ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 5/99 rup. 1
  • Niwigishe Abandi Ibibagirira Ikimazi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwigishe Abandi Ibibagirira Ikimazi
  • Igikorwa dukorera Ubwami—1999
  • Ivyo bijanye
  • Woba Uriko Urironsa Inyungu?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Mu Rugo Dutegerezwa Kwama Tugira Ibiranga Ukwihebera Ivy’Ugusenga Imana
    Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
  • Nuhimbarwe mu Mubano wo mu Rugo
    Nuhimbarwe mu mubano wo mu rugo
  • Hoba Hariho Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo?
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—1999
km 5/99 rup. 1

Niwigishe Abandi Ibibagirira Ikimazi

1 Yehova ashaka ko abantu bose baronka ibibagirira ikimazi. (Yes. 48:17) Arazi ikituzanira ubuhirwe nyakuri. Ico yipfuza cane ni uko abantu bokira agatikizo maze bakanezererwa ubuzima mu kwitondera amategeko yiwe. Turungukira cane ku kubaho mu buryo buhimbara Imana. (Zab. 34:8) Dushobora gute kwigisha abandi kugira nk’ukwo nyene?

2 Abantu Bashaka Iki? Ni igiki kiraje ishinga abantu usanga ku mihana y’aho uba? Mbega si ivy’uko urugo rwabo rwotekanirwa, umubano wabo w’abubatse ugakomera, kazoza k’abana babo, hamwe n’ibindi bisa n’ivyo? Igihe bashikiwe n’ingorane, boba baronderera hehe imfashanyo? Bashobora kwiyizigira, bakizigira ibiganiro bitanga inyigisho z’ukuntu umuntu yokwirwanako, canke bakizigira ubuyobozi bw’abandi. Mu kubigira gutyo, benshi barateshwa umutwe n’ivyiyumviro bitumvikana kandi ataco bivuze ku bijanye n’ukuntu boronka ikintu cobagirira ikimazi. Dutegerezwa kubajijura yuko ivyo Ijambo ry’Imana rivuga mu vyerekeye ubuyobozi ari vyiza kuruta. (Zab. 119:98) Dushobora kugira ivyo mu kubereka ukuntu no muri iki gihe nyene bashobora kuryohora agaciro k’ubuzima bwabo, baramutse bagize utwigoro two kwiga Bibiliya no gushira mu ngiro ico ivuga.—2 Tim. 3:16, 17.

3 Umubano wo mu Rugo Urushirije Kuba Mwiza: Abantu bake ni bo babona ukuntu impanuro yahumetswe n’Imana iri mu Banyefeso 5:22–6:4 ari kirumara koko mu gutorera umuti ingorane zo mu miryango. Ukwo ni ko vyari vyifashe ku mugabo umwe n’umugore wiwe bafashe ingingo yuko botandukana hari haciye imyaka cumi bubatse. Ariko rero, umugore yaratanguye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya, arigishwa ingingo zo mu Vyanditswe zijanye n’umubano wo mu rugo. Bidatevye, umugabo yariboneye ivyo umugore wiwe yagenda arahindura uko yashira mu ngiro ingingo za Bibiliya, maze na we aca arifatanya na bo muri iyo nyigisho. Haciye igihe nya mugabo yavuze ati: “Ubu twararonse ishingiro ry’ukugira ubuzima bwo mu rugo burangwa ubuhirwe vy’ukuri.”

4 Intumbero Nyakuri mu Buzima: Igihe umusore yanywa ibiyayura umutwe yaronderera imfashanyo ku Vyabona, bamwigishije yuko Yehova amwitwararika. Yavuze ati: ‘Naramenye ko Umuremyi afitiye umugambi zina muntu wese kandi ko aha ubuzima budahera abo ashima. Ntushobora kwiyumvira ukuntu numva mfise ubuhirwe ku bw’ivyo. Ubu mfise amagara meza, amahoro y’umuzirikanyi, vyongeye nkaba mfitaniye n’Imana ubucuti bukomeye.’

5 Nta n’umwe atokwungukira ku mfashanyo ngirakimazi dusanga mw’Ijambo ry’Imana. Mu kurikoresha nk’ubuyobozi bwacu, tuba twemeje yuko inzira ya Yehova iruta kure n’iyo inzira z’iyi si. (Zab. 116:12) Dufise agateka ko gushikiriza abandi ubwo butumwa, tukabigisha ibibagirira ikimazi. Uko tubigira, tuzokwibonera ingaruka nziza bivamwo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika