ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • uw ikig. 18 rup. 139-145
  • Mu Rugo Dutegerezwa Kwama Tugira Ibiranga Ukwihebera Ivy’Ugusenga Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Mu Rugo Dutegerezwa Kwama Tugira Ibiranga Ukwihebera Ivy’Ugusenga Imana
  • Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Umubano w’Abubatse Womara Igihe Kingana Iki?
  • Igihe Umwe Umwe Arangūye Uruhara Rumwega
  • Aho Twokura Inyishu
  • Nukurikize Ukuyobokera Imana i Muhira
    Senga Imana yonyene y’ukuri
  • Ingene abakirisu botuma umubano uroranirwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Nimutegekanirize Abo mu Rugo Rwanyu Kazoza k’Ibihe Bidahera
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Uburyo bwo Gutunganirwa mu Rugo
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
Ibindi
Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
uw ikig. 18 rup. 139-145

Ikigabane ca 18

Mu Rugo Dutegerezwa Kwama Tugira Ibiranga Ukwihebera Ivy’Ugusenga Imana

1. (a) Hariho abantu benshi bahindutse bamera gute bamaze kwiga ingingo za Yehova zigenga ivy’ukwabirana? (b) Ariko ivy’ubuzima bw’umukirisu mu rugo birimwo n’ukugira iki kandi?

MU NYIGISHO z’ukuri zishwangamura umutima twamenye igihe twatangura kwiga Bibiliya, harimwo n’izerekeye ukwabirana, n’ubuzima bwo mu rugo. Twahavuye twemera ko Yehova ari we yatanguje ivy’ukwabirana, kandi twarabonye muri Bibiliya ko yatanze impanuro nyazo zerekeye uburyo ababana mu rugo bakwiye kwigenza. Izo mpanuro yatanze zatumye twoshimira abantu batari bake kubera ko bahevye ubusambanyi bāgira, barandikisha ukwabirana kwabo nk’uko bitegerejwe. Mugabo ivy’ubuzima bw’umukirisu mu rugo ntibigarukira aho. Birimwo n’ukuntu twokwifata kugira ngo mu rugo hagume hari ubumwe; birimwo n’ivy’ukurangūra amabanga atwega mu rugo, hamwe n’ukuntu twofata abandi tubana muri urwo rugo.—Abanyefeso 5:33–6:4.

2. (a) Umuntu wese mu rugo yoba akurikiza ivyo azi biri muri Bibiliya? (b) Yezu na Paulo bāshimitse gute ku kamaro k’ukubikurikiza?

2 Abantu bashika ku mamiliyoni barazi ico Bibiliya ivuga kuri ivyo. Ariko igihe bashikiwe n’ingorane mu ngo zabo, ntibabikurikiza. Tweho bite none? Birumvikana ko ata n’umwe muri twebwe yipfuza kumera nka bamwe Yezu yanegura, kubera ko barenga kw ibwirizwa ry’Imana risaba ko abana batera iteka abavyeyi bakiyumvira yuko ivy’ukumera nk’uwitanze mu vy’idini bihagije. (Matayo 15:4-9) Ntidushaka kuba ba bandi bafise ishusho y’ukwihebera ivy’ugusenga Imana, mugabo ntibabikurikize mu ‘babo.’ Ahubwo dukwiye kurondera kwerekana ukwihebera ivy’ugusenga Imana kw’ukuri, kwa kundi “kuvamwo inyungu nyinshi koko.”—1 Timoteyo 5:4; 6:6; 2 Timoteyo 3:5.

Umubano w’Abubatse Womara Igihe Kingana Iki?

3. (a) Ni ibiki bishikira imibano itari mike, mugabo dukwiye gufata ingingo y’ukugira iki? (b) Koresha Bibiliya kugira ngo wishure ivyo bibazo bitondekanijwe aho haruguru vyerekeye igihe umubano w’abubatse ukwiye kumara.

3 Ivy’umubano w’ababiranye biguma birushiriza kuboneka ko bidakunda kurama. Ababiranye bamwe bamwe iyo bamaranye imyaka 20, 30 canke 40, baca bafata ingingo y’ugutangura “kubana ukundi gusha” n’uwundi muntu. Bitayeko, ntibigitangaza kwumva ko umusore n’inkumi baheruka kwabirana bamaranye amezi gusa bagaca batandukana. Ivyo abandi bantu bagira si vyo tworaba, twebwe abasenga Yehova dukwiye kurondera guhimbara iyo Mana. Ijambo ryayo ivyo ribivugako iki?

