Ibintu Vyose Abihindura Bishasha nk’Uko Vyavuzwe Kera
“Īvyagira kuri ya ntebe iravuga, iti Rāba vyose ndabihindura bisha. Kand’it[i] . . . ayo majambo [ni] ayo kwizerwa n’ay’ukuri.”—IVYAHISHURIWE 21:5.
1, 2. Ni kuki abantu benshi bagonanwa bikwiriye mu kurimbura ivyo kazoza katubikiye?
WOBA waravuze canke wariyumviriye ngo ‘Ni nde azi ibizoba ejo?’ Urashobora gutahura igituma abantu bagonanwa gukekereza ku vyo kazoza katubikiye canke kwizigira abantu bashobora kuvuga ata kwigengesera ngo barabura ibiri imbere. Abantu nta bushobozi na bukeyi bafise bwo kubura ata kwihenda ibintu bizoba mu mezi canke mu myaka izoza.
2 Ikinyamakuru kimwe, Forbes ASAP, carasohoye ikiganiro cibanda ku bihe. Uwitwa Robert Cringely aremesha ibiganiro kuri televiziyo yanditse ati: “Amaherezo igihe twese kiraducisha bugufi, mugabo nta wubabazwa cane n’igihe kurusha abantu babūra ivya kazoza. Kugerageza gutahura ivy’igihe kizoza ni urukino dutsindirwamwo nk’igihe cose. . . . Naho ari ukwo, abitwa ngo ni abahanga karuhariwe barabandanya kubura ibizoba.”
3, 4. (a) Bamwebamwe bafise icizigiro ikihe ko ibintu bizogenda neza mu kimpumbi gishasha? (b) Abandi biteze ibiki ata kwibesha ku vyerekeye kazoza?
3 Ushobora kuba warabonye yuko, kubera abantu barajwe ishinga cane n’ikimpumbi twaraye dutanguye, bisa n’uko abantu benshi bariko biyumvira ivyerekeye kazoza. Mu ntango y’umwaka uheze, ikinyamakuru kimwe, Maclean’s, cavuze kiti: “Abanyakanada benshi babona ko umwaka w’2000 ushobora kuba gusa ari uwundi mwaka wo ku kirangamisi, ariko birashoboka ko woba uzohurirana n’intango nshasha koko.” Umwigisha wo kuri Kaminuza y’i York yitwa Chris Dewdney, yatanze iyi mpamvu yotuzanira icizigiro ati: “Ico kimpumbi gisobanura ko dushobora gukaraba tukikurako ikinjana giteye ubwoba rwose.”
4 None ivyo vyoba vyumvikana nk’aho ari icipfuzo gisa? Muri Kanada ibice 22 kw’ijana vyonyene vy’ababajijwe mw’iperereza rimwe “bemera ko umwaka w’2000 uzozana intango nshasha kw’isi.” Kukaba nk’ako, abagize hafi ica kabiri “biteze ko hazobaho ayandi matati y’isi yose,” ni ukuvuga intambara y’isi yose, mu myaka 50 iri imbere. Uko bigaragara, abenshi bumva ko ikimpumbi gishasha kidashobora kudukurako ingorane dufise, guhindura ibintu vyose bishasha. Michael Atiyah, akaba yahoze ari perezida w’Ishirahamwe ryo mu Bwongereza (Britain’s Royal Society), yanditse ati: “Uguhinduka kwihuta kw’ibintu . . . gusobanura ko ikinjana ca mirongo ibiri na rimwe kizoteza ingorane zikomeye ku karanga kacu kose uko kangana. Ingorane z’ukwiyongera kw’abanyagihugu, umwimbu muke, ukwononekara kw’ibidukikije n’ubukene bukwiye hose vyaramaze kudushikira, kandi bitegerezwa guhagurukirwa mu maguru masha.”
5. Ni hehe dushobora kuronka inkuru y’imvaho ku vyerekeye ibizoba?
5 Woshobora kwibaza uti: ‘Kubera abantu badashoboye kubura ivyo kazoza katubikiye, mbega kazoza ntidukwiye kukirengagiza?’ Inyishu ni oya! Ikizwi coco, abantu ntibashobora kubura ibiri imbere ata kwihenda; ariko ntidukwiye kwiyumvira yuko ata n’umwe abishoboye. None, ni nde abishoboye, kandi ni kuki dukwiye kugira icizigiro ko ibintu bizogenda neza muri kazoza? Ushobora kuronka inyishu zishimishije mu buhanuzi bune butomoye. Bwanditswe mu gitabu gifiswe n’abantu benshi kandi gisomwa na benshi, kikaba kandi gitahurwa nabi kikongera kikirengagizwa na benshi, ari co Bibiliya. Ico woba wibaza kuri Bibiliya cose n’ukuntu woba uyizi kwose, vyokubera ngirakamaro witohoreje ivyo Vyanditswe bihambaye. Mu vy’ukuri, bibura kazoza keza cane. Vyongeye, ubwo buhanuzi bune buhambaye bwerekana uko kazoza kawe gashobora kuzomera kuri wewe no ku bo ukunda.
6, 7. Yesaya yabuye ivya kazoza ryari, kandi ubuhanuzi bwiwe bwagize gute iranguka ritangaje?
6 Ubwa mbere buri muri Yesaya ikigabane ca 65. Imbere yo kuhasoma, zirikana mu bwenge uko ibintu vyari bimeze—igihe vyandikiwe n’ibintu vyavuga. Umumenyeshakazoza w’Imana Yesaya, uwanditse ayo majambo, yabayeho mu kinjana kirenga imbere yuko ubwami bw’i Buyuda bukurwaho. Bwakuweho igihe Yehova yareka gukingira Abayuda b’abahemu, akareka Abanyababiloni bagahindura umusaka Yeruzalemu n’abantu baho bakabajana inyagano. Ivyo vyabaye inyuma y’imyaka irenga ijana Yesaya abivuze.—2 Ngoma 36:15-21.
7 Ku vyerekeye kahise k’ivyo bintu, wibuke yuko Yesaya ayobowe n’Imana yavuze imbere y’igihe izina ry’Umuperesi ataribwavuke, ari we Kuro, amaherezo akaba ari we yatembagaje Babiloni. (Yesaya 45:1) Kuro yarashinze ishingiro ryotumye Abayuda basubira mu gihugu cabo mu mwaka w’537 B.G.C. Igitangaje ni uko Yesaya yari yarabuye ivy’ukwo gusubizwa umutamana, nk’uko tubisoma mu Yes kigabane ca 65. Yashimitse ku bintu Abisirayeli boshoboye kunezererwa basubiye mu gihugu cabo.
8. Yesaya yabuye kazoza gahimbaye akahe, kandi ni amajambo ayahe akwiye kwitwararikwa mu buryo budasanzwe?
8 Muri Yesaya 65:17-19, dusoma duti: “Rāba, ndarema ijuru risha n’isi nsha; ivya mbere ntibizokwibukwa, kandi ntibizoruha vyiyumvirwa. Ariko munezerwe, muze muhore muhimbawe n’ivyo ndema; kuko rāba, ndema Yerusalemu ngo mpagire umunezero, n’abantu baho ngo ndabagire akanyamuneza. Kandi nzohimbarwa n’i Yerusalemu, nnezerwe n’abantu banje: kand’ijwi ryo kurira ntirizohumvikana ukundi, cank’ijwi ryo kuboroga.” Nta nkeka ko Yesaya yadondoye ibintu vyari vyiza kuruta ivyo Abayuda barimwo igihe bari i Babiloni. Yabuye ko hazoba umunezero n’akanyamuneza. Ubu naho reka turabe aya majambo ngo “ijuru risha n’isi nsha.” Iyo ni yo ncuro ya mbere muri zine ayo majambo aboneka muri Bibiliya, kandi ivyo vyanditswe uko ari bine birashobora kugira ico bikoze kuri kazoza kacu, mbere bikanavuga uko kazomera.
9. Ni mu buryo ki Abayuda ba kera bari berekewe n’iranguka ry’ivyo muri Yesaya 65:17-19?
9 Iranguka rya mbere ry’ivyavuzwe muri Yesaya 65:17-19, ryari ryerekeye Abayuda bo mu gihe ca kera bagarutse mu gihugu cabo nk’uko Yesaya yari yarabibuye ata kwihenda, aho bongeye gushinga ugusenga gutyoroye. (Ezira 1:1-4; 3:1-4) Ego ni ko, urabona ko bagarutse mu gihugu cabo kiri kw’isi bari basanzweko, si ahandi hantu mu kirere. Iryo ranguka rirashobora kudufasha kubona ico Yesaya yashaka kuvuga igihe yavuga ngo ijuru risha n’isi nsha. Si ngombwa ngo dukekeranye, nk’uko bamwe babigenza, ku vyerekeye ubuhanuzi budatomoye neza bwa Nostradamus canke ubw’abandi bantu babura ivya kazoza. Bibiliya ubwayo iratomora ico Yesaya yashaka kuvuga.
10. Dukwiye gutahura gute “isi nsha” yabuwe na Yesaya?
10 Muri Bibiliya ijambo “isi,” ntiryama nantaryo ryerekeza kuri uyu mubumbe tubako. Nk’akarorero, muri Zaburi 96:1, NW, ijambo ku rindi havuga hati: ‘Ririmbira Yehova, wa si yose.’ Turazi yuko uyu mubumbe wacu, ubutaka be n’amabahari maninimanini, bidashobora kuririmba. Abantu ni bo baririmba. Ni vyo, muri Zaburi 96:1 herekeza ku bantu bari kw’isi.a Ariko muri Yesaya 65:17 haracishamwo kandi “ijuru risha.” Nimba “isi” igereranya ikibano gishasha c’abantu bari mu gihugu c’Abayuda, bite ho ku vyerekeye “ijuru risha”?
11. Amajambo “ijuru risha” yerekeza kuki?
11 Igitabu kimwe, Cyclopædia of Biblical, Theological, and Ecclesiastical Literature, canditswe na M’Clintock hamwe na Strong, kivuga giti: “Igihe cose havugwa ibintu vy’Ubuhanuzi, ijambo ijuru riba risobanura . . . ubutware buganza bwose hamwe uko bungana . . . buri hejuru y’abantu kandi bukabaganza, nk’uko ijuru risanzwe riri hejuru y’isi kandi rikayiganza.” Ku vyerekeye amajambo ngo “ijuru n’isi” bifatiwe hamwe, ico gitabu gisobanura ko ‘mu mvugo y’Ubuhanuzi, ayo majambo asobanura ikibanza abantu bo mu nzego zitandukanye bafise mu bijanye n’intwaro. Ijuru ni ubutware; isi ni abanyagihugu, ni ukuvuga abantu batwarwa n’abakuru.’
12. Ni mu buryo ki Abayuda bo mu gihe ca kera biboneye “ijuru risha n’isi nsha”?
12 Igihe Abayuda basubira mu gihugu cabo, baronse ico twokwita urunkwekwe rushasha rw’ibintu. Hari umugwi w’abayobozi bashasha. Zerubabeli, uwakomoka ku Mwami Dawidi yari buramatari, Yosuwa na we akaba umuherezi mukuru. (Hagayi 1:1, 12; 2:21; Zekariya 6:11) Abo bari bagize “ijuru risha.” Bari hejuru y’iki? Iryo “juru risha” ryari hejuru y’“isi nsha,” ikibano c’abantu bahumanutse, bari basubiye mu gihugu cabo kugira ngo basubire kwubaka Yeruzalemu n’urusengero rwaho rwo gusengeramwo Yehova. Ni co gituma muri iyo nsobanuro nyayo, hariho ijuru rishasha n’isi nshasha mw’iranguka ryari ryerekeye Abayuda bo muri ico gihe.
13, 14. (a) Ni ahandi hantu hehe imvugo “ijuru risha n’isi nsha” iseruka dukwiye kurimbura? (b) Ni kuki ubuhanuzi bwa Petero bwitwararikwa bimwe bidasanzwe muri iki gihe?
13 Ube maso ntubitahure nabi. Uyu si umwimenyerezo mu vy’ugusobanura ivya Bibiliya, canke gutereza akajisho gusa ku vyabaye kera. Ivyo ushobora kubibona ugiye ahandi haboneka amajambo ngo “ijuru risha n’isi nsha.” Muri 2 Petero ikigabane ca 3, urabihasanga wongere ubone yuko herekeye kazoza kacu.
14 Intumwa Petero yanditse ikete ryiwe haciye imyaka irenga 500 Abayuda basubiye mu gihugu cabo. Kubera yari umwe mu ntumwa za Yezu, Petero yariko yandikira abayoboke ba Kirisitu, ari na we “Mwami” avugwa muri 2 Petero 3:2. Ku 2Pt 3 murongo wa 4, Petero aserura ivy’“isezerano ryo [“kuhaba,” NW]” kwa Yezu, bikaba bituma ubwo buhanuzi buba ubuhuje cane n’iki gihe. Ibimenyamenya vyinshi bigaragaza ko uhereye ku Ntambara ya Mbere y’Isi Yose Yezu ahari mu buryo bw’uko afise ubukuru bwa Mutegetsi mu Bwami bw’Imana bwo mw’ijuru. (Ivyahishuriwe 6:1-8; 11:15, 18) Ivyo biragira insobanuro zidasanzwe iyo uravye ikindi kintu Petero yabuye muri ico kigabane.
15. Ubuhanuzi bwa Petero bwerekeye “ijuru risha” buranguka gute?
15 Muri 2 Petero 3:13, tuhasoma duti: “Nk’uko yasezeranye, tureretse ijuru risha n’isi nsha, ivyo ukugororoka kuzobamwo.” Ushobora kuba waramaze kumenya ko Yezu mw’ijuru ari we Mutegetsi nyamukuru muri iryo “juru risha.” (Luka 1:32, 33) Yamara rero, iyindi mirongo ya Bibiliya igaragaza ko ataganza wenyene. Yezu yasezeranye yuko intumwa ziwe hamwe n’abandi bamwebamwe bameze nka zo, bogize ikibanza mw’ijuru. Mu gitabu c’Abaheburayo, intumwa Paulo yadondoye mwene abo bantu ko ari “abasangiye ihamagarwa [“ry’ijuru,” “NW”].” Kandi Yezu yavuze ko abagize uwo mugwi bokwicaranye na we ku ntebe z’ubwami mw’ijuru. (Abaheburayo 3:1; Matayo 19:28; Luka 22:28-30; Yohana 14:2, 3) Iciyumviro kihari ni uko hari abandi bafatanya na Yezu kuganza bakaba bamwe mu bagize ijuru rishasha. None rero, Petero yashaka kuvuga iki mu gukoresha imvugo “isi nsha”?
16. Ni “isi nsha” iyihe imaze kubaho?
16 Nk’uko nyene vyagenze kw’iranguka rya kera—ni ukuvuga igihe Abayuda basubira mu gihugu cabo—iranguka ryo muri iki gihe rya 2 Petero 3:13 ryerekeye abantu bagamburukira ubutegetsi bw’iryo juru rishasha. Urashobora gusanga abantu amamiliyoni muri iki gihe bagamburukira ubwo butegetsi banezerewe. Bariko bungukira kuri porogarama yabwo yo kwigisha kandi bakihatira gukurikiza amategeko yabwo aboneka muri Bibiliya. (Yesaya 54:13) Abo bagize ishingiro ry’“isi nsha” mu buryo bw’uko bagize umuryango wo kw’isi yose ugizwe n’abantu bo mu mahanga yose, mu ndimi zose no mu moko yose, kandi bakaba bakorera hamwe bagamburukira wa Mwami aganza, ari we Yezu Kirisitu. Ikintu kiri n’ico kivuze ni uko ushobora kuba mu bagize uwo muryango!—Mika 4:1-4.
17, 18. Ni kuki amajambo ari muri 2 Petero 3:13 atuma dutereza akajisho kuri kazoza?
17 Ntiwibwire ko aho ari ho ibintu bihereye, ko ata bindi tuzi ido n’ido ku vyerekeye kazoza. Mu vy’ukuri, uko usuzuma ibivugwa muri 2 Petero ikigabane ca 3, uraza kubona ivyerekana ko hari ihinduka rikomeye riri imbere. Ku 2Pt 3 murongo wa 5 n’uwa 6, Petero yandika ku vyerekeye Umwuzure wo mu gihe ca Nowa, rikaba ryari Isegenya ryahoneje isi mbi yari ho ico gihe. Ku 2Pt 3 murongo w’7, Petero avuga ko “amajuru y’ubu, bo n’isi,” ni ukuvuga ubutegetsi hamwe n’abanyagihugu, vyabikiwe “umusi w’amateka, wo gutikira kw’abatubaha Imana.” (Ni twe tubihiritse.) Ivyo biremeza ko amajambo “amajuru y’ubu, bo n’isi” aterekeza kw’isi no ku kirere biboneka, ahubwo ko yerekeza ku bantu n’ubutegetsi bwabo.
18 Mu nyuma Petero asigura yuko ku musi ugiye kuza wa Yehova hazokorwa igikorwa gikomeye co gusukura, ugategurira inzira ijuru rishasha n’isi nshasha bivugwa ku 2Pt 3 murongo wa 13. Urabona yuko uwo murongo uheraheza uvuga ngo: “ivyo ukugororoka kuzobamwo.” Mbega ivyo ntibigaragaza ko hari ibintu bikomakomeye bizohinduka bikaba vyiza? Mbega ivyo ntibituma twizigira kuzobona ibintu bishasha koko, igihe abantu bazonezererwa cane kubaho kurusha uko babinezererwa muri iki gihe? Nimba ushobora kubibona, uramaze rero gushikira ugutahura ivyo Bibiliya ibura, ugutahura gufiswe na bake.
19. Mu gihe igitabu c’Ivyahishuriwe cerekeza kw’“ijuru risha n’isi nsha” biraririye kuza cariko kivuga ibiki?
19 Ariko rero, reka tubandanye. Twamaze kuraba aho amajambo “ijuru risha n’isi nsha” aboneka muri Yesaya ikigabane ca 65, n’ahandi aboneka muri 2 Petero ikigabane ca 3. Ubu, zingurura mu Vyahishuriwe ikigabane ca 21, ahandi hamwe haboneka amajambo nk’ayo muri Bibiliya. N’ubu nyene, gutahura uko ibintu vyari bimeze biraza kudufasha. Dusubiye inyuma ibigabane bibiri, mu Vyahishuriwe ikigabane ca 19, tuhabona intambara yadondowe mu majambo y’ikigereranyo akwegera ubwenge—ariko ikaba atari intambara iba hagati y’ibihugu bishamiranye. Ku ruhande rumwe hari ‘Jambo w’Imana.’ Utegerezwa kuba uzi ko ari izina ry’icubahiro rya Yezu Kirisitu. (Yohana 1:1, 14) Ari mw’ijuru, kandi iryo yerekwa rimudondora ari kumwe n’ingabo ziwe zo mw’ijuru. Arwana na nde? Ico kigabane kivuga “abami,” “abakuru b’abagabisha b’abasoda,” n’abantu bo mu nzego zinyuranye, “aboroshe n’abahambaye.” Iyo ntambara yerekeye umusi ugiye kuza wa Yehova, igihe co kuzimanganya ububisha. (2 Ab’i Tesalonike 1:6-10) Ubandanije, Ivyahishuriwe ikigabane ca 20 gitangura kidondora ivyo gukurwaho kwa “ya nzoka ya mbere, ni yo Murwanizi irindi ni Satani.” Ivyo biduhaye ishimikiro ryo kurimbura Ivyahishuriwe ikigabane ca 21.
20. Mu Vyahishuriwe 21:1 herekana yuko ari ihinduka rihambaye irihe rigiye kuza?
20 Intumwa Yohani itanguza amajambo akora ku mutima agira ati: “Mbona ijuru risha n’isi nsha: kukw ijuru rya mbere n’isi ya mbere vyari vyagiye, n’ikiyaga nticari kikiriho.” Dufatiye ku vyo twabonye muri Yesaya ikigabane ca 65 no muri 2 Petero ikigabane ca 3, turashobora kwemera tudakeka yuko ivyo bidasobanura gusubiriza amajuru nya majuru n’umubumbe wacu n’amabenga yawo. Nk’uko vyerekanywe n’ibigabane vy’imbere y’ibi, abantu b’ababisha hamwe n’ubutegetsi bwabo, harimwo n’umutegetsi ataboneka, ari we Shetani, bazokurwaho. Egome, ivyasezeranywe aha ni urunkwekwe rushasha rw’ibintu rurimwo abantu bo kw’isi.
21, 22. Yohana adukura amazinda ko tuzoronka imihezagiro iyihe, kandi guhanagura amasozi ku maso bisobanura iki?
21 Turakurwa amazinda kuri ivyo uko tubandanya gusuzuma ubwo buhanuzi butangaje. Ku mpera y’Ivy 21 umurongo wa 3 havuga ivyerekeye igihe Imana izobana n’abantu, igihe izokwitwararika mu buryo ngirakamaro abantu bakora ivyo ishaka. (Ezekiyeli 43:7) Yohana arabandanya ku Ivy 21 murongo wa 4, 5 ati: “[Yehova a]zohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize. Īvyagira kuri ya ntebe iravuga, iti Rāba vyose ndabihindura bisha. Kand’it’Andika, kukw ayo majambo ar’ayo kwizerwa n’ay’ukuri.” Ese ukuntu ari ubuhanuzi butwungura!
22 Ruhuka gato winovore ico Bibiliya iriko irabura. ‘Imana izohanagura amosozi yose ku maso yabo.’ Ayo ntashobora kwerekeza ku mosozi asanzwe yoza amaso yacu akarirwa, eka ntashobora no kuba yerekeza ku mosozi y’umunezero. Oya namba; amosozi Imana izohanagura, ni amosozi aterwa n’umubabaro, amaganya, kwihebura, kugirirwa nabi n’intimba. Dushobora gute kuvyemera tudakeka? Iryo sezerano ritangaje ry’Imana rifatanya guhanagura amosozi hamwe n’uko ‘urupfu, amaborogo no gutaka n’uburibge bitazoba bikiriho.’—Yohana 11:35.
23. Ni iherezo ry’ibintu bimeze gute ubuhanuzi bwa Yohani bwemeza ko rizoba?
23 Mbega ivyo ntibigaragaza ko kanseri, indwara yo kuva amaraso mu bwonko, indwara y’umutima mbere n’urupfu bizoba vyakuweho? Ni nde ga yemwe muri twebwe atarigera abura uwiwe bitewe n’indwara kanaka, isanganya canke icago? Ngaha, Imana isezerana ko urupfu rutazokwongera kubaho, bikaba vyerekana yuko abana bovuka ico gihe batazoba baraririye gukura maze ngo basaze, amaherezo ngo bapfe. Ubwo buhanuzi busobanura kandi yuko hatazokwongera kubaho ya ndwara ya Alzheimer ituma ubushobozi bw’ubwonko bugenda bugabanuka, za ndwara zituma amagufa atakaza inguvu zayo, ibivyimba vyo mu gitereko, indwara zifata imbone y’ijisho igatuma ubushobozi bwo kubona bugenda bugabanuka, canke indwara y’uguhuma—izo ndwara zikaba zibasha cane abageze mu zabukuru.
24. Ni mu buryo ki “ijuru risha n’isi nsha” bizoboneka ko ari umuhezagiro, kandi ni igiki tugiye kurimbura?
24 Nta gukeka, wokwemera ko urupfu, ubusaza n’indwara bikuweho, gutaka no kuboroga vyogabanuka. Yamara none, bite ku vyerekeye ubukene bubangamiye abantu, ukwonona abana be n’ivangura ry’agacinyizo rishingiye ku mamuko canke kw’ibara ry’urukoba? Ivyo bintu vyeze cane muri iki gihe hamwe vyobandanya, ntitwoba dukuweko ugutaka no kuboroga. Nuko rero, ubuzima mu gihe c’“ijuru risha n’isi nsha” ntibuzokwononwa n’ivyo bintu bitera intuntu muri iki gihe. Mbega ihinduka! Mugabo, gushika ubu twarimbuye ahantu hatatu muri hane ayo majambo “ijuru risha n’isi nsha” aboneka muri Bibiliya. Hariho ahandi hahuje n’aho twasuzumye kandi hashimika ku gituma dufise imvo yo kurereka igihe n’ukuntu Imana izoshitsa isezerano ryayo ryo ‘guhindura ibintu vyose bisha.’ Ikiganiro gikurikira cihweza ubwo buhanuzi hamwe n’ico bushobora gusobanura ku buhirwe bwacu.
[Utujambo tw’epfo]
a Muri Zaburi 96:1, Bibiliya Yera ihahindura uku: “Yemwe abari mw isi mwese, muririmbire Uhoraho.” Iyitwa The contemporary English Version yo igira iti: “Ewe muntu wese uri kuri iyi si, ririmbira UMUKAMA amashemezo.” Ivyo birahuje n’ugutahura yuko, mu kuvuga “isi nsha” Yesaya yariko yerekeza ku basavyi b’Imana bari mu gihugu cabo.
Wibuka Iki?
• Ni ahantu hatatu hehe Bibiliya ivuga ivy’“ijuru risha n’isi nsha”?
• Ni mu buryo ki Abayuda bo mu gihe ca kera bari berekewe n’iranguka ry’“ijuru risha n’isi nsha”?
• Ni ibihe nyabaki dutahura ko ari iranguka ry’“ijuru risha n’isi nsha” vyavuzwe na Petero?
• Ni mu buryo ki Ivyahishuriwe ikigabane ca 21 kitwerekeza kuri kazoza gahimbaye?
[Ifoto ku rup. 10]
Nk’uko Yehova yari yarabibuye, Kuro ni we yashinze ishingiro ryatumye Abayuda basubira mu gihugu cabo mu 537 B.G.C.