ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w00 1/5 rup. 13-18
  • Mw’Isi Nshasha—Wewe Ni Ho Uzoba Uri?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Mw’Isi Nshasha—Wewe Ni Ho Uzoba Uri?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Imvo Zituma Twizigira
  • Ivyo Yasezeranye
  • Ibintu Vyose Abihindura Bishasha nk’Uko Vyavuzwe Kera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Kumenyesha imbere y’igihe ivyimirije kudushikira
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ukubaho mu mahoro mw isi nsha
    Ukubaho mu mahoro mw isi nsha
  • Ijuru rishasha n’isi nshasha
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
w00 1/5 rup. 13-18

Mw’Isi Nshasha​—Wewe Ni Ho Uzoba Uri?

“[N]ta kintu kibagirira ikimazi kuruta kunezerwa no gukora ivyiza imisi yose bakiriho; kand’ikindi, yuk’ubuntu bg’Imana ar’uk’umuntu wese yorya, akanywa, akanezererwa ivyiza mu butame bgiwe bgose.”​—UMUSIGUZI 3:12, 13.

1. Ni kuki dukwiye kwizigira ko kazoza kazoba keza?

ABANTU benshi biyumvira Imana Mushoboravyose nk’uwukara, adatahura ibintu. Yamara, ico canditswe kiri aho haruguru ni ukuri uzosanga mw’Ijambo ryiwe ryahumetswe. Birahuye n’uko ari “Imana ihimbawe” be n’uko yashize abavyeyi bacu ba mbere mw’iparadizo yo kw’isi. (1 Timote 1:11, UB; Itanguriro 2:7-9) Igihe turondera gutahura ivya kazoza Imana isezeranira abasavyi bayo, ntidukwiye gutangazwa no kumenya ibintu bizotuzanira umunezero wamaho.

2. Ni ibintu bimwebimwe ibihe witeganye umushasharo?

2 Mu kiganiro giheruka, twasuzumye hatatu mu hantu hane Bibiliya ivuga imbere y’igihe ivy’“ijuru risha n’isi nsha.” (Yesaya 65:17) Bumwe muri ubwo buhanuzi bwokwizigirwa bwanditse mu Vyahishuriwe 21:1. Imirongo ikurikira ivuga ivyerekeye igihe Imana Mushoboravyose izohindura bimwe bikomeye ibintu vyo kw’isi bikaba vyiza. Azohanagura amosozi yose y’intuntu. Abantu ntibazokwongera gupfa bishwe n’ubusaza, indwara, canke amasanganya. Amaborogo, gutaka n’uburibwe bizoba vyaragiye. Mbega icizigiro c’akezamutima! Ariko, twoba dushobora kwemera tudakeka yuko bizoshika, kandi ni akosho akahe ico cizigiro cogira kuri twebwe ubu bwa none?

Imvo Zituma Twizigira

3. Ni kuki dushobora kwizigira ivyo Bibiliya isezerana ku vyerekeye kazoza?

3 Raba ukuntu Ivyahishuriwe 21:5 habandanya. Higana ivyo Imana ivyagiye ku ntebe yayo y’Ubwami yo mw’ijuru yavuze igira iti: “Rāba vyose ndabihindura bisha.” Iryo sezerano ry’Imana ni ryiza kurusha itangazo ryose ry’ukwikukira kw’igihugu, urwandiko rwose rwo muri iki gihe ruvuga ivy’uburenganzira bw’abantu, canke icipfuzo cose c’abantu ca kazoza. Ni itangazo ryokwizigirwa vy’ukuri, ryashikirijwe n’Umwe Bibiliya ivuga ko “[a]tazi kubesha.” (Tito 1:2) Birumvikana ko wokwumva umengo twohagarikira aha, tukanezererwa ivyo vyizigiro vyiza igitangaza hanyuma tukizigira Imana. Ariko rero ntidutegerezwa guhagarika. Hariho ibindi vyinshi tugikeneye kwiga ku vyerekeye kazoza kacu.

4, 5. Ni Ubuhanuzi ubuhe bwa Bibiliya tumaze kurimbura bushobora gukomeza ukwizigira kwacu ibiri imbere?

4 Niwiyumvire ivyo ikiganiro giheze caseruye ku biraba amasezerano ya Bibiliya yerekeye ijuru rishasha n’isi nshasha. Yesaya yarabuye ivyerekeye urunkwekwe rushasha, kandi ubuhanuzi bwiwe bwarangutse igihe Abayuda basubira mu gihugu cabo hanyuma bakongera gushinga ugusenga kw’ukuri. (Ezira 1:1-3; 2:1, 2; 3:12, 13) Yamara, vyoba ari ivyo vyonyene ubuhanuzi bwa Yesaya bwerekejeko? Oya namba! Ivyo yabuye vyogize iranguka mu buryo buhambaye kuruta muri kazoza ka kure. Ni kubera iki dushitse kuri ico ciyumviro? Kubera ivyo twasomye muri 2 Petero 3:13 no mu Vyahishuriwe 21:1-5. Iyo mirongo yerekeza kw’ijuru rishasha n’isi nshasha bizozanira ivyiza Abakirisu kuri uyu mubumbe wose.

5 Nk’uko twabibonye kare, Bibiliya ikoresha amajambo “ijuru risha n’isi nsha” incuro zine. Twarimbuye zitatu muri izo, maze twashitse ku vyiyumviro biremesha. Mu buryo butomoye, Bibiliya ibura ko Imana izokuraho ububisha n’ibindi bitera imibabaro be n’uko izoca iha abantu imihezagiro mw’isi nshasha yayo yasezeranye.

6. Ubuhanuzi bugira kane buvuga ivy’“ijuru risha n’isi nsha” bubura iki?

6 Reka rero ubu dusuzume ahandi hantu hasigaye haboneka ya majambo avuga ngo “ijuru risha n’isi nsha,” akaba ari muri Yesaya 66:22-24, ahagira hati: “Nk’ukw ijuru risha n’isi nsha, ivyo nzorema, bizohorah’imbere yanje, ni k’uruvyaro rwawe n’izina ryawe bizohoraho, ni k’Uhoraho agize. Igihe kizoza uhereye mu mboneko z’ukwezi ukageza mu mboneko z’ukundi, no guhēra kw isabato ukageza ku yindi, abantu bose bazohora baza gusenga imbere yanje, ni k’Uhoraho agize. Nuko bazosohoka baje kwitegereza imivyimba y’abangararije, kukw inyo zabo zitazopfa, kandi n’umuriro wabo ntuzime; kandi bazotera abantu bose ishishi.”

7. Ni kuki dukwiye gushika ku ciyumviro c’uko muri Yesaya 66:22-24 hazoranguka mu misi izoza?

7 Ubwo buhanuzi bwararangutse mu Bayuda bongeye kugerera mu gihugu cabo, ariko hobayeho irindi ranguka. Ivyo vyari ivyobaye inyuma y’imyaka myinshi, inyuma yaho ikete rya kabiri rya Petero n’igitabu c’Ivyahishuriwe vyandikiwe, kubera ko vyerekeza kw’‘ijuru n’isi bishasha’ vyo muri kazoza. Turashobora kwitega iryo ranguka rikomeye kandi ryuzuye mu runkwekwe rushasha. Rimbura ibintu bimwebimwe dushobora kurindirana umushasharo ngo tuzovyinovore.

8, 9. (a) Ni mu buryo ki abasavyi b’Imana “bazoguma bahagaze”? (b) Ubuhanuzi buvuga ko abasavyi ba Yehova bazosenga “uhereye mu mboneko z’ukwezi ukageza ku mboneko z’ukundi, no guhēra kw’isabato ukageza ku yindi” busobanura iki?

8 Ivyahishuriwe 21:4 herekana yuko urupfu rutazoba rukiriho. Ivyanditswe muri Yesaya ikigabane ca 66 birahuza n’ivyo. Dufatiye ku Yes 66 murongo wa 22 turashobora kubona yuko Yehova azi ko ijuru rishasha n’isi nshasha bitazoba ivy’igihe gito, ibimara igihe kigufi. Vyongeye, abasavyi biwe bazoramba; “bazoguma bahagaze” (NW) imbere yiwe. Ivyo Imana yamaze gukorera abasavyi bayo batoranijwe biraduha imvo yotuma twizera. Abakirisu b’ukuri bagiye barahangana n’uruhamo rukaze, eka mbere haranagirwa n’utwigoro turimwo ukurenza urugero two kubaherengeteza. (Yohana 16:2; Ivyakozwe 8:1) Yamara, n’abansi bafise ububasha bukomeye b’abasavyi b’Imana, nka wa Mwami w’Abami w’Umuroma Nero hamwe na Adolf Hitler, ntibashoboye kurandurana n’imizi intahemuka z’Imana zitirirwa izina ryayo. Yehova yarazigamye ishengero ry’abasavyi biwe, kandi turashobora kwemera tudakeka yuko ashobora gutuma riguma rihagaze ibihe vyose.

9 Muri ubwo buryo nyene, intahemuka ku Mana bagize umuce w’isi nshasha, ikibano kigizwe n’abasenga b’ukuri mw’isi nsha, umwe wese azoguma ahagaze kubera bazoba bariko barasenga mu buryo butyoroye Umuremyi w’ibintu vyose. Ivyo ntibizoba ari ugusenga rimwerimwe canke igihe bije mu muntu gusa. Ivyagezwe vy’Imana vyahawe Abisirayeli biciye kuri Musa, vyasaba gukora ibikorwa binaka bijanye n’ugusenga uko ukwezi gutashe, nk’uko vyerekanwa n’imboneko z’ukwezi, be n’ivy’indwi ku ndwi vyerekanwa n’umusi w’Isabato. (Abalewi 24:5-9; Guharūra 10:10; 28:9, 10; 2 Ngoma 2:4) Nuko rero, muri Yesaya 66:23 herekeza ku gusenga Imana mu buryo budahorereza kandi bubandanya, indwi ku ndwi be no ku kwezi ku kwezi. Maze ukutemera Imana hamwe n’uburyarya mu vy’idini ntibizosubira kubaho. “Abantu bose bazohora baza gusenga imbere” ya Yehova.

10. Ni kuki ushobora kwizigira yuko isi nshasha itazoguma yononwa n’ababisha?

10 Muri Yesaya 66:24 haradukura amazinda yuko amahoro hamwe n’ubugororotsi vyo mw’isi nshasha bitazokwigera bigeramirwa. Abantu b’ababisha ntibazoyonona. Ibuka yuko muri 2 Petero 3:7 havuga yuko imbere yacu hari “[u]musi w’amateka, wo gutikira kw’abatubaha Imana.” Abazoherengetezwa bazoba ari abatubaha Imana. Nta kibi kizoshikira abatagira ico bagirizwa, bikaba bitandukanye n’ibikunda gushika mu ntambara z’abantu, aho ivyago bishikira abanyagihugu bisumba ibishikira abasirikare. Wa Mucamanza ahambaye atwemerera ko umusi wiwe uzoba uwo gutikiza abatubaha Imana.

11. Ni igiki Yesaya yerekana kizoshikira uwo wese arwanya Imana n’ugusengwa kwiwe?

11 Abagororotsi bazorokoka bazobona ko ijambo ry’ubuhanuzi ry’Imana ari iry’ukuri. Yes 66 Umurongo wa 24 ubura yuko “imivyimba y’aba[ga]rarije” Yehova izoba ikimenyamenya c’urubanza rwiwe. Iyo mvugo itomoye Yesaya yakoresheje isa n’iy’agacamutima. Yamara irahuye vy’ukuri n’ivyabaye. Inyuma y’impome za Yeruzalemu ha kera hariho za nyabarega z’imyavu, kandi rimwe na rimwe barahata imivyimba y’inkozi z’ikibi zabonwa ko zidakwiriye guhambwa mu cubahiro.a Ngaho inyo hamwe n’umuriro urigita ntivyotevye guherengeteza iyo myavu n’iyo mivyimba. Bigaragara ko iyo mvugo ngereranyo ya Yesaya yerekana amaherezo y’urubanza Yehova azocira abagabitanya.

Ivyo Yasezeranye

12. Ni ibindi bintu ibihe Yesaya yerekana ku vyerekeye ubuzima bwo mw’isi nshasha?

12 Ivyahishuriwe 21:4 hatubwira ibintu bimwebimwe bitazobaho mw’isi iriko iraza. Mugabo none ni ibiki bizohaba ico gihe? Ubuzima buzoba bumeze gute? Twoba dushobora kuronka ikintu ico ari co cose co kwizigirwa kibitumenyesha? Cane nyene. Muri Yesaya ikigabane ca 65 haradondora mu buryo menyeshakazoza ibintu tuzokwinovora nitwaramuka twemerewe na Yehova kubaho mu gihe arema ijuru rishasha n’isi nshasha mu buryo bwuzuye. Abazohezagirwa mu kuronka ikibanza camaho mw’isi nshasha ntibazosaza ngo amaherezo bapfe. Muri Yesaya 65:20 hadukura amazinda hati: “Ntihazokwongera kubamw’abapfa bakir’inzoya, cank’umutāma adasozereye imyaka yiwe; kuk’umwana azopfa amaze imyaka ijana, kand’ūkenyutse ntashitse ijana, azoba yavumwe.”

13. Muri Yesaya 65:20 hadukura amazinda gute yuko abasavyi b’Imana bazokwinovora umutekano?

13 Igihe ivyo vyaranguka ubwa mbere ku gisata c’abo kwa Yesaya, vyasigura yuko ata nkomanzi ku bana bo muri ico gihugu. Nta bansi bohaje, nk’uko Abanyababiloni bari barigeze kubigira, kugira ngo banyage abana bonka canke bice abantu bakiritera bakarisama. (2 Ngoma 36:17, 20) Mw’isi nshasha iriko iraza, abantu bazobaho ata nkomanzi, mu mutekano, bashobora kwinovora ubuzima. Nihagira umuntu ahitamwo kugarariza Imana, ntazokwemererwa kubandanya abaho. Imana izomukuraho. Bite hoho nimba uwo munyavyaha w’umugarariji ageze ku myaka ijana? Azopfa ameze nk’“umwana” ugereranije n’ukugira ubuzima butagira iherezo.​—1 Timoteyo 1:19, 20; 2 Timoteyo 2:16-19.

14, 15. Wishimikije Yesaya 65:21, 22, ni ibikorwa binezereye ibihe ushobora kwitega?

14 Aho kwibanda ku kuntu umunyavyaha acumura nkana ashobora kuzokurwaho, Yesaya adondora ubuzima buzoba bwiganje mw’isi nshasha. Nugerageze kwiha ishusho uri muri ivyo bintu. Ibintu amaso yawe y’ubwenge ashobora kubanza kubona, ni ibintu bikwerekeye ubwawe. Yesaya avuga ivyo ku Yes 65 murongo wa 21 n’uwa 22, mu kugira ati: “Bazokwubaka amazu bayīberemwo, kandi bazotera uruzabibu, bīrīre inzabibu zarwo. Ntibazokwubaka ngw abandi binjire; ntibazorima ngw abandi babirye: kuko nk’ukw imyaka y’igiti ingana ari kw abantu banje bazoramba, kand’abo nitoranirije bazoshitsa igihe kirekire banezererwa igikorwa c’amaboko yabo.”

15 Niba utaramenyera ivy’ubwubatsi canke ukaba utarigera ukora ibikorwa bijanye no kurima, ubuhanuzi bwa Yesaya bwerekana ko hari inyigisho zikurindiriye. Ariko none, ntiwoba wipfuza kwiga ubifashijwemwo n’abigisha babishoboye, kumbure bakaba ari ababanyi b’umutima mwiza baguterera agacumu k’ubumwe? Yesaya ntiyavuze nimba inzu yawe izoba ifise amadirisha manini atagira ibiyo ariko amarido kugira ngo ushobore kunezererwa akayaga keza ko mu ntara z’ubushuhe, canke nimba izogira amadirisha y’ibiyo ushobora kuzoza urarabiramwo ihindagurika ry’ikirere. Mbega inzu yawe uzoyiha igisenge gishunguruka kugira ngo kize kirasesa amazi? Canke ikirere c’aho coba kizogusaba kugira igisenge gishashe, nka bimwe vyo mu Buseruko bwo Hagati, kimwe ushobora kugandagazako n’umuryango wawe kugira mwihereze ivyo kurya biryoshe mwongere muganire muryohewe?​—Gusubira mu Vyagezwe 22:8; Nehemiya 8:16.

16. Ni kuki ushobora kwitega ko isi nshasha iba iyihimbaye ibihe vyose?

16 Igihambaye kuruta kumenya ido n’ido ry’ivyo bintu ni uko uzogira ahantu hawe bwite ho kuba. Hazoba ari ahawe​—atari nk’uko biri muri iki gihe usanga ushobora gucumukura wubaka ariko uwundi muntu akaba ari we avyungukirako. Muri Yesaya 65:21 havuga kandi ko uzotera maze ukarya umwimbu. Uko bigaragara, ivyo vyerekana mu majambo make ukuntu ibintu bizoba bimeze muri rusangi. Uzokwinovora bihagije ivyiza biva ku twigoro twawe, ivyamwa vy’ubutame bwawe bwite. Uzoshobora kugira ivyo igihe kirekire​—“nk’uko imyaka y’igiti ingana.” Nta gukeka, ivyo bihuje na ya ndondoro avuga ngo ibintu ‘vyose ni bishasha’!​—Zaburi 92:12-14.

17. Abavyeyi bazosanga ari isezerano irihe canecane riremesha?

17 Niba uri umuvyeyi, aya majambo araza kugukora ku mutima: “Ntibazoruhira ubusa, kandi ntibazovyara abo kugesezwa, kuko bazoba ar’uruvyaro jewe Uhoraho nahezagiye, bo n’abazobakomokako. Maze batarampamagara nzobitaba, kandi bakivuga nzokwumva.” (Yesaya 65:23, 24) Bivuye ku vyo wiboneye, woba uzi ukuntu ‘kuvyara abana bo kugesezwa’ bibabaza? Ntidukeneye kwirirwa turatondekanya ingorane abana bashobora kugira zitesha umutwe abavyeyi babo be n’abandi. Ku bijanye n’ivyo, twese turamaze kwibonera abavyeyi bitwararika cane imyuga yabo, imirimo, canke ivyo kwinezereza, ku buryo bamarana igihe gito n’abana babo. Yehova we aradukura amazinda yuko azotwumva kandi akaduha ivyo dukeneye, ndetse n’imbere y’uko tubimusaba.

18. Ni kuki ushobora kwitega kuzonezererwa ibikoko mw’isi nshasha?

18 Igihe uzirikana ku vyerekeye ivyo wokwinovora mw’isi nshasha, niwihe ishusho y’ibintu ijambo ry’ubuhanuzi ry’Imana ryerekana bivuga biti: “Ibingira n’umwagazi w’intama bizorīshanya; intambge izorīsha ubgatsi nk’inka; kand’umukungugu ni wo uzoba ivyo kurya vy’inzoka. Ntibizoryana canke ngo bigire ico vyica ku musozi wanje wera iy’uva ukagera, ni ko Uhoraho agize.” (Yesaya 65:25) Abantu bahingura utugenegene baragerageje gushushanya ivyo bintu, ariko rero ibi si ibishushanyo vyagizwe hakurikijwe ivyiyumviro abahingura utugenegene bikurira mu mutwe. Ivyo bintu bizobaho koko. Amahoro azoba yiganje mu bantu kandi azoba ajanye n’amahoro bazoba bafitaniye n’ibikoko. Abahinga mu vy’ibifise ubuzima benshi, hamwe n’abakunda ibikoko usanga bamara imyaka myiza kuruta y’ubuzima bwabo biga ivyerekeye ubwoko bukeyi bw’ibikoko, canke mbere bakiga ubwoko bumwe gusa kibure bakiga ubwakomotse ku bundi. Mu buryo bunyuranye n’ubwo, iyumvire ivyo uzoshobora kumenya igihe ibikoko bizoba bitagitinya abantu. Ico gihe uzoshobora kwegera ndetse n’inyoni hamwe n’uturemwa dutoduto cane twibera mw’ishamba ry’inzitane, uvyitegereze, uvyigireko kandi ubinezererwe. (Yobu 12:7-9) Uzoshobora kubigira ata nkomanzi, utageramiwe n’umuntu canke n’igikoko. Yehova avuga ati: “Ntibizoryana canke ngo bigire ico vyica ku musozi wanje wera iy’uva ukagera.” Mbega ihinduka rizohaba ugereranije n’ivyo tubona be n’ibidushikira muri iki gihe!

19, 20. Ni kuki abasavyi b’Imana batandukanye cane na benshi mu bantu bo muri iki gihe?

19 Nk’uko twamaze kubivuga, abantu ntibashobora kubura ivya kazoza ata kwihenda n’ubwo usanga ivy’ukurazwa ishinga n’ivyerekeye ikimpumbi gishasha bikwiye hose. Ivyo bituma abenshi babura uko bagira, bata umutwe canke bakihebura. Umuyobozi wa kaminuza imwe yo muri Kanada, Peter Emberley, yanditse ati: “[Abakuze] benshi amaherezo usanga bahangana n’ibibazo nyamukuru vyerekeye ubuzima. Ndi nde? Mu vy’ukuri mparanira iki? Ni iragi irihe nsigiye abo mu runganwe ruzokurikira? Bageze mu bigero, barita ku rutare kugira ngo bagire urutonde n’intumbero mu buzima.”

20 Urashobora gutahura igituma ari ukwo ibintu bimeze kuri benshi. Bashobora kurondera kwinovora ubuzima biciye ku kwimara ubute canke mu buryo buhimbaye bwo kwinezereza. Yamara, ntibazi ivyo kazoza kababikiye, ubuzima rero burashobora kutagira ico buvuze, kutabamwo urutonde n’intumbero nyakuri. Ubu ivyo nubigereranye n’ukuntu ubona ubuzima, ufatiye ku vyo tumaze kurimbura. Urazi yuko mw’ijuru rishasha n’isi nshasha Yehova yasezeranye tuzoshobora gutereza akajisho hirya no hino maze tukavuga tubikuye ku mutima wacu duti: ‘Egome, Imana yahinduye ibintu vyose bishasha!’ Ese ukuntu tuzovyinovora!

21. Ni ikintu ikihe dusanga muri Yesaya 65:25 kikaba no muri Yesaya 11:9?

21 Kuzirikana tuba mw’isi nshasha y’Imana si ukwishira hejuru. Idutera akamo, mbere ikaduhimiriza kuyisenga mu kuri muri iki gihe, no kwuzuza ibisabwa kugira ngo tuzohabwe ubuzima igihe ‘ata bizoryana canke ngo bigire ico vyica hose ku musozi wayo wera.’ (Yesaya 65:25) Ariko none, wari uzi ko Yesaya yakoresheje amajambo nk’ayo imbere yaho kandi ko yongeyemwo ikintu gihambaye gituma tuzokwinovora vy’ukuri isi nshasha? Muri Yesaya 11:9 havuga hati: “Hose ku murwa wanje wera ntihazoba hakir’ibiryana cank’ivyica; kuko kumenya Uhoraho kuzoba kwuzuye mw isi, nk’ukw amazi abugereye mu kiyaga.”

22. Ukurimbura kwacu ubuhanuzi bune bwo muri Bibiliya bikwiye gukomeza umwiyemezo wacu wo gukora iki?

22 “Kumenya Uhoraho.” Imana niyahindura ibintu vyose bishasha, ababa kw’isi bazogira ubumenyi nyakuri ku biyerekeye no ku vyerekeye ivyo igomba. Ivyo ntibizoba gusa ari ukwigira ku bikoko vyaremwe. Harimwo n’Ijambo ryiwe ryahumetswe. Nk’akarorero, zirikana ku kuntu ivyo twabonye bingana mu gusuzuma ubuhanuzi bune gusa bucishamwo “ijuru risha n’isi nsha.” (Yesaya 65:17; 66:22; 2 Petero 3:13; Ivyahishuriwe 21:1) Uri n’imvo nziza yo gusoma Bibiliya ku musi ku musi. Koba ari akamenyero kawe? Niba atari akamenyero kawe, ni amahinduka ayahe ushobora kugira ngo uzosome ku musi ku musi bimwebimwe mu vyo Imana ivuga? Uzobona yuko, turetse ukwitega kwinovora isi nshasha, uzoronka umunezero uguma wiyongera muri iki gihe, nk’uko Dawidi yawuronse.​—Zaburi 1:1, 2.

[Utujambo tw’epfo]

a Raba igitabu Étude perspicace des Écritures, Imbumbe ya 1, urupapuro rw’972, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

Wovyishura Gute?

• Ni kuki dushobora gupfundika y’uko muri Yesaya 66:22-24 habura ibikiri imbere?

• Ni ibiki canecane witeze mu bintu vyavuzwe mu buhanuzi bwo muri Yesaya 66:22-24 n’ubwo muri Yesaya 65:20-25?

• Ni imvo izihe ufise zo kugira icizigiro ku vyerekeye kazoza kawe?

[Ifoto ku rup. 15]

Yesaya, Petero, hamwe na Yohani barabuye imice imwimwe y’“ijuru risha n’isi nsha”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika