ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 5/99 rup. 1
  • Nutegekanye Ibintu Imbere y’Igihe!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nutegekanye Ibintu Imbere y’Igihe!
  • Igikorwa dukorera Ubwami—1999
  • Ivyo bijanye
  • ‘Nashitse imigambi yawe yose’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Dukoreshe umwanya wacu mu buryo buranga ubukerebutsi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Imigambi yawe yoba ihuza n’umugambi w’Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ni Ibiki Twofatira Imigambi?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
Igikorwa dukorera Ubwami—1999
km 5/99 rup. 1

Nutegekanye Ibintu Imbere y’Igihe!

1 Ishirahamwe rya Yehova ryama riduha urutonde rw’imirimo ya gitewokarasi igenewe kuturonsa ivyo dukeneye mu vy’impwemu. Agatima ko gushima gatuma twungukira bimwe vyuzuye ku kintu cose catunganijwe, nko kugenderwa n’umucungezi w’ingenzi, amateraniro y’umuzunguruko n’ay’intara, tutibagiye iyindi mirimo idasanzwe itegekanywa aho iwanyu. (Mat. 5:3) Ariko rero, hari abatungukira kuri vyinshi muri ivyo bintu vyateguwe vyo mu buryo bw’impwemu kubera ko hari iyindi migambi bishinze. Umuntu ashobora gukora iki kugira ngo yirinde ico kintu? Dushobora gute kuraba neza ko imirimo itari iya gitewokarasi idatwara umwanya w’ “ibintu bihambaye kuruta”?—Flp. 1:10, NW.

2 Gutegekanya Ibintu n’Ubukerebutsi Ni Ngirakamaro: Mu Migani 21:5 hadukebura hati: “[Imigambi y]’umunyamwete [iz]ana ubukenuke gusa, arik’umuntu wese ahutagiza bimuzanira ubukene gusa.” Kugira ngo turonke “ubukenuke” bwo mu buryo bw’impwemu, turakwiye gutegekanya ibintu imbere y’igihe dushirutse ubute, tukagumiza ku muzirikanyi imirimo ya gitewokarasi yaringanijwe. Ku rutonde dushinga, imirimo yacu bwite dukwiye kuyishira ku gihe itotubuza kuba ari ho turi kugira ngo turonke imihezagiro yo buryo bw’impwemu. Iyo twihutagije mu gushinga imigambi yo gukora ibintu twebwe ubwacu dushaka gukora tutarinze kwiyumvira imanza za gitewokarasi zimirije, ntitwobura ‘gukena’ mu buryo bw’impwemu.

3 Ntibigucike! Twese turategekanya ivya kazoza, harimwo uburuhuko, ingendo z’akazi, kuja kuramukanya turi kumwe n’incuti, hamwe n’ibindi. Imbere yuko ubijako canke ufata ingingo ya nyuma y’ivyo utegekanya, nurabe urutonde rw’imirimo y’ivy’impwemu yimirije. Niba ubonye ko umucungezi w’umuzunguruko yegereje kuza canke hakaba hari iteraniro ryategekanijwe muri ico gihe nyene woba utahari, nugire utwigoro dukomeye uringanize ibintu vyawe ku buryo ushobora kubigiramwo uruhara. Turamenyeshwa imbere y’igihe ivyerekeye imanza zihambaye zategekanijwe ziba zimirije. Abakurambere bo mw’ishengero ukukira barashobora kukubwira ivyategekanijwe aho iwanyu.

4 Dukoresheje ukubona kure hanyuma tugategekanya imbere y’igihe ibintu bihambaye cane, “[tuzokwuzura]mwo na vya vyamwa vy’ubutungane . . . ngo Imana ininahazwe kandi ishimagizwe.”—Flp. 1:11, Ubwuzure Bushasha.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika