Kumenyesha imbere y’igihe ivyimirije kudushikira
IGIHE intumwa Petero yariko avuga ibijanye na kazoza k’umuntu be n’ak’isi, yanditse ati: “Hariho ijuru rishasha n’isi nshasha turindiriye nk’uko umuhango [w’Imana] uri, kandi muri ivyo ni ho ubugororotsi buzoba.” (2 Petero 3:13) Umuhango w’“ijuru rishasha n’isi nshasha” mu ntango watanzwe biciye ku muhanuzi Yesaya. (Yesaya 65:17; 66:22) Mu gusubiramwo amajambo y’ubwo buhanuzi, Petero yari yerekanye y’uko mu gihe ciwe butari bwaranguke bimwe vyuzuye.
Mu nyuma, nko mu 96 G.C., ivyo Imana yahishuye biciye ku ntumwa Yohani vyarerekanye ko iyo “si nshasha” ifitaniye isano n’imihezagiro izobaho mu gihe c’Ubwami bw’Imana. (Ivyahishuwe 21:1-4) Amajambo Yezu yavuze cokimwe n’ayo intumwa Paulo yavuze ku bijanye n’ukuntu ibintu vyobaye vyifashe kw’isi imbere gatoyi y’uko Ubwami bw’Imana buza, ubu ariko araranguka. Ku bw’ivyo, turashobora kwizigira yuko ubwo Bwami vuba bugiye gutuma isi nshasha iboneka. None iyo si nshasha izoba imeze gute? Igitabu co muri Bibiliya ca Yesaya kirabitubwira.
Imihezagiro izoba mw’isi nshasha
Amahoro akwiye kw’isi yose be n’ubumwe mu vyo gusenga. “Inkota zabo bazozivunjamw’amasuka, n’amacumu bazoyavunjamw’inkero; nta hanga rizobangurira irindi hanga inkota, kandi ntibazokwiga kurwana ukundi.”—Yesaya 2:2-4.
Amahoro hagati y’abantu n’ibikoko. “Ibingira rizobana n’umwagazi w’intama, n’ingwe izoryamana n’umwagazi w’impene, n’inyana n’umugunza w’intambge n’ishūri ishishe bizobana, kand’umwana mutoya ni we azobishorera. Inka izorishanya n’igikōko citwa idubu: izazo zizoryama hamwe, kand’intambge izorisha ubgatsi nk’inka. . . . Hose ku murwa wanje wera ntihazoba hakir’ibiryana cank’ivyica; kuko kumenya Uhoraho kuzoba kwuzuye mw isi, nk’ukw amazi abugereye mu kiyaga.”—Yesaya 11:6-9.
Imfungurwa umukimba kuri bose. “Kur’uyu musozi Uhoraho Nyen’ingabo azohategurira amahanga yose amazimano y’inyama zinuze, amazimano ya vino y’umukāka, inyama zinuze zuzuye imisokōro, na vino y’umukāka imiminnye neza.”—Yesaya 25:6.
Nta rupfu ruzoba rukiriho. “Urupfu [Imana i]zorumira miyonzwa gushitsa ibihe vyose; kand’Umwami Uhoraho azohanagura amosozi ku maso ya bose; n’ubumāramāre bgo ku bantu biwe azobukūra kw isi yose; kuk’Uhoraho ari we abivuze.”—Yesaya 25:8.
Abapfuye bazozuka. “Abapfuye bawe bazoba bazima; imivyimba y’abantu bawe izozuka. Ni mwikangure, muririmbe, yemwe abaryamye mu mukungugu: . . . ivu rizogarura abapfuye.”—Yesaya 26:19.
Mesiya azoba ari Umucamanza agororotse. “Ntazocira urubanza ku bipfa kubonekera amaso yiwe, kandi ntazorushinga ku vyo apfa kwumvisha amatwi; arikw azocira aboro imanza zibereye, kand’azoshinga urw’abaciye bugufi bo mw isi mu kuri.”—Yesaya 11:3, 4.
Impumyi n’ibipfamatwi bazokizwa. “Impumyi zizohumūka, n’ibipfamatwi bizozibūrwa.”—Yesaya 35:5.
Ahantu h’ubugaragwa hazokwimbuka. “Ahagadutse n’ubgeranyange hazonezerwa, ubugaragwa buzohimbarwa, bushurike amashurwe nk’aya habaseleti. Buzoshurika amashurwe menshi, buhimbaranwe umunezero n’indirimbo.”—Yesaya 35:1, 2.
Isi izohinduka nshasha. “Ndarema ijuru risha [ni ukuvuga intwaro nshasha yo mw’ijuru] n’isi nsha [ni ukuvuga ikibano gishasha c’abantu bagororotse]; ivya mbere ntibizokwibukwa, kandi ntibizoruha vyiyumvirwa. Ariko munezerwe, muze muhore muhimbawe n’ivyo ndema; . . . Bazokwubaka amazu bayīberemwo [ni ukuvuga abazoba mw’isi nshasha Imana yasezeranye], kandi bazotera uruzabibu, bīrīre inzabibu zarwo. Ntibazokwubaka ngw abandi binjire; ntibazorima ngw abandi babirye: kuko nk’ukw imyaka y’igiti ingana ari kw abantu banje bazoramba, kand’abo nitoranirije bazoshitsa igihe kirekire banezererwa igikorwa c’amaboko yabo. Ntibazoruhira ubusa, kandi ntibazovyara abo kugesezwa, kuko bazoba ar’uruvyaro jewe Uhoraho nahezagiye, bo n’abazobakomokako. Maze batarampamagara nzobitaba, kandi bakivuga nzokwumva.” “Nk’ukw ijuru risha n’isi nsha, ivyo nzorema, bizohorah’imbere yanje, ni k’uruvyaro rwawe n’izina ryawe bizohoraho, ni k’Uhoraho agize.”—Yesaya 65:17-25; 66:22.
Kumenyesha imbere y’igihe ibijanye na kazoza keza igitangaza
Igitabu ca Yesaya si co gitabu conyene muri Bibiliya kivuga imbere y’igihe ibijanye n’imihezagiro yo muri kazoza. Bibiliya yuzuyemwo ubuhanuzi bwerekana ibintu vyiza igitangaza Imana izorangura biciye ku Bwami bwayo burongowe na Kristu.a Woba woshima kuba ahantu nk’aho h’iparadizo? Birashoboka! Nurondere kumenya ivyo mu vy’ukuri Bibiliya yigisha ku bijanye n’imigambi myiza Imana ifise ku bwa kazoza, wongere urondere kumenya ukuntu woyungukirako. Ivyabona vya Yehova boshima kubigufashamwo.
[Akajambo k’epfo]
a Nimba ushaka kumenya vyinshi ku bijanye n’Ubwami bw’Imana be n’ivyo buzorangura, raba ku rupapuro rwa 76-85 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Ifoto ku rup. 8]
Abantu bazobana mu mahoro hagati yabo bongere babane mu mahoro n’ibikoko
[Ifoto ku rup. 9]
Abapfuye bazosubira kubaho
[Ifoto ku rup. 10]
Isi yose izoba Iparadizo