ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 12/06 rup. 5
  • Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2006
Igikorwa dukorera Ubwami—2006
km 12/06 rup. 5

Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi

Ibibazo bikurikira bizokwishurwa ku munwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ku ndwi itangura ku wa 25 Kigarama 2006. Umucungezi w’ishure azoyobora isubiramwo ry’iminuta 30, rishingiye ku mayagwa yahetuwe mu biganiro vyashikirijwe kuva ku ndwi itangura ku wa 6 Munyonyo gushika ku ndwi itangura ku wa 25 Kigarama 2006. [Ibimenyeshejwe: Aho ata marabiro yatanzwe inyuma y’ikibazo, muzokenera kwigirira ubushakashatsi bwanyu kugira ngo mutore inyishu.—Raba igitabu Ishure ry’Ubusuku, rup. 36-37.]

KAMERE Y’IVY’UKUVUGA

1. Ni ibiki dukwiye kwisunga igihe duhitamwo amajambo abereye yo kwinjiza icanditswe? [be rup. 148 ing. 4–rup. 149 ing. 2]

2. Ni uburyo bumwebumwe ubuhe dushobora gukoresha kugira ngo twiyemeze neza ko twashimitse mu buryo bubereye ku majambo be no ku mvugo dukoresha? [be rup. 151 ing. 4–rup. 152 ing. 3]

3. Kubera ko kwigisha abandi Ijambo ry’Imana ari ikintu gihambaye, ni igiki dusabwa nimba tugomba ‘kuramiriza neza mw’ijambo ry’ukuri’? (2 Tim. 2:15) [be rup. 153 ing. 1-3, uruzitiro; rup. 154 ing. 1-2]

4. Ni mu buryo ubuhe dushobora gusigura neza ivyanditswe dusoma? [be rup. 154 ing. 4–rup. 155 ing. 2]

5. Ni kubera iki bihambaye gushira ahabona agaciro ngirakimazi k’amayagwa dushikiriza, kandi uburyo bumwebumwe dushobora kubigira ni ubuhe? [be rup. 157 ing. 1-4, uruzitiro; rup. 158 ing. 1]

IKIGANIRO NO. 1

6. Ni mu buryo ki Salomo yari uwukoraniriza hamwe? [bsi06 rup. 25 ing. 1-3]

7. Igitabu c’Umusiguzi gihuza gute n’inyigisho za Yezu? [bsi06 rup. 26 ing. 16]

8. Ni igiki cemeza yuko igitabu c’Indirimbo ya Salomo kiri mu bitabu vyemewe bigize Bibiliya? [bsi06 rup. 28 ing. 3-4]

9. Imizingo yo ku Kiyaga c’Umunyu irimwo ubuhanuzi bwa Yesaya, itanga gute ikimenyamenya kijijura c’uko Bibiliya dufise muri iki gihe irimwo bwa butumwa nyene bwo mu ntango? [bsi06 rup. 30 ing. 6]

10. Ni igiki gishobora gufasha umushikirizansiguro kubona ko adakwiye kugira utuntu twinshi yandika? [be rup. 42 ing. 3]

UGUSOMA BIBILIYA KW’UMUSHAMVU

11. ‘Abarondera Uhoraho bashobora gutahura vyose’ gute? (Imig. 28:5)

12. Ni gute ‘ibikorwa vy’igipfu cose bikiruhisha’? (Umus. 10:15)

13. Wa mwigeme w’Umushulamukazi yagaragaje gute ko ameze nk’ “umurima uzitiriwe”, kandi ni mu buryo ki ari akarorero keza ku bakirisukazi batarubaka? (Ind. 4:12)

14. Ni igiki abavyeyi bokwigira ku karorero keza Yehova yatanze mu kuntu yafata ihanga rigararije rya Isirayeli? (Yes. 1:18) [w00 1/7 rup. 15 ing. 11]

15. Muri Yesaya 11:6-9 harangutse gute mu bihe vya kera, kandi iranguka ryagutse ry’ubwo buhanuzi ni irihe?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika