Ikigabane ca 1
Urashobora Kuzogira Kazoza k’Ubuhirwe!
1, 2. Umuremyi wawe agushakira iki?
KUGUMBIRWA n’umuntu ukunda abigiranye igishika. Gutwenga bivuye ku mutima uriko urafungura ibiryoshe uri kumwe n’abagenzi ukunda cane. Ukuntu wumva uryohewe igihe witegereje abana bawe bariko barakinana urweze. Ibihe nk’ivyo birateye agahimbare mu buzima. Ariko rero ku bantu benshi, bisa n’uko ubuzima burimwo ingorane zikomeye z’urutavanako. Nimba no kuri wewe ari ukwo vyifashe, ntiwihebure.
2 Imana igomba yuko wokwinovora ubuhirwe buramba umerewe neza bimwe bihebuje, ukikujwe n’ibintu vyiza vy’akaroruhore. Ivyo si indoto nsa, kuko Imana iguha vy’ukuri urupfunguzo rwa kazoza k’ubuhirwe mwene ubwo. Urwo rupfunguzo ni ubumenyi.
3. Ni ubumenyi ubuhe bushikana umuntu mu buhirwe, kandi ni kuki dushobora kwemera ata gukeka yuko Imana ishobora gutanga ubwo bumenyi?
3 Ubumenyi turiko turavuga ngaha ni ubumenyi budasanzwe, buhambaye kuruta ubwenge bw’abantu. Ni “ukumenya Imana.” (Imigani 2:5) Haraciye imyaka yababa 2.000 umwanditsi umwe wa Bibiliya avuze ati: “Urugo rwose rugira ūrwubaka, arikw Imana ni yo yubatse ibintu vyose.” (Abaheburayo 3:4) Iyumvire ubumenyi Umuremyi w’ibintu vyose ategerezwa kuba afise! Bibiliya ivuga yuko Imana iharura inyenyeri zose kandi ikazihamagara mu mazina. Ese ukuntu ico ari iciyumviro gitangaje, kubera ko mu kigwi c’inyenyeri turimwo hari imiliyaridi amajana y’inyenyeri, kandi abatohoza ivy’imibumbe bakaba bavuga yuko hari nk’imiliyaridi ijana y’ibindi bigwi vyazo. (Zaburi 147:4) Imana kandi irazi vyose kuri twebwe. None wumva ari nde wundi yoshobora gutanga inyishu nziza kuruta z’ibibazo bihambaye vyerekeye ubuzima?—Matayo 10:30.
4. Ni kuki dukwiye kwitega ko Imana itanga amabwirizwa yo kutuyobora, kandi ni igitabu ikihe kiyaturonsa?
4 Iyumvire abantu babiri bariko bagerageza gukora imiduga yabo. N’ishavu n’akantu, umwe aciye abiheba. Uwundi aritonze arakosora nya ngorane, ashiramwo ikontaki, hanyuma aramwenyura umuduga watse maze ukagenda neza. Ntivyokugora kumenya muri abo bantu babiri uwari afise agatabu k’amabwirizwa yahawe n’uwawuhinguye. Ntivyumvikana none yuko Imana yoduha amabwirizwa yotuyobora mu buzima? Nk’uko ushobora kuba ubizi, Bibiliya ivuga ko ari co nyene iri, ni ukuvuga igitabu c’amabwirizwa n’ubuyobozi biva ku Muremyi, cagenewe gutanga ubumenyi bwerekeye Imana.—2 Timoteyo 3:16.
5. Ubumenyi buri muri Bibiliya ni ubw’agaciro kangana iki?
5 Nimba ivyo Bibiliya ivuga ari vyo, ca wiyumvira itunga ry’ubumenyi ico gitabu gitegerezwa kuba gifise! Mu Migani 2:1-5, kiduhimiriza kurondera ubukerebutsi, kuburondera twimba nk’uko twoba turiko turimba turondera ubutunzi bwanyegejwe—tutaburondera mu vyiyumviro vy’abantu, ariko tuburondera mw’Ijambo ry’Imana bwite. Turondereye ngaho, ‘tuzoronka ukumenya Imana.’ Kubera ko Imana itahura aho ubushobozi bwacu bugera n’ivyo dukeneye, iraduha inyigisho izotuma tugira ubuzima burangwa amahoro n’ubuhirwe. (Zaburi 103:14; Yesaya 48:17) Vyongeye, ubumenyi bwerekeye Imana buraduha inkuru nziza iteye akanyamuneza.
UBUZIMA BUDAHERA!
6. Yezu Kirisitu yemeje iki ku biraba ubumenyi bwerekeye Imana?
6 Wa muntu azwi cane mu nkuru z’ivyabaye ari we Yezu Kirisitu, yaradondoye uwo muce w’ubumenyi bwerekeye Imana mu majambo atomoye. Yavuze ati: “Ubuzima budahera nabwo ni ukukumenya wewe Mana rudende y’ukuri n’uwo watumye Yezu-Kristu.” (Yohana 17:3, UB, ni twe tubihiritse.) Iyumvire nawe: ubumenyi bujana mu buzima budahera!
7. Ni ikimenyamenya ikihe kihari c’uko Imana itari yagabiye ko abantu bapfa?
7 Ntushoke wikuramwo iciyumviro c’ubuzima budahera nk’aho zoba ari indoto nsa. Ahubwo, itegereze ukuntu umubiri w’umuntu ukoze. Wahinguwe mu buryo bw’agatangaza ku buryo umuntu yumva akanovera, akumvisha ugutwi, akamoterwa, akabona, akagira n’inyiyumvo. Kw’isi hariho ibintu vyinshi bihimbara ingingo nyurīrwa zacu—nk’ibifungurwa biryoshe, akaririmbo k’inyoni karyoheye ugutwi, amashurwe amota neza, imisozi y’akaroruhore, ukunezeranwa n’abagenzi! Ubwonko bwacu butangaje na bwo buraruta kure n’iyo icuma amahanga c’intasobwa citwa orodinateri, kuko butuma dutahura kandi tugahimbarwa n’ibintu vyinshi mwene ivyo. Wibaza none ko Umuremyi wacu yoba ashaka ko dupfa hanyuma tugahomba ivyo vyose? Mbega ntivyorushiriza kwumvikana dutahuye yuko ashaka ko tubaho duhimbawe kandi tukinovora ubuzima ibihe bidahera? Emwe, ico ni co ubumenyi bwerekeye Imana bushobora gusigura kuri wewe.
UBUZIMA BWO MW’IPARADIZO
8. Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye kazoza k’abantu?
8 Ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye kazoza k’isi n’abantu, mu ncamake gishobora kuvugwa mw’ijambo rimwe: Iparadizo! Yezu Kirisitu yaravuze ivyayo igihe yabwira umugabo yari ku mpfiro ati: “Uzoba uri kumwe nanje mw’Iparadizo.” (Luka 23:43, NW) Igihe yavuga ivy’Iparadizo, nta gukeka yuko vyatumye uwo mugabo yiyumvira kwa kuntu abavyeyi bacu ba mbere, Adamu na Eva, bari bamerewe neza. Igihe Imana yabarema, ntibagira agasembwa, kandi baba mw’itongo rimeze nk’ubusitani, iryo Umuremyi yari yarageze hanyuma araritera. Vyari bibereye ko ryitwa itongo ry’i Edeni, ijambo Edeni rikaba risigura uburyohe.
9. Kuba mw’Iparadizo ya mbere vyari bimeze gute?
9 Uzi ukuntu iryo tongo ryari rihimbaye! Yari iparadizo nyakuri. Mu biti vyaryo vy’akaroruhore harimwo ivyama ivyamwa biryoshe. Uko Adamu na Eva bagendura aho hantu baba, bakanywa ku mazi yaho aryoshe, kandi bakamura ivyama ku biti vyaho, nta cari gutuma bagira amaganya canke ubwoba. N’ibikoko nyene ntivyari bibageramiye, kuko Imana yari yahaye umugabo n’umugore kubiganza vyose mu rukundo. Vyongeye, uwo mugabo n’umugore ba mbere bari bafise amagara atotahaye. Iyo baguma bagamburukira Imana, bogize kazoza k’ubuzima bwamaho, k’ubuhirwe. Bari bahawe igikorwa gishimishije co kubungabunga Iparadizo babamwo nziza y’agahore. Turetse ivyo, Imana yashinze Adamu na Eva ‘kwuzura isi no kuyiganza.’ Bo hamwe n’uruvyaro rwabo bari kuzokwagura imbibe z’Iparadizo gushika umubumbe wacu wose uko ungana ucitse ahantu h’ubwiza n’agahimbare.—Itanguriro 1:28.
10. Igihe Yezu yavuga ivy’Iparadizo, yashaka kuvuga iki?
10 Yamara rero igihe Yezu yavuga ivy’Iparadizo, ntiyariko asaba umuntu ari ku mpfiro kwiyumvira ivya kera cane. Oya, Yezu yariko avuga ivya kazoza! Yari azi ko isi tubako yose uko ingana yohindutse iparadizo. Imana yobaye rero ishikije umugambi yari ifitiye abantu n’isi yacu mu ntango. (Yesaya 55:10, 11) Egome, Iparadizo izogarukanwa! None izoba isa gute? Reka Ijambo ry’Imana, Bibiliya Nyeranda, ritwishure.
UBUZIMA BWO MW’IPARADIZO IZOBA YAGARUKANYWE
11. Mw’Iparadizo yagarukanywe, ni ibiki bizoshikira indwara, ubusaza n’urupfu?
11 Indwara, ubusaza n’urupfu, ntibizoba bikiriho. “Ni ho impumyi zizohumūka, n’ibipfamatwi bizozibūrwa. Ico gihe ūcumbagira azosimba nk’impongo, ururimi rw’ikiragi ruririmbe.” (Yesaya 35:5, 6) “Imana ubgayo izobana n[‘abantu], izoba Imana yabo. Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize.”—Ivyahishuriwe 21:3, 4.
12. Ni kuki dushobora kwemera tudakeka ko mw’Iparadizo izoza ata bugizi bwa nabi, ubukazi n’ububisha bizohaba?
12 Ubugizi bwa nabi, ubukazi n’ububisha bizoba vyagiye amazimayongo. “Inkozi z’ibibi zizorandurwa, . . . hasigaye igihe gito, umunyakibi ntabeho; . . . umubure. Arikw abagwaneza bazoragwa [“isi,” NW].” (Zaburi 37:9-11) “Arikw abanyavyaha bazokomborwa [“mw’isi,” NW], kand’abaguranyi bazorandurwa muri [y]o.”—Imigani 2:22.
13. Imana izozana amahoro gute?
13 Amahoro azosasagara kw’isi yose. “[Imana i]ca intambara gushitsa ku mpera y’isi, [i]vunagura imiheto, amacumu [i]rayacagagura.” (Zaburi 46:9) “Abagororotsi bazororanirwa, kandi hazosēndēra amahoro, gushitsa ah’ukwezi kuzoviraho.”—Zaburi 72:7.
14, 15. Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye uburaro, akazi be n’ibifungurwa mw’Iparadizo yagarukanywe?
14 Uburaro buzoba buhari habe n’akazi gashimishije. “Bazokwubaka amazu bayīberemwo, . . . ntibazokwubaka ngw abandi binjire; ntibazorima ngw abandi babirye: kuko nk’ukw imyaka y’igiti ingana ari kw abantu banje bazoramba, kand’abo nitoranirije bazoshitsa igihe kirekire banezererwa igikorwa c’amaboko yabo. Ntibazoruhira ubusa, kandi ntibazovyara abo kugesezwa.”—Yesaya 65:21-23.
15 Ibifungurwa vyiza bizoba ari umusesekara. “Hazokwera impeke habe agahimbo mu gihugu no ku mpinga z’imisozi.” (Zaburi 72:16) “Isi i[zokw]imbuka ivyimburo vyayo; Imana, ni yo Mana yacu, izoduha umugisha.”—Zaburi 67:6.
16. Ni kuki ubuzima buzoba buhimbaye mw’Iparadizo?
16 Ubuzima budahera kw’isi y’iparadizo buzoba buhimbaye. “Abagororotsi bazoragwa [“isi,” NW], ba[y]ibemw’ibihe bidashira.” (Zaburi 37:29) “Ahagadutse n’ubgeranyange hazonezerwa, ubugaragwa buzohimbarwa, bushurike amashurwe nk’aya habaseleti.”—Yesaya 35:1.
UBUMENYI NA KAZOZA KAWE
17. (a) Ukwiye gukora iki nimba ubuzima bwo mw’Iparadizo bugushimisha? (b) Tuzi gute yuko Imana izogira amahinduka akomeye kw’isi?
17 Nimba ubuzima bwo mw’Iparadizo bugushimisha, ntihagire ikintu na kimwe ureka ngo kikubuze kuronka ubumenyi bwerekeye Imana. Irakunda abantu kandi ikaba izohindura ibintu bikenewe kugira ngo isi iyigire iparadizo. None weho iyaba ufise ububasha bwo gukuraho amarushwa n’akarenganyo vyeze mw’isi, ntiwobikuyeho? None Imana ni yo itobigira? Mu vy’ukuri, Bibiliya iradondora igihe Imana izokuraho ivy’iyi si yuzuyemwo umuryano hanyuma ishireho ubutegetsi bw’agahore, bugororotse. (Daniyeli 2:44) Mugabo Bibiliya ntipfa gusa kutubwira ivyerekeye ivyo vyose. Iratwereka ukuntu dushobora kurokoka tukinjira mw’isi nshasha yasezeranywe n’Imana.—2 Petero 3:13; 1 Yohana 2:17.
18. Ubumenyi bwerekeye Imana bushobora kukugirira iki muri iki gihe?
18 Ubumenyi bwerekeye Imana burashobora kandi kukumarira vyinshi muri iki gihe nyene. Bibiliya irishura ibibazo bishika kure vyerekeye ubuzima kandi biraje ishinga abantu. Wemeye ubuyobozi bwayo bizogufasha gutsimbataza ubucuti n’Imana. Umve nawe ako gateka gakomeye! Kandi ivyo bizotuma ushobora kwinovora amahoro ashobora gutangwa n’Imana yonyene. (Abaroma 15:13, 33) Kubera ko utanguye kwakira ubu bumenyi bwa nkenerwa, utanguye igikorwa gihambaye kandi c’ingirakamaro kuruta ibindi vyose mu buzima bwawe. Ntuzokwigera wicuza ico waronkeye ubumenyi bwerekeye Imana bujana mu buzima budahera.
19. Ni ikibazo ikihe cihwezwa mu kigabane gikurikira?
19 Twavuze ivya Bibiliya yuko ari igitabu kirimwo ubumenyi bwerekeye Imana. Yamara, tumenya dute ko atari igitabu c’ubwenge bw’abantu, ariko ko ari ikintu gihambaye kuburuta? Ico kibazo turacihweza mu kigabane gikurikira.
SUZUMA UBUMENYI BWAWE
Ni kuki ubumenyi bwerekeye Imana bushobora kukujana mu buhirwe budahera?
Ubuzima buzoba bumeze gute mw’Iparadizo igiye kuza yo kw’isi?
Ni kuki uzokwungukira ku kwakira ubumenyi bwerekeye Imana muri iki gihe?