Igihe umugabo n’umugore babiranye, bakwiye kwiyumvira kuzobana gushika ryari? (Abaroma 7:2, 3; Mariko 10:6-9)

Ni impamvu imwe gusa y’ukwahukana iyihe yemewe mu nyonga z’Imana? (Matayo 19:3-9; 5:31, 32)

Yehova abona ivy’ukwahukana bitarekuwe n’Ijambo ryiwe ko bikomeye bigeze he? (Malaki 2:13-16)

Bibiliya yoba irekura ko ugutandukana kuba uburyo bw’ugutatura amatati y’abubatse? (1 Ab’i Korinto 7:10-13)

4. Naho ivyo mw isi y’iki gihe bimeze ukundi, ni kuki imibano y’abubatse imwe imwe ihangāye?

4 Ni kuki hariho imibano ihangāye ariko iyindi na yo—mbere mu bavuga ko ari abakirisu—igasenyuka? Kurindira umuhungu n’umwigeme bagakura imbere y’uko babirana, birakunda kugira akamaro koko. Kuronka umugenzi musangiye ivyiyumviro kandi mushobora kuja inama mugaserura ibiri ku mutima vyose, na vyo nyene birakenewe. Ariko igikenewe kuruta, ni ukwama umuntu agira ibiranga ukwihebera koko ivy’ugusenga Imana. Igihe umuntu akunda Yehova vy’ukuri, akaba yarashwirutse ko inzira ziwe zitunganye, haca haba ishimikiro nyakuri ry’ugushobora guheza amatati igihe avyutse. (Zaburi 119:97, 104; Imigani 22:19) Umubano w’umuntu ben’uyo ntuba ugeramiwe n’ivyiyumviro vy’uko nk’igihe utorama yoshobora guca atandukana n’uwo bubakanye canke bakahukana, mu gihe ico ari co cose. Ntafata amakosa y’uwo bubakanye ngo ayagire urwitwazo rw’ukwinyusha amabanga amwega. Ahubwo ariga kurwanya ingorane zo mu buzima, n’uburyo bwiza bwo kuzitorera umuti.

5. (a) Ukudaheba Yehova gufitaniye isano ki n’ivy’ukwabirana? (b) Naho umuntu yohura n’amagume akomeye, ni inyungu ki yoharonkera agumije ingingo za Yehova?

5 Turazi neza ko wa Mucokoranyi yahaririye ngo igihe twebwe ubwacu twoshikirwa n’ingorane, ngo twoheba inzira za Yehova tugaca tubona ko vyoba vyiza twebwe nyene twifatiye ingingo mu vy’ugutandukanya iciza n’ikibi. Ariko abantu b’abagumyabanga imbere ya Yehova ntibamera gutyo. (Yobu 2:4, 5; Imigani 27:11) Ivyabona vya Yehova benshi bashikiwe n’ivy’uguhamwa n’abo bubakanye batizeye, ntibarenze ku masezerano bagize mu vy’ukwabirana. (Matayo 5:37) Mbere hariho bamwe bamwe bagize umunezero w’ukubona hashira imyaka uwo bubakanye akabakurikira mu vy’ugukorera Yehova. (1 Ab’i Korinto 7:16; 1 Petero 3:1, 2) Hari n’abandi abo bubakanye batērekanye ikimenyetso na kimwe c’uguhinduka, canke bābahevye kubera ko bahagaze bashikamye mu kwizera—na bo nyene barazi ko baronse imigisha myinshi kubera ko batarenze ku ngingo za Yehova. Mu buryo ki? Ukuntu ivyabo vyifashe kwarabigishije kwiyegereza rwose Yehova. Barize kwerekana kamere nk’iz’Imana naho boba bari mu ngorane. Baragaragaza mu buryo babayeho yuko ukwihebera ivy’ugusenga Imana gufise inkomezi.—Zaburi 55:22; Yakobo 1:2-4; 2 Petero 1:5, 6.

Igihe Umwe Umwe Arangūye Uruhara Rumwega

6. Kugira ngo ababiranye batunganirwe mu mubano wabo, ni ivyatunganijwe ibihe bitegerezwa kwubahirizwa?

6 Birumvikana ko hariho vyinshi bikenewe kugira ngo abubatse batunganirwe koko, turetse ivy’ukubana gusa. Ikintu ca nkenerwa gikuru, ni uko umwe umwe wese mu babana mu rugo yokwubaha ivyo Yehova yatunganije vyerekeye ubukuru. Ivyo na vyo nyene biratuma hataba umuvurungano, mu rugo umuntu akiyumvamwo ko ata nkomanzi.—1 Ab’i Korinto 11:3; Tito 2:4, 5; Imigani 1:8, 9; 31:10, 28.

7. Ubukuru mu rugo bukwiye gukora gute?

7 Ubwo bukuru bwokora gute? Mu buryo bugaragaza kamere za Yezu Kirisitu. Yezu ntanyiganyiga mu vy’ukugumya inzira za Yehova; akunda ugutungana akanka ubugarariji. (Abaheburayo 1:8, 9) Kandi arakunda cane Ishengero ryiwe, arariyobora agatako akaribungabunga nk’uko bikenewe. Nta manyama afise kandi si ruburakigongwe, ahubwo ni ‘ingenzabuhoro kandi ariyoroheje mu mutima,’ abemera gutegekwa na we ‘bararonka uburuhukiro bw’ubugingo bwabo.’ (Matayo 11:28, 29; Abanyefeso 5:25-33) Igihe umunega se w’ibibondo afashe abiwe gutyo, birumvikana ko aba yiyoroheje imbere ya Kiristu we yatanze akarorero katagira amahinyu mu vyerekeye ukwihebera ivy’ugusenga Imana. Abakirisu b’abanarugo bafise ibibondo, birumvikana ko bakwiye kugaragaza ben’izo kamere nyene mu vyerekeye uburyo bafata abana babo.

8. (a) Ni kuki mu ngo zimwe zimwe bisa n’uko uburyo bw’ukugira ibintu rukirisu butogira ingaruka nziza umuntu aba yiteze? (b) Twogira iki igihe ivyacu vyifashe gutyo?

8 Ariko kubera agasembwa kari ku muntu, amatati arashobora kuvyuka. Hari aho ukwanka kuyoborwa n’abandi vyoba bisanzwe vyaramaze gushinga rwose imizi muri bamwe bamwe, imbere y’uko hagira uwutangura gukurikiza ingingo za Bibiliya mu rugo. Hari aho ivy’uguhoyahoya canke kugira ibiranga urukundo vyosa n’uko ata co vyomara. Turazi ko Bibiliya ivuga yuko twokwikuramwo “kujingitwa n’uburake no gutongana no gutukana.” (Abanyefeso 4:31) Ariko nk’igihe hariho abasa n’uko batumva twogira iki? Yezu yagize iki igihe yari akajijwe koko? Ntiyigānye abāriko bamunagira umutwe canke abamutuka. Ahubwo yituye Se, aba ari we yishimira. (1 Petero 2:22, 23) No mu rugo igihe hadutse ibitugerageza, turerekana ko twihebeye ivy’ugusenga Imana mu kwitura Yehova tukamusaba ngo adufashe, aho kugira nk’uko ab’isi bagira.—Imigani 3:5-7.

9. Ah’ukurondera gutora amakosa, ni uburyo ubuhe abakirisu b’abanega batari bake bize gukoresha?

9 Ihinduka ntiryama riraboneka ningoga, mugabo impanuro ya Bibiliya irafasha koko. Abanega benshi bāmira kwidodomba kubera umubabaro baterwa n’amakosa y’abakenyezi babo, mu nyuma barabonye ko ibintu bitanguye kugenda neza aho bo nyene ubwabo bamariye kurushirizaho gutegera neza uburyo Kirisitu afashe Ishengero ryiwe. Iryo Shengero ntirigizwe n’abantu ata gasembwa bafise. Ariko Yezu ararikunda, yararihaye akarorero keza ndetse aranaryigura, kandi akoresha Ivyanditswe kugira ngo arifashe rirushirize kuba ryiza, ku buryo ryoshobora kumuhimbara koko. (Abanyefeso 5:25-27; 1 Petero 2:21) Ako karorero kiwe katumye abakirisu b’abanega batari bake bagerageza gutanga akarorero keza, batako ubwabo barafasha mu vy’ugutuma ibintu birushirizaho kugenda neza. Ubwo buryo buravamwo ivyiza vyinshi kurusha ivy’ukurondera gutora amakosa ufise umubabaro, canke ivy’ukwinumira gusa.

10. (a) Ni mu buryo ki umunega se w’ibibondo—naho yoba avuga ko ari umukirisu—yoshobora gutuma ubuzima bw’abo mu rugo iwe bubamwo ingorane? (b) Ni igiki cokorwa kugira ngo ibintu birushirizeho kugenda neza?

10 Birumvikana ko amakosa y’umunega se w’ibibondo hari aho ari yo atuma amatati avyuka mu rugo. Bite nk’igihe atabona ningoga ivyo abiwe bumva ko bakeneye kugirirwa, canke nk’igihe atarongōra vy’ukuri urugo mu gutunganya ivy’ukwigira hamwe Bibiliya, canke ntatunganye n’ibindi bikorwa? Hariho ingo zatunganiwe bamaze kuyaga ivy’izo ngorane ata gukikiriza, ariko bafitaniye urupfasoni. (Imigani 15:22; 16:23; 31:26) Ariko naho vyose bitotungana nk’uko bari bavyiteze, umwe umwe ku ruhande rwiwe arashobora kugira ivyotuma i muhira harushiriza kuba heza, mu gutsimbataza muri we kamere impwemu yama, no mu kwerekana ko yitwararika abandi babana na we mu rugo kandi ko abababaye, bivuye ku rukundo. Muri ivyo nta terambere ryohaba turindiriye ko abandi ari bo babigira, ahubwo ryohaba turangūye neza uruhara rutwega, twebwe ubwacu tukama tugira ibiranga ukwihebera ivy’ugusenga Imana mu rugo.—Ab’i Kolosayi 3:18-20, 23, 24.

Aho Twokura Inyishu

11, 12. (a) Ni ibiki Yehova yatunganije kugira ngo adufashe mu vy’ingorane z’ubuzima bwo mu rugo? (b) Dusabwa gukora iki kugira ngo tubironkeremwo akunguko koko?

11 Ahantu abantu birukira ngo baronke impanuro mu vyerekeye ingo zabo ni henshi. Ariko turazi ko Ijambo ry’Imana ririmwo impanuro nziza rwose, kandi turabishima kubera ko iyo Mana idufasha kurikurikiza biciye kw Ishirahamwe ryayo riboneka. Woba uronkera akunguko koko ku vy’ukwo gufashwa?—Zaburi 119:129, 130; Mika 4:2.

12 Turetse ivy’ukuja ku makoraniro yo mw Ishengero, woba warategekanije ibindi bihe vy’ukwiga kenshi Bibiliya mu rugo? Ingo zibigenza gutyo zidahengeshanya buri mushamvu, ababa muri zo usanga bahurikiye hamwe mu vy’ugusenga Imana. Umubano wabo wo mu rugo uguma ugira imigisha, iyo baza barayaga uburyo bokurikiza Ijambo ry’Imana mu biberekeye ubwabo.—Gereranya no muri Gusubira mu vyagezwe 11:18-21.

13. (a) Ni twaba dufise ibibazo birashe vyerekeye umubano w’ababiranye canke uw’abo mu rugo, kenshi na kenshi inyishu zo kudufasha twozikura he? (b) Ingingo dufata zose zikwiye kugaragaza iki?

13 Birashoboka ko haba ibibazo birashe vyerekeye umubano w’ababiranye canke uw’ababana mu rugo biguhagaritse umutima. Akarorero, bite nk’ivyerekeye ivy’ukuvyara mu gihe wishakiye? Ivy’ukwica imvyaro vyoba bibereye ku mukirisu? Ugukorora imbanyi kwoba kurekuwe igihe bisa n’uko umwana azovuka ari ikimuga? Hoba hariho akarimbi umugabo n’umugore bubakanye batorenga mu vy’ukumarana inambu y’umubiri mu buryo bubereye? Nk’igihe umwana w’umuvyiruke yerekanye ko adashimishwa cane n’ivy’umutima, ashobora kwinjizwa mu vy’ugusenga Imana muri urwo rugo ku rugero rungana iki? Nta gukeka, na wewe urafise iciyumviro wotanga kuri kimwe kimwe cose muri ivyo. Woshobora none kwishura wishimikije ingingo za Bibiliya? Kimwe kimwe muri ivyo bibazo vyose carasiguwe mu Munara w’Inderetsi. Imenyereze gukoresha Indegisi (index) ziriho kugira ngo utore aho biri. Ni waba udafise ibitabu vya kera indegisi igutumyemwo, ronderera mu bushinguro bw’ibitabu vy’ugusoma biri mu Ngoro y’Ubwami. Ntiwibaze ko uzosanga bishuye Ego canke Oya ku kibazo kimwe kimwe cose. Hari aho uzosanga utegerezwa gufata ingingo—wewe ubwawe canke mwese uko mwubakanye. Mugabo niwimenyereze gufata ingingo zigaragaza urwo ukunda Yehova n’urwo ukunda abo mubana mu rugo. Fata ingingo zerekana ko wipfuza rwose guhimbara Imana. Ubigenjeje gutyo, bizoca bigaragara imbere ya Yehova n’imbere y’abakuzi neza ko mu vy’ukuri utagira ibiranga ukwihebera ivy’ugusenga Imana iyo uri mu bantu vyonyene, ariko ubigira no mu rugo iwanyu.—Abanyefeso 5:10; Abaroma 14:19.

Ikiyago c’Ugusubiramwo

● Ukudaheba Yehova gufitaniye isano ki n’ivy’ukutarenga ku masezerano ababiranye bagize?

● Igihe dukajijwe koko n’ingorane zo mu rugo, ni igiki codufasha gukora ibihimbara Imana?

● Naho abandi tubana mu rugo bonanirwa kurangūra amabanga abega, twokora iki kugira ngo ibintu birushirizeho kugenda neza?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika