ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 10/09 rup. 1
  • Woba witeguriye gushinga intahe akaryo kizanye?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba witeguriye gushinga intahe akaryo kizanye?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ivyo bijanye
  • Urashobora gushinga intahe akaryo kizanye!
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Tube abanyamwete mu ‘gushinga intahe inogangije’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Shemeza Yehova mu gushinga intahe akaryo kizanye
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Turi Ivyabona igihe cose
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
Igikorwa dukorera Ubwami—2009
km 10/09 rup. 1

Woba witeguriye gushinga intahe akaryo kizanye?

1. Ni akarorero akahe kerekana ko gushinga intahe akaryo kizanye bishobora kuba ngirakamaro?

1 Gushinga intahe akaryo kizanye birashobora kuba ngirakamaro cane. Bibiliya irimwo uburorero bwinshi bw’abantu bashinze intahe akaryo kizanye maze bikavamwo ivyiza. (Yoh. 4:7-15) None ni ibiki twoshobora gukora kugira ngo twitegurire ubwo buryo bwo gushinga intahe?

2. Ukuntu twambaye n’ukuntu twitunganije bishobora gute kudufasha kuba abiteguriye gushinga intahe?

2 Ukwambara n’ukwitunganya: Kwama igihe cose twitwararika mu buryo bubereye ibijanye n’ingene twambara be n’ingene twituganya bizotuma tutitinya kubwira abandi ibijanye n’ukwizera kwacu. (1 Tim. 2:9, 10) Igihe twumva dutewe ubuyega n’ukuntu tuboneka, vyoshobora gutuma tureka gushinga intahe. Igitandukanye n’ivyo, igihe dusesuka kandi dusukuye, ubwavyo vyoshobora gutuma abantu bipfuza kumenya ibitwerekeye. Nk’akarorero, hari umugabo umwe n’umukenyezi wiwe b’Ivyabona bari bambaye neza igihe bari ku rugendo, bakaba bari bicaye iruhande y’umugabo w’umwisilamu. Amaze kubona ukuntu baboneka, nya mugabo yaciye ababaza nimba ari abakirisu. Ivyo vyatumye bashobora kugiranira ikiyago gishingiye kuri Bibiliya camaze amasaha atatu.

3. Ni gute woba umaze gutanguza ikiyago ukurikije akarorero ka Yezu?

3 Gutanguza ibiyago: Igihe Yezu yahura na wa mugore w’Umusamariyakazi kw’iriba rya Yakobo, yatanguje ikiyago mu kumusaba gusa ico kunywa. Muri ubwo buryo nyene, twoshobora gutanguza ikiyago mu kuvuga muri make ikintu kinaka canke mu kubaza akabazo gasanzwe. Naho rimwe na rimwe twoshobora gutinyatinya, twihetse ku mfashanyo Yehova atanga, twoshobora ‘kugira ubutinyutsi’ bwo gutanguza ikiyago.—1 Tes. 2:2.

4. Dushobora gute kuba abiteguriye gushinga intahe akaryo kizanye?

4 Nurondere uturyo two kubigira: Abamamaji benshi bararonse uturyo two gushinga intahe akaryo kizanye. Nurimbure uko ivyawe vyifashe, wongere uzirikane ku bijanye n’abantu mushobora guhura ku musi ku musi. Niwitwaze ibisohokayandikiro bibereye hamwe na Bibiliya ntoya. Nube umuntu yihweza, kandi witwararike abantu bagukikije. Igihe uba wazirikanye ku turyo woshobora kuronka kuri uwo musi, birashoboka ko uba witeguriye gushinga intahe nziza.—Flp. 1:12-14; 1 Pet. 3:15.

5. Ni kubera iki ibijanye no gushinga intahe akaryo kizanye dukwiye kubitegekanya?

5 Turafise imvo zumvikana zibiri zotuma tutagisha uturyo two gushinga intahe akaryo kizanye, izo na zo zikaba ari urukundo dukunda Imana n’urwo dukunda bagenzi bacu. (Mat. 22:37-39) Kubera yuko igikorwa co kwamamaza cihutirwa, ibijanye no gushinga intahe akaryo kizanye bikwiye kuba ibintu dutegekanya. Dukwiye kwitegurira kutagisha akaryo na kamwe kabereye ko kubwira abandi inkuru nziza y’Ubwami ubu bigishoboka.—Rom. 10:13, 14; 2 Tim. 4:2.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika