“Ntidushobora Kureka Kuvuga”
1 Yezu Kirisitu ariko arayoborera hafi igikorwa co kwamamaza inkuru nziza. (Mat. 28:20; Mrk. 13:10) Naho hariho hafi imiliyoni zitandatu z’abamamaji bashinga intahe mu bihugu 234, ntidutegerezwa kwibwira yuko ugushinga intahe kwacu kwaheze. Gushika Imana itangaje yuko igikorwa cakozwe, “ntidushobora kureka kuvuga” ibintu twize.—Ivyak. 4:20, UB.
2 Niwiheke ku Mpwemu y’Imana: Shetani arakoresha umutuno ukomeye cane kugira ngo atudendebure. (Ivyah. 12:17) Umubiri wacu bwite udatunganye na wo nyene uraduteza ingorane nyinshi. Ibintu mwene ivyo birashobora kudukevya ntitube tucitwararika igikorwa gihambaye kuruta vyose co kwamamaza inkuru nziza. Ariko rero, nimba twizigiye Yehova, impwemu yiwe izodufasha guhangana n’intambamyi iyari yo yose.
3 Igihe ishengero ry’Abakirisu ryo mu kinjana ca mbere ryariko rirahamwa bimwe bikaze, abavukanyi barasenze Imana ngo ibafashe kuguma bavuga ijambo ryayo bashize amanga rwose. Yehova yarishuye isengesho ryabo, arabasukako impwemu yiwe yongera arabaha umwete n’umwiyemezo vyari bikenewe kugira bagume bamamaza inkuru nziza. Icavuyemwo ni uko babandanije gutangaza inkuru nziza ata gutezura, bashize amanga.—Ivyak. 4:29, 31; 5:42.
4 Ntutinye Amajambo Aca Intege: Ivyiyumviro bikwiragiye hose canke amajambo yo gucokora akwiragizwa vyoshobora gusa n’ibituma tugira ubwoba. Ariko rero, niwibuke ijambo riranga ugushira amanga Petero n’izindi ntumwa babwiye Ikombe, rikaba ryanditswe mu Vyakozwe 5:29-32. Nk’uko umwigisha w’Ivyagezwe Gamaliyeli yavyiyemereye, igikorwa c’Imana ntigishobora gusenyurwa. Ntikirangurwa n’ububasha bwacu. Ico gikorwa gihambaye kuruta ibindi gishigikiwe n’Imana, kandi ni yo yonyene ishobora kukirangura!—Zek. 4:6.
5 Nimuze twame twinginga Yehova ku musi ku musi ngo aduhe impwemu yiwe yo kudufasha kumenyekanisha inkuru nziza n’umwete. Ese twovuga nk’uko Yeremiya yavuze, yuko ubutumwa bw’Ubwami bumeze nk’umuriro waka mu magufa yacu. (Yer. 20:9) Ntidushobora kunuma!