Isubiramwo ry’Ishure ry’Igikenurwa ca Gitewokarasi
Isubiramwo rikorwa ibitabu bizinze ry’amayagwa yihwejwe mw’Ishure ry’Igikenurwa ca Gitewokarasi, yo ku mushamvu wo ku wa 4 Nzero gushika ku wo ku wa 19 Ndamukiza 1999. Korera ku rundi rukaratasi mu kwishura ibibazo vyinshi ushoboye mu mwanya watanzwe.
Ibimenyeshejwe: Mu gihe c’iryo subiramwo, niwifashishe Bibiliya yonyene. Amarabiro yatanzwe inyuma y’ikibazo kimwe cose agenewe kworohereza ubushakashatsi wewe wigirira. Ibitigiri biranga urupapuro n’igifungo ntivyama birerekanwa ku marabiro arungika ku Munara w’Inderetsi.]
Ishura Ni Vyo canke Si Vyo ku bivuzwe bikurikira:
1. Yehova igihe cose ntiyabwira abanditsi ba Bibiliya ivyo bandika ijambo ku rindi. (2 Tim. 3:16) [w97-F 15/6 rup. 5 ing. 3]
2. Ukwumvikana kw’abagize urugo hamwe n’ugukura kw’abana mu vy’impwemu, vyose biva ku bavyeyi. (Imig. 22:6) [fy-SW rup. 85 ing. 19]
3. Kubera ko icaha cari “kibunze ku rugi,” nta buryo Kayini yari afise bwo kwirinda gukora ikibi gikomeye. (Ita. 4:7) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w94-RU 1/6 rup. 22 ing. 11.]
4. Uko umwana w’umuyabaga akura, bakwiye guca bamwongerereza uburenganzira bwo kwihitiramwo ivyo agira mu kwiruhura. [fy-SW rup. 73 ing. 20]
5. Icipfuzo co guhimbara Umuremyi wacu ni co kintu gikuru covyurira umuntu ukubwira abantu ukuri ibihe vyose. (Imig. 6:17) [g97-F 22/2 rup. 19 ing. 4]
6. Kugira ngo ‘amajambo yo mu kanwa kacu n’ivyiyumviro vyo mu mitima yacu bize bishimwe na Yehova’ mw’isengesho, dukwiye kwihata kuba imvuzi uko bishoboka kwose. (Zab. 19:14) [w97-F 1/7 rup. 29 ing. 4-5]
7. Amategeko, amabwirizwa n’ivyagezwe vya Yehova bivugwa mw’Itanguriro 26:5 vyerekeza ku vyo mw’isezerano ry’Ivyagezwe. [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba wRU 7/92 rup. 3 ing. 8.]
8. Igihe Yezu yavuga ngo “ukwizera kwawe kuragukijije,” nk’uko vyanditswe muri Luka 8:48, yashaka kuvuga ko uwo mukenyezi arwaye yarinze kwatura ko yizeye yuko ari we Mesiya imbere y’uko akizwa. [w97-RU 1/7 rup. 4 ing. 2-4]
9. Mw’Itanguriro 11:1 ni kimwe mu vyanditswe bitari bike bikoresha ijambo “isi” bishaka kwerekeza ku bantu bafatiwe hamwe, canke ikibano c’abantu. [g97-F 8/1 rup. 27 ing. 3]
10. Naho ata cerekana ko Dina yari yavyemeye, yaragize uruhara mu vy’ugutakaza ubusugi bwiwe. (Ita. 34:1, 2) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w85-F 15/6 rup. 31 ing. 4.]
Niwishure ibibazo bikurikira:
11. Shetani yashatse kuvuga iki mu ciyumviro yashikirije kiri mw’Itanguriro 3:1-5? [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w95-F 15/7 rup. 5 ing. 1.]
12. Mu Vyahishuriwe 19:15, “inkota ikarishe” isokoroka mu kanwa ka Yezu igereranya iki? [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w90-F 15/5 rup. 4 ing. 4.]
13. Kuba Musa atanga amatariki atomoye mu bijanye na wa Mwuzure wo mu gihe ca Nowa, bishimika ku ki? [g97-F 8/2 rup. 26 ing. 4]
14. Ni mu buryo ki Aburahamu ‘yambaza izina rya Yehova’? (Ita. 12:8) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w89-F 1/7 rup. 20 ing. 9.]
15. Yehova yashaka kuvuga iki, turavye amajambo abikikuje, igihe yabwira Paulo ati: “Ubuntu bganje buraguhāgije”? (2 Kor. 12:9) [w97-F 1/6 rup. 25 ing. 3]
16. Ni igiki kigaragara ko catumye umugore wa Loti araba inyuma, bigatuma ahinduka inkingi y’umunyu? (Ita. 19:26) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba wRU No. 4/90 rup. 21 ing. 10.]
17. Abakirisu babona gute ivy’ukugura ibintu vyibwe? (Kuv. 22:1; Yer. 17:11) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w92-F 15/6 rup. 30 ing. 3; rup. 31 ing. 1, 7.]
18. Dukurikije Itanguriro 33:18, ni mu buryo ki Yakobo yerekanye ko atashima kwifatanya n’Abanyakanani? [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w95-F 15/9 rup. 21 ing. 4.]
19. Ivyo Yozefu yakoze bivugwa mw’Itanguriro 37:13 bijanye gute n’ivyo Yezu yakoze? [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w87-F 1/5 rup. 12 ing. 12.]
20. Ni itandukaniro irihe riri hagati y’Imana n’abantu ku biraba ukugaragaza ishavu? [g97-F 8/6 rup. 19 ing. 2-3]
Tanga i(ama)jambo canke imvugo (b)ikenewe kugira wuzuze ibivuzwe bikurikira:
21. Kwiyumvira __________________________ ku bandi ata mpamvu __________________________ iriho bisa no kubacira urubanza. [w97-F 15/5 rup. 26 ing. 5]
22. Ivy’uko igitabu c’Itanguriro ari ic’ukuri birerekanwa n’uko ibiri muri co __________________________, hamwe n’ukuba __________________________ n’Ivyanditswe vyahumetswe bisigaye. [si-SW rup. 14 ing. 8]
23. Uturorero twa Rehobowamu na Eli turashobora gufasha abavyeyi gutahura inkurikizi z’ __________________________ canke __________________________ abana mu buryo burenze urugero mu gihe c’ukubarera. [fy-SW rup. 80-81 ing. 9-13]
24. Ukwakira __________________________ ni intambwe ihambaye mu vy’ugutsimbataza __________________________ riranga ukwibanga Imana. [w97-F 1/8 rup. 4 ing. 5]
25. Kumenyesha ikibi cakozwe ni igikorwa kiranga urukundo rushingiye ku ngingo za gikirisu ruba rugaragarijwe __________________________, rugaragarijwe __________________________, be na __________________________. [w97-F 15/8 rup. 30 ing. 2]
Robanura inyishu zibereye kuri kimwekimwe mu bivuzwe bikurikira:
26. Ugutoza umwana indero (gukabije, kugiranywe ubwitonzi, kubereye) ni ikigaragaza urukundo umuvyeyi amufitiye. (Heb. 12:6, 11) [fy-SW rup. 72 ing. 18]
27. Mw’Itanguriro 7:6, 11 herekana umwaka wa (2970; 2370; 2020) B.G.C., “igihe umwuzure w’amazi waza kw isi.” [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba si-SW rup. 294 igicapo.]
28. Muri Yohana 8:32, umwidegemvyo Yezu yashaka kuvuga wari umwidegemvyo wo kwiganzura (ubutegetsi bw’Abaroma; ivy’imiziririzo; icaha n’urupfu). [w97-F 1/2 rup. 5 ing. 1]
29. Mw’iranguka rya nyuma ry’ibiri mw’Itanguriro 22:18, rurya ruvyaro (urubuto, NW) rwerekeza kuri (Isaka; Abisirayeli; Yezu Kirisitu na bamwe 144 000). [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w98-RU 1/2 rup. 24 ing. 8.]
30. (Ukugamburuka Ivyagezwe vya Musa; ukwumva ko Imana iriho koko n’ugutinya yuko yohava atayihimbara; ugutinya igihano) ni co cafashije Yozefu gushobora kunanira inyosha mbi z’ugukora ubusambanyi. (Ita. 39:9) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w81-F 15/5 rup. 7 ing. 2.]
Huza ivyanditswe bikurikira n’ibivuzwe bitondetswe aha hepfo:
Imig. 5:3, 4; 15:22; 20:11; Ef. 5:19; 2 Tim. 3:16
31. Birakenewe cane ko abavyeyi baraba neza yuko abana babo bemera n’umutima wabo wose akamaro ko kubaho bigenza runtu kandi badahumanye. [fy-SW rup. 67 ing. 8]
32. Ikiyago c’ukubwirana akabanga hagati y’abavyeyi n’abana babo b’imiyabaga ni ikintu ca nkenerwa kugira ngo bagume buguruye inzira y’uguseruranira akari ku mutima. [fy-SW rup. 65 ing. 4]
33. Ikintu gituma ukuririmba ku makoraniro y’ishengero kurushiriza kuba kwiza ni ukuba dufise inyifato nziza y’umutima. [w97-F 1/2 rup. 27 ing. 3]
34. Gutahura inyigisho zo mw’Ijambo ry’Imana Bibiliya, ni igisabwa kugira ngo umuntu aronke ubuzima budashira. [w97-F 15/8 rup. 6 ing. 5]
35. Kugira ngo twirinde inyosha mbi zo gukora ubusambanyi, dutegerezwa kuba twemera ko ari bubi n’uko bugira ingaruka z’agacavutu kandi zibabaje bimwe bibi. [fy-SW rup. 93 ing. 9]