Twarashinzwe ibanga ryo gushikiriza inkuru nziza
1 Ewe kuntu twatewe agateka ko gushingwa ibanga ryo gushikiriza inkuru nziza y’Imana (1 Tes. 2:4)! Naho hari abohakana ubwo butumwa bukomeye, abantu b’imitima nziraburyarya burabakwegera nk’ibintu bimota neza (2 Kor. 2:14-16). Ku bemera inkuru nziza bakongera bakayiyoboka, ituma baronka ubukiriro (Rom. 1:16). Ni gute twokwitwararika iryo banga twashinzwe?
2 Yezu be n’intumwa: Yezu yashira mu kibanza ca mbere ivyo kwamamaza inkuru nziza (Luka 4:18, 43). Naho yaba arushe kandi ashonje, urukundo yakunda abantu be n’agaciro yaha ubutumwa vyamusunikira kubusangira n’abandi (Mrk. 6:30-34). Biciye mu mvugo no mu ngiro, Yezu yarinjije mu mizirikanyi y’abigishwa biwe akamaro k’igikorwa co kwamamaza Ubwami.—Mat. 28:18-20; Mrk. 13:10.
3 Intumwa zariganye Yezu mu gutangaza n’umwete ubutumwa bw’Ubwami. N’igihe nyene zakubitwa maze bakazihanikiriza ngo zireke kwamamaza, “nti[z]ahorere[je] kwigisha no kuvuga ubutumwa bgiza” (Ivyak. 5:40-42). Intumwa Paulo yarakoranye ubwira ico gikorwa (1 Kor. 15:9, 10; Kol. 1:29). Agateka ko kumenyesha abandi inkuru nziza, yagasanishije n’umwenda yoba afitiye abandi bantu nka we, gutyo akaba yari afise umutima ukunze wo guheba ibintu bimworohereza ubwiwe kugira ngo ashitse iryo banga.—Ivyak. 20:24; Rom. 1:14-16.
4 Agateka twatewe muri iki gihe: Agaciro duha ibanga ryeranda twashinzwe kazotuvyurira umutima wo kurondera uturyo two kurushiriza kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza (Rom. 15:16). Edward, uwutava ku gakinga k’ibimuga, yarakunda kwicara kw’irembo ry’ihoteri imwe, maze akaganirira ababa bacumbitse kuri iyo hoteri ivyerekeye ukwizera kwiwe. Ariko rero, kubera ko yipfuza kurangura vyinshi kuruta, yarahinguje agakamyoneti kadasanzwe ashobora gutwara, maze akoresheje uwo muduga wiwe, yarakoze ubutsimvyi imyaka itari mike, akagenda ibirometero ibihumbi akoresheje uwo muduga. Nka kumwe kwa Edward, abantu benshi muri iki gihe barahinduye uburyo babayeho kugira bashobore kurushiriza kugira uruhara mu gukwiragiza inkuru nziza.
5 Nimuze muri iki gihe twigane Yezu n’intumwa ziwe mu kwama nantaryo dushira igikorwa co kwamamaza mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu. Nitwabigenza gutyo, tuzoba turiko turerekana urukundo dukunda abantu n’uko duha agaciro ibanga twajejwe ryo kwamamaza inkuru nziza.