ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w98 1/11 rup. 1-7
  • Yeruzalemu—“Umurwa w’Umwami Ahambaye”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yeruzalemu—“Umurwa w’Umwami Ahambaye”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Aho ‘Intebe y’Ubwami ya Yehova’ Iri
  • Ahahoze Amahoro Hacika Umusaka
  • Bararwanijwe n’Ababanyi Bari mu Madini y’Ikinyoma
  • Mesiya Aseruka!
  • Uguhonja Amahoro Aramba
  • Yeruzalemu Ikwiranye n’Izina Ryayo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Yeruzalemu Nshasha ni iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ca gisagara gikayangana
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
w98 1/11 rup. 1-7

Yeruzalemu—“Umurwa w’Umwami Ahambaye”

“Ntukarahire . . . Yerusalemu, kukw ar’umurwa w’Umwami ahambaye.”—MATAYO 5:34, 35.

1, 2. Ni igiki gishobora kugora bamwebamwe gutahura ku vyerekeye Yeruzalemu?

YERUZALEMU—ni ijambo rivyura inyiyumvo zikomakomeye mu bantu bo mu madini atandukanye. Kukaba nkako, nta n’umwe muri twebwe ashobora kwirengagiza ico gisagara ca kera, kubera ko kivugwa kenshi mu makuru. Ariko ikibabaje ni uko amakuru menshi ahishura yuko i Yeruzalemu hatama ari ahantu h’amahoro.

2 Ivyo vyoshobora kubera ubupfindo abasomyi ba Bibiliya bamwebamwe. Mu gihe ca kera impfunyapfunyo y’izina Yeruzalemu yari Salemu, rikaba risobanura ngo “amahoro.” (Itanguriro 14:18; Zaburi 76:2; Abaheburayo 7:1, 2) Kumbure ushobora kwibaza rero uti: ‘Ni kuki muri iyi myaka mirongo iheze igisagara gifise iryo zina cabuze amahoro mwene ukwo?’

3. Ni hehe dushobora kuronka amakuru umuntu yokwizigira yerekeye Yeruzalemu?

3 Kugira ngo twishure ico kibazo, dukwiye gusubira inyuma cane mu nkuru y’ivyabaye hanyuma tugatohoza ivyerekeye Yeruzalemu yo mu bihe vya kera. Mugabo bamwe bashobora kwiyumvira bati, ‘Ntidufise umwanya wo kwiga inkuru y’ivyabaye kera.’ Naho ari uko, ubumenyi nyakuri bwerekeye inkuru y’ivyabaye ya kera yerekeye Yeruzalemu burafise agaciro kuri twebwe twese. Bibiliya irerekana igituma bufise agaciro muri aya majambo: “Ivyanditswe kera vyose vyandikiwe kutwigisha, kugira ngo kwihangana no guhumurizwa guheshwa n’ivyanditswe biduhe kwizigira ibizoba.” (Abaroma 15:4) Ubumenyi dukura muri Bibiliya bwerekeye Yeruzalemu burashobora kuduhumuriza—egome, burashobora kandi kuduha icizigiro c’amahoro, atari muri ico gisagara gusa ariko no kw’isi iyo iva ikagera.

Aho ‘Intebe y’Ubwami ya Yehova’ Iri

4, 5. Dawidi yakoze gute mu vy’ugufasha Yeruzalemu ngo hagire uruhara nyamukuru mw’iranguka ry’umugambi w’Imana?

4 Mu kinjana ca 11 B.G.C., Yeruzalemu harabaye rurangiranwa kw’isi yose bwa gisagara c’ihanga ritekanye kandi rifise amahoro. Yehova Imana yararinganije ivy’uko umusore yitwa Dawidi asīgwa ngo abe umwami w’iryo hanga rya kera—ari ryo Isirayeli. Kubera ko icicaro c’intwaro cari i Yeruzalemu, Dawidi hamwe n’abami bamukomotseko baravyagira ku “ntebe y’ubgami bg[a Yehova],” ari yo “ntebe y’Ubwami ishinzwe n[a Yehova].”—1 Ngoma 28:5; 29:23.

5 Uwo mugabo Dawidi yatinya Imana—akaba yari Umwisirayeli wo mu muryango wa Yuda—yarafashe Yeruzalemu ahatse Abayebusi basenga ibigirwamana. Ico gihe ico gisagara cari ku musozi witwa Siyoni gusa, ariko iryo zina ryaje kwitiranwa na Yeruzalemu ubwaho. Haciye igihe, Dawidi yaratwaye i Yeruzalemu isandugu y’isezerano Imana yagiraniye na Isirayeli, aho yashizwe mw’ihema. Imyaka n’iyindi imbere y’aho, Imana yari yaravuganye n’umuhanuzi wayo Musa mu gicu cari hejuru y’iyo Sandugu Nyeranda. (Kuvayo 25:1, 21, 22; Abalewi 16:2; 1 Ngoma 15:1-3) Iyo Sandugu cari ikimenyetso c’uko Imana ari ho iri, kubera ko Yehova yari Umwami nya Mwami wa Isirayeli. Ni co gituma rero mu nsobanuro irimwo zibiri, bishobora kuvugwa ko Yehova Imana yategeka ari mu gisagara ca Yeruzalemu.

6. Ni umuhango uwuhe Yehova yatanze ku vyerekeye Dawidi na Yeruzalemu?

6 Yehova yari yarasezeraniye Dawidi yuko ubwami bw’inzu yiwe, ubwagereranywa na Siyoni, canke Yeruzalemu, butogize iherezo. Ivyo vyasobanura yuko uwokomotse kuri Dawidi yorazwe uburenganzira bwo gutegeka ibihe bidahera ari Uwasizwe w’Imana—Mesiya, ari we Kirisitu.a (Zaburi 132:11-14; Luka 1:31-33) Bibiliya ihishura kandi ko uwo muragwa w’ibihe vyose w’‘ingoma ya Yehova’ yotegetse amahanga yose, si Yeruzalemu gusa.—Zaburi 2:6-8; Daniyeli 7:13, 14.

7. Umwami Dawidi yaremesheje gute ugusenga gutyoroye?

7 Kugerageza gutembagaza uwasizwe w’Imana, ni ukuvuga Umwami Dawidi, vyabaye impfagusa. Ahubwo riho amahanga y’abansi yaramazwe igabo, imbibe z’Igihugu c’Isezerano na zo ziragurwa gushika ahantu Imana yari yageze ko zoshitse. Dawidi yaciye aboneraho kuremesha ugusenga gutyoroye. Vyongeye, amazaburi menshi ya Dawidi ahayagiza Yehova ko ari Umwami nya Mwami w’i Siyoni.—2 Samweli 8:1-15; Zaburi 9:1, 11; 24:1, 3, 7-10; 65:1, 2; 68:1, 24, 29; 110:1, 2; 122:1-4.

8, 9. Ugusenga kw’ukuri i Yeruzalemu kwasagamvye gute ku ngoma y’Umwami Salomo?

8 Mu kiringo c’ingoma y’umwana wa Dawidi, Salomo, ugusenga Yehova kwarateye intambwe irushirije. Salomo yaraguye imbibe za Yeruzalemu amaja mu buraruko kugira ayongereko umusozi Moriya (akarere ko muri iki gihe ka Coupole du Rocher). Yaratewe agateka ko kwubaka urusengero rw’akaroruhore kugira Yehova ashemezwe, arwubaka aho hantu hakirurutse kuruta ahandi hose. Rya sandugu ry’isezerano ryashizwe Ahera Cane h’urwo rusengero.—1 Abami 6:1-38.

9 Ihanga rya Isirayeli ryaragira amahoro igihe bashigikira n’umutima wabo wose ugusenga Yehova kwari gushingiye i Yeruzalemu. Mu kudondora mu buryo buryoshe uko ivyo vyari vyifashe, Ivyanditswe bivuga biti: “Abayuda n’Abisirayeli bār’isinzi, bangana n’umusenyi wo mw isēsero ry’ikiyaga; kandi bārarya, bāranywa, bakanezerwa. . . . kandi [Salomo] yabana amahoro n’ibihugu vyose bimukikije; nukw Abayuda n’Abisirayeli bībēra amahoro, umuntu wese mu mizabibu yiwe no mu misukoni yiwe.”—1 Abami 4:20, 24, 25.

10, 11. Ivyacukuwe mu butaka vyemeza gute ivyo Bibiliya ivuga ku vyerekeye Yeruzalemu yo mu gihe c’ingoma ya Salomo?

10 Ivyatowe n’abacukura ubutaka birashigikira iyo nkuru y’ingoma yari isagamvye ya Salomo. Mu gitabu ciwe The Archaeology of the Land of Israel (Ivyacukuwe Vyerekeye Igihugu ca Isirayeli), Umwigisha Yohanan Aharoni avuga ati: “Ubutunzi bwaza ari umukimba mu kirimba c’umwami buzananye imihingo yose, hamwe n’ubudandaji bwari busagamvye . . . vyarazanye ihinduka ryihuta kandi ryibonekeje mu nzego zose z’ubutunzi n’iterambere. . . . Iryo hinduka mu vy’ubutunzi n’iterambere . . . ntiryibonekeza mu bikoresho vyizavyiza gusa ariko kandi ryaribonekeza canecane mu bibumbano. . . . Ukuntu ivyo bibumbano vyaba bimeze hamwe n’iturirwa ryavyo vyararushirijeho kuba ibihambaye cane.”

11 Uwitwa Jerry M. Landay na we nyene yanditse ati: “Mu gihe ca Salomo, ubutunzi n’iterambere vya Isirayeli vyariyongereye mu myaka mirongo itatu gusumba uko vyiyongereye mu myaka amajana abiri imbere yaho. Mu bintu vyacukuwe vyerekeye igihe ca Salomo dusangamwo amasigarira y’inyubakwa z’ivyibutso, ay’ibisagara bininibinini bifise ibihome amahero, ayagaragaza iterambere ryihuta ry’ibisagara vyabamwo abantu bikagira ibigwati vy’abatunzi vyubatswe neza, iterambere rihambaye mu vy’ubuhinga bw’ububumvyi hamwe n’ibikorwa bijanirana na bwo. Turasangamwo kandi amasigarira y’utugenegene twerekana ibidandazwa vyakorerwa mu mihingo ya kure, bikaba vyari ikimenyamenya c’uko ivy’ukugiranira urudandaza n’amakungu vyari bikomeye cane.”—The House of David (Inzu ya Dawidi).

Ahahoze Amahoro Hacika Umusaka

12, 13. Vyagenze gute ngo ugusenga kw’ukuri ntikubandanye kuremeshwa i Yeruzalemu?

12 Amahoro hamwe n’ugusagamba vya Yeruzalemu, igisagara carimwo rwa rusengero rwa Yehova, vyari ibintu bibereye gushirwa mw’isengesho. Dawidi yanditse ati: “Ni musabire Yerusalemu amahoro; abagukunda batōtahare. Amahoro abe imbere mu nzitiro zawe, itōto ribe mu ngoro zawe. Kubga bene Data na bagenzi banje ndavuga, nt’Amahoro abe muri wewe.” (Zaburi 122:6-8) Naho nyene Salomo yari yaratewe agateka ko kwubaka urwo rusengero rw’akumiza muri ico gisagara carangwamwo amahoro, amaherezo yarongoye abagore benshi b’abapagani. Mu myaka yiwe y’ubusaza, baramukwegeye mu vy’ukuremesha ugusenga imana z’ibinyoma zo muri ico gihe. Ubwo buhuni bwarononye iryo ihanga iyo riva rikagera, butuma iryo hanga n’abanyagihugu baryo batakigira amahoro nyakuri.—1 Abami 11:1-8; 14:21-24.

13 Ingoma y’umwana wa Salomo, Rehobowamu, itaramara na kabiri, imiryango cumi yaragararije hanyuma ishinga ubwami bwa Isirayeli bwo mu buraruko. Kubera ko basenga ibigirwamana, Imana yararetse ubwo bwami buratembagazwa n’Abasiriya. (1 Abami 12:16-30) Umugwa mukuru w’ubwami bw’i Buyuda bwo mu burengero bugizwe n’imiryango ibiri wagumye ushashe i Yeruzalemu. Ariko haciye igihe na bo nyene barateye umugongo ugusenga gutyoroye, ari co gituma Imana yaretse ico gisagara cigira ibiro biteze kirasangangurwa n’Abanyababiloni mu 607 B.G.C. Abayuda bari mu buhabisho baramaze imyaka 70 bari mu ntuntu y’ukuba inyagano i Babiloni. Maze, ku bw’imbabazi z’Imana, barekurirwa gusubira i Yeruzalemu no kugarukana ugusenga nyakuri.—2 Ngoma 36:15-21.

14, 15. Yeruzalemu hasubiriye gute kugira uruhara nyamukuru inyuma y’uguhabishwa kw’i Babiloni, mugabo ni igiki cahindutse?

14 Inyuma y’imyaka 70 ari umusaka, inyubakwa zari zasanganguwe zitegerezwa kuba zari zirengewe n’ivyatsi. Uruzitiro rwa Yeruzalemu rwari rwarasenyutse, ahari hahoze hahagaze amarembo n’iminara birushigikiye hasigaye ibihoro. Yamara ntiwumve, Abayuda bari batahutse bararemye. Barubatse igicaniro mu kibanza c’urusengero rwa kera hanyuma batangura gushikanira ibimazi Yehova uko bukeye uko bwije.

15 Iyo ntango yerekanye ko ibintu bizogenda neza, ariko iyo Yeruzalemu yari yasubijwe umutamana ntiyokwigeze isubira kuba umurwa mukuru w’ubwami butwarwa n’uwukomoka ku Mwami Dawidi. Ahubwo riho, Abayuda batwawe na buramatari yagenywe n’abigaruriye Babuloni kandi bategerezwa kuriha amakori ku bakuru babo b’Abaperesi. (Nehemiya 9:34-37) Naho Yeruzalemu cari igisagara ‘gisiribanzwe,’ kw’isi yose iyo iva ikagera cari kikiri co gisagara conyene gitoneshejwe na Yehova Imana mu buryo budasanzwe. (Luka 21:24) Kubera ko cari icicaro gikuru c’ugusenga gutyoroye, cagereranya kandi uburenganzira Imana ifise bwo kuba segaba w’isi yose biciye ku wukomoka ku Mwami Dawidi.

Bararwanijwe n’Ababanyi Bari mu Madini y’Ikinyoma

16. Ni kuki Abayuda batahutse bavuye i Babiloni batabandanije gusubira kwubaka Yeruzalemu?

16 Bidatevye, Abayuda bari baragarutse i Yeruzalemu bavuye mu bunyagano barubatse umushinge w’urusengero rushasha. Mugabo rero ababanyi bari bamogoreye idini y’ikinyoma bararungikiye Umwami w’Umuperesi Aritazeruzi ikete ry’agacokōro, bivugisha ngo Abayuda bagiye kugarariza. Aritazeruzi na we yaciye abuza ivyo kubandanya kwubaka Yeruzalemu. Urashobora kwiyumvira yuko iyo wari kuba uri muri ico gisagara ico gihe, wari gushobora kwibaza ico kazoza kakibikiye. Nk’uko vyagenze mu nyuma, Abayuda ntibabandanije kwubaka urusengero, hanyuma baca batwarwa n’ivy’ugukurikirana amaronko.—Ezira 4:11-24; Hagayi 1:2-6.

17, 18. Ni mu buryo ki Yehova yitwararitse ivy’uko Yeruzalemu isubira kwubakwa?

17 Bamaze nk’imyaka 17 batahutse, Imana yarahagurukije abahanuzi Hagayi na Zekariya kugira ngo bakosore ukwiyumvira kw’igisata cayo. Kubera ko bari bavyuriwe umutima wo kwihana, Abayuda barasubiriye kwubaka urusengero. Muri ico gihe, Dariyo yari yarabaye umwami w’Ubuperesi. Yaremeje itegeko ry’Umwami Kuro ry’uko urusengero rw’i Yeruzalemu rwubakwa. Dariyo yararungikiye ikete ababanyi b’Abayuda, abagabisha ‘kutaja mu vya Yeruzalemu’ no kubashigikira mu vy’amahera bakikora kw’ikori ry’umwami kugira ngo ico gikorwa co kwubaka kibone kurangira.—Ezira 6:1-13.

18 Abayuda bujuje urusengero mu mwaka ugira 22 batahutse. Urashobora gutahura yuko ico kintu gihambaye cane cobaye ikintu co guhimbaza n’umunezero mwinshi. Yamara, ku rugero rutari ruto, Yeruzalemu hamwe n’inzitiro zaho vyari bikiri umusaka. Ico gisagara citwararitswe bikwiye “mu gihe ca Nehemiya icēgēra c’umwami, na Ezira umuherezi, ari we munyabgenge w’ivyanditswe.” (Nehemiya 12:26, 27) Biboneka ko kw’iherezo ry’ikinjana ca gatanu B.G.C., Yeruzalemu cari cararangiye kwubakwa kiba igisagara gikomeye mw’isi ya kera.

Mesiya Aseruka!

19. Mesiya yemeye icese gute ubukuru Yeruzalemu yisangije?

19 Reka ubu na ho twunguruze, turengane ibinjana bikeyi gushika ku kintu cabaye gihambaye kw’isi no mw’ijuru, kikaba ari ivuka rya Yezu Kirisitu. Umumarayika wa Yehova Imana yabwiye umugore w’isugi yahavuye aba nyina wa Yezu ati: “[Yehova] Imana azomuha intebe y’ubgami ya sekuruza Dawidi, . . . ubgami bgiwe ntibuzogira iherezo.” (Luka 1:32, 33) Haciye imyaka, Yezu yarashikirije Insiguro rurangiranwa yiwe yo ku Musozi. Muri iyo nsiguro, yaratanze indemesho n’impanuro ku bintu vyinshi. Nk’akarorero, yarahimirije abamwumviriza kurangura ivyo basezeraniye Imana ariko bakaba maso kugira ngo ntibaje mu vy’ukugira indahiro zitagira mvura. Yezu yavuze ati: “Mwarumvise kandi kw aba kera bābgiwe, ngo Ntukarahire ngo wirahuruze, arik’uz’ukorere Uhoraho ivyo wamusezeraniye: ariko jeho ndababgire: Ntukarahire na mba; nturahire ijuru, kukw ar’intebe y’Imana; cank’isi, kukw ari yo ndava y’ibirenge vyayo; cank’i Yerusalemu, kukw ar’umurwa w’Umwami ahambaye.” (Matayo 5:33-35) Urabona yuko Yezu yemeye icese ikibanza c’iteka Yeruzalemu yisangije—ikibanza hamaze ibinjana hafise. Ni vyo, wari “umurwa w’Umwami ahambaye,” Yehova Imana.

20, 21. Ni ihinduka rikabura umutima irihe ryabaye mu nyifato ya benshi mu baba i Yeruzalemu?

20 Hagisigaye gato ngo ubuzima bwa Yezu bwo kw’isi burangire, yarishikanye ku banyagihugu b’i Yeruzalemu arabereka ko ari Umwami wabo yasizwe mu buryo bwemewe. Abenshi ivyo bavyakiranye umunezero mwinshi basemerera bati: “Hashemezwe ūje mw izina ry[a Yehova], ubgami buje bushimwe, ni bgo bga sogokuruza Dawidi.”—Mariko 11:1-10; Yohana 12:12-15.

21 Ariko rero, mu kiringo kidashika no ku ndwi imwe, ayo masinzi baremeye indongozi z’idini z’i Yeruzalemu barabatera kurwanya Yezu. Yarabuye yuko ico gisagara ca Yeruzalemu hamwe n’iryo hanga uko ringana vyotakaje ikibanza c’ubutoni vyari bifise imbere y’Imana. (Matayo 21:23, 33-45; 22:1-7) Nk’akarorero, Yezu yavuze ati: “Ewe Yerusalemu! Ewe Yerusalemu! Wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko, ni kangahe nagomvye gukoranya abana bawe, nk’ukw inkoko ikoranya imiswi yayo iyibundikira mu vyubi vyayo, ntimwakunda! Rāba inzu yanyu muyitānywe ar’umusaka.” (Matayo 23:37, 38) Mu gihe ca Pasika yo mu 33 G.C., abarwanya Yezu ku karenganyo bamugandaguriye hanze ya Yeruzalemu. Yamara, Yehova yarazuye Uwasizwe wiwe hanyuma aramuninahaza mu kumuha ubuzima bw’impwemu budapfa muri Siyoni yo mw’ijuru, kikaba ari ikintu twese dushobora kwungukirako.—Ivyakozwe 2:32-36.

22. Yezu amaze gupfa, ivyanditswe vyerekeye Yeruzalemu vyerekeza ku ki?

22 Kuva ico gihe, ubuhanuzi bwinshi butararanguka bwerekeye Siyoni, ari ho Yeruzalemu, bushobora gutahurwa ko bwerekeye indinganizo zo mw’ijuru canke abayoboke ba Yezu basizwe. (Zaburi 2:6-8; 110:1-4; Yesaya 2:2-4; 65:17, 18; Zekariya 12:3; 14:12, 16, 17) Biragaragara ko ivyanditswe bitari bike vyerekeye “Yeruzalemu” canke “Siyoni” vyanditswe inyuma y’urupfu rwa Yezu bifise insobanuro ngereranyo, biterekeye igisagara busagara canke ahantu kanaka. (Ab’i Galatiya 4:26; Abaheburayo 12:22; 1 Petero 2:6; Ivyahishuriwe 3:12; 14:1; 21:2, 10) Ikimenyamenya ca nyuma c’uko Yeruzalemu utari ukiri “umurwa w’Umwami ahambaye” cabonetse mu 70 G.C. igihe intwaramiheto z’Abaroma zahasangangura, nk’uko vyari vyarabuwe na Daniyeli be na Yezu Kirisitu. (Daniyeli 9:26; Luka 19:41-44) Baba abanditsi ba Bibiliya canke Yezu ubwiwe, ntawabuye yuko mu nyuma Yeruzalemu ho kw’isi hosubijwe umutamana, ngo Yehova Imana asubire kuhatonesha bidasanzwe nk’uko yari yarabigize.—Ab’i Galatiya 4:25; Abaheburayo 13:14.

Uguhonja Amahoro Aramba

23. Ni kuki dukwiye kuguma twitwararika ivya Yeruzalemu?

23 Umuntu asubiyemwo inkuru y’ivyabaye kera yerekeye Yeruzalemu ho kw’isi, ntiyoshobora guhakana yuko ico gisagara cabayeho gihuje n’insobanuro y’izina ryaco—irisobanura ngo “Ahari [canke, Ishingiro] ry’Amahoro Yiyongereye Incuro Zibiri”—mu kiringo ca ya ngoma irangwamwo amahoro y’Umwami Salomo. Yamara, ivyo vyari gusa ibiba biratwereka amahoro n’ugusagamba abakunda Imana bagiye kuronka vuba kw’isi izoba yahinduwe iparadizo.—Luka 23:43.

24. Ni ibiki dushobora kwigira ku bintu vyari vyiganje igihe Salomo yari ku ngoma?

24 Zaburi ya 72 irerekana neza uko ibintu vyari vyifashe mu kiringo c’ingoma y’Umwami Salomo. Mugabo urwo ruririmbo ruryoshe ni ubuhanuzi bumenyesha imihezagiro izohundwa umuryango w’abantu munsi y’ubutegetsi bwo mw’ijuru bwa Mesiya, Yezu Kirisitu. Ku bimwerekeye, umwanditsi wa Zaburi yatereye mw’ijwi ati: “Mu misi yiwe abagororotsi bazororanirwa, kandi hazosēndēra amahoro, gushitsa ah’ukwezi kuzoviraho. . . . Azokiza umukene ah’azotakambira, n’umugorwa atagira gitabara. Azogirira akagongwe uworoshe n’umukene, amagara y’abakene azoyakiza. Azobacungura, abakize agahahazo n’umuryano; kand’amaraso yabo azoba ay’igiciro mu nyonga ziwe. Hazokwera impeke habe agahimbo mu gihugu no ku mpinga z’imisozi.”—Zaburi 72:7, 8, 12-14, 16.

25. Ni kuki dukwiye gushaka kwiga vyinshi ku vyerekeye Yeruzalemu?

25 Ese ingene ayo majambo ahumuriza kandi agatanga icizigiro ku bakunda Imana b’i Yeruzalemu canke ahandi bari hose kw’isi! Urashobora kuba mu bazokwinovora amahoro asasagaye kw’isi yose munsi y’Ubwami bwa Kimesiya bw’Imana. Ukumenya kahise ka Yeruzalemu kurashobora kudufasha gutegera umugambi w’Imana ku vyerekeye abantu. Ibiganiro bikurikira biraza kuvuga canecane ivyabaye mu myaka iri hagati ya mirongo irindwi na mirongo umunani inyuma y’aho Abayuda batahukiye bavuye mu bunyagano i Babiloni. Ivyo birahumuriza abo bose bipfuza gusenga Yehova Imana mu buryo yemera, we Mwami Ahambaye.

[Akajambo k’epfo]

a Ayo mazina y’icubahiro “Mesiya” (irivuye mw’ijambo ry’Igiheburayo) na “Kirisitu” (rivuye mu Kigiriki) yompi asobanura ngo “Uwasizwe.”

Woba Uvyibuka?

◻ Yeruzalemu caje kuba ahantu hari ‘intebe y’ubwami ya Yehova’ gute?

◻ Ni uruhara ruhambaye uruhe Salomo yari afise mu vy’uguteza imbere ugusenga kw’ukuri?

◻ Tuzi gute ko Yeruzalemu haretse kuba ishingiro ry’ugusenga Yehova?

◻ Ni kubera iki twitwararika kumenya vyinshi ku vyerekeye Yeruzalemu?

[Abo dukesha ifoto ku rup. 1]

Pictorial Archive (Near Eastern History) Est.

[Ifoto ku rup. 3]

Igisagara ca Dawidi cari amagana mu bumanuko bw’urunani rw’imisozi, mugabo Salomo yaraguye ico gisagara amagana mu buraruko kandi arubaka urusengero

[Abo dukesha ifoto]

Pictorial Archive (Near Eastern History) Est.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika