Urutonde rw’Amakoraniro y’Umurimo
Indwi Itangura ku wa 10 Mukakaro
Ururirimbo rwa 24 (185)
Imin. 12: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa Dukorera Ubwami. Niwerekeze ivyiyumviro ku gasandugu kavuga ngo “Nurabe ku Rupapuro rw’Inyuma,” hanyuma mugire umwerekano w’uburyo bumwe mu bwatanzwe bwo gutanguza ikiyago buribugire akamaro mu karere k’iwanyu.
Imin. 15: “Ntidushobora Kureka Kuvuga.” Amajambo y’intangamarara ntarenze umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu. Nushimikire ku mvo zituma tudafata minenegwe igikebere cacu co kwamamaza inkuru nziza. Nushiremwo ivyiyumviro bikora ku mutima bivuye mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruhuhuma 1997, urupapuro rwa 16-17.
Imin. 18: “Vyose Bikorwe Kugira ngw Abantu Bakomezwe.” Abakurambere babiri bagire kino kiganiro. Nimusome ingingo yose n’ivyanditswe vyatanzwe. Nimushimangire ku ngingo ngenderwako zirimwo. Bashimikire ku vy’uko hakenewe ugutegera igihe hagirwa ibintu vyerekeye urudandaza canke ugushinga imitahe. Mwiyibutse impanuro iri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ndamukiza 1997, urupapuro rwa 14-15, 19.
Ururirimbo rwa 2 (15) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 17 Mukakaro
Ururirimbo rwa 29 (222)
Imin. 15: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte. Mu ncamake nusigure ingene twokoresha agatabu “Voici, je fais toutes choses nouvelles” (Ehe Raba! Vyose Ndabihindura Bisha) kugira dufashe umuntu ashimishwa gutahura ivy’uko akeneye kumenya no gukoresha izina bwite ry’Imana.—Raba igitabu Comment raisonner urupapuro rwa 200-201.
Imin. 10: “Porogarama Nshasha y’Iteraniro ry’Umuzunguruko.” Ibibazo n’inyishu. Nimutangaze igenekerezo ry’umusi w’iteraniro ry’umuzunguruko niyo mwaba murizi, kandi muhimirize bose kuryitaba muri iyo misi ibiri yompi. Nimuremeshe bose kugira akigoro kadasanzwe mu gutumira abatohoji ba Bibiliya. Kwitaba iteraniro bishobora kubakaburira ningoga icipfuzo co kwifadikanya n’ishengero ubudahengeshanya. Mu kurindira, Iteraniro ryacu ry’Intara ryataziriwe ngo “Abakora ivy’Ijambo ry’Imana” ritegekanijwe kuzogirwa mu mezi ya Myandagaro na Nyakanga. Ese twese twokwitaba iyo porogarama yose izomara imisi itatu.
Imin. 20: Ni Nde Akwiye Kukubera Icitegererezo? Sebibondo umwe arongore inyigisho y’umuryango urimwo umwana umwe canke babiri b’imiyabaga. Haciye imisi abonye yuko ibiyago vyabo kenshi bishimikira kuri ba rurangiranwa mu vyo kwinonora imitsi, ba karuhariwe mu gukina amasenema, abantu bakuru baca kuri za televiziyo hamwe n’abacuraranzi. Aravuga ko arajwe ishinga n’uko ubwo bwoko bw’ibihimbara ari ibigaragaza agatima k’isi. Baraganira ku vyerekeye Réveillez-vous! yo ku wa 22 Rusama 1998, urupapuro rwa 12-14. Abo bakiri bato barabona yuko hariho ingeramizi ku vyo kugira abantu ba rurangiranwa bo mw’isi nk’ibigirwamana, kandi bakemera yuko ukumenyekana mw’isi ataco kwungukira Abakirisu. Bararimbura inyungu zo kubona abavyeyi, abakurambere, abandi bantu b’intangakarorero bo mw’ishengero na canecane Yezu Kirisitu nk’ivyitegererezo vyabo.
Ururirimbo rwa 12 (113) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 24 Mukakaro
Ururirimbo rwa 6 (45)
Imin. 5: Amatangazo y’iwanyu.
Imin. 15: Kwishimagiza nk’Abasuku b’Imana. Abakozi b’ishengero babiri baraganira impanuro z’Ivyanditswe zitangwa mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero 1999, urupapuro rwa 14-15. Baratahura ivy’uko hakenewe gushitsa mu buryo bwiza ibanga ryo kuba abakozi b’ishengero kandi bakiyibutsa ivyo ubwabo bashobora gukora kugira ngo berekane yuko bariko bararangura ibikebere vyabo. Barabona akamaro ko kuba uturorero twiza mu busuku bwo mu ndimiro kandi bakaganira uburyo bashobora kubera kirumara abakurambere mu gusahiriza abandi mu vyo bakeneye. Baremera yuko bashaka gukora ivyo bashobora vyose kugira bafashe ishengero gutahura ukwihuta kw’ibihe no gufasha ngo rikure kandi risagambe mu vy’impwemu.
Imin. 10: Kwandikira Amakete Abantu Tudashobora Gushikira. Insiguro n’uguhana ijambo n’abumviriza. Kubera birushiriza kuba ibigoye gusanga abantu mu mihana iwabo, abamamaji bamwebamwe barerewe mu kwandika amakete. Rimbura izi nyobozo. Ayo makete akwiye kuba magufi, ashimikiye ku Vyanditswe kandi yanditswe mu buryo bwisoneye. Ntukarungike amakete atagirako izina ry’uwayanditse. Nuryandikishe intoke canke imashini mu buryo bw’isuku kandi busomeka. Nutange aderese y’Ingoro y’Ubwami hamwe n’amasaha ishengero rigirirako amakoraniro umuhe n’ubutumire bwo kwitaba amakoraniro. Ntukoreshe aderese ikoreshwa mu kurungika ibintu kuri Sosiyete. Nimwiyibutse ivyiyumviro twagiriwe inama yokurikizwa mu gitabu Manuel pour l’École, urupapuro rwa 87-88 hamwe no mu kiganiro “Inyishu ku Bibazo Vyanyu” co mu Gikorwa Dukorera Ubwami co muri Kigarama 1996.
Imin. 15: Nukoreshe Intangamarara Kirumara. Nurobanure intangamarara zibiri canke zitatu zivuye ku rupapuro rwa 9-15 z’igitabu Comment raisonner, hanyuma uganire ingene izo zishobora gukoreshwa mu buryo kirumara mu karere k’iwanyu. Nubaze abumviriza uti: “Ni intangamarara izihe muhora mukoresha iyo muganirije umuntu mw’ibarabara, akaryo kizanye canke mu bindi bihe?” Nimugire umwerekano umwe canke ibiri nimba umwanya ubigukundiye.
Ururirimbo rwa 9 (37) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 31 Mukakaro
Ururirimbo rwa 21 (191)
Imin. 15: Amatangazo y’iwanyu. Niwibutse bose gutanga raporo yo mu ndimiro y’ukwezi kwa Mukakaro. Nusabe abumviriza bigane ibintu ubwabo biboneye muri uku kwezi mu gihe bari bariko baratanga amaboroshire.
Imin. 12: Ibikenewe iwanyu. Nimushiremwo n’ibi vyibukijwe bikurikira ku biraba ugutanga ibisohokayandikiro ataco turinze kurihisha. (1) Ibisohokayandikiro vyose vya Sosiyete bihabwa abamamaji be n’abantu bashimishwa ata ntererano kanaka irinze kurihishwa. (2) Gutanga intererano si igisabwa kugira ngo umuntu aronke igitabu, ariko ugushimishwa vy’ukuri no kugisoma ni co gisabwa. (3) Igihe dutanga “Intererano ku bw’Igikorwa Sosiyete Irangurira kw’Isi Yose—Matayo 24:14,” dukwiye kugumya mu muzirikanyi yuko tudaterereye gusa ku bw’ugusubiza ikiguzi igisohokayandikiro catwaye mu guhingurwa, ahubwo ko dushigikiye igikorwa cose uko kingana. Raba ikete ryarungikiwe amashengero yose ryo kw’igenekerezo rya 15 Gitugutu 1999.
Imin. 18: “Woba Ukenguruka Ukwihangana kwa Yehova?” Ibibazo n’inyishu. Nugire ivyo uvuze bikora ku mutima vyerekeye ukwihangana kwa Yehova.—Raba igitabu Étude perspicace, imbumbe ya 2, urupapuro rwa 499-500.
Ururirimbo rwa 26 (212) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 7 Myandagaro
Ururirimbo rwa 11 (85)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu hamwe n’Udukuru twa Gitewokarasi.
Imin. 17: “Woba Uri Umuntu w’Isoni?” Ibibazo n’inyishu. Niwigane ivyabonywe biremesha bivuye mu gitabu c’umwaka (Annuaire) co mu 1997, urupapuro rwa 43-44.
Imin. 18: Nube Inkerebutsi ku Vyerekeye Kazoza Kawe. Insiguro ishikirizwa n’umukurambere. Abakiri bato baripfuza kwinovora kazoza k’agahimbare bari kumwe n’abo bakunda. Naho ico cipfuzo ari igisanzwe kiturimwo, bategerezwa gukurikiza impanuro z’Imana nimba bashaka kwererwa. (Imig. 19:20) Gukwegakwegwa n’abantu b’ikindi gitsina kuba gukomeye mu buto. Mu gihe inyiyumvo zidacungerewe neza, zishobora gukwega ibara. Haravyuka ibibazo vyinshi ku vyerekeye ubukerebutsi bw’abayabaga bagirira akanyengetera abo badasangiye igitsina, bagatsimbataza ubucuti bw’urukundo rw’umubiri bubashikana ku kugenderanira. Niwiyibutse inkeburo zitangwa mu gitabu Les jeunes s’interrogent, urupapuro rwa 231-235. Nushimangire ku bintu bikurubikuru vyo mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Kigarama 1999, urupapuro rwa 14-19, werekana agaciro k’abakiri bato barangura ivyo bategerezwa ku Mana. Nuremeshe abayabaga kuzirikana kuri iyo mpanuro no kuganira n’abavyeyi babo nimba bafise ibibazo.
Ururirimbo rwa 19 (164) n’isengesho ryo gusozera.