ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/8 rup. 32
  • Urugendo rurerure bagize ntirwabaye impfagusa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urugendo rurerure bagize ntirwabaye impfagusa
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/8 rup. 32

Urugendo rurerure bagize ntirwabaye impfagusa

HARI inkuru yavuye muri Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo ivuga ivyerekeye abakobwa babiri bavukana biyemeje kugira urugendo rurerure mu karere katabaguwe n’intambara, bagiye kwitaba rya Hwaniro ry’intara ryataziriwe ngo “Ninahaza Imana” ryabereye ahitwa i Lisala. Uretse ko kuri iryo hwaniro bari biteze kuharonkera inyigisho z’ivy’impwemu bakongera bakifatanya n’abandi bakirisu, bari bashashaye kubonana n’abari kuza kuri iryo hwaniro baserukiye ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vy’i Kinshasa. Kubera intambara y’abanyagihugu yari muri ico gihugu, hari haciye imyaka batabona umuntu n’umwe aserukira ivyo biro vy’ishami, bakaba rero bashaka guca baboneraho akaryo ko kubonana na bo.

Abo bavukanyikazi babiri bavuye i Basankusu mu gisagara cabo c’amavukiro n’ubwato, baja i Lisala, urwo rugendo rw’ibilometero bishika 300 rukaba rwabacanye mu kibira rwongera rubajabukana inzuzi zibiri. Urwo rugendo rwamaze amayinga atatu. Narirya bompi bari abasuku b’igihe cose, umwe akaba yari abumazemwo imyaka 3 uwundi imyaka 19, baciye baboneraho akaryo ko kugenda barakwiragiza inkuru nziza y’Ubwami. Bamaze amasaha nka 110 bariko barabwira inkuru nziza abo bahura mu nzira, batanga udupapuro 200 tw’inkuru nziza be n’ibinyamakuru 30.

Mu kujabuka uruzi, bategerezwa guca hagati y’imvubu n’ingona, ivyo bikoko bikaba ari vyinshi muri ako karere. Ntibari gushobora kujabuka urwo ruzi mw’ijoro kubera yuko vyarimwo akaga. Baraciye no ku bituro vyinshi vy’abasoda aho bagiye barabasaka.

Naho urwo rugendo rwari rurerure rukaba kandi rwararuhisha, abo bavukanyikazi bararyohewe no kuba bagize ako kigoro. Bompi barakengurutse cane bongera barahimbarwa no kuba bari kuri iryo hwaniro ry’intara ryabereye i Lisala. Urukundo bakunda ukuri rwararurumba mu mitima yabo, kandi bararemeshejwe no kwifatanya n’abavukanyi be n’abavukanyikazi 7.000 bari ng’aho. Ihwaniro rirangiye baratashe, basubira kugira rwa rugendo rugoye barashika i muhira, aho basanze imiryango yabo idora.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika