ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w00 1/5 rup. 4-7
  • Turwanye Ibiturire Dukoresheje Inkota y’Impwemu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Turwanye Ibiturire Dukoresheje Inkota y’Impwemu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni Gute Ibiturire Bishobora Guhashwa?
  • Bibiliya Iriyamiriza Ibiturire
  • Kwererwa mu Kurwanya Ibiturire Dukoresheje Ukuri kwa Bibiliya
  • “Uwanka Ingurire Azoramba”
  • Ni Kuki Ibiturire Vyimonogoje?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Igiturire gikwiragiye ukungana iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Intwaro zirangwa n’igiturire zoba zizokwigera zivaho?
    Ibindi biganiro
  • Ubwami bw’Imana—Intwaro iterekwa igiturire
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
w00 1/5 rup. 4-7

Turwanye Ibiturire Dukoresheje Inkota y’Impwemu

“[mwambare] wa muntu musha, yaremwe mw ishusho y’imana mu kugororoka no mu kwera kw’ukuri.”​—Abanyefeso 4:24.

MU GIHE yari igeze aho ikomeye kuruta, Inganji y’Abaroma bwari bwo butegetsi bw’abantu buhambaye kuruta ubwari bwigeze kuba kw’isi bwose. Urwego nshigamategeko rwa Roma rwari ngirakimazi ku buryo rukiri ishimikiro ry’amategeko ngenderwako y’ibihugu vyinshi. Ariko rero, naho ivyo Roma yashitseko bitari bike, amalegiyoni (inteko) yayo ntiyashoboye gutsinda umwansi umwe yihishije ari vyo biturire. Amaherezo, ibiturire vyaratumye Roma inyaruka gutemba.

Intumwa Paulo ni umwe mu bacumukujwe n’abajejwe intwaro b’Abaroma bamogoreye ibiturire. Bisa n’uko buramatari w’Umuroma Feliki yamusambishije, yabonye neza ko ata caha kimwagira. Mugabo Feliki, uwari umwe muri ba buramatari bo mu gihe ciwe bamogoreye ibiturire, yaratebeje urubanza rwa Paulo yizigiye ko yomuhaye amahera kugira ngo ashobore kurekurwa.​—Ivyakozwe 24:22-26.

Aho gupfumbatisha Feliki, Paulo yaramubwiye atarya umunwa “ivy’ukugororoka n’ivy’ukwirinda.” Feliki ntiyahinduye ingendo yiwe, gutyo Paulo aguma mw’ibohero aho kugerageza guca iruhande amategeko akoresheje igipfukamunwa. Yaramamaje ubutumwa bw’ukuri n’ubwo kuba inzirabugunge yongera abaho abwisunga. Yandikiye Abakirisu b’Abayuda ati: “Tuzi tudakekeranya ko turi n’imitima itarimw’ijwi ritwagiriza ikibi, tugomba kugira ingeso nziza muri vyose.”​—Abaheburayo 13:18.

Iyo mpagararo yari inyuranye cane n’ukuntu abantu bigenza muri ico gihe. Mwenewabo na Feliki Pallas, yari umwe mu bagabo bari batunze kuruta abandi muri ico gihe ca kera, kandi ubutunzi bwiwe​—ubwaharurwa mu ma miliyoni 45 y’amadolari​—nka bwose yabukumakumye ku bipfukamunwa no ku bunyazi. Ariko rero, ubutunzi bwiwe buba nk’ubusa igihe bugereranijwe n’amamiliyaridi y’amadolari abatware bamwebamwe bo mu kinjana ca 20 banyegeje mu makonte yo mu mabanki atazwi. Biragaragara yuko uwutazi ibiba gusa ari we yokwemera ko intwaro za kino gihe zatsinze indwano yo kurwanya ibiturire.

Kubera ibiturire vyamaze igihe kirekire bishinze imizi, twoba dutegerezwa kuvuga ko ari ibisanzwe mu buzima bw’umuntu? Canke hoba hari ibishobora gukorwa kugira ngo ibiturire bihashwe?

Ni Gute Ibiturire Bishobora Guhashwa?

Intambwe ya mbere yibonekeje yo guhasha ibiturire ni ukwemera icese ko ibiturire bisambura kandi ari bibi, kubera yuko vyungura abantu ataco bibanga abandi baguye mu ruzu. Nta nkeka ko habaye iterambere rinaka muri ivyo. Hari icegera c’umunyamabanga wa Leta Zunze Ubumwe, James Foley, yavuze ati: “Twese turemera icese ko igipfukamunwa gikwega amabi menshi. Ibipfukamunwa biratitura intwaro nziza, bikonona ubutunzi ntiburame ngo butere imbere bikongera bigahotora ubudandaji, hanyuma abanyagihugu hirya no hino kw’isi bagaca bahabonera amabi.” Benshi bokwemeranya na we. Ku wa 17 Kigarama 1997, ibihugu bikomakomeye 34 vyarashize umukono ku “masezerano yo kurwanya ibiturire” agenewe “kugira ico ashikako gikomeye mu rugamba rwo kurwanya ibiturire kw’isi yose.” Ayo masezerano “avuga ko ari icaha igihe umuntu asavye ko yoha umukozi wa leta w’umunyamahanga igiturire, kukimwemerera canke kukimushikiriza kugira ngo ashobore kuronka canke kugumana uburenganzira bwo kudandariza mu mahanga.”

Ariko rero, ibiturire abantu batanga ngo baronke uruhusha rwo kudandariza mu bindi bihugu ni bike cane ugereranije n’ibitangwa vyose. Kurandurana n’imizi ibiturire mu nzego zose bisaba intambwe igira kabiri, igoye gusumba: na yo ni uguhindura umutima, canke bishobotse uguhindura imitima ya benshi. Ahantu hose abantu bategerezwa kwiga kwanka ibipfukamunwa n’ibiturire. Ico gihe ni ho gusa ivy’ukunyuruza vyohava. Ikinyamakuru kimwe, Newsweek, cavuze yuko bamwebamwe biyumvira ko kugira ngo ivyo bishikweko intwaro zikwiye “kuremesha umutima rusangi wo gukorera ivyiza igihugu.” Ishirahamwe rimwe ry’abashinzwe guhimiriza ivy’ukurwanya ibiturire, Transparency International, na ryonyene risaba ko abarishigikiye “botera ‘imbuto y’ukuba intadohoka’” aho bakorera.

Urugamba rwo kurwanya ibiturire ni urugamba rubereye rudashobora gutsindwa n’amategeko gusa canke n’“inkota” y’ibihano bishingiye ku mategeko. (Abaroma 13:4, 5) Imbuto z’ukugira ingeso nziza n’ukutadohoka zikwiye kubibwa mu mitima y’abantu. Ivyo birashobora gushikwako mu buryo buhebuje hakoreshejwe ico intumwa Paulo yadondoye ko ari “inkota y’[im]pwemu,” ari ryo Jambo ry’Imana Bibiliya.​—Abanyefeso 6:17.

Bibiliya Iriyamiriza Ibiturire

Ni kuki Paulo yanse kurenza uruho rw’amazi ku biturire? Kubera yashaka gukora ivyo Imana ishaka, yo “idatinya abantu ku kigohe, itarya ingurire.” (Gusubira mu Vyagezwe 10:17) Vyongeye, nta nkeka ko Paulo yibutse ibwirizwa ritomoye dusanga mu Vyagezwe vya Musa rigira riti: “Ntimuze muce urwa nkunzi, canke ngo murye ingurire: kukw ingurire ihuma amaso y’abanyabgenge, ikagoramika imanza z’ukuri.” (Gusubira mu Vyagezwe 16:19) N’Umwami Dawidi yaratahuye yuko Yehova yanka ibiturire, maze aca asaba yuko Imana itomuharura mu banyavyaha, abo “ukuboko kwabo kw’i buryo kwuzuye ingurire.”​—Zaburi 26:10.

Abasenga Imana ata buryarya barafise izindi mvo zo kwamirira kure ibiturire. Salomo yanditse ati: “Umwami akomeresha igihugu imanza ziroranye, arik’ūhongerwa aracūbika.” (Imigani 29:4) Ubutungane​—na canecane igihe bushitswa kuva ku wuri hejuru ya bose kumanuka​—burazana itekane, mu gihe ibiturire vyo bikenesha igihugu. Biri n’ico bivuze kuba n’ikinyamakuru kimwe, Newsweek, kidoma urutoke kuri ibi: “Ahantu umuntu wese ashaka kuronka umugabane ku biturire kandi akaba azi ukuntu yowuronka, nta kiba gisigaye atari ugusenyuka kw’ubutunzi.

N’igihe ubutunzi budasenyutse ngo buhere, abakunda ubutungane bumva bacitse intege igihe ibiturire vyatse indaro bidakosorwa. (Zaburi 73:3, 13) Umuremyi wacu, uwaduhaye ca cipfuzo mvukanwa c’ubutungane, na we nyene aba agiriwe nabi. Mu gihe cahise, Yehova yarahagurutse kugira ngo arandurane n’imizi ibiturire vyari vyimonogoje. Nk’akarorero, yarabwiye adakikiriza ababa i Yeruzalemu igituma yobatanye n’abansi babo.

Biciye ku muhanuzi wiwe Mika, Imana yavuze iti: “Ni mwumve se ndabinginze, yemwe bakuru bo mu b’inzu ya Yakobo, namwe abaganza bo mu b’inzu ya Isirayeli, mwebge abazinukwa imanza ziroranye, mukagoreka ivyari bibereye vyose; Abakuru baho baca imanza kubg’ingurire, n’abaherezi baho bigishiriza ingero, n’abavugishwa baho baragurira kubona ingemu . . . Nuko ni co gituma Siyoni hazohinduka ubusīze kubganyu n’i Yerusalemu hahinduke ibirundo vy’amasakamburira.” Ibiturire vyari vyarayogeje ikibano muri Isirayeli, nk’uko vyagiye biranyengetera Roma mu bijana vyakurikiye. Nk’uko Imana yari yarabibuye, haheze nk’ikijana Mika yanditse ayo majambo, Yeruzalemu harasanganguwe hongera haratabwa.​—Mika 3:9, 11, 12.

Ariko rero, nta muntu n’umwe canke igihugu na kimwe ari ngombwa ngo kimogorere ibiturire. Imana iremesha ababisha guheba ingendo bakurikirana mu buzima no guhindura uburyo bwabo bwo kwiyumvira. (Yesaya 55:7) Ishaka ko umwe wese muri twebwe umwina awusubiriza ukutikunda, ibiturire na vyo akabisubiriza ubugororotsi. Yehova atwibutsa ati: “Ūnyikije umugorwa aba agaye Umuremyi wiwe, arik’ūgirira ikigongwe agakene, uwo we aba amwubashe.”​—Imigani 14:31.

Kwererwa mu Kurwanya Ibiturire Dukoresheje Ukuri kwa Bibiliya

Ni igiki gishobora gutuma umuntu agira ihinduka nk’iryo? Ni ya nguvu nyene yatuma Paulo aheba ubufarizayo ngo acike umuyoboke akomeye wa Yezu Kirisitu. Yanditse ati: “Ijambo ry’Imana [n]i rizima, rifise ubukuba.” (Abaheburayo 4:12) Muri iki gihe, ukuri kwo mu Vyanditswe kuracatsimbataza ivy’ukuba inzirabugunge, mbere no mu bahoze ari ba karuhariwe mu biturire. Rimbura akarorero kamwe.

Hadaciye na kabiri arangije akazi kiwe k’igisoda, Alexander wo mu Buraya bwo mu Buseruko yarifatanije n’umugwi wamogoreye kunyaga abantu ukoresheje iterabwoba, ubusuma, hamwe n’ibipfukamunwa.a Asigura ati: “Ico nari nshinzwe kwari kunyaga abadandaza batunze amahera yo kugira bakingirwe. Igihe nari maze kwizigirwa n’umudandaza umwe, abandi bagize umugwi nakukira baramugizeko iterabwoba hakoreshejwe ubukazi. Maze naciye ndamusaba ko notunganya iyo ngorane​—ndamuca umukimba w’amahera. Abanywanyi banje baranshimira kuba ndabafashije gutorera umuti ingorane zabo, kandi mu vy’ukuri ari je naziteza. Naho vyosa n’ibitumvikana, uwo ni wo wari umuce nakunda w’uwo mwuga.”

“Vyongeye narinovoye ayo mahera be n’amaraha ubwo buzima bwampa. Nagendera mu muduga uzimvye cane, nkaba mu nzu nziza, kandi nari mfise amahera yo kugura ico nshaka cose. Abantu barantinya, ari na vyo vyatuma numva ndi agakomeye. Nasa n’uwumva ko ata muntu yonkorako, n’uko nari hejuru y’amategeko. Ingorane yose nogiraniye n’abapolisi yotorewe umuti n’umushingwamanza abimenyereye cane, uwufise uburyo bwo guca iruhande ubutungane, canke hagakora igipfukamunwa ku muntu abishoboye.

“Ariko rero, ni gake abantu babayeho bazeye uburaro n’uburamuko ku biturire baba intadohoka. Umwe mu bagize umugwi wacu yaratanguye kunyanka, nca nsanga basigaye banyinuba. Bidatevye, naratakaje umuduga wanje wakaka, amahera nari mfise, n’umukobwa twakundana yishakira ibitayega. Naranakubiswe nsigara ndi intere. Iryo hinduka ryatumye niyumvira cane ivyerekeye intumbero y’ubuzima.

“Amezi makeyi imbere yaho, mawe yari yabaye Icabona ca Yehova, maze ntangura gusoma ibisohokayandikiro vyabo. Icanditswe co mu Migani 4:14, 15 caratumye vy’ukuri nzirikana: ‘Ntukaje mu nzira y’abanyavyaha, ntukagendere mu nzira y’abanyakibi. Yizibukire, ntuyicemwo, kevya, uyirengāne.’ Imirongo nk’iyo yaranjijuye yuko abashaka kubaho ari inkozi z’ikibi ata kazoza nyakuri bafise. Natanguye gusenga Yehova no kumusaba ngo andongore mu nzira igororotse. Nariganye Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, maze amaherezo ndegurira Imana ubuzima bwanje. Kuva ico gihe mfise ubuzima buzira ubugunge.

“Ego ni ko, kubaho nisunga ingingo ngenderwako z’ukutagira ubugunge vyasobanura gukorera uduhera dukeduke. Mugabo ubu numva mfise kazoza, numva ubuzima bwanje buri n’ico buvuze koko. Ndatahura yuko ubuzima nari mfise bwarangwa n’ibihinda bwari bumeze gusa nk’igiti cariwe n’umuswa kirindiriye gusenyuka igihe ico ari co cose. Ijwi ryanje ryo mu mutima ryahoze ari nk’ibuye. Ubu, kubera inyigisho yanje ya Bibiliya, rirancumita igihe cose nohejwe kutaba umwizigirwa​—no mu tuntu dutoduto. Ngerageza kubaho nisunga Zaburi 37:3, ahagira hati: ‘Wizigire Uhoraho, ukore ivyiza, guma mu gihugu ushishikare ivy’ukuri.’”

“Uwanka Ingurire Azoramba”

Nk’uko Alexander yabibonye, ukuri kwa Bibiliya kurashobora gutuma umuntu atsinda ibiturire. Yagize amahinduka ahuje n’ivyo intumwa Paulo avuga mw’ikete yandikiye Abanyefeso ati: “Mwiyambure wa muntu wa kera, abozwa n’ukwifuza kw’uruhendo; mugahinduka basha mu mpwemu y’ubgenge bganyu, mukambara wa muntu musha, yaremwe mw ishusho y’Imana mu kugororoka no mu kwera kw’ukuri. Maze mwiyambure ibinyoma, umuntu wese avugane ivy’ukuri na mugenzi we, kuko tur’ingingo za bagenzi bacu. Uwiba ntakongere kwiba, arikw apfume acumukura, akoreshe ayiwe maboko ivyiza, kugira ngw aronke ivyo gufasha ūkennye.” (Abanyefeso 4:22-25, 28) Kazoza k’abantu ubwako gahagaze ku mahinduka nk’ayo.

Igihe ata gikozwe ngo umwina n’ibiturire birwanywe, birashobora gusambura isi, nk’uko nyene biri mu vyatumye Inganji ya Roma isambuka. Yamara tugira ubuhirwe ko Umuremyi w’abantu adafise umugambi wo kureka ngo ivyo bintu bigende uko vyishakiye. Yariyemeje “guhon[ya] abahonnya isi.” (Ivyahishuriwe 11:18) Yehova kandi asezeranira abanyotewe cane isi itagiramwo ibiturire yuko vuba hazoza “ijuru risha n’isi nsha, ivyo ukugororoka kuzobamwo.”​—2 Petero 3:13.

Ni vyo, muri iki gihe bishobora kuba bitoroshe kubaho twisunga ingingo ngenderwako z’ukutagunga. Yamara rero, Yehova adukura amazinda yuko bitebe bitebuke “umuntu ahahamira inyungu atera imivurungano inzu yiwe, arik’uwanka ingurire azoramba.”b (Imigani 15:27) Mu guheba ibiturire muri iki gihe, tuba twerekanye ko tutari indyarya igihe dusenga Imana tugira duti: “Ubgami bgawe buze, ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru.”​—Matayo 6:10.

Mu kurindira yuko ubwo Bwami bugira ico bukoze, umwe wese muri twebwe arashobora ‘kubiba agendera ukugororoka’ mu kwanka kurenza uruho rw’amazi ku biturire canke mu kwanka kubimogorera. (Hoseya 10:12) Nitwabigenza dutyo, ubuzima bwacu na bwo nyene buzogaragaza ko Ijambo ry’Imana ryahumetswe rifise ububasha. Inkota y’impwemu irashobora gutsinda ibiturire.

[Utujambo tw’epfo]

a Izina ryiwe ryarahinduwe.

b Birumvikana, hariho itandukaniro hagati y’igipfukamunwa n’agashirukabute. Mu gihe igipfukamunwa gitangwa mu kugoreka ubutungane canke kubera izindi ntumbero zirimwo ubugunge, agashirukabute ko ni uburyo bwo gukenguruka ku bw’ibikorwa umuntu yakorewe. Ivyo birasobanurwa mu nomero y’Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 1 Gitugutu 1986 mu “Bibazo vy’Abasomyi.”

[Ifoto ku rup. 7]

Tubifashijwemwo na Bibiliya, turashobora gutsimbataza “wa muntu musha” kandi tukazibukira ibiturire

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika