Yeruzalemu—Woba ‘Uyikunda Ukayirutisha Ibikunezereza vy’Agahebuza’?
“Ururimi rwanje rumatane no mu māgāge . . . ni ntakunda Yerusalemu ngo ndaharutishe ibinnezereza vy’agahebuza.”—ZABURI 137:6.
1. Ni inyifato iyihe Abayuda benshi bavuye mu bunyagano bari bagize ku vyerekeye igisagara catowe n’Imana?
HARI haciye hafi imyaka mirongo indwi kuva igihe umugwi wa mbere w’Abayuda bari mu bunyagano utahutse i Yeruzalemu mu 537 B.G.C. Urusengero rw’Imana rwari rwarubatswe, mugabo ico gisagara cari kikiri umusaka. Muri ico gihe nyene, hari iyaruka rishasha ryari ririko rirarukira mu buhabisho. Nta mazinda yuko abenshi muri bo bumvise bamerewe nk’umwanditsi wa Zaburi, uwatereye mw’ijwi ati: “Yerusalemu we, ni nakwibagira, n’ukuboko kwanje kw’i buryo ni kwibagire gukora.” (Zaburi 137:5) Hariho abagize ibirenze kwibuka gusa Yeruzalemu; baragaragaje n’ibikorwa vyabo yuko ‘haruta ibibanezereza vy’agahebuza.’—Zaburi 137:6.
2. Ezira yari nde, kandi yahezagiwe gute?
2 Nk’akarorero, rimbura ivya wa muherezi Ezira. Eka n’imbere y’uko atahuka mu gihugu ciwe c’amavukiro, yarakoranye umwete ku neza y’ugusenga gutyoroye i Yeruzalemu. (Ezira 7:6, 10) Ezira yarahunzwe imigisha myinshi ku bw’ivyo. Yehova Imana yaravyuye umutima w’umwami w’Umuperesi kugira atere Ezira agateka ko kurongora umugwi ugira kabiri w’abavuye mu buhabisho batahutse i Yeruzalemu. Si ivyo gusa, umwami yarabahaye intererano nini cane y’inzahabu n’ifeza “yo gushariza ingoro y[a Yehova].”—Ezira 7:21-27.
3. Nehemiya yagaragaje gute ko Yeruzalemu ari ho hantu hari hamuraje ishinga bimwe vy’agahebuza?
3 Haciye nk’imyaka 12, hariho uwundi Muyuda yafashe ingingo y’ubutisubirako—uwo yari Nehemiya. Yakora mu kirimba c’i Buperesi i Shushani. Yari afise igiti cubahitse c’ukuba umukevyi w’Umwami Aritazeruzi, ariko ivyo ntivyari ‘ibinezereza Nehemiya vy’agahebuza.’ Ahubwo, ico yipfuza cane kwari ukugenda gusubira kwubaka Yeruzalemu. Haraciye amezi n’ayandi asenga ku bw’ico kintu, kandi Yehova Imana yaramuhezagiye kubera ico. Aho umwami w’Umuperesi amenyeye icari kiraje ishinga Nehemiya, yaramuhaye ingabo hamwe n’ivyete bimuha uburenganzira bwo gusubira kwubaka Yeruzalemu.—Nehemiya 1:1–2:9.
4. Dushobora kwerekana gute ko ugusenga Yehova kuruta ikindi kintu ico ari co cose codutera umunezero?
4 Nta mazinda, Ezira, Nehemiya hamwe n’Abayuda benshi bafadikanya na bo baragaragaje yuko ugusenga Yehova, ukwari gushingiye i Yeruzalemu, kwari guhambaye kuruta ikindi kintu cose—kwari ‘ukuruta ibibanezereza vy’agahebuza,’ ni ukuvuga, ko kwaruta ikindi kintu cose cobateye umunezero. Ese ingene abantu mwene abo ari indemesho ku bantu bose muri iki gihe babona gutyo Yehova, ugusenga kwiwe hamwe n’ishirahamwe ryiwe riyoborwa n’impwemu yiwe! Na wewe kwoba ariko ubibona? Woba werekana biciye ku kwihangana mu gukora ibiranga ukuyobokera Imana, yuko ikikunezereza c’agahebuza kuruta ibindi vyose ari agateka ko gusenga Yehova ufatanije n’abasavyi biwe bamwiyeguriye? (2 Petero 3:11) Reka turabe iyindi ndemesho idufasha kubigerako, mu kurimbura ingaruka nziza urugendo Ezira yagize i Yeruzalemu rwavuyemwo.
Imihezagiro n’Amabanga
5. Ni imihezagiro myinshi iyihe abanyagihugu b’i Yudaya baronse mu misi ya Ezira?
5 Umugwi ugizwe n’abantu nk’6000 bavuye mu buhabisho bari kumwe na Ezira baje bazanye intererano z’inzahabu n’iz’ifeza ku bw’urusengero rwa Yehova. Izo zashitsa hafi imiliyaridi 24 z’amarundi mu giciro c’ubu. Vyari hafi incuro indwi inzahabu n’ifeza umugwi wa mbere w’abari mu buhabisho bari biyungunganije gutahukana. Ese ukuntu abanyagihugu b’i Yeruzalemu n’i Yudaya bategerezwa kuba barakuriye ubwatsi Yehova kubona bashigikirwa kugeza iyo hose mu gufashishwa abantu n’ibintu! Mugabo imihezagiro myinshi iva ku Mana ijana n’amabanga.—Luka 12:48.
6. Ezira yabonye ibiki mu gihugu ciwe c’amavukiro, kandi yavyifashemwo gute?
6 Bidatevye, Ezira yamenye yuko Abayuda benshi, harimwo n’abaherezi hamwe n’abakurambere bamwebamwe, bari bararenze Ivyagezwe vy’Imana mu kurongora abapaganikazi. (Gusubira mu Vyagezwe 7:3, 4) Mu buryo bubereye, yarababajwe cane n’ukwo kurenga isezerano ry’Ivyagezwe vy’Imana. “Maze numvise ivyo nitantamurirakw imvune bo n’umutamana, . . . nicara numiwe.” (Ezira 9:3) Ari kumwe n’Abisirayeli bababajwe n’ivyo, Ezira yaciye arundumurira umutima wiwe Yehova mw’isengesho. Bose bamuteze yompi, Ezira yarasubiyemwo ubugaba bwagizwe na Isirayeli muri kahise hamwe n’imburi Imana yatanze y’icobaye mu gihe borongoye abapaganikazi bo mu gihugu. Yasozereye ati: “[Yehova] Mana y’Abisirayeli, ni wewe ugororoka; kuko twebge dusigaye tur’amasigarira, nk’uko bimeze uyu musi; rāba tur’imbere yawe dutsinzwe n’urubanza; ivyo ni vyo bituma tudashobora guhagarara imbere yawe.”—Ezira 9:14, 15.
7. (a) Ni akarorero keza akahe Ezira yatanze mu vy’ugutorera umuti ubukozi bw’ikibi? (b) Abagīrwa n’ikibi bavyifashemwo gute mu gihe ca Ezira?
7 Ezira yakoresheje imvugo “twebge.” Egome, yarishizemwo naho nyene ubwiwe ata caha camwagira. Umubabaro mwinshi Ezira yari afise hamwe n’isengesho riranga ukwicisha bugufi yatuye, vyarashitse abantu ku mutima kandi bituma bakora ibikorwa biranga ukwihana. Baremeye kubitorera umuti ubabaje: abari bararenze Ivyagezwe vy’Imana bose bokwirukanye abagore b’abanyamahanga hamwe n’abana bavyaranye bagasubira mu bihugu vyabo vy’amavukiro. Ezira yaremeye iyo ngingo hanyuma aremesha abagīrwa n’ico caha kuvyemera. Ku bw’ubukuru yari yarahawe n’umwami w’Umuperesi, Ezira yari afise uburenganzira bwo kwica abarenga amategeko bose canke kubomora bakava i Yeruzalemu n’i Yudaya. (Ezira 7:12, 26) Ariko biboneka yuko atarinze gufata ingingo mwene iyo. “Ikoraniro ryose” ryavuze riti: “Ic’utugezeko ni co twemeye gukora.” Si ivyo gusa, bariyemereye ikosa ryabo bati: “Twa[ra]cumuye cane mur’ivyo.” (Ezira 10:11-13) Ezira ikigabane c’10 harashira ku rutonde amazina y’abagabo 111 bagamburutse iyo ngingo mu kwirukana abagore babo b’abanyamahangakazi hamwe n’abana bavyaranye.
