Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
Indwi itangura ku wa 12 Rusama
Ururirimbo rwa 12 (113)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 12, nimugire imyerekano ibiri itandukanye y’ukuntu umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ndamukiza na Réveillez-vous! yo ku wa 22 Ndamukiza. Muri umwumwe wose, ivyo binyamakuru bikwiye gutangirwa icarimwe naho kimwe conyene ari co umwamamaji yerekana. Mucishemwo ivyerekeye ya ntunganyo yo guterera.
Imin. 20: Bavyeyi, nimufashe abana banyu gutera imbere. Ikiganiro cerekeye ivyiyumviro bikurubikuru bivuye muri ca gitabu Ishure ry’Ubusuku ku rupapuro rw’9-12 na 21-38. Nuremeshe abavyeyi gukoresha amwamwe muri ayo mayagwa mu nyigisho y’umuryango, bafise intumbero yo kumenyereza abana babo kugira batere imbere mu busuku. Niwerekane ivyiyumviro kanaka bishobora gukoreshwa kugira ngo bifashe abakiri bato gutsimbataza ubuhinga bukenewe.
Imin. 15: “Twarashinzwe ibanga ryo gushikiriza inkuru nziza”.a Nutegekanye imbere y’igihe ivy’uko umwamamaji umwe canke babiri basigura muri make ingene bashoboye guhindura uko ivyabo vyifashe, kugira barushirize kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza.
Ururirimbo rwa 26 (212) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 19 Rusama
Ururirimbo rwa 15 (127)
Imin. 15: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte. Nimuganire ku kiganiro kivuga giti: “Ubwubatsi mpuzamakungu bw’Ingoro z’Ubwami mu bihugu bimwebimwe vy’i Buraya”. Nimucishemwo yuko iyubakwa ry’Ingoro z’Ubwami mu bihugu bikenye no mu cibare gihagarikiwe n’ishami ryanyu rishigikirwa n’intererano z’Ikigega Kigenewe Ingoro z’Ubwami.
Imin. 15: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 15: “Shemeza Yehova mu gushinga intahe akaryo kizanye”. Insiguro be n’ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza. Igihe murimbura ingingo ya 3, nubaze abumviriza ico bovuga kugira ngo batanguze ikiyago gishingiye kuri Bibiliya mu bihe bikurikira: (1) igihe batonze ku murongo, (2) igihe bari mu miduga itwara abantu, (3) ku mubanyi ariko arakora ku mbuga, (4) igihe bari ku kazi, ku wo bakorana, (5) igihe bari kw’ishure, ku wo bigana. Nutegekanye imbere y’igihe ko higanwa icabonywe ngaho iwanyu cerekana ukuntu umwamamaji yerewe igihe yashinga intahe akaryo kizanye.
Ururirimbo rwa 11 (85) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 26 Rusama
Ururirimbo rwa 18 (162)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu n’udukuru twa gitewokarasi. Niwibutse bose gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro yo muri Rusama. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 12, nimugire imyerekano ibiri y’ukuntu umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Rusama na Réveillez-vous! yo ku wa 8 Rusama. Muri umwumwe wose, ivyo binyamakuru bikwiye gushikirizwa icarimwe naho nyene ari kimwe conyene umwamamaji yerekana. Mu gusozera umwe muri iyo myerekano, arashikiriza uwo yasanze ku muhana yanse kwakira ivyo binyamakuru, ka gapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Woba Ushaka Kumenya Vyinshi ku Vyerekeye Bibiliya?.
Imin. 10: “Niwerekane ko uha agaciro ibisohokayandikiro”. Insiguro.
Imin. 25: “Ijambo ry’Imana ni ukuri”.b Nimukoreshe ibibazo vyatanzwe. Nusabe abumviriza bagire ico bavuga ku kuntu bafashijwe kumenya ukuri igihe abamamaji bakoresha Bibiliya mu kwishura ibibazo vyabo. Igihe muzoba muriko muraganira ku ngingo ya 4, urasaba umwamamaji abishoboye agire umwerekano w’ukuntu yokoresha Bibiliya igihe agendeye umuntu ari bwo bwa mbere. Nakoreshe zimwezimwe mu nama ziri mu kiganiro kivuga ngo “Nuramirize Neza mw’Ijambo ry’Imana”.—km-RU 12/01 rup. 1 ing. 3-4.
Ururirimbo rwa 6 (45) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 2 Ruheshi
Ururirimbo rwa 14 (117)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Nimurimbure inama imwe canke zibiri mu zatanzwe mu nyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Nzero 2002, zerekeye uburyo bwo gushikiriza agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? be n’igitabu Ubumenyi.
Imin. 20: Umubano w’ababiranye uteye iteka ni igisabwa n’Imana. Insiguro be no guhana ijambo n’abumviriza. Mu bihugu vyinshi, birakunda gushika ko abantu babana batarabirana biciye mu mategeko. Bamwebamwe bavuga yuko ivyo birimwo ivyiza biboneka. Nushire ahabona ico Bibiliya ibivugako gishimika ku vy’uko umubano watangujwe n’Imana (rs-F rup. 224-225). Kubana bidaciye mu mategeko ni ugusambana (fy-RU rup. 17). Mu buryo bunyuranye n’ingene abantu benshi bibaza, ubushakashatsi bwerekana y’uko kubana imbere yo kwandikisha bituma umubano ushobora kutererwa (g02-F 8/3 rup. 29; g92-F 8/9 rup. 28; g91-F 8/5 rup. 28). Abakirisu baratera iteka Yehova mu kubaho bahuza n’ingingo ngenderwako yashinze. Bazikurikije biranabagirira akamaro.—Yes. 48:17, 18.
Imin. 15: Uriko uryungukirako gute? Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza kirongorwa n’umucungezi w’ishure. Guhera muri Nzero, Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi ryatanguye kugirwa mu buryo bushasha. Nimwihweze muri make ibintu bimwebimwe bishasha biranga iryo shure. Nimuserure ivyiza bimaze kuvamwo gushika ubu. Mbega abanyeshure boba barushirije kwiyandikisha ari benshi muri iryo shure? Abantu boba bararushirije kurigiramwo uruhara? Abanyeshure bariko bungukira gute kuri ya ndinganizo nshasha mu vyo gutanga impanuro? Nusabe abumviriza bigane ukuntu ubwabo bamaze kwungukira kuri iryo shure n’ukuntu biyumvira ko iyo porogarama nshasha izobafasha muri kazoza.
Ururirimbo rwa 9 (37) n’isengesho ryo gusozera.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.