Nitwigane Imbabazi za Yehova
“Mugire imbabazi, nk’uko So agira imbabazi.”—LUKA 6:36.
1. Abafarizayo berekanye gute ko ari ba ntambabazi?
NAHO abantu baremwe mw’ishusho ry’Imana, kenshi barananirwa kwigana imbabazi zayo. (Itanguriro 1:27) Nk’akarorero, rimbura ivy’Abafarizayo. Tubafatiye hamwe, ntibanezerewe igihe Yezu yagira imbabazi agakiza kw’isabato ukuboko kw’umugabo umwe kwari kwaranyunyutse. Aho kunezerwa, bagiriye inama Yezu “ngo babone ingene bamwica.” (Matayo 12:9-14) Ikindi gihe, Yezu yarakijije umuntu yavutse ari impumyi. N’ico gihe nyene “bamwe mu Bafarisayo” ntibanezerejwe n’imbabazi za Yezu. Ahubwo bidodomvye bati: “Uwo muntu ntava ku Mana, kukw ataziririza isabato.”—Yohana 9:1-7, 16.
2, 3. Igihe Yezu yavuga ngo “Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo,” yashaka kuvuga iki?
2 Inyifato iranga umutima udadaraye y’abo Bafarizayo kwari ugukorera ikibi ikiremwa muntu n’ugucumura ku Mana. (Yohana 9:39-41) Vyari bikwiriye rero ko Yezu aburira abigishwa biwe ‘kwirinda umwambiro’ w’uwo mugwi muto w’indatwa n’abandi banyedini, nk’Abasadukayo. (Matayo 16:6) Muri Bibiliya umwambiro urakoreshwa mu kugereranya igicumuro canke ubwononekare. Yezu rero yariko avuga yuko inyigisho z’ “Abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo” zashobora kwonona ugusenga gutyoroye. Uti gute? Mu buryo bw’uko iyo nyigisho yigisha abantu kubona Ivyagezwe vy’Imana mu buryo bujanye n’amabwirizwa be n’imigenzo ubwabo bishingiye, mu gihe biyobagiza “ibihambaye,” dushizemwo n’imbabazi. (Matayo 23:23) Iryo dini ryari rishingiye ku migenzo ryatumye ugusenga Imana kuba umuzigo ata wowusabirako.
3 Mu gice ca kabiri ca wa mugani w’umwana w’igishushungwe, Yezu yarashize ku kabarore ivyiyumviro vyononekaye vy’indongozi zo mu vy’idini z’Abayuda. Muri uwo mugani, sebibondo, ari we agereranya Yehova, yari ashashaye kubabarira umuhungu wiwe yari yihanye. Ariko, mukuru w’uwo muhungu, ari we agereranya “Abafarisayo n’abanyabgenge b’ivyanditswe,” yamerewe ukundi kundi kuri ico kintu.—Luka 15:2.
Ukuraka kwa Mwenewabo
4, 5. Ni mu buryo ki mwenewebo na wa mwana w’igishushungwe yari “yaratakaye”?
4 “Umwana wiwe w’imfura yari mu ndimiro; arikw araza, agira ashike ku nzu, yumva inanga n’imihamirizo. Ahamagara umwe mu bashumba, amubaza ibibaye ivy’ari vyo. Aramwishura, ati Murumunāwe yaje, so yamubāgiye ya shūri inuze, kukw amubonye agikomeye. Araraka, yanka kwinjira.”—Luka 15:25-28.
5 Biratomotse yuko muri wa mugani wa Yezu atari wa mwana w’igishushungwe wenyene yari afise ingorane. Icandikano kimwe c’irabiro cavuze giti: “Abo bahungu bompi badondorwa ko batakaye, umwe agatakara kubera ukugabitanya kwamutesheje ubuntu, uwundi atakara kubera ukwibona ubugororotsi kumuhuma.” Urabona yuko mwenewabo na wa mwana w’igishushungwe atanse gusa kunezerwa, ahubwo kandi ‘yararatse.’ Umuzi w’Ikigiriki w’ijambo “kuraka” ntushaka kuvuga canecane uguturika kw’ishavu, ariko ukuntu umuzirikanyi uguma umeze. Biboneka yuko mwenewabo na nya mwana w’igishushungwe yataze inzika mu nda, yumva ko bidakwiriye ko ahimbaza ukugaruka kw’umuntu mu vy’ukuri atari akwiye na gato kwigera ava i muhira.
6. Mwenewabo na wa mwana w’igishushungwe agereranya ba nde, kandi kuki?
6 Mwenewabo n’uwo mwana w’igishushungwe agereranya neza abagize inzika kubera impuhwe Yezu yagirira abacumuzi n’ukuntu yabitaho. Abo bantu bibona ubugororotsi ntibakozwe ku mutima n’imbabazi za Yezu; eka ntibanagaragaje wa munezero uba mw’ijuru igihe umunyavyaha ababariwe. Ahubwo, imbabazi za Yezu zabateye kuraka, maze batangura “kwiyumvira nabi” mu mitima yabo. (Matayo 9:2-4) Igihe kimwe, Abafarizayo ishavu ryabaduzemwo ku buryo barengukije umugabo Yezu yari yakijije maze “bamuhindira hanze” y’isinagogi—bikaba biboneka ko bamwirukanye! (Yohana 9:22, 34) Cokimwe na mwenewabo na wa mwana w’igishushungwe “yanka kwinjira,” indongozi z’idini zaragaye kandi zari zironse akaryo ko “[ku]nezeranw[a] n’abanezerewe.” (Abaroma 12:15) Yezu yaciye ashira ku kabarore ivyiyumviro vyabo bibi uko yabandanije umugani wiwe.
Ivyiyumviro Bigoramye
7, 8. (a) Ni mu buryo ki mwenewabo na wa mwana w’igishushungwe yananiwe gutahura ico ukuba umwana bisobanura? (b) Wa muhungu w’imfura yari atandukanye gute na se?
7 “Se arasohoka, aramwinginga. Maz’abgira se, ati Rāba iyi myaka ingana irtya ngukorera, nta ho nigeze kwanka ico wangezeko, nanje nta ho wigeze kumpa n’agasuguru, ngo nnezeranwe n’abagenzi. Maz’uyo mwana wawe aje, yakomvye ivyawe abisambanisha, umubāgira ishūri inuze”—Luka 15:28-30.
8 Muri ayo majambo, mwenewabo na wa mwana w’igishushungwe yaragaragaje ko adatahura ico ukuba umwana bisigura. Yasukuriye se wiwe nka kurya nyene umukozi asukurira umukoresha wiwe. Yabwiye se wiwe ati: ‘Naragukoreye.’ Niko, uwo muhungu w’imfura ntiyigeze na rimwe ava i muhira canke ngo arenge ibwirizwa rya se. Ariko, yoba yagamburuka abitumwe n’urukundo? Yoba yararonkera umunezero nyakuri ku gukorera se, canke riho yari yatwawe n’ukwibona, yibaza yuko we ari umwana mwiza kubera gusa yarangura imirimo ajejwe “mu ndimiro”? Niba vy’ukuri yari umwana w’intadohoka, ni kuki yananiwe kubona ibintu nk’uko se yabibona? Igihe yari ahawe akaryo ko kugaragariza imbabazi mwenewabo, ni kuki atagize impuhwe na nkeyi mu mutima.—Gereranya na Zaburi 50:20-22.
9. Sigura ukuntu indongozi z’idini z’Abayuda bari bameze nka wa muhungu w’imfura.
9 Za ndongozi z’idini z’Abayuda zari zimeze nk’uwo muhungu w’imfura. Bibaza yuko bari intadohoka ku Mana kubera yuko bumira cane ku ngingo z’ivyagezwe. Ego niko, kugamburuka ni ikintu gihambaye cane. (1 Samweli 15:22) Ariko ugushimika kwabo ku bikorwa mu buryo burenze urugero kwatumye ugusenga Imana kwabo kuba uguheza umwuga gusa, igikingirizo gisa c’ukwubaha Imana kitagiramwo kamere nyakuri y’ivy’impwemu. Imigenzo yari yarahumye imizirikanyi yabo. Nta rukundo rwari mu mitima yabo. N’ikivyemeza ni uko banyarucari bababona nk’umucafu uri munsi y’ibirenge vyabo, mbere n’ubwishime n’akantu bakabita “ibivume.” (Yohana 7:49) Vy’ukuri none, Imana yonyuzwe gute n’ibikorwa vy’indongozi nk’izo mu gihe imitima yabo yari kure yayo?—Matayo 15:7, 8.
10. (a) Ni kuki amajambo ngo “imbabazi ni zo ngomba, s’ibimazi” yari impanuro ibereye? (b) Ukubura ikigongwe bihambaye ku rugero rungana iki?
10 Yezu yabwiye Abafarizayo ngo ‘bagende bige iri jambo baritahure, ngo imbabazi ni zo ngomba, si ngomba ibimazi.’ (Matayo 9:13; Hoseya 6:6) Ivyo boshize imbere vyari vyavurunganijwe kubera yuko igihe ata mbabazi, ibimazi batanga vyose vyobaye impfagusa. Nkako ico ni ikibazo gihambaye, kubera yuko Bibiliya ivuga ko “imburakigongwe” ziharurwa mu bo Imana ibona yuko “bakwiye gupfa.” (Abaroma 1:31, 32) Ntibitangaje rero kubona Yezu yaravuze yuko indongozi z’idini bafatiwe hamwe bari bagenewe ugusangangurwa kw’ibihe bidashira. Biboneka yuko ukuba ba ntambabazi kwabo kuri mu vyatumye baba abakwiriye urwo rubanza. (Matayo 23:33) Mugabo kumbure muri uwo mugwi ntihobuzemwo abafashwa. Mu gusozera uwo mugani, Yezu yarihatiye kubogora ukwiyumvira kw’abo Bayuda akoresheje ya majambo sebibondo yabwira umuhungu wiwe. Reka turabe ukuntu yabigize.
Imbabazi za Sebibondo
11, 12. Sebibondo avugwa muri wa mugani wa Yezu yagerageje gute gufasha umuhungu wiwe w’imfura gutegera ibintu, kandi ukuntu yakoresheje imvugo ngo “murumunāwe” bishobora kuba bivuze iki?
11 “Na we aramubgira, ati Mwana wanje, tubana imisi yose, kand’ivyanje vyose n’ivyawe: arikw akanyamuneza no guhimbarwa biratubereye: kuko murumunāwe uyu yari yarapfuye, non’arazutse; yari yarahavye non’arahabutse.”—Luka 15:31, 32.
12 Urabona yuko uwo se akoresha imvugo ngo “murumunāwe.” Kubera iki? Uribuka yuko imbere yaho, igihe uwo muhungu w’imfura yariko araganira na se, yise wa mwana w’igishushungwe “[u]mwana wawe”—ntiyamwita “murumunanje.” Yasa n’uwutemera icese yuko hari ico bapfana n’uwo bavukana. Ubwo rero, mu vy’ukuri uwo se ni nk’aho yariko arabwira umuhungu wiwe w’imfura ati: ‘Ivyo si vyo mwananje. Ni murumunawe, mwonse rimwe. Wari ukwiye kunezererwa ukugaruka kwiwe!’ Ubwo butumwa Yezu yashikirije izo ndongozi z’Abayuda zari zikwiye kubwumva ata ngorane. Ba bacumuzi bakengera mu vy’ukuri bari “abavukanyi” babo. Nkako, “nta mugororotsi ariho kw isi akora ivyiza ntacumure.” (Umusiguzi 7:20) Gutyo rero, abo Bayuda bari bakomakomeye ntacari kubabuza kunezerwa igihe hari abacumuzi bihanye.
13. Ukuba uwo mugani wa Yezu urangira uregetse bidusigira ikihe kibazo kitoroshe?
13 Ukwo kwinginga kw’uwo sebibondo guheze, uwo mugani uca urangira uregetse. Ni nk’aho Yezu yoba asavye abamwumviriza kwiherahereza. Uko uwo muhungu w’imfura yoba yaravyakiriye kwose, uwumviriza wese yari ahanganye n’iki kibazo ngo ‘Wewe woba uzonezeranwa n’abanezerwa mw’ijuru igihe hari umucumuzi yihanye?’ Abakirisu muri iki gihe na bo barafise akaryo ko kugaragaza ukuntu bokwishura ico kibazo. Gute?
Twigane Imbabazi z’Imana Muri Iki Gihe
14. (a) Dushobora gute gushira mu ngiro impanuro Paulo yatanze dusanga mu Banyefeso 5:1, ku vyerekeye ikibazo c’imbabazi? (b) Dukwiye kwirinda ukuhe gutahura nabi kw’ivyerekeye imbabazi z’Imana?
14 Paulo yahimirije Abanyefeso ati: “Mwīgāne Imana, nk’abana ikunda.” (Abanyefeso 5:1) Ni co gituma, kubera turi Abakirisu dukwiye gushika ku gushima imbabazi z’Imana, tukazibadika epfo mu mitima yacu, maze rero tukagaragaza iyo kamere mu vyo tugirana n’abandi. Ariko rero, turakwiye kwiyubara. Imbabazi z’Imana ntizikwiye gufatwa nk’ikintu cotuma umuntu afata minenegwe icaha. Nk’akarorero, hariho bamwebamwe bigira ba ntaconinona mu kwiyumvira bati: ‘Ndamutse nkoze icaha, nantaryo ndashobora gusenga Imana nsaba imbabazi, kandi azozingirira.’ Inyifato nk’iyo yosa n’ico umwanditsi wa Bibiliya Yuda yise “[ugu]hindura ubuntu bg’Imana yacu isoni nke.” (Yuda 4) Naho Yehova ari munyembabazi, ‘ntazobura guhana’ inkozi z’ikibi zitihana.—Kuvayo 34:7; gereranya na Yosuwa 24:19; 1 Yohana 5:16.
15. (a) Ni kuki abakurambere cenecane bikenewe ko baguma babona ibintu n’uburimbane ku vyerekeye imbabazi? (b) Naho abakurambere batarenza uruho rw’amazi ku bukozi bw’ikibi, bakwiye kwihata kugira iki, kandi kubera iki?
15 Ku rundi ruhande, birakenewe kandi ko twiyubara ntitugwe mu kundi kurenza urugero—ni ukuvuga impengamiro yo kuba abadadaza n’abahinyura abagaragaza ukwihana nyakuri bakanagira akababaro karanga kwubaha Imana kubera ivyaha vyabo. (2 Ab’i Korinto 7:11) Kubera ko abakurambere bajejwe kubungabunga intama za Yehova, ni nkenerwa yuko muri ivyo baguma babona ibintu n’uburimbane, canecane igihe bariko baraca imanza. Ishengero rya gikirisu rikwiye kuguma rityoroye, kandi dukurikije Ivyanditswe, birabereye ko ‘dukura umubi muri twebwe’ mu kumuca. (1 Ab’i Korinto 5:11-13) Muri ico gihe nyene, ni vyiza kugira imbabazi igihe biba bifise ishingiro ritomoye. Naho rero abakurambere badashobora kurenza uruho rw’amazi ku bukozi bw’ikibi bwakozwe nkana, barinanata bakarondera kugira inyifato iranga urukundo n’imbabazi, ariko batarengera akarimbi ubutungane. Bama bazi ya ngingo ngenderwako ya Bibiliya igira iti: “Urubanza [ntiru]girira akagongwe ūtāgize akagongwe.”—Yakobo 2:13; Imigani 19:17; Matayo 5:7.
16. (a) Ukoresheje Bibiliya, erekana ukuntu Yehova vy’ukuri yipfuza ko abatirimutse bamugarukako. (b) Dushobora kugaragaza gute yuko na twe twakiriza yompi ukugaruka kw’abacumuzi bihana?
16 Wa mugani w’umwana w’igishushungwe uratomora yuko Yehova yipfuza ko uwatirimutse amugarukako. Nkako, aguma abatumako gushika aho ubwabo bigaragariza ko bagiye ubutakigaruka. (Ezekiyeli 33:11; Malaki 3:7; Abaroma 2:4, 5; 2 Petero 3:9) Nk’uko se wa wa mwana w’igishushungwe yabigize, Yehova afatana urupfasoni abagaruka, agasubira kubemera nk’abari mu bagize umuryango wiwe bemewe. Woba wigana Yehova muri ivyo? Igihe uwo musangiye ukwemera yari amaze igihe yaraciwe agarukanywe uvyakira ute? Turamaze kumenya yuko “mw ijuru [ba]nezerwa.” (Luka 15:7) Ariko hoba haba umunezero kw’isi, mw’ishengero urimwo, eka mbere no mu mutima wawe? Canke, nk’uko vyari kuri wa muhungu w’imfura wo muri wa mugani, hoba hari ababika inzika, nkaho umuntu atari akwiye kuva mu mukuku w’Imana yoba adakwiriye guhabwa ikaze?
17. (a) Ni ibintu ibihe vyashitse i Korinto mu kinjana ca mbere, kandi Paulo yahanuye gute abari muri iryo shengero gutorera umuti ico kibazo? (b) Ni kuki inkeburo ya Paulo yari ngirakimazi, kandi ni gute dushobora kuyishira mu ngiro muri iki gihe? (Raba uruzitiro ruri iburyo.)
17 Kugira ngo bidufashe kwisuzuma muri ivyo, reka turimbure ivyabaye nko mu mwaka wa 55 G.C. i Korinto. Aho i Korinto, hari umuntu yari yarirukanywe mw’ishengero amaherezo aratyorora ubuzima bwiwe. Abavukanyi bari bakwiye kuvyifatamwo bate? Boba bari bakwiye kwinuba uwo yihanye vyongeye bakabandanya kumuhunga? Ahubwo riho Paulo yahimirije Abanyakorinto ati: “Mukwiye cane-cane kumuharira, no kumwirura, ng’ūmeze artyo ntarengerwe n’umubabaro usāgutse. Nuko ndabinginga mukomeze urukundo kuri we.” (2 Ab’i Korinto 2:7, 8) Kenshi, abakoze ibibi bihanye usanga canecane bakunda kugira ibimaramare kandi bakihebura. Bituma rero abo bantu bakenera gusubirizwa umutima mu nda yuko bakundwa n’abo bahuje ukwemera be na Yehova. (Yeremiya 31:3; Abaroma 1:12) Ivyo ni nkenerwa cane. Kuki?
18, 19. (a) Ubwa mbere Abanyakorinto bari berekanye gute ko barekerana ikibi cane? (b) Ni gute inyifato y’ukuba ntambabazi yotumye ‘Shetani aronka ico atsindisha’ Abanyakorinto?
18 Igihe Paulo yariko aringinga Abanyakorinto ngo bagire ikigongwe, imwe mu mpamvu yabahaye ni “kugira ngo Satani ntaronke ic’adutsindisha, kuko tutayobewe imigabo yiwe.” (2 Ab’i Korinto 2:11) Yashaka kuvuga iki? Urumva, imbere yaho Paulo yabwirijwe gukangīra ishengero ry’i Korinto kubera ko ryarekerana ikibi. Bari baretse uwo mugabo nyene arabandanya gukora ico caha adahanwa. Mu kugira gutyo, iryo shengero—canecane abakurambere baryo—ryari ryagize ibishimisha Shetani, kuko yoshimye kubona iryo shengero risigwa iceyi.—1 Ab’i Korinto 5:1-5.
19 Iyo na ho baja kugwa ku kundi kurenza urugero maze bakanka guharira uwihanye, Shetani yoronse ico abatsindisha mu yindi nzira. Gute? Mu kubonera akaryo ku kuba abakaze n’imburakigongwe. Uwo mucumuzi yihanye aramutse ‘arengerewe n’umubabaro usāgutse’—canke, nk’uko Bibiliya yitwa Today’s English Version ibihindura ngo “agatuntura ku buryo yihebura buhere”—ese ukuntu abo bakurambere bobaye bikoreye runini imbere ya Yehova! (Gereranya na Ezekiyeli 34:6; Yakobo 3:1) Yezu amaze kugabisha abayoboke biwe ngo birinde gutsitaza “n’umwe mur’aba bato,” yaciye avuga bikwiriye ati: “Mwirinde; mugenzawe niyakora icaha, umuhanūre; ni yihana, umuharire.”a—Luka 17:1-4, ni twe duhiritse izo ndome.
20. Ni mu buryo ki igihe hari umucumuzi yihanye haba umunezero mw’ijuru no kw’isi?
20 Abashika ibihumbi bagaruka mu gusenga gutyoroye uko umwaka utashe barakenguruka imbabazi Yehova yabagaragarije. Ku vyerekeye ukugarukanwa kwiwe, umuvukanyikazi umwe w’Umukirisu yagize ati: “Mu buzima bwanje simbona igihe nigeze kugira ikintu kinezereza nk’uku.” Birumvikana, umunezero wiwe urasamirana no mu bamarayika. Na twe twiyunge ku ‘munezero uba mw ijuru’ igihe hari umunyavyaha yihanye. (Luka 15:7) Ivyo nitwabigira, tuzoba turiko turigana imbabazi za Yehova.
[Akajambo k’epfo]
a Naho bisa n’uko ya nkozi y’ikibi y’i Korinto yagarukanywe mu gihe gisa na gito ugereranije, ivyo ntibikwiye kubonwa nk’ikintu cofatirwako ku baciwe bose. Uko ivy’uwaciwe umwe wese biba vyifashe usanga bitandukanye n’ivy’uwundi. Hari abakoze ikibi bamwebamwe batangura kugaragaza ukwihana nyakuri hatarahera igihe birukanywe. Ku bandi ariko, bifata igihe kitari gito imbere yuko ako gatima kagaragara. Muri ivyo bihe vyose ariko, abagarukanwa bakwiye kubanza kwerekana ikimenyamenya c’uko bafise akababaro kajanye n’ukwubaha Imana, aho bishoboka na ho bagategerezwa kugaragaza ibikorwa bijanye n’ukwihana.—Ivyakozwe 26:20; 2 Ab’i Korinto 7:11.
Isubiramwo
◻ Ni mu buryo ki mwenewabo na wa mwana w’igishushungwe ameze nka za ndongozi z’idini z’Abayuda?
◻ Ni mu buryo ki mwenewabo na wa mwana w’igishushungwe yananiwe gutahura ico ukuba umwana bisobanura?
◻ Turimbuye imbabazi z’Imana, dukwiye kwirinda ukurenza urugero kw’uburyo bubiri ukuhe?
◻ Dushobora gute kwigana imbabazi z’Imana muri iki gihe?
[Uruzitiro ku rup. 29]
“Mukomeze Urukundo Kuri We”
Ku vyerekeye ya nkozi y’ikibi yari yarirukanywe maze ikagaragaza ukwihana, Paulo yabwiye ishengero ry’i Korinto ati: “Ndabinginga mukomeze urukundo kuri we.” (2 Ab’i Korinto 2:8) Ijambo ry’Ikigiriki ryahinduwe ngo ‘gukomeza’ ni ijambo rijanye n’ivyamategeko risobanura ngo “kwemeza.” Ni vyo, abihana bagarukanwa bakeneye kwiyumvamwo yuko bakundwa kandi yuko basubiriye guhabwa ikaze mu bagize ishengero.
Ariko rero, dutegerezwa kwibuka yuko abenshi mw’ishengero baba batazi ibintu vyashikanye uwo muntu ku kwirukanwa canke ku kugarukanwa. Vyongeye, harashobora kuba hari abo ikibi cakozwe n’uwo yihanye cagize ico kibatwara canke kikabababaza—kumbure bikamara igihe kirekire. Mu gihe rero tuzi ko ibintu nk’ivyo hari abo vyobabaza, igihe itangazo ry’ukugarukanwa kw’umuntu rishikirijwe, birumvikana yuko twokwirinda ivy’ukumuha ikaze tukarorera aho dushoborera kumukeza ari ukwiwe.
Ese ukuntu bikomeza ukwizera kw’abagarukanwa iyo bamenye yuko bahawe ikaze ngo basubire kuba mu bagize ishengero rya gikirisu! Turashobora kuremesha abo bihanye mu kubaganiriza no mu kunezererwa ukuba hamwe na bo ku Ngoro y’Ubwami, mu gikenurwa no mu bindi biringo bibereye. Mu gukomeza gutyo, ari kwo kwemeza yuko abo bagenzi bacu tubafitiye urukundo, ntituba na gato dufashe minenegwe ivy’uko icaha bakoze gihambaye. Ahubwo, kumwe n’amasinzi yo mw’ijuru, turanezererwa ivy’uko bashibuye ingendo nyacaha hanyuma bakagaruka kuri Yehova.—Luka 15:7.
[Ifoto ku rup. 31]
Wa muhungu w’imfura yaranse kunezererwa ukugaruka kwa murumunawe