufasha kwitwararika ‘gushitsa amajambo yose’ Yehova ashaka ko dukurikiza (Gus. 31:12, NW). Nutangure gutegekanya ibintu guhera ubu kugira uzobe ari ho uri mu misi itatu yose y’Ihwaniro ry’intara ryataziriwe ngo “Kurikira Kristu!” uheze uze wungukire ku nyigisho zose zo mu vy’impwemu no ku kwifatanya n’abandi mu buryo buhimbaye.
[Uruzitiro ku rup. 3]
Ibihe vya porogarama
Ku wa gatanu no ku wa gatandatu
2:30 zo mu gitondo - 10:05 zo ku muhingamo
Ku w’iyinga
2:30 zo mu gitondo - 9:10 zo ku muhingamo