8. Ni kuki ivy’ukwirukana abagore b’abanyamahanga mu maguru masha vyari ku neza y’umuryango wose w’abantu?
8 Ico kintu cagizwe nticobaye ngirakamaro ku Bisirayeli gusa, ahubwo kandi cogiriye akamaro n’umuryango wose w’abantu. Iyo hatagirwa ikintu na kimwe co gukosora izo ngorane, Abisirayeli bovanganye n’amahanga abakikuje. Muri ico gihe, hokwandujwe umurongo wa ba sekuruza ba rwa Rubuto Rwasezeranywe ngo ruheshe umuhezagiro umuryango wose w’abantu. (Itanguriro 3:15; 22:18) Vyogoranye kwemeza akaranga ka rwa Rubuto Rwasezeranywe, yuko rukomoka ku Mwami Dawidi wo mu muryango wa Yuda. Haciye imyaka nka 12, ico kibazo nyamukuru carasubiriye kwitwararikwa igihe “uruvyaro rwa Isirayeli bītandukanya n’abanyamahanga.”—Nehemiya 9:1, 2; 10:29, 30.
9. Ni impanuro nziza iyahe Bibiliya iha Abakirisu bubakanye n’abatizera?
9 Ni igiki abasavyi ba Yehova bo muri iki gihe bashobora kwigira kuri iyi nkuru? Urabona, Abakirisu ntibari munsi y’isezerano ry’Ivyagezwe. (2 Ab’i Korinto 3:14) Ahubwo nyabuna, bagamburuka “ivyagezwe na Kristo.” (Ab’i Galatiya 6:2) Ni co gituma Umukirisu yubakanye n’uwutizera yemera iyi mpanuro ya Paulo igira iti: “Mwene Data asanzwe afise umugore atizera, kand’uwo mugore agakunda kubana nawe, yoye kumuta.” (1 Ab’i Korinto 7:12) Bitayeko, Abakirisu bubakanye n’abatizera Ivyanditswe birabategeka kugira ico bakoze kugira ngo umubano wabo wererwe. (1 Petero 3:1, 2) Hari abo ukugamburuka iyo mpanuro nziza vyamye bizanira umuhezagiro: abagore canke abagabo batizera barahindukirije umutima ku gusenga kw’ukuri. Hari mbere n’abizeye barabatizwa.—1 Ab’i Korinto 7:16.
10. Ni icigwa ikihe Abakirisu bashobora gukura kuri ba bagabo b’Abisirayeli 111 birukanye abagore babo b’abanyamahangakazi?
10 Yamara, ivya ba Bisirayeli birukanye abagore babo b’abanyamahanga bitanga icigwa ciza ntangere ku Bakirisu b’abasiribateri. Abo ntibakwiye kujamwo ngo bagiranire n’abatizera imigenderanire y’ukureshanya. Kwirinda ubucuti mwene ubwo bishobora kuba bigoye, bigatera mbere n’umubabaro, mugabo ni ingendo nziza yotuma umuntu abandanya kuronka umuhezagiro uva ku Mana. Abakirisu babwirizwa ngo: “Ntimwifatanye n’abatizera.” (2 Ab’i Korinto 6:14) Umukirisu w’umusiribateri wese yipfuza kwubaka akwiye gutegekanya kwubakana n’umuntu yizeye vy’ukuri.—1 Ab’i Korinto 7:39.
11. Nk’uko vyashikiye ba bagabo b’Abisirayeli, dushobora kugeragezwa gute ku bijanye n’ikitunezera?
11 No mu zindi nzira nyinshi nyene, Abakirisu baragize ivyo babogora igihe bamenyeshejwe yuko bagenda bagana mu nzira itajanye n’Ivyanditswe. (Ab’i Galatiya 6:1) Iki kinyamakuru cagiye kiracishamwo kimenyesha ingeso idahuje n’Ivyanditswe yotuma umuntu aba uwudakwije ibisabwa kugira ngo agume mw’ishirahamwe ry’Imana. Nk’akarorero, mu 1973 abasavyi b’Imana baratahuye bimwe vyuzuye yuko ugufata ibiyayura umutwe hamwe n’ukunywa itabi ari ivyaha bikomeye. Kugira ngo tubandanye ingendo iranga ukuyobokera Imana, dutegerezwa “[kw]iyuhagira ubuhumane bgose bg’umubiri n’ubg’umutima.” (2 Ab’i Korinto 7:1) Abantu batari bake barashize ku mutima impanuro mwene iyo ya Bibiliya; baremeye n’umutima ukunze baracumukuzwa n’ingorane ziza igihe bagitangura guheba ingeso mbi kugira ngo bagume mu basavyi b’Imana batyoroye. Ubuyobozi bushingiye ku Vyanditswe butomoye bwaratanzwe kandi mu vyerekeye igitsina, inyambaro, ukwitunganya n’ivy’uguhitamwo akazi mu buryo buranga ubwenge, ukwimara ubute hamwe n’umuziki. Ingingo zishingiye ku Vyanditswe tumenyeshejwe zaba izihe, nimuze tugaragaze ko twiteguriye ‘kubogorwa,’ nka ba bagabo 111 b’Abisirayeli. (2 Ab’i Korinto 13:11, NW) Ivyo bizogaragaza yuko agateka ko gusenga Yehova twifatanije n’igisata ciwe ceranda ‘katurutira ibitunezereza vy’agahebuza.’
12. Ni ibiki vyashitse mu 455 B.G.C.?
12 Bibiliya imaze kuvuga ivyerekeye ba bagore b’abanyamahanga, ntitubwira ivyabaye i Yeruzalemu mu myaka 12 yakurikiye. Nta mazinda yuko amahanga mabanyi ya Isirayeli yarushirije kubarwanya kubera ko bahagaritse imibano myinshi. Mu 455 B.G.C., Nehemiya yarashitse i Yeruzalemu aherekejwe n’intwaramiheto zimurinze. Yari yaragenywe kuba buramatari w’i Buyuda, akaba kandi yari azanye ivyete bivuye ku mwami w’Umuperesi bimuha uburenganzira bwo gusubira kwubaka ico gisagara.—Nehemiya 2:9, 10; 5:14.
Ukurwanywa n’Ababanyi b’Abanyeshari
13. Ni inyifato iyihe ababanyi b’Abayuda bo mw’idini y’ikinyoma bagaragaje, kandi Nehemiya yavyifashemwo gute?
13 Ababanyi bari mw’idini y’ikinyoma bararwanije ico kintu cobaye kizanye Nehemiya. Indongozi zabo zaramuteye ubwoba mu kubaza ziti: “Mbega s’uko mugomba kugarariza umwami?” Mu kwerekana ko yizigiye Yehova, Nehemiya yasubijeyo ati: “Imana yo mw’ijuru ni yo izotuma bikunda, ni co gituma twebge abasavyi bayo dushirako tukubaka; ariko mweho nta mugabane, nta bubasha, nta n’icibutso mufise i Yeruzalemu.” (Nehemiya 2:19, 20) Igihe ugusanura urwo ruzitiro kwatangura, abo bansi nyene babacokoye bati: ‘Barya bagoyigoyi b’Abayuda bakora ibiki? None bozīkurura amabuye bayakūra mu bishingwe? N’imbgebge yosimbira kur’urwo ruzitiro rw’amabuye rwoca rusenyuka!’ Aho kugira ico yishuye kuri ayo majambo, Nehemiya yarasenze ati: “Mana yacu, ni wumve ingene dukengerewe; ibitutsi vyabo abe ari bo bisubira ku mitwe.” (Nehemiya 4:2-4) Nehemiya yarabandanije gutanga akarorero keza ko kwiheka kuri Yehova!—Nehemiya 6:14; 13:14.
14, 15. (a) Nehemiya yatoreye umuti gute iterabwoba ry’uko abansi bobagiriye nabi? (b) Ivyabona vya Yehova bashoboye gute kubandanya umurimo wabo w’ukwubaka mu vy’impwemu naho hari ukurwanywa gukomeye?
14 Kugira ngo barangure igikorwa gihambaye bashinzwe co kwamamaza inkuru nziza, Ivyabona vya Yehova muri iki gihe na bo nyene biheka ku Mana. Ababarwanya baragerageza gutangira ico gikorwa mu kubacokora. Rimwe na rimwe, abantu baba bashimishijwe n’ubutumwa bw’Ubwami barabita kubera ko badashoye kwihanganira ukwo gucokorwa. Iyo ugucokorwa ata kintu kugezeko, abaturwanya barashobora gushavura maze bagaca baja mu vy’ukuduhigira ko bazotugirira nabi. Ivyo ni vyo vyashikiye abariko barubaka impome za Yeruzalemu. Mugabo Nehemiya yaranse guterwa ubwoba. Ahubwo yarahaye abubatsi ibirwanisho ngo bivune umwansi aramutse abateye, kandi arakomeza ukwizera kwabo mu kuvuga ati: “Ntimubatinye. Mwibuke Umwami Imana, ahambaye ateye ubgoba, murwanire bene wanyu, n’abahungu banyu n’abakobga banyu n’abagore banyu n’ingo zanyu.”—Nehemiya 4:13, 14.
15 Nk’uko vyari biri mu misi ya Nehemiya, Ivyabona vya Yehova barahawe ivyangombwa bikwiye kugira ngo babandanye igikorwa cabo c’ubwubatsi co mu buryo bw’impwemu naho barwanijwe bikomeye. “Umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” yaratanze imfungurwa z’umutima zikomeza ukwizera, zigatuma abasavyi b’Imana bashobora kwimbuka n’ahantu mbere umurimo wabujijwe. (Matayo 24:45, NW) Ingaruka yabaye iy’uko Yehova yabandanije guhunda umugisha abasavyi biwe mu gutuma bongerekana kw’isi iyo iva ikagera—Yesaya 60:22.
Ingorane Zari mu Bisirayeli Ubwabo
16. Ni ingorane izahe zari hagati y’Abayuda ubwabo zageramiye abubatsi b’uruzitiro rwa Yeruzalemu?
16 Uko ukwubaka uruzitiro rwa Yeruzalemu kwatera imbere maze na rwo rukarushiriza kuba rurerure, ni ko ico gikorwa carushiriza kugora. Ivyo vyabaye igihe hari ingorane yibonekeje ica intege abariko bita ku rutare bubaka. Kubera ko imfungurwa zari zakenye, hari Abayuda basanga bigoye kuronsa imfungurwa imiryango yabo hamwe no guha ikori intwaro y’Abaperesi. Abayuda bari bifise barabagurana imfungurwa n’amahera. Ariko rero, mu buryo buhushanye n’Ivyagezwe vy’Imana, ba ntahonikora b’Abisirayeli bategerezwa gutanga amatongo yabo hamwe n’abana babo kw’ingwati yemeza ko bazokwishura ayo mahera bageretseko n’inyungu. (Kuvayo 22:25; Abalewi 25:35-37; Nehemiya 4:6, 10; 5:1-5) Ubwo rero abari barabaguranye bariko bagira iterabwoba ry’uko bonyaze amatongo yabo kandi bakabagobera kugurisha abana babo bwa bagurano. Nehemiya yararakajwe n’iyo nyifato iranga ukubura urukundo n’uguhahamira amaronko. Yaciye abijamwo n’ingoga kugira ngo Yehova abandanye guhezagira ico gikorwa c’ukwubaka bushasha uruzitiro rwa Yeruzalemu.
17. Nehemiya yagize iki kugira ngo Yehova abandanye guhezagira umurimo w’ubwubatsi, kandi ivyo vyavuyemwo iki?
17 “Ikoraniro rinini” ryaratunganijwe, hanyuma Nehemiya aratomorera Abisirayeli bifise ko ivyo bakoze bitanezereje Yehova. Niho yasaba abagīrwa n’ico caha, harimwo na bamwebamwe mu baherezi, gusubiza inyungu yose bari barakiriye, no gusubiza amatongo bari baranyaze abatari bashoboye kuriha inyungu. Igishimishije uko abari mu makosa bavuze bati: “Turabibasubiza, kandi nta co tuzobāka kw inyungu; tuzobigenza nk’uk’uvuze.” Ayo ntiyari amasigaracicaro kubera ko Bibiliya itwiganira yuko “abantu bagum[ije] iryo sezerano [rya Nehemiya].” Kandi ishengero ryose ryarashemeje Yehova.—Nehemiya 5:7-13.
18. Ivyabona vya Yehova bamenyekanye ko bafise inyifato iyihe?
18 Twovuga iki ku vyerekeye iki gihe cacu? Aho kurondera kwungukira ku bandi, Ivyabona vya Yehova barazwi hose yuko bafise umutima wo gufasha bagenzi babo basangiye ukwizera hamwe n’abandi basinzikajwe n’ivyago. Nk’uko vyari biri mu gihe ca Nehemiya, ivyo vyavuyemwo amajambo y’ishimwe menshi ashemeza Yehova. Ariko rero, muri ico gihe nyene, “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” yabonye ko bikenewe gutanga impanuro ishingiye ku Vyanditswe yerekeye ivy’ukudandaza, n’ivy’uko dukwiriye kwirinda umunoho wo kurondera kwungukira ku bandi. Mu bihugu bimwebimwe usanga bakunda gusaba inkwano y’umurengera, ariko Bibiliya irabûra itomora yuko abantu b’umwina hamwe n’abanyazi batazoragwa Ubwami bw’Imana. (1 Ab’i Korinto 6:9, 10) Ukuntu Abakirisu benshi bakira neza impanuro mwene iyo biratwibutsa ingene ba Bayuda babona icaha kiri mu vy’ukwungukira ku bavukanyi babo ba ntahonikora.
Uruzitiro rwa Yeruzalemu Rwuzura
19, 20. (a) Ukwuzura kw’uruzitiro rwa Yeruzalemu kwagize iki ku babarwanya b’abanyedini? (b) Ni intsinzi iyihe Ivyabona vya Yehova bironkeye mu bihugu vyinshi?
19 Naho hari ukwo kurwanywa kwose, uruzitiro rwa Yeruzalemu rwuzuye mu misi 52. None ivyo vyagize iki ku babarwanya? Nehemiya yavuze ati: “Maz’abansi bacu bose bavyumvise, bo n’abanyamahanga bose bo ku mpande zacu zose, bagira ubgoba, baratētērwa, kuko bamenye kw ar’Imana yacu yadushoboje kurangiza igikorwa kingana girtyo.”—Nehemiya 6:16.
20 Muri iki gihe, abansi barabandanya kurwanya igikorwa c’Imana mu buryo bunyuranye no mu mihingo inyuranye. Ariko rero, amamiliyoni y’abantu bariboneye ko kurwanya Ivyabona vya Yehova ataco bishikako. Nk’akarorero, rimbura ukuntu mu bihe vyahera mu Budagi bwo mu gihe c’Abanazi, mu Buraya bwo mu Buseruko no mu bihugu vyinshi vyo muri Afirika, bagerageje kurandurana n’imizi umurimo wo kwamamaza inkuru nziza. Ivyo bagerageje vyose vyabaye impfagusa, kandi abantu benshi ubu bariyemerera yuko ‘umurimo wacu tuwurangura ku bw’Imana.’ Ese ingene ivyo vyazaniye impera inararibonye b’abizigirwa usanga ugusenga Yehova bakugize ‘ukuruta ibibanezereza vy’agahebuza’ mu bihugu mwene ivyo!
21. Ni ivyabaye bifise ico bivuze ibihe twihweza mu kiganiro gikurikira?
21 Mu kiganiro gikurikira, turaja gusubira gusuzuma ivyabaye bihambaye vyashikanye kw’iyinjirwa riteye umunezero rya nya ruzitiro rwubatswe bushasha rwa Yeruzalemu. Turaja kandi kurimbura ukugene himirije kuba ukwuzura kw’igisagara gihambaye kuruta, ku bw’ineza y’umuryango wose w’abantu.
Woba Uvyibuka?
◻ Ezira hamwe n’abandi banezerejwe gute na Yeruzalemu?
◻ Ni amakosa ayahe Ezira na Nehemiya bafashije Abayuda benshi gukosora?
◻ Ni ivyigwa ibihe dushobora kuronkera mu nkuru zerekeye Ezira na Nehemiya?
[Ifoto ku rup. 9]
Yeruzalemu ni ho hari haraje ishinga Nehemiya bimwe vy’agahebuza, si akazi k’icubahiro yari afise i Shushani
[Amafoto ku rup. 10, 11]
Nka kumwe kwa Nehemiya, dukwiye gusenga kugira ngo turonke ubuyobozi buva kuri Yehova twongere turonke inkomezi zo kubandanya igikorwa twashinzwe gihambaye cane c’ukwamamaza inkuru nziza