Shemeza Yehova mu gushinga intahe akaryo kizanye
1 Abasavyi ba Yehova b’intahemuka bararondera uturyo two kumushemeza imisi yose (Zab. 96:2, 3; Heb. 13:15). Uburyo bumwe dushobora kubigira, ni mu gushinga intahe akaryo kizanye. Muri iki gihe, benshi mu basenga Yehova barakenguruka kubona hari umuntu yabamenyesheje ubutumwa bw’Ubwami mu gushinga intahe akaryo kizanye.
2 Gushinga intahe akaryo kizanye ku muntu umwe, kenshi biracira abandi inzira yo kwumva ubutumwa bw’Ubwami. Nk’akarorero, ikiganiro Yezu yagiranye n’umugore umwe w’Umusamariyakazi kw’iriba rya Yakobo, catumye abandi benshi bashimishwa n’inkuru nziza (Yoh. 4:6-30, 39-42). Igihe Paulo na Sila bari bapfungiwe i Filipi, barashinze intahe ku murinzi w’ibohero maze abo mu nzu yiwe bose barakira ukuri.—Ivyak. 16:25-34.
3 Uturyo twoboneka: Ni uturyo utuhe ushobora kuronka two gushinga intahe akaryo kizanye? Hari ababigira igihe bariko barasuma, igihe bari mu miduga itwara abantu canke igihe barindiriye kubonana na muganga. Abandi barashobora gushinga intahe igihe c’akaruhuko ku kazi canke kw’ishure. Umuntu apfuye gusa gushira ahabona kimwe mu bisohokayandikiro vyacu bishingiye kuri Bibiliya, vyoshobora gutuma abandi bamubaza ibijanye n’ukwizera kwacu.—1 Pet. 3:15.
4 Ingene twotangura: Hari agakobwa k’amasonisoni k’imyaka indwi kumvise kw’ikoraniro rimwe ukuntu bihambaye ko umuntu wese yamamaza. Ni co gituma, igihe bari bajanye na nyina gusuma, kashize mw’isakoshi yako udutabu tubiri. Igihe nyina yariko arariha kw’ikontwari, ako gakobwa karahaye agatabu umugore umwe, ako gatabu akakirana umutima ukunze. Bakabajije ingene kubahutse kuganiriza uyo mugore, ako gakobwa k’amasonisoni kishuye gati: “Navuze gusa, nti Rimwe, Kabiri, Gatatu! Nca ndagenda”!
5 Kugira dushinge intahe akaryo kizanye, twese turakeneye kugira agatima nk’ako ako gakobwa kari gafise. Ni igiki gishobora kudufasha? Nusenge usaba uburindutsi bwo kuvuga ata bwoba (1 Tes. 2:2). Niwame ufise mu muzirikanyi ikibazo canke ibivugwa ku kintu kanaka kiraje ishinga abantu ushobora gukoresha kugira utanguze ikiyago, maze wizigire yuko Yehova azohezagira utwigoro ugira.—Luka 12:11, 12.
6 Gushinga intahe akaryo kizanye ku bantu duhura imisi yose, birashemeza Yehova kandi bikatuzanira umunezero. Birashobora gufasha umuntu kuja mu nzira ijana mu buzima budahera.