ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w98 1/11 rup. 14-19
  • Yeruzalemu Ikwiranye n’Izina Ryayo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yeruzalemu Ikwiranye n’Izina Ryayo
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Umusi w’Iteraniro ry’Igitangaza
  • Uwundi Mutororokano Urangwa Umunezero
  • Ntidukwiye Gufata Minenerwe Ingoro y’Imana
  • Iyinjira Ryuzuye Umunezero
  • Icotuma Tugira Umunezero Wamaho
  • Yeruzalemu—Woba ‘Uyikunda Ukayirutisha Ibikunezereza vy’Agahebuza’?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Nehemiya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Uruzitiro rwa Yeruzalemu
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Urugo rw’i Yeruzalemu
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
w98 1/11 rup. 14-19

Yeruzalemu Ikwiranye n’Izina Ryayo

“Munezerwe, muze muhore muhimbawe n’ivyo ndema; kuko rāba, ndema Yerusalemu ngo mpagire umunezero.”—YESAYA 65:18.

1. Ezira yumvise amerewe gute ku vyerekeye igisagara Imana yitoreye?

KUBERA ko yari umutohoji akerebutse w’Ijambo ry’Imana, umuherezi w’Umuyahudi Ezira yarakunda cane ukuntu Yeruzalemu hari harigeze kugira ico hasana n’ugusenga Yehova gutyoroye. (Gusubira mu Vyagezwe 12:5; Ezira 7:27) Urukundo yari afitiye igisagara c’Imana rugaragarizwa mu gice ca Bibiliya yanditse ahumekewe—ari co Ngoma ya Mbere n’iya Kabiri hamwe na Ezira. Muri izo nkuru menyeshakahise, izina Yeruzalemu ribonekamwo hafi ica kane c’incuro zirenga 800 riboneka muri Bibiliya yose uko ingana.

2. Rimwe na rimwe Ezira yanditse gute izina Yeruzalemu, kandi ivyo bifise insobanuro iyihe?

2 Mu Giheburayo cakoreshejwe muri Bibiliya, izina “Yeruzalemu” rishobora kwumvikana nk’imero y’ururimi rw’Igiheburayo yitwa imero nyabubiri. Inyabubiri kenshi na kenshi rikoreshwa ku bintu vyama ari bibiribibiri, nk’amaso, amatwi, amaboko n’amaguru. Muri iyo mero nyabubiri, izina Yeruzalemu rishobora kubonwa nk’ubuhanuzi bw’amahoro igisata c’Imana boronse burimwo insobanuro zibiri—iy’ivy’umutima n’iy’ivy’umubiri. Ivyanditswe ntibihishura ko Ezira yategera ico kintu bimwe vyuzuye canke ko atagitegera. Mugabo kubera ko yari umuherezi, yarakoze uko ashoboye kwose kugira ngo afashe Abayuda babe mu mahoro n’Imana. Vyongeye, ategerezwa kuba yarakoze agatama kugira ngo Yeruzalemu hashobore guhuza vy’ukuri n’insobanuro y’izina ryaho, na yo ikaba ari, “Ahari [canke, Ishingiro] ry’Amahoro Yiyongereye Incuro Zibiri.”—Ezira 7:6.

3. Haca imyaka ingahe imbere y’uko Ezira asubira mu bikorwa vyiwe, hanyuma aca akora ibiki?

3 Bibiliya ntivuga aho Ezira yari ari mu kiringo c’imyaka 12 cahaciye hagati y’urugendo yagize i Yeruzalemu n’ugushika kwa Nehemiya muri ico gisagara. Ukuba iryo hanga ryari rimerewe nabi mu vy’umutima muri ico kiringo birerekana ko Ezira atari ahari. Yamara, turasanga Ezira asubira gukora bwa muherezi w’intahemuka i Yeruzalemu inyuma gatoyi y’aho uruzitiro rw’ico gisagara rwubakiwe bushasha.

Umusi w’Iteraniro ry’Igitangaza

4. Ni igiki cari gifise ico kivuze ku vyerekeye umusi wa mbere w’ukwezi kugira indwi kw’Abisirayeli?

4 Uruzitiro rwa Yeruzalemu rwuzuye hageze nyene umusi mukuru uhambaye mu kwezi kwa Tishiri, ukwezi kugira indwi ku kirangamisi c’ivy’idini c’Abisirayeli. Umusi wa mbere wa Tishiri wari umusi mukuru w’ukwezi gushasha kudasanzwe witwa Umusi Mukuru wo Kuvuzako Inzamba. Kuri uwo musi, abaherezi baravuza inzamba mu gihe amashikanwa yaba ariko araherezwa Yehova. (Guharūra 10:10; 29:1) Uwo musi wategura Abisirayeli ku bw’Umusi w’Impongano wagirwa uko umwaka utashe kw’itariki 10 z’ukwezi kwa Tishiri hamwe no ku bw’Umusi Mukuru w’Iyimbura kuva kw’itariki 15 gushika 21 y’ukwo kwezi nyene.

5. (a) Ezira na Nehemiya bakoresheje neza gute ‘umusi wa mbere w’ukwezi kw’indwi’? (b) Ni kubera iki Abisirayeli barize?

5 Ku “musi wa mbere w’ukwezi kw’indwi,” “abantu bose” batororokaniye hamwe, kumbure baremeshejwe na Nehemiya hamwe na Ezira. Harimwo abagabo, abagore hamwe n’“abashoboye kwumva [bose].” Gutyo rero, abana bari bahari kandi barateze yompi igihe Ezira yari ahagaze ku mukiruruko, asoma Amategeko “uhereye mu mutwenzi ugashitsa mu mashōka.” (Nehemiya 8:1-4) Abalewi baza baracishamwo bafasha abantu gutegera ibiriko birasomwa. Ivyo vyaratumye Abisirayeli bakorora amosozi igihe batahura ukuntu bo hamwe n’abasekuruza babo bananiwe kugamburuka Amategeko y’Imana.—Nehemiya 8:5-9.

6, 7. Abakirisu bashobora kwigira iki ku vyo Nehemiya yakoze kugira ngo abuze Abayuda kurira?

6 Ariko ico nticari igihe co kurizwa n’intuntu. Wari umusi mukuru, kandi abantu ni ho bari bakirangiza igikorwa c’ukwubaka bushasha uruzitiro rw’i Yeruzalemu. Ni co gituma Nehemiya yabafashije kugira inyifato ibereye mu kuvuga ati: “Ni mutahe muje kurya inyama zinuze, munywe n’ibisosa, n’abatagira ico bafise mubarungikire, kuk’uyu musi werejwe Uhoraho; ntimubabare, kuk’umunezero w[a Yehova] ari zo nkomezi zanyu.” N’ubugamburutsi n’akantu, “abantu bose baraheza baja kurya no kunywa no kugemuranira no kunezeranwa akanyamuneza kenshi, kuko bari batahuye amajambo basobanuriwe.”—Nehemiya 8:10-12.

7 Abasavyi b’Imana muri iki gihe barashobora kwigira vyinshi kuri iyo nkuru. Abaterwa agateka ko kugira ibihimba bashikiriza ku makoraniro no ku materaniro, bakwiye kugumiza mu muzirikanyi ivyo bihejeje kuvugwa. Turetse ivy’ugutanga impanuro yo gukosora ibintu usanga rimwe na rimwe ikenewe, ibiringo mwene ivyo birashira ahabona inyungu n’imihezagiro biva mu gushitsa ivyo Imana isaba. Ibikorwa vyiza birangurwa hamwe n’indemesho yerekeye ukwihangana birashimwa. Abasavyi b’Imana bakwiye kuva kuri iyo mitororokano bafise umutima wuzuye umunezero kubera inyigisho yubaka baronkeye mw’Ijambo ry’Imana.—Abaheburayo 10:24, 25.

Uwundi Mutororokano Urangwa Umunezero

8, 9. Ni ikoraniro irihe ridasanzwe ryabaye ku musi ugira kabiri w’ukwezi kw’indwi, bivamwo iki ku gisata c’Imana?

8 Ku musi ugira kabiri w’ukwo kwezi kudasanzwe, “abakuru b’amazu ya ba sekuruza bo mu bantu bose, n’abaherezi n’Abalewi, bakoranira kuri Ezira umunyabgenge w’ivyanditswe, kugira ngo bashire ayo majambo y’ivyagezwe ku mitima.” (Nehemiya 8:13) Ezira yari akwije neza ibisabwa kugira ngo ayobore iryo koraniro, kubera ko “yari yarīnāmuye mu mutima kwitwaririka ivyagezwe vy[a Yehova] ngw abishitse, kandi ngo yigishe mu Bisirayeli amabgirizwa m’amatēka.” (Ezira 7:10) Nta mazinda yuko iryo koraniro ryashize ahabona imice igisata c’Imana cari gikeneyemwo kurushiriza guhuza cane n’isezerano ry’Ivyagezwe. Ikintu cari kibaraje ishinga ico gihe nyene cari ic’uko vyari bikenewe ko bitegura mu buryo bubereye kugira ngo bahimbaze Umusi Mukuru w’Insago wari wegereje.

9 Uwo musi mukuru umara umushamvu wagizwe mu buryo bugororotse, abantu bose bácumbitse mu bwugamo bw’igihe gito bukozwe mu bisandasanda no mu mababi y’ibiti binyuranye. Abantu bubatse izo nsago ku bisenge vyabo biteze, mu mbuga zabo, mu mbuga z’urusengero, no ku kibuga co kw’irembo ry’i Yeruzalemu. (Nehemiya 8:15, 16) Ese ukuntu kari akaryo keza ko gukoraniriza hamwe abantu no kubasomera Amategeko y’Imana! (Gereranya na Gusubira mu Vyagezwe 31:10-13.) Ivyo vyagirwa imisi yose, “uhereye ku musi wa mbere ukageza ku wuheruka” w’iyo misi mikuru, ivyo bituma igisata c’Imana bagira “umunezero mwinshi cane.”—Nehemiya 8:17, 18.

Ntidukwiye Gufata Minenerwe Ingoro y’Imana

10. Ni kubera iki umutororokano udasanzwe watunganijwe ku musi ugira 24 w’ukwezi kw’indwi?

10 Cari igihe n’ikibanza bibereye kugira ngo hakosorwe amakosa akomakomeye ari mu gisata c’Imana. Kumbure kubera yuko igihe mwene ico bari babonye ko kigeze, Ezira na Nehemiya baratunganije umusi wo kwisonzesha ku musi ugira 24 w’ukwezi kwa Tishiri. Barasubiriye gusoma Amategeko y’Imana, hanyuma abantu baratura ivyaha vyabo. Maze rero Abalewi basubiramwo ibintu Imana yakoze biranga ikigongwe yagiriye igisata cayo cigira ibiro biteze, baravuga amajambo aryoshe yo gushemeza Yehova, hanyuma basezerana “isezerano ry’intahava” rishizweko ikimenyetso kidomye mw’ishashara n’abaganwa, Abalewi hamwe n’abaherezi.—Nehemiya 9:1-38.

11. Ni “isezerano ry’intahava” irihe Abayuda bagize?

11 Abantu muri rusangi bararahiye ko bazokwitondera iryo ‘sezerano ry’intahava’ ryanditse. “[Bogendeye mu] vyagezwe vy’Imana.” Kandi baremeye ko batazogira amasezerano y’ukwabirana n’“abanyamahanga bo mur’i[co] gihugu.” (Nehemiya 10:28-30) Si ivyo gusa, Abisirayeli baremeye kwubahiriza Isabato, gutanga intererano y’amahera kugira ngo bashigikire ugusenga kw’ukuri, gutanga inkwi z’igicaniro c’ibimazi, gutanga imfura z’ivyo mu mikuku yabo zo gutangwako ibimazi, hamwe no kuzana umushuzo w’ivyama mw’itongo ryabo mu vyumba vy’uburiro vya nya rusengero. Biribonekeza rero ko bari biyemeje ‘kudafata minenegwe ingoro y’Imana yabo.’—Nehemiya 10:32-39.

12. Mu vy’ukudafata minenegwe ingoro y’Imana muri iki gihe harimwo ibiki?

12 Muri iki gihe, abasavyi ba Yehova bakwiye kuba maso kugira ngo ntibafate minenegwe agateka batewe ko ‘gukora umurimo mweranda’ mu bigo vy’urusengero ruhambaye rwo mu buryo bw’impwemu rwa Yehova. (Ivyahishuriwe 7:15) Ivyo bisaba ko dutura ubudahorereza amasengesho ava ku mutima kugira ngo ugusenga Yehova gutere imbere. Kubaho duhuza n’amasengesho mwene ayo bisaba ko dutegura amakoraniro ya gikirisu kandi tukayagiramwo uruhara, tukaja mu ndinganizo zo kwamamaza inkuru nziza hamwe no gufasha abashimishijwe mu gusubira kubagendera, kandi niba bishoboka, tukabarongorera inyigisho za Bibiliya. Abenshi badashaka gufata minenegwe ingoro y’Imana baratanga intererano z’amahera ku bw’umurimo wo kwamamaza inkuru nziza hamwe no ku bw’ukubungabunga ibibanza bigirirwamwo ugusenga kw’ukuri. Kumbure turashobora kandi gushigikira iyubakwa ry’aho kugirira amakoraniro usanga hakenewe bimwe vyihutirwa, no kuguma hasukuye kandi hari urutonde. Uburyo buhambaye bwo kugaragaza urukundo dufitiye ingoro yo mu buryo bw’impwemu y’Imana ni ukuremesha amahoro mu bagenzi bacu bizeye hamwe no kugarukira uwo ari we wese akeneye imfashanyo yo mu vy’umubiri canke mu vy’umutima.—Matayo 24:14; 28:19, 20; Abaheburayo 13:15, 16.

Iyinjira Ryuzuye Umunezero

13. Ni ingorane iyihe yihutirwa yari ikeneye kwitwararikwa imbere y’uko uruzitiro rwa Yeruzalemu rushobora kwinjirwa, kandi ni akarorero keza akahe benshi berekanye?

13 Rya ‘sezerano ry’intahava’ ryashirwako ikimenyetso mu misi ya Nehemiya ryarateguye igisata c’Imana co mu bihe vya kera ku bw’umusi wo kwinjira uruzitiro rw’i Yeruzalemu. Ariko hari iyindi ngorane yihutirwa yari igikeneye kwitwararikwa. Ico gihe, kubera ko Yeruzalemu hari hazitiwe n’uruzitiro amahanga rufise amarembo 12, hari hakeneye abanyagihugu benshi gusumba. Naho nyene Abisirayeli bamwebamwe baba aho hantu, “ico gisagara cari kinini kikagera kure, arikw abantu bakibamwo bari bakiri bake.” (Nehemiya 7:4) Kugira ngo batorere umuti iyo ngorane, abantu “[barapfinze] ubupfindo kugira ng’umuntu umwe-umwe mur’icumi na we az’agerēre i Yerusalemu ku murwa wera.” Ukwitaba n’umutima ukunze iyo ndinganizo vyaratumye abantu bahezagira “aba[gabo] bose bitanze n’imitima ikunze kuba i Yeruzalemu.” (Nehemiya 11:1, 2) Ese ukuntu ari akarorero keza ku basenga b’ukuri muri iki gihe bashobokerwa no kuja ahakeneye cane imfashanyo ivuye ku Mukirisu ahumuye!

14. Habaye iki ku musi wo kwinjira uruzitiro rwa Yeruzalemu?

14 Vuba imyiteguro ihambaye yaratanguye ku bw’umusi uhambaye wo kwinjira uruzitiro rwa Yeruzalemu. Abacuraranzi n’abaririmvyi barakoranijwe hamwe bavuye mu bisagara vya Yudaya biri mu micungararo. Abo bagabuwemwo imigwi mininiminini ibiri y’abaririmvyi bagenda bahimbaza, umwumwe wose ugakurikirwa n’urugendo rw’abantu. (Nehemiya 12:27-31, 36, 38) Iyo migwi y’abaririmvyi hamwe n’abayiherekeje yatanguriye ahanaka ku ruzitiro kure y’urusengero, kumbure kuva kw’Irembo ry’Ikiyaya, hanyuma bamwe baca irya abandi baca ino, bagenda batambukanga, gushika aho bahurira ku ngoro y’Imana. “Uwo musi batanga ibimazi vyinshi, baranezerwa ku kw Imana yar’ibateye umunezero mwinshi; kandi n’abagore n’abana baranezerwa, bituma umunezero ur’i Yerusalemu wumvikana kure.”—Nehemiya 12:43.

15. Ni kubera ki ukwinjira uruzitiro rwa Yeruzalemu kutazanye umunezero wamaho?

15 Bibiliya ntitubwira itariki iryo himbazwa riteye umunezero ryabereyeko. Cabaye koko igihe c’agakura, kumbure kiba ic’agaheta, mu vy’ugusubizwa umutamana kwa Yeruzalemu. Ntitwibagire ko igikorwa c’ukwubaka kinini cari gikeneye kurangurwa mu gisagara hagati. Haciye igihe, abanyagihugu b’i Yeruzalemu baratakaje igihagararo ciza bari bafise mu vy’umutima. Nk’akarorero, igihe Nehemiya yagendera ico gisagara ubugira kabiri, yasanze ingoro y’Imana yarasubiriye gufatwa minenegwe, asanga n’Abisirayeli bariko bongera kwabira abanyamahangakazi. (Nehemiya 13:6-11, 15, 23) Ivyo bintu bibi nyene biremezwa n’ivyanditswe n’umuhanuzi Malaki. (Malaki 1:6-8; 2:11; 3:8) Urumva rero ko ukwinjira uruzitiro rwa Yeruzalemu kutazanye umunezero wamaho.

Icotuma Tugira Umunezero Wamaho

16. Ni ibintu vy’agaheta ibihe bizoba igisata c’Imana citeze?

16 Muri iki gihe igisata ca Yehova baripfuza cane kubona igihe Imana izotsinda abansi bayo bose. Ivyo bizotangurana n’isangangurwa rya ‘Babiloni Hahambaye’—igisagara c’ikigereranyo gihurikiyemwo amadini yose y’ikinyoma. (Ivyahishuriwe 18:2, 8) Iryo sangangurwa ry’idini y’ikinyoma rizoba ari ikimenyetso c’uko ari intambwe ya mbere ya wa mubabaro mwinshi wimirije. (Matayo 24:21, 22) Imbere yacu kandi hariho ikintu kizoba ic’agakura vy’ukuri—ubukwe bwo mw’ijuru bw’Umukama Yezu Kirisitu n’umugeni wiwe agizwe n’abantu 144 000 bo muri ‘Yeruzalemu Nshasha.’ (Ivyahishuriwe 19:7; 21:2) Ntidushobora kuvuga neza na neza igihe ubwo bugeni bw’agaheta buzorangirira, ariko nta mazinda ko kizoba ari ikintu giteye umunezero.—Raba Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Myandagaro 1990, urupapuro 30-31.

17. Ni igiki tuzi ku vyerekeye ukwuzura kwa Yeruzalemu Nshasha?

17 Turazi koko yuko ukwuzura kwa Yeruzalemu Nshasha kwegereje cane. (Matayo 24:3, 7-14; Ivyahishuriwe 12:12) Mu buryo butandukanye na ca gisagara ca Yeruzalemu co kw’isi, Yeruzalemu Nshasha ntizokwigera idutetereza. Ivyo ni kubera ko abari muri yo ari abayoboke ba Yezu Kirisitu basizwe n’impwemu yera, bageragejwe kandi bagakurwamwo inkamba. Nibaba abizigirwa gushika ku gupfa, umwumwe wese azoba yaragaragaje ko ari intahemuka ibihe vyose kuri Yehova Imana we Segaba w’ijuru n’isi. Ivyo birafise insobanuro ihambaye ku basigaye bo mu muryango w’abantu—abariho n’abapfuye!

18. Ni kuki dukwiye ‘guhimbarwa n’ukunezerwa ibihe bidahera’?

18 Rimbura ibizoshika Yeruzalemu Nshasha niyerekeza ivyiyumviro ku bantu bagaragaza ukwizera inkuka y’incungu ya Yezu. Intumwa Yohani yanditse iti: “Eh’ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kand’izogerēra muri bo, na bo bazoba abantu bayo, kand’Imana ubgayo izobana na bo, izoba Imana yabo. Izohanagura amasozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize.” (Ivyahishuriwe 21:2-4) Ikindi kandi, Imana izokoresha iyo ndinganizo imeze bwa gisagara kugira ngo ishikane umuryango w’abantu ku kutagira agasembwa. (Ivyahishuriwe 22:1, 2) Ese ingene izo ari impamvu nziza igitangaza zotuma ‘duhimbarwa tukanezerwa ibihe bidahera mu vyo Imana iriko irarema’!—Yesaya 65:18.

19. Iparadizo yo mu buryo bw’impwemu Abakirisu batororokanirijwemwo ni iyihe?

19 Ariko rero, abantu bihanye ntibarinda kurindira gushika ico gihe kugira ngo baronke imfashanyo ivuye ku Mana. Mu mwaka w’1919, Yehova yaratanguye gutororokanya aba nyuma mu bagize ba bandi 144 000 baja mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu, aho ivyamwa vy’impwemu y’Imana vyuzuye, nk’urukundo, umunezero n’amahoro. (Ab’i Galatiya 5:22, 23) Ikintu cibonekeje c’iyo paradizo yo mu buryo bw’impwemu ni ukwizera kw’abayirimwo basizwe, ababaye abimbuka bimwe bitangaje mu kuja imbere mu vy’ukwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana kw’isi yose ibako n’abantu. (Matayo 21:43; 24:14) Ico vyavuyemwo ni uko hafi imiliyoni zitandatu z’“izindi ntama,” abafise icizigiro c’isi, bemerewe kwinjira mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu kandi bakarangura umurimo wimbuka. (Yohana 10:16) Barakwije ibisabwa ku bw’ivyo mu kwiyegurira Yehova Imana bishimikije ukwizera bafise mu nkuka y’incungu y’Umwana wiwe, Yezu Kirisitu. Kwifatanya n’abazoba bagize Yeruzalemu Nshasha, si ivy’imbeshere kwarababereye umuhezagiro. Gutyo, biciye ku vyo agirana n’Abakirisu basizwe, Yehova yarashizeho ishimikiro rikomeye ry’‘isi nshasha’—ikibano c’abantu batinya Imana bazoragwa akarere ko kw’isi k’Ubwami bwo mw’ijuru.—Yesaya 65:17; 2 Petero 3:13.

20. Ni mu buryo ki Yeruzalemu Nshasha izohuza n’izina ryayo?

20 Amahoro igisata ca Yehova bafise ubu mw’iparadizo yabo yo mu buryo bw’impwemu, vuba bagiye kuzoyagira mw’iparadizo yo mu buryo bw’umubiri aha kw’isi. Ivyo bizoba igihe Yeruzalemu Nshasha izomanuka ivuye mw’ijuru kugira ngo ihezagire umuryango w’abantu. Mu buryo bw’incuro kabiri, igisata c’Imana kizogira amahoro yasezeranywe muri Yesaya 65:21-25. Bwa basavyi ba Yehova bunze ubumwe mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu, abasizwe bataraja mu bibanza vyabo muri Yeruzalemu Nshasha yo mw’ijuru, hamwe n’abo mu ‘zindi ntama’ ubu bifitiye amahoro atangwa n’Imana. Kandi amahoro mwene ayo azoba ahari mw’Iparadizo yo mu buryo bw’umubiri, igihe ‘ivyo Imana igomba bizoba bigirirwa kw’isi nk’uko bigirwa mw’ijuru.’ (Matayo 6:10) Egome, igisagara c’Imana c’ubuninahazwa kizogaragaza ko gihuje n’izina Yeruzalemu nka ryo ‘Shimikiro ry’Amahoro Yiyongereye Kabiri.’ Mu bihe vyose vyamaho, kizoguma ari ubwiza bwitirirwa Umuremyi Ahambaye, Yehova Imana, hamwe n’Umwami-Mukwe waco, Yezu Kirisitu.

Woba Uvyibuka?

◻ Ni ibiki vyaranguwe igihe Nehemiya yakoranya abantu i Yeruzalemu?

◻ Abayuda bo mu bihe vya kera bategerezwa kugira iki kugira ngo ntibafate minenegwe ingoro y’Imana, kandi duterwa akamo ko kugira iki?

◻ Ni mu buryo ki “Yerusalemu” iri mu bizana umunezero n’amahoro biramba?

[Ikarata ku rup. 17]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

AMAREMBO YA YERUZALEMU

Ibitigiri vyerekana uburebure bwa kino gihe mu metero

IREMBO RY’AMAFI

IREMBO RYA KERA

IREMBO RY’ABEFURAYIMU

IREMBO RYO KU UFURUKA

Uruzitiro rw’Intimba Nini

Ikibuga

IREMBO RIJA KU MWONGA

IGICE CA KABIRI

Uruzitiro rw’Intango rwo mu Buraruko

IGISAGARA CA DAWIDI

IREMBO BACISHAMWO UMWAVU

Umwonga wa Hinomu

Igihome c’Abashibamyi

IREMBO RY’INTAMA

IREMBO RY’ABATERAMYI

Ah’Urusengero

IREMBO RY’ABAGENDUZI

IREMBO RY’AMAFARASI

OFELI

Ikibuga

IREMBO RY’AMAZI

Umugezi w’i Gihoni

IREMBO RIJA KW’IRIBA

Indimiro y’Umwami

Eni-rogeli

Umwonga w’i Tiropoweyoni (wo Hagati)

Ubugezi wa Kidironi

740

730

730

750

770

770

750

730

710

690

670

620

640

660

680

700

720

740

730

710

690

670

Aho ni ho kumbure uruzitiro rwa Yeruzalemu rwashika igihe ico gisagara casangangurwa, no mu gihe Nehemiya yayobora ivy’ukwubaka bushasha urwo ruzitiro

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika