ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 1/3 rup. 22-26
  • ‘Mugumane ubwenge bukora neza’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Mugumane ubwenge bukora neza’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Gushira ku munzane akaryo twohabwa ko kuja mu vy’urudandaza
  • Ibintu bitoroshe bihanze abakirisu b’abirebange
  • Gutorera umuti ingorane z’amagara
  • Igihe turi mu bintu bitesha umutwe
  • Reka Ubukerebutsi Bukurinde
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Nugume wisunga ivyanditswe mu bijanye no kubungabunga amagara
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Uragaba ku Ngeramizi z’Ikoreshwa ry’Ubuhinga bwa Internet!
    Igikorwa dukorera Ubwami—1999
  • Niwizigire Yehova uherezeko mu bihe vy’amagorwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 1/3 rup. 22-26

‘Mugumane ubwenge bukora neza’

“Imburabgenge yemera ijambo ryose, arik’umunyamakenga agenda agavye”.​—IMIGANI 14:15.

1, 2. (a) Ivyashikiye Loti i Sodomu bitwigisha iki? (b) Imvugo ngo ‘mugumane ubwenge bukora’ isobanura iki?

IGIHE Aburahamu yasaba Loti ngo abe ari we abanza guhitamwo akarere ko mu gihugu barimwo yoja kugereramwo, Loti yagomwe akarere karimwo amazi menshi kari “k[a]meze nka rya tongo ry’Uhoraho”. Loti ategerezwa kuba yabonye ko aho hari ahantu heza cane yoja kuba we n’umuryango wiwe, kubera ko ‘yahisemwo ikiyaya cose co kuri Yorodani’ maze arahava acumbika hafi y’i Sodomu. Ariko rero, yarahenzwe n’ibiboneka inyuma, kubera ko hafi yaho haba “Abanyesodomu bār’abanyavyaha, bacumura k’Uhoraho birengeje urugero” (Itanguriro 13:7-13). Ivyakurikiye mu nyuma vyatumye Loti n’abiwe bahatakariza vyinshi. Amaherezo, we n’abakobwa biwe baruhiye kuba mw’isenga (Itanguriro 19:17, 23-26, 30). Ivyo mu ntango yabona ko vyari vyiza cane, vyahavuye biboneka ko atari ko vyari biri na gato.

2 Inkuru y’ivyashikiye Loti iraha icigwa abasavyi b’Imana muri iki gihe. Igihe tugira dufate ingingo, dutegerezwa kuraba neza ingeramizi zoshobora kuhaba tukongera tukirinda guhendwa n’ivyo dushoka tubona. Birabereye rero kubona Ijambo ry’Imana riduhimiriza riti: ‘Mugumane ubwenge bukora neza’ (1 Petero 1:13, NW). Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe hano ngo ‘mugumane ubwenge bukora’, risobanura urudome ku rundi ngo “mube abafise ubwenge bubangutse”. Incabwenge imwe mu vya Bibiliya yitwa R.C.H. Lenski avuga ko kugira ubwenge bubangutse ari ukugira “umuzirikanyi uri hamwe kandi utekanye ushira neza ibintu ku munzane ukongera ukabirimbura mu buryo bubereye, maze ugatuma dushobora gufata ingingo ibereye”. Reka turabe ibintu bimwebimwe bisaba ko tugira ubwenge bubangutse.

Gushira ku munzane akaryo twohabwa ko kuja mu vy’urudandaza

3. Ni kubera iki dukenera kugaba igihe hagize umuntu aduha akaryo ko kuja mu vy’urudandaza?

3 Dufate ko hari umuntu yubahwa, kumbure uwo mufadikanije gusenga Yehova, aguhaye akaryo ko kuja mu vy’urudandaza. Arizigiye rwose yuko ibintu bizogenda neza maze aciye akuremesha kugira ico ukoze udatebaganye kugira ngo ako karyo ntikagucike. Hari aho woca utangura kubona ko ivyo bizotuma wewe n’umuryango wawe mugira kazoza keza, kumbure ukibwira mbere ko vyotuma ushobora guhebera umwanya wiyongereye ivy’impwemu. Yamara rero, mu Migani 14:15 hatugabisha hati: “Imburabgenge yemera ijambo ryose, arik’umunyamakenga agenda agavye”. Iyo umuntu ashashaye cane gutanguza urudandaza, yoshobora gufatira mu rwara ivy’uko yoshobora guhomba, akirengagiza akaga kohaba, kandi ntazirikane neza ingorane zishobora kwaduka muri urwo rudandaza atari avyiteze (Yakobo 4:13, 14). Ese ukuntu vyoba bikenewe cane ko ugumana ubwenge bukora neza mu gihe nk’ico!

4. Dushobora gute ‘kugenda tugavye’ igihe turimbura ivy’urudandaza dusabwe kujamwo?

4 Umuntu yiyubara arasuzuma yitonze ivy’urudandaza bamusavye kujamwo imbere yo gufata ingingo (Imigani 21:5). Ugusuzuma ibintu mwene ukwo akenshi kuratuma umuntu abona ingeramizi zidashoka zibonekeza. Rimbura iki kintu gishobora gushika: Umuntu kanaka ariko arondera uwomugurana amahera kugira arangure imigambi yiwe y’ivy’ubudandaji, maze akwemereye ko azoguha inyungu nyinshi cane hamwe woramuka umuguranye amahera. Ivyo akwemereye vyoshobora kuba bikwegera, mugabo ni ingeramizi izihe birimwo? Uwo nyene kugusaba ngo umugurane amahera yoba yemera kuzoyagusubiza naho ivy’urudandaza rwiwe vyogenda gute, canke yoba azoyagusubiza mu gihe gusa ivy’urwo rudandaza vyogenda neza? Mu yandi majambo, woba woshobora gutakaza amahera yawe urudandaza rwiwe ruramutse ruhomvye? Woshobora kandi kwibaza uti: “Ni kubera iki abantu ari bo ariko aronderamwo amahera? Amabanki yoba abona ko urwo rudandaza bishoboka rwose ko ruhomba?”. Gufata umwanya wo kuzirikana ku ngeramizi zoba zirimwo bizogufasha kurimbura ico kintu usabwe, mu buryo burimwo ukubona ibintu nk’uko biri koko.​—Imigani 13:16; 22:3.

5. (a) Ni ikintu ikihe kiranga ubukerebutsi Yeremiya yakoze igihe yagura ishamvu? (b) Ni kubera iki ari ngirakamaro ko amasezerano yose arimwo ivy’amahera yandikwa ahantu mu buryo buhuje n’uko bisanzwe bigirwa?

5 Igihe umuhanuzi Yeremiya yagura ishamvu na mwenewabo, uwo akaba yasenga Yehova cokimwe na we, barandikiraniye imbere y’ivyabona (Yeremiya 32:9-12). Muri iki gihe, umuntu w’inkerebutsi araraba neza yuko amasezerano yose arimwo ivy’amahera agiranira n’abandi, ushizemwo incuti be n’abo basangiye ukwizera, yandikwa ahantu, akandikwa mu buryo buhuje n’uko bisanzwe bigirwaa. Kuba dufise urwandiko rutomoye kandi rwateguwe neza rwanditseko amasezerano twagiraniye n’umuntu biradufasha kwirinda ukutumvikana kwohava kuhaba bikadufasha no kuzigama ubumwe. Ku rundi ruhande, kuba ata rwandiko rwanditseko amasezerano ruba ruhari ni kimwe mu bintu bituma havyuka ingorane z’ivy’urudandaza hagati y’abasavyi ba Yehova. Ikibabaje ni uko mwene izo ngorane zishobora kuvamwo ukuvunika umutima, umujinya, eka zikanatuma umuntu atakaza kamere yiwe y’ivy’impwemu.

6. Ni kubera iki dukeneye kwirinda umwina?

6 Dukwiye kandi kwirinda umwina (Luka 12:15). Iyo umuntu yemerewe inyungu nyinshi cane, birashobora kumuhuma amaso ku buryo atabona ingeramizi ziri mu rudandaza runaka rudatomoye. Hari mbere n’abari baratewe uduteka twiza mu murimo wa Yehova baguye muri uwo mutego. Ijambo ry’Imana ritugabisha riti: “Gukunda amahera ntikube mu ngeso zanyu; ivyo mufise bibabumbe” (Abaheburayo 13:5). Igihe umukirisu ariko azirikana ku bijanye n’akaryo kanaka ko kuja mu vy’urudandaza, akwiye kwibaza ati: ‘Vyoba vy’ukuri bikenewe ko ndabijamwo?’. Kubaho mu buryo bworoheje bushingiye ku gusenga Yehova bizoturinda “ibintu bibi vy’ubwoko bwose”.​—1 Timoteyo 6:6-10, NW.

Ibintu bitoroshe bihanze abakirisu b’abirebange

7. (a) Ni ibintu bitoroshe ibihe bihanze abakirisu b’abirebange benshi? (b) Ni gute guhitamwo uwo twubakana birimwo ukuguma umuntu ari intahemuka ku Mana?

7 Hari abasavyi ba Yehova benshi bipfuza cane kwubaka izabo mugabo bakaba batararonka umuntu abereye bokwubakana. Mu bihugu bimwebimwe, usanga ikibano gihatira cane abantu kwubaka izabo. Yamara, uturyo tw’uko umuntu aronka uwo bokwubakana mu bo basangiye ukwizera twoshobora kuba ari dukeyi (Imigani 13:12). Ariko rero, abakirisu baratahura yuko kwumvira rya tegeko ryo muri Bibiliya ridusaba kwubaka “mu Mukama gusa” ari ukwerekana ko umuntu ari intahemuka kuri Yehova (1 Abakorenti 7:39, UB). Kugira ngo abakirisu b’abirebange bananire imikazo n’ibigeragezo bahura, bategerezwa kugumana ubwenge bukora neza.

8. Ni umukazo uwuhe umwigeme umwe w’Umushulamukazi yashizweko, kandi ni gute abakirisukazi muri iki gihe boshobora gushikirwa n’ikintu kitoroshe nk’ico?

8 Mu Ndirimbo ya Salomo, hari umwigeme wo mu rutoki aciye bugufi yitwa Umushulamukazi agomwa n’umwami. Uno aramuryosharyosha mu kumwereka ubutunzi bw’agatangaza be n’icubahiro cinshi afise no mu gukoresha amajambo asosa, naho uwo mwigeme asanzwe akunda umusore umwe (Indirimbo ya Salomo 1:9-11; 3:7-10; 6:8-10, 13). Nimba uri umukirisukazi, vyoshika na wewe ugasanga hari umuntu akwitwararika cane utabishaka. Umuntu mukorera hamwe, kumbure umuntu w’umukuru, yoshobora gutangura kuza aragukeza, akagukorera utuntu two kugushimisha, akaza kandi ararondera uturyo two kuba ari kumwe nawe. Uraba maso kuri mwene ivyo bintu yogira arondera kukuryosharyosha. Naho umuntu nk’uwo ataba imisi yose arondera ko mukundana canke mukora ivy’ubuhumbu, kenshi na kenshi usanga ari vyo aba arondera. Nk’ukwo kw’uwo mwigeme w’Umushulamukazi, nube “uruzitiro rw’amabuye” (Indirimbo ya Salomo 8:4, 10). Niwiyamirize wivuye inyuma ivyo kukwikundishako udashaka. Ugitangura gukorera ahantu hanaka, numenyeshe abo mukorana ko uri Icabona ca Yehova wongere ukoreshe akaryo kose uronse kugira ubabwire inkuru nziza. Ivyo bizokubera uburinzi.

9. Kugiranira imigenderanire n’umuntu utazi biciye kuri Internet, birimwo akaga akahe (Raba n’uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 25.)?

9 Imihora yo kuri Internet igenewe gufasha abantu b’abirebange kuronka abo bubakana iriko irushiriza guhurumbirwa. Hari ababona ko ubwo ari uburyo bwo kumenya abantu bitoshobotse ko bamenya. Ariko rero, gupfa kugiranira imigenderanire n’umuntu utazi, birimwo akaga koko. Kuri Internet, birashobora kugora gutandukanya ivy’ukuri n’ibitari ivy’ukuri (Zaburi 26:4). Si umuntu wese avuga ko ari umusavyi wa Yehova aba vy’ukuri ari we. N’ikindi kandi, kureshanya biciye ku mihora yo kuri Internet vyoshobora gutuma ubucuti bukomeye butsimbatara ningoga na ningoga, kandi ivyo birashobora gutuma umuntu atabona ibintu mu buryo bubereye (Imigani 28:26). Gutsimbataza ubucuti bwa hafi n’umuntu ata vyinshi umuziko, waba ukoresheje Internet canke ubundi buryo, ntibiranga ubukerebutsi.​—1 Ab’i Korinto 15:33.

10. Abakirisu b’abirebange bashobora gute kuremeshwa n’abo basangiye ukwizera?

10 Yehova arafitiye abasavyi biwe “igishika [cinshi] kirangwa ikibabarwe” (Yakobo 5:11, NW). Arazi yuko ibintu bitoroshe bihanze abakirisu baguma ari abirebange bitabavuyeko usanga rimwe na rimwe bivuna umutima, kandi araha agaciro ukudahemuka kwabo. Abandi bashobora gute none kubaremesha? Dukwiye kwama tubakeza ku bw’ukugamburuka kwabo no ku bw’agatima ko kwitanga bagaragaza (Abacamanza 11:39, 40). Turashobora kandi kubashiramwo igihe dutegekanya kwifatanya n’abandi ku bwo gukomezanya. Woba uheruka kubigira? N’ikindi kandi, turashobora kubashira mw’isengesho, tugasaba Yehova ngo abafashe kugumana uburimbane mu vy’impwemu no kuronka umunezero mu murimo bamurangurira. Mu kwitwararika bimwe bivuye ku mutima abo bantu b’intahemuka, ese twokwerekana ko tubaha agaciro nk’uko Yehova na we nyene abaha agaciro!​—Zaburi 37:28.

Gutorera umuti ingorane z’amagara

11. Ingorane zikomeye z’amagara zituma umuntu ahangana n’ibintu bitoroshe ibihe?

11 Urazi ukuntu bibabaza igihe twebwe ubwacu canke umwe mu bacu afise ingorane zikomeye z’amagara (Yesaya 38:1-3)! Naho turondera kuvurwa neza, birahambaye cane ko twumira ku ngingo ngenderwako zo mu Vyanditswe. Nk’akarorero, abakirisu baritaho cane kugamburuka rya tegeko ryo muri Bibiliya ridusaba kwirinda amaraso, kandi baririnda uburyo bwo kwisuzumisha canke kwivuza burimwo ivy’ubupfumu (Ivyakozwe n’intumwa 15:28, 29; Ab’i Galatiya 5:19-21). Ariko rero, ku batize ibijanye n’ubuvuzi, kurimbura uburyo bwo kuvurwa bohitamwo birashobora kuba ibivuruga ubwenge be n’ibiteye ubwoba. Ni igiki none gishobora kudufasha kugumana ubwenge bukora neza?

12. Umukirisu ashobora gute kugumana uburimbane igihe arimbura uburyo bwo kwivuza yohitamwo?

12 “Umunyamakenga agenda agavye” mu kugira ubushakashatsi muri Bibiliya no mu bitabu vya gikirisu (Imigani 14:15). Mu mihingo yo kw’isi aho usanga hari abaganga bakeyi n’ibitaro bikeyi, kuvurwa hakoreshejwe imiti y’ikirundi vyoshobora kuba ari bwo buryo bwonyene buhari bwo kwivuza. Mu gihe twoba turiko tuzirikana kuri ubwo buryo bwo kwivuza, turashobora gusanga amakuru y’ingirakamaro mu nomero y’Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) yo ku wa 15 Ndamukiza 1987, urupapuro rwa 26-29. Ivyo biratuma tuba maso ku bijanye n’akaga vyoshobora kuba birimwo. Nk’akarorero, hari aho twokenera kurondera kumenya ibi bikurikira: Uwo muganga w’ikirundi yoba asanzwe azwi ko akora ivy’ubupfumu? Ubwo buryo bwo kuvura bwoba bushingiye ku vy’uko indwara n’urupfu bitezwa n’imana zinaka (canke imizimu y’aba kera) vyarakajwe, canke yuko biterwa n’abansi bakoresha ibitega? Mu gutegura nya muti canke mu kuwukoresha, hoba hatangwa ibimazi, hakagirwa imitongero, canke iyindi mihamuro (Gusubira mu vyagezwe 18:10-12)? Ubushakashatsi mwene ubwo buzodufasha kwumvira iyi mpanuro yahumetswe igira iti: “[“Musuzume neza ibintu vyose”, NW], mugumye ivyiza”b (1 Ab’i Tesalonike 5:21). Ivyo bizodufasha kugumana uburimbane.

13, 14. (a) Dushobora gute kwerekana ko dukora ibitegereka mu bijanye no kwitaho amagara yacu? (b) Ni kubera iki bikenewe ko tuba abantu bakora ibitegereka igihe tuyaga n’abandi ivy’amagara be n’ivyo kwivuza?

13 Kugira ibitegereka birakenewe mu mice yose y’ubuzima, ushizemwo n’ivyo kwitaho amagara yacu (Ab’i Filipi 4:5). Kwitwararika amagara yacu mu buryo butarimwo ukurenza urugero birerekana ko dukenguruka ingabirano y’agaciro twahawe y’ubuzima. Iyo dufise ingorane z’amagara, biba bikwiriye ko tuzitwararika. Yamara rero, amagara atagira akanenge tuzoshobora kuyaronka ari uko igihe Imana yashinze co “kuvūra amahanga” gishitse (Ivyahishuriwe 22:1, 2). Dukwiye kwirinda kwitaho cane amagara yacu gushika n’aho twigiza ku ruhande ivyo dukeneye mu vy’impwemu, vyo bihambaye kuruta.​—Matayo 5:3; Ab’i Filipi 1:10.

14 Turakenera kandi kugira uburimbane no gukora ibitegereka igihe tuganira n’abandi ku bijanye n’amagara be n’ivyo kwivuza. Ivyo ntibikwiye kuba co kintu nyamukuru tuganirako igihe dukoraniye hamwe n’abandi ku makoraniro no ku materaniro vya gikirisu kugira twifatanye na bo mu vy’impwemu. Vyongeye, ingingo umuntu afata ku bijanye n’ivyo kwivuza usanga akenshi zisaba ko yisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, ijwi ryiwe ryo mu mutima, be n’ubucuti afitaniye na Yehova. Uca rero wumva ko bitoba biranga urukundo hamwe twohata uwo dusangiye ukwizera ngo yemere ivyiyumviro vyacu canke ngo ntiyumvire ivyo ijwi ryiwe ryo mu mutima rimutegeka gukora. Naho abakirisu bahumuye bo mw’ishengero bashobora guhanuzwa kugira bagire ico bafashije, umukirisu umwumwe wese ku giti ciwe ni we abwirizwa ‘kwikorera uwiwe mutwaro’ ujanye n’ibanga afise ryo gufata ingingo, kandi “umuntu wese muri twebge azobazwa n’Imana ivyo yakoze”.​—Ab’i Galatiya 6:5; Abaroma 14:12, 22, 23.

Igihe turi mu bintu bitesha umutwe

15. Ibintu bitesha umutwe bishobora gute kuduteza ingorane?

15 Ibintu bitesha umutwe birashobora gutuma n’abasavyi ba Yehova b’intahemuka bavuga canke bakora ibintu mu buryo butaranga ubukerebutsi (Umusiguzi 7:7). Igihe Yobu yari mu kigeragezo gikomeye, yaratakaje uburimbane ku rugero runaka maze biba ngombwa ko uburyo yabona ibintu bukosorwa (Yobu 35:2, 3; 40:6-8). Naho “Mose yar’umugwaneza kurusha abantu bose bo mw isi”, igihe kimwe yararakaye maze avuga atabanje kwiyumvira (Guharūra 12:3; 20:7-12; Zaburi 106:32, 33). Dawidi yaragaragaje ukwigumya kudasanzwe mu kutica Umwami Sauli, ariko igihe Nabali yamutuka akongera agatukagura abantu biwe, Dawidi yaciye ashangashirwa bituma atakaza ukubona ibintu mu buryo bubereye. Yagiye kwigarura igihe Abigayili yahaseruka, hakaba hari hasigaye gato gusa agakora ikosa ryari kugira ingaruka z’agahomerabunwa.​—1 Samweli 24:2-7; 25:9-13, 32, 33.

16. Ni igiki gishobora kudufasha kwirinda gukora ibintu gihuruduka?

16 Hari aho na twebwe twoshikirwa n’ibintu bitesha umutwe vyoshobora gutuma tudashira ibintu ku munzane ngo turabe ikibereye. Kurimbura twitonze ukuntu abandi babona ibintu nka kumwe Dawidi yabigira, birashobora kudufasha kwirinda gukora ibintu gihuruduka no kwihutira gukora icaha (Imigani 19:2). Vyongeye, Ijambo ry’Imana ridukebura riti: “[“Mushuhe umutwe, ariko”, NW] ntimukore icaha: mucuragize mu mitima yanyu muri ku mariri, mucereje” (Zaburi 4:4). Mu gihe bidushobokera, vyoba biranga ubukerebutsi turindiriye gushika duturuye imbere y’uko tugira ico dukoze canke imbere y’uko dufata ingingo (Imigani 14:17, 29). Turashobora kwitura Yehova mw’isengesho tubigiranye ubwira, “maz’amahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese, a[ga]shibamira imitima ya[c]u n’ivyiyumviro vya[c]u muri Kristo Yesu” (Ab’i Filipi 4:6, 7). Ukwo guturura gutangwa n’Imana kuzoca gutuma dutekana maze bidufashe kugumana ubwenge bukora neza.

17. Ni kubera iki dutegerezwa kwiheka kuri Yehova kugira tugumane ubwenge bukora neza?

17 Naho tugira utwigoro tungana gute kugira twirinde akaga twongere dukorane ubukerebutsi, twese birashika tugakora amakosa (Yakobo 3:2). Ata n’ukubica n’ikanda, hoshobora kuba hasigaye gato gusa tugatera intambwe yokwega akarambaraye (Zaburi 19:12, 13). N’ikindi kandi, twebwe ibiremwa-bantu, nta bushobozi canke uburenganzira dufise bwo kuyobora intambuko zacu bwite tutisunze Yehova (Yeremiya 10:23). Ese ukuntu dukura ubwatsi kubona adusubiriza umutima mu nda ati: “Nzokwigisha nkwereke inzira ucamwo, nzokugīra inama, ijisho ryanje rizokugumako” (Zaburi 32:8). Ni vyo, tubifashijwemwo na Yehova, turashobora kugumana ubwenge bukora neza.

[Utujambo tw’epfo]

a Wipfuza kumenya ayandi makuru yerekeye inyandiko zemeza amasezerano arimwo ivy’amahera, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Myandagaro 1997, urupapuro rwa 18-19 (mu gifaransa ni urupapuro rwa 30-31); Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Munyonyo 1986, urupapuro rwa 16-17 (mu kirundi ni uwo muri Nyakanga 1987, urupapuro rwa 5-6); be na Réveillez-vous! yo ku wa 8 Rusama 1983, urupapuro rwa 13-15, vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

b Ibi bizofasha abariko barimbura uburyo bwo kuvura indwara yinaka butabonwa kumwe.

Wokwishura gute?

Dushobora gute kugumana ubwenge bukora neza

• iyo duhawe akaryo ko kuja mu vy’urudandaza?

• igihe turondera uwo twokwubakana?

• igihe dufise ingorane z’amagara?

• igihe turi mu bintu bitesha umutwe?

[Uruzitiro ku rup. 25]

Woba ushobora kuyizigira?

Aya majambo akurikira yo kwikingira ugutabwako umwikomo, umuntu arayasanga mu mihora yo kuri Internet igenewe abirebange:

“Naho dukora uko dushoboye kwose kugira ngo tumenye akaranga k’umuntu kanaka, ntitubemeje ko ari ak’ukuri”.

“Ntitubemeje yuko amakuru ayo ari yose ari kuri uwu muhora ari ay’ukuri, atagira agahaze be n’uko ari ngirakamaro”.

“Ivyiyumviro, impanuro, ibivugwa, ivyo twemera kubafashamwo, canke ayandi makuru cabure ibindi bintu biboneka kuri [uwu] muhora ni ivya bene kuvyandika . . . kandi si ngombwa ngo umuntu avyizigire”.

[Ifoto ku rup. 23]

“Umunyamakenga agenda agavye”

[Ifoto ku rup. 24, 25]

Umukirisukazi ashobora gute kwigana wa mwigeme w’Umushulamukazi?

[Ifoto ku rup. 26]

‘Musuzume neza ibintu vyose, mugumye ivyiza’

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika