ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 7/00 rup. 1
  • “Vyose Bikorwe Kugira ngw Abantu Bakomezwe”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Vyose Bikorwe Kugira ngw Abantu Bakomezwe”
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Ivyo bijanye
  • Reka Ubukerebutsi Bukurinde
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Ntukigere uheba abo musangiye ukwemera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • ‘Mugumane ubwenge bukora neza’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Tugume ‘twubaka bagenzi bacu’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2000
km 7/00 rup. 1

“Vyose Bikorwe Kugira ngw Abantu Bakomezwe”

1 Mu kugira ivyo dukorana n’abavukanyi bacu, dukwiye gukora ibintu vyiza bituma bubakwa. Ivyo bishaka kuvuga kuba twitwararitse gukingira inyungu zabo zo mu vy’impwemu. Igihe tugiye mu kazi kanaka k’umubiri gasaba kumenyekanisha ikidandazwa canke umurimo, turakeneye kwiyubara kugira ngo ntihagire ikintu na kimwe dukora gitsitaza abavukanyi bacu.—2 Kor. 6:3; Flp. 1:9, 10.

2 Bamwe barisutse mu vy’urudandazwa rutandukanye ruteye amakenga, barondera yuko Abakirisu bagenzi babo bobabera abaguzi. Amashirahamwe amwamwe yo kudandaza araremesha abayaserukira kubona umuntu wese nk’uwushobora kuba umuguzi, harimwo n’abasangiye na bo idini. Abavukanyi bamwebamwe bararinganije imitororokano mininiminini yari igizwe n’Ivyabona, bafise intumbero yo kubaremesha kugira uruhara mu rudandaza rw’ishirahamwe kanaka. Abandi na bo barakobeje mu rudandaza ruteye amakenga mu kuzanira ibidandazwa, udutabu, amakuru yo kuri Internet canke amakaseti bagenzi babo bizera kandi batabisavye. Vyoba none bibereye ko Umukirisu akoresha imibonano yiwe ya gitewokarasi kugira ngo yungukire ku bavukanyi biwe bo mu vy’impwemu? Oyaye!—1 Kor. 10:23, 24, 31-33.

3 Abavukanyi Barakwiye Kurikanura: Ivyo ntibisobanura yuko Umukirisu adashobora kugirana urudandaza n’umuvukanyi. Ico ni ikibazo cerekeye umuntu ku ruhara rwiwe. Ariko rero, bamwebamwe baratanguza imigambi y’ukudandaza iremesha umwina, kandi bagahimiriza abo basangiye ukwizera ngo bakorane canke bashiremwo umutahe. Ahanini urwo rudandazwa rurahomba, rugatwara igitigiri kinini c’amahera abarusangiye. Naho nyene ababa bagiye hamwe muri iryo shirahamwe boshobora kuba babitumwe n’icipfuzo co kwunguka ningoga na ningoga, uwaringanije iryo shirahamwe ntakwiye kwumva yuko ataco ari bubazwe igihe uwo mugambi uhomvye. Akwiye kurimbura yitonze imbere y’igihe ingene ukumererwa neza kwo mu vy’impwemu no mu vy’umubiri kw’abavukanyi biwe kwohasinzikarira mu gihe urwo rudandaza rutagenze neza. Abajejwe amabanga ya gitewokarasi barakwiye canecane kugaba ku vyerekeye utwigoro bariko baragira tw’akazi k’ivy’umubiri, kubera ko abandi boshobora kubarabana icubahiro bagaheza bakabizigira cane. Vyoba ari bibi umuntu aririyemwo mbege muri ukwo kwizigirwa. Umuvukanyi yoshobora gutakaza uduteka tw’umurimo mweranda mu igihe abandi batakimwubaha.

4 Intumbero yacu ikwiye kuba iyo uko “vyose bikorw[a] kugira ngw abantu bakomezwe.” (1 Kor. 14:26) Dutegerezwa kwirinda gukora ikintu ico ari co cose cokwinjiza imirimo y’ubudandaji mw’ishengero canke kikayikorereza. Ibintu nka mwene ivyo ntaco bisana n’imvo zo mu Vyanditswe zituma dukoranira hamwe.—Heb. 10:24, 25.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika