Ni ngirakamaro muri iki gihe
“Ijambo ryawe ni itara ry’ikirenge canje, rikaba n’umuco w’ibarabara ryanje.”—ZABURI 119:105.
BIBILIYA ITANDUKANIYE HE N’IBINDI BITABU? Ibitabu birashobora kubonwa ko vyanditswe mu buryo bwiza, ariko ntibibe ari ibitabu biyobora umuntu mu buzima. Mbere n’ibitabu bitanga ubuyobozi vya kino gihe vyama bikenera guhuzwa n’igihe. Bibiliya yo ivuga ku biyerekeye yuko “ivyanditswe kera vyose vyanditswe kugira bitwigishe.”—Abaroma 15:4.
AKARORERO: Naho Bibiliya atari igitabu kigenewe gutanga ubuyobozi mu vy’ubuvuzi, irimwo impanuro ngirakamaro zifasha umuntu kugira amagara meza ku mubiri no mu mutima. Nk’akarorero, ivuga iti: “Umutima utekanye ni ubuzima bw’umubiri w’inyama.” (Imigani 14:30) Bibiliya igabisha kandi iti: “Uwigungira ukwiwe arondera icipfuzo ciwe c’ubwikunzi; arwanya ubukerebutsi ngirakamaro bwose.” (Imigani 18:1) Ku rundi ruhande, ivuga ko “gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.”—Ivyakozwe 20:35.
ICO UBUSHAKASHATSI BUHISHURA: Ugutekana, ubucuti bukomeye n’ugutanga birashobora gutuma urushiriza kugira amagara meza. Ikinyamakuru kimwe (The Journal of the American Medical Association) kivuga giti: “Abantu b’ishavu ryivumbura barahakwa incuro zibiri kugira ingorane y’itembera ry’amaraso mu bwonko kuruta abantu bigumya.” Ivyigwa vyagizwe mu kiringo c’imyaka cumi muri Ostraliya vyerekanye yuko abantu bashaje bari “bafitaniye imigenderanire myiza n’abagenzi babo be n’abo babwira amabanga yabo” bari bashoboye kuramba gusumba abandi. Mu 2008 na ho, abashakashatsi bo muri Kanada no muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika barabonye ko “gukoresha amahera ku neza y’abandi bizana agahimbare kuruta kuyakoresha ku neza yawe bwite.”
UVYIBAZAKO IKI? Hari ikindi gitabu kimaze nk’imyaka 2.000 canditswe wokwizigira ko coguha impanuro nziza mu bijanye n’amagara? Canke riho twovuga ko Bibiliya ata ho ihuriye n’ibindi bitabu?
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 8]
“Ndashima Bibiliya cane . . . kubera ko itanga impanuro nziza cane mu bijanye n’amagara.”—MUGANGA HOWARD KELLY, UMWE MU BATANGUJE KAMINUZA Y’IVY’UBUVUZI YITWA JOHNS HOPKINS UNIVERSITY SCHOOL OF MEDICINE