ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w97 1/8 rup. 13-18
  • Woba Uriko Ukurikirana Ingeso Nziza?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba Uriko Ukurikirana Ingeso Nziza?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Yarakurikiranye Ingeso Nziza
  • Baragumanye Ingeso Nziza
  • Ugukurikirana Ingeso Nziza Muri Iki Gihe
  • Urama Uri Maso!
  • Uruhara rw’Ukwiga n’Ukuzirikana
  • Ingeso Nziza n’Ivy’Ukuja Hamwe
  • Guma Ukurikirana Ingeso Nziza
  • Kwamana Ingeso Nziza mw Isi Yuzuye Ingeso Mbi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Daniyeli
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Imana yoba vy’ukuri ikubabaye?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ukunda Ijambo ry’Imana Ukungana Iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
w97 1/8 rup. 13-18

Woba Uriko Ukurikirana Ingeso Nziza?

“Ni haba harih’ingeso nziza, ni haba hariho gushimwa, abe ari vyo mwiyumvira.”—AB’I FILIPI 4:8.

1. Ingeso mbi ni iki, kandi ni kuki zitononye ugusenga kwa Yehova?

INGESO mbi ni ubutituke bw’imero runtu canke ubwononekare. Burakwiragiye mw isi turimwo. (Abanyefeso 2:1-3) Ariko rero, Yehova Imana ntazokwemera ko ugusengwa kwiwe kudahumanye kwononekara. Ibisohokayandikiro vya gikirisu, amakoraniro, hamwe n’amateraniro y’imizunguruko n’ay’intara, biraduha imburi zije ku gihe zitugabisha ku vyerekeye ingeso y’ukugabitanya. Turaronka imfashanyo itomoye ivuye mu Vyanditswe yo kugira “[tu]matane n’ivyiza.” (Abaroma 12:9) Uko Ivyabona vya Yehova bagize ishirahamwe rero, barinanata kugira babe abadahumanye, b’ingeso nziza. Ariko tweho umwumwe bite? Mu vy’ukuri, wewe woba uriko urakurikirana ingeso nziza?

2. Ingeso nziza ni iki, kandi ni kuki umwete usabwa kugira umuntu agumane ingeso nziza?

2 Ingeso nziza ni ubwiza bwa cane bw’imero runtu, ukumeraa neza, ibikorwa vyiza n’ukwiyumvira kwiza. Si kamere ataco ikora, ariko ni iyikora, idasiga iciza. Ingeso nziza si ukwirinda icaha gusa; bisigura gukurikirana iciza. (1 Timoteyo 6:11) Intumwa Petero yarihanikije Abakirisu bagenziwe ati: “Ukwizera kwanyu mukwongerekw ingeso ziza.” Gute? Mu ‘kugira umwete wose ku bw’inyanduruko [y’imihango y’igiciro y’Imana].’ (2 Petero 1:5) Kubera ko dusanzwe turi abanyavyaha, bisaba umwete nyawo kugira tugume turi ab’ingeso nziza. Yamara, abantu batinya Imana bo mu gihe ca kera ivyo barabigize, naho nyene baba bari imbere y’intambamyi zikomeye.

Yarakurikiranye Ingeso Nziza

3. Umwami Ahazi yagiriwe n’ibikorwa bibi ibihe?

3 Ivyanditswe birimwo inkuru nyinshi z’abakurikiranye ingeso nziza. Nk’akarorero, rimbura ivya Hezekiya uw’ingeso nziza. Se wiwe, Umwami Ahazi w’i Buyuda, bisa n’uko yasenga Moleki. “[Ahazi] yar’amaze imyaka mirongwibiri igihe yima, amara imyaka cumi n’itandatu i Yerusalemu ari ku ngoma. Mugabo ntiyakora ivyo Uhoraho Imana yiwe abona kw ari vyiza, nk’uko sekuruza Dawidi yakora; ariko yagendera mu ngeso z’abami b’Abisirayeli, mbere yatanze umuhungu wiwe kw ikimazi ngo yoserezwe mu muriro, nk’ukw ibizira vy’ubuyobe vy’abanyamahanga vyari bimeze, abo Uhoraho yari yarirukanye imbere y’Abisirayeli. Yatanga ibimazi akosereza imibavu mu bitabo no ku mpinga z’imisozi no musi y’igiti cose gitotahaye.” (2 Abami 16:2-4) Hari abavuga yuko ‘ugucisha mu muriro’ vyari uburyo bunaka bw’ibirori vy’ugutyorora, atari ugutangako umuntu ikimazi. Ariko rero, igitabu Molech—A God of Human Sacrifice in the Old Testament, canditswe na John Day, kivuga uku: “Hariho ikimenyamenya mu vyandiko vya kera n’ivy’i Carthage, hamwe n’ibimenyamenya vyo mu vy’icukurabutaka, vyerekana yuko abantu batangwako ibimazi . . . mw isi y’Abanyakanani, hakaba rero ata mpamvu iriho y’ugukekeranya ivyo Ubwuzure bwa Kera buvuga bivuga ivyerekeye [abantu bǎtangwako ibimazi].” Si ivyo gusa, muri 2 Ngoma 28:3 haravuga hadomako yuko Ahazi ‘yosereza abana biwe mu muriro.’ (Gereranya no muri Gusubira mu vyagezwe 12:31; Zaburi 106:37, 38.) Mbega ibikorwa bibi!

4. Hezekiya yingenjeje ate ahantu huzuye ingeso mbi?

4 Hezekiya yamerewe ate aho hantu huzuye ingeso mbimbi? Zaburi y’119 iri n’ico yotumarira, kuko hari abiyumvira yuko ari Hezekiya yayiteguye, ayitegura igihe yari akiri umuganwa. (Zaburi 119:46, 99, 100) Ivyiwe rero bishobora kwerekanwa n’aya majambo: “Nah’abahambaye bicaye bangīra imigabo, umusavyi wawe niyumvira ivyo washinze. Umutima wanje ushongeshejwe n’umubabaro.” (Zaburi 119:23, 28) Narirya yari akikujwe n’abamogoreye idini y’ikinyoma, Hezekiya ashobora kuba yarashinyaguriwe cane mu bagize ikirimba c’i bwami, gushika n’aho ukuronka itiro bigorana. Yamara, yarakurikiranye ingeso nziza, mu nyuma aracika umwami, hanyuma “[abandanya] akora ivyo Uhoraho abona ko ari vyiza, . . . Hezekiya yizigira Uhoraho Imana y’Abisirayeli.”—2 Abami 18:1-5.

Baragumanye Ingeso Nziza

5. Ni ibigeragezo ibihe Daniyeli na bagenziwe batatu bahanganye na vyo?

5 Abandi bari ab’akarorero mu vy’ingeso nziza ni Daniyeli na bagenzi biwe batatu, bitwa Hananiya, Mishayeli na Azariya. Barafashwe ku nguvu bakurwa mu gihugu cabo hanyuma bangarizwa i Babiloni. Iyo misore ine yahawe amazina y’Abanyabalinoni—Beluteshaza, Shaduraka, Meshaki, Abedunego. Barahawe “ingaburo ivuye ku vy’umwami afūngura,” harimwo n’ibifungurwa bibujijwe n’Amateka y’Imana. Vyongeye, barahaswe ngo bahabwe icigwa imyaka itatu kijanye n’“inyandiko y’Abakaludaya n’ururimi rwabo.” Ivyo ntikwari ukwiga urundi rurimi gusa, kuko bisa n’uko ijambo “Abakaludaya” ryerekana umuce w’abize. Gutyo rero, iyo misore y’Abaheburayo barashizwe imbere inyigisho zihotoye z’i Babiloni.—Daniyeli 1:1-7.

6. Ni kuki dushobora kuvuga yuko Daniyeli yakurikiranye ingeso nziza?

6 Naho bakajijwe bikomeye ngo bavyemere, Daniyeli na bagenziwe batatu mu ngeso nziza na mbi batoye nziza. Muri Daniyeli 1:21 havuga hati: “Nuko Daniyeli aguma ngaho, gushitsa ku mwaka wa mbere umwami Kuro ari ku ngoma.” Ni vyo, Daniyeli ‘yarabandanije’ ari umusavyi w’ingeso nziza wa Yehova imyaka irenga 80—abami bakomakomeye bágahaguruka bakongera bagatemba. Yagumye ari umwizigirwa ku Mana nanzi urwenge n’imigambi y’abakuru b’intwaro bononekaye hamwe n’ingeso mbi y’ivy’ukwimara inambu y’umubiri zari zikwiragiye mw idini y’i Babiloni. Daniyeli yagumye akurikirana ingeso nziza.

7. Ni igiki gishobora kwigirwa mu ngendo yakurikiwe na Daniyeli hamwe na bagenziwe batatu?

7 Turashobora kwigira vyinshi ku watinya Imana Daniyeli na bagenzi biwe. Barakurikiranye ingeso nziza, baranka gushirwa mu bakurikiza imico kama ya Babiloni. Naho bahawe amazina y’Abanyababiloni, ntibigeze bata akaranga kabo k’abasavyi ba Yehova. Mbere mu nyuma y’imyaka nka 70, umwami wa Babiloni yahamagara Daniyeli mw izina ryiwe ry’Igiheburayo. (Daniyeli 5:13) Mu buzima bwiwe burebure bwose, Daniyeli yaranse kudohoka mbere no mu tuntu dutoduto. Uko yari umusore, yari “[yagize] imigabo mu mutima kutazokwihumanisha ivyo kurya vy’umwami.” (Daniyeli 1:8) Iyo mpagararo y’ukutadohoka yafashwe na Daniyeli hamwe na bagenziwe batatu, nta gukeka yarabakomeje bararokoka ibigeragezo birimwo ugupfa n’ugukira bǎhanganye na vyo mu nyuma.—Daniyeli, ibigabane vya 3 na 6.

Ugukurikirana Ingeso Nziza Muri Iki Gihe

8. Abakirisu bakiri bato bashobora gute kwanka kuvatiranywa n’isi ya Shetani?

8 Nka kumwe kwa Danileyi na bagenziwe batatu, abantu b’Imana muri iki gihe baranka ko bavatiranywa n’isi mbi ya Shetani. (1 Yohana 5:19) Niba uri Umukirisu akiri muto, ushobora kuba uriko ushikirwa n’umukazo uva ku bo mungana ngo wigane ivyo bakunda birenze urugero vy’inyamaro, inyimwesho, n’imiziki. Mugabo, aho gukurikira buri mpararo canke buri mudeli buje, hagarara ushikamye, kandi ntureke ngo “[u]shushanywe n’ivy’iki gihe.” (Abaroma 12:2) ‘Ikunkumure ukutubaha Imana n’ukwipfuza ivy’isi . . . n’ukwama udahugumba, ugororoka, wubaha Imana.’ (Tito 2:11, 12) Igihambaye ni ugushimwa, atari n’abo mungana, ariko na Yehova.—Imigani 12:2.

9. Abakirisu bari mu rudandaza bashobora guhangana n’imikazo iyihe, kandi bakwiye kwigenza bate?

9 Abakirisu bakuze na bo nyene barahangana n’imikazo, kandi bategerezwa kuba ab’ingeso nziza. Abakirisu b’abadandaza bashobora kwoshwa ngo bakoreshe uburyo buteye amakenga canke ngo biyobagize ingingo za Leta be n’amategeko agenga ikibuguro. Ariko rero tutaravye ukuntu abahiganwa mu vy’ubudandaji no ku kazi bigenza, twebwe “tugomba kugira ingeso nziza muri vyose.” (Abaheburayo 13:18) Ivyanditswe bidusaba kuba abatagunga n’abagwaneza ku bakoresha, ku bakoreshwa, ku bakiriya no ku ntwaro z’isi. (Gusubira mu vyagezwe 25:13-16; Matayo 5:37; Abaroma 13:1; 1 Timoteyo 5:18; Tito 2:9, 10) Nitwinanate kandi kuba abubaha amategeko mu vyo tugira vy’urudandaza. Mu kwama tugumya ivyandiko bitagiramwo amakosa kandi tugashira imyumvikano mu nyandiko, turashobora kenshi gukinga amatati.

Urama Uri Maso!

10. Ni kuki bikenewe yuko tuguma turi maso mu vyerekeye ukuntu ducagura imiziki?

10 Zaburi y’119:9 irashira ahabona uwundi muce w’ivy’ukugumana ingeso nziza mu nyonga z’Imana. Umwanditsi w’izaburi yaririmvye ati: “Umusore azokwezesha inzira yiwe iki? Azoyezesha kuyitondera nk’ukw ijambo ryawe rivuga.” Kimwe mu birwanisho kirumara kuruta Shetani akoresha ni imiziki, iyifise ubushobozi bw’ukuvyura akanyegetera. Ikibabaje ni uko hari Abakirisu bamwebamwe bananiwe no ‘kuguma bari maso’ ku vyerekeye imiziki, bagasanga bajanywe n’ubwoko bwayo burengeje urugero, nk’imwe yitwa rap na heavy metal. Hari aboharira bavuga yuko mwene iyo miziki ataco ibagira canke ngo ntibababaye ibivugwamwo. Abandi na bo bavuga yuko baryoherwa gusa n’umudundo ukomeye wayo canke umurya w’ibitari bivugira hejuru. Mugabo rero ku Bakirisu, ikibazo si uko hoba harimwo ikintu kiryoshe. Ico bitwararika ni ukuraba ko yoba ‘yemerwa n’Umukama.’ (Abanyefeso 5:10) Tuyifatiye hamwe, imiziki ya heavy metal na rap itsimbataza ingeso mbi nk’ibiterasoni, ubusambanyi, eka n’Ubushetani—ivyo bikaba ari ibintu bitagira ikibanza namba mu gisata ca Yehova.a (Abanyefeso 5:3) Twaba abato canke abakuze, umwe wese muri twebwe akwiye kuzirikana neza kuri iki kibazo, Ku kuntu ncagura imiziki, noba nkurikirana ingeso nziza canke ingeso mbi?

11. Umukirisu ashobora gute kuguma ari maso ku biraba ibiganiro vyo kuri televiziyo, amavidewo hamwe n’amasenema?

11 Ibiganiro vyinshi vyo kuri televiziyo, amavidewo, hamwe n’amasenema usanga bitsimbataza ingeso mbi. Nk’uko bivugwa n’umuhanga umwe mu vyo mu bwenge, ‘ugukunda ibinezero, ivy’ukwimara inambu y’umubiri, ubukazi, umunoho, hamwe n’ubwikunzi’ ni vyo vyivugira mu masenema menshi ahingurwa muri iki gihe. Kuguma umuntu ari maso rero birimwo n’ukuba uwucagura ku vyerekeye ivyo duhitamwo kurorera. Umwanditsi w’izaburi yasenze avuga ati: “Ukebukishe amaso yanje, noye kurāba ibitagira ikimazi.” (Zaburi 119:37) Umukirisu umwe akiri muto yitwa Yozefu yarakurikije iyo ngingo. Igihe ifilime imwe yatangura kwerekana ivy’ukumarana inambu y’umubiri n’ubukazi, yaravuye mu nyubakwa y’ibikino. Kugenza gutyo vyoba vyaramuteye isoni? Yozefu avuga, ati “Eka data, habe namba. Ubwa mbere niyumviriye Yehova hamwe no kumuhimbara.”

Uruhara rw’Ukwiga n’Ukuzirikana

12. Ni kuki ukwiga kw’umuntu ukwiwe hamwe n’ukuzirikana bikenewe kugira akurikirane ingeso nziza?

12 Ntibihagije kwirinda ibintu bibi. Gukurikirana ingeso nziza kandi birimwo kwiga no kuzirikana ku bintu vyiza vyanditswe mw Ijambo ry’Imana kugira ingingo zitunganye zo muri ryo zishobore gukurikizwa mu buzima. “Ewe kuntu nkunda ivyagezwe vyawe!” ni ko umwanditsi w’izaburi yitangaje. “Ni vyo ndimbūra bukarinda bgira.” (Zaburi 119:97) Ukwiga Bibiliya hamwe n’ibisohokayandikiro vya gikirisu uri ukwawe kwoba kurimwo mu rutonde rwawe rwa buri mushamvu? Niko, kuronderera umwanya ukwiga Ijambo ry’Imana be n’ukurizirikanako mw isengesho bishobora kuba ibitoroshe. Ariko kenshi birashoboka gucungura umwanya tuwukuye ku yindi mirimo. (Abanyefeso 5:15, 16) Kumbure amasaha ya kare mu gitondo yokubera neza umwanya w’ugusenga, ukwiga, n’ukuzirikana.—Gereranya na Zaburi 119:147.

13, 14. (a) Ni kuki ukuzirikana ari ukw’agaciro ntangere? (b) Twozirikana ku Vyanditswe ibihe kugira dushobore gufashwa ngo twanke urunuka ubushegabo bwo mu vy’ukwimara inambu y’umubiri?

13 Ukuzirikana ni ukw’agaciro ntangere, kuko kudufasha kuzigama ivyo twiga. N’igihambaye kuruta, kurashobora kudufasha gutsimbataza ivyiyumviro biva ku Mana. Tubigereranye: Kumenya yuko Imana yihaniza ubusambanyi ni ikintu kimwe, ariko ‘kwanka ikibi tukamatana n’iciza’ kikaba ikindi kintu. (Abaroma 12:9) Mu vy’ukuri turashobora kwiyumvira nk’uko Yehova yiyumvira ku vyerekeye ubushegabo, mu kuzirikana ku vyanditswe nyamukuru vya Bibiliya nka kimwe co mu B’i Kolosayi 3:5, igihimiriza giti: “Mwice ingingo zanyu ziri mw isi, ubushakanyi, ibihumbanya, ukwifuza kw’umubiri, ukwifuza kubi kwose, no kwifuza ivy’abandi, ni kwo gusenga ibigirwamana.” Ibaze uti: ‘Ni ukwifuza kw’umubiri ukuhe ntegerezwa kwica? Ni ibiki nkwiye kwirinda vyohava bivyura ivyipfuzo bihumanye? Hoba hariho amahinduka nkeneye kugira mu vyo ngirana n’uwo tudasangiye igitsina?’—Gereranya na 1 Timoteyo 5:1, 2.

14 Paulo ahimiriza Abakirisu kwirinda ubusambanyi no kugaragaza ukwigumya kugira “ng’umuntu wese ntarenge ibikwiye, kandi ntagunge mwene Data wundi kur’ivyo.” (1 Ab’i Tesalonike 4:3-7) Ibaze uti: ‘Ni kubera iki ugusambana kugira nabi? Ni inabi nki nokwigirira canke nkayigirira uwundi muntu mu gihe nohuba muri ivyo? Nomererwa nte mu vy’impwemu, mu mutima, no ku mubiri? Ku bo mw ikorane ho bite, igihe barenze kw itegeko ry’Imana hanyuma ntibigaye bo bite? Ibintu vyabagendeye gute?’ Dushize ku mutima ico Ivyanditswe bivuga ku vyerekeye ingeso mwene iyo, bishobora gukomeza urwanko dufitiye ikibi mu maso y’Imana. (Kuvayo 20:14; 1 Ab’i Korinto 5:11-13; 6:9, 10; Ab’i Galatiya 5:19-21; Ivyahishuriwe Yohana 21:8) Paulo avuga yuko umusambanyi “ataba yanse umuntu arikw aba yanse Imana.” Mbega uwo Mukirisu w’ukuri yokwanka Se wo mw ijuru ni nde?

Ingeso Nziza n’Ivy’Ukuja Hamwe

15. Ukuja hamwe kwacu kurangura uruhara uruhe mu vy’ugukurikirana ingeso nziza?

15 Ikindi gifasha kugumana ingeso nziza ni ukuja hamwe n’abeza. Umwanditsi w’izaburi yaririmvye ati: “Ngendana n’abakwubaha bose, n’abitondera amategeko washinze [Yehova].” (Zaburi 119:63) Turakeneye ukuja hamwe gukingira ubuzima kubonekera ku makoraniro y’Abakirisu. (Abaheburayo 10:24, 25) Twigunze twohava tuba ba satuntutwanje mu vyiyumviro, hanyuma ingeso mbi zigashobora kudufata bitagoranye. (Imigani 18:1) Mugabo rero, ukuja hamwe n’abagenzi kwa gikirisu kurimwo igishika kurashobora gukomeza ingingo dufata y’ukugumana ingeso nziza. Birumvikana, dutegerezwa kandi kwirinda ukuja hamwe n’ababi. Turashobora kugirira umutima mwiza ababanyi, abo dukorana, hamwe n’abo twigana kw ishure. Mugabo niba vy’ukuri tugendana ubukerebutsi, tuzokwirinda kwegerana birenze n’abadakurikirana ingeso nziza za gikirisu.—Gereranya n’Ab’i Kolosayi 4:5.

16. Ikurikizwa rya 1 Ab’i Korinto 15:33 rishobora kudufasha gute gukurikirana ingeso nziza muri iki gihe?

16 Paulo yanditse ati: “Kubana n’ababi kwonona ingeso nziza.” Igihe yavuga ivyo, yariko aburira abizera yuko bohava batakaza ukwizera kwabo mu kuja hamwe n’abiyita ngo ni Abakirisu kandi barataye inyigisho y’Ivyanditswe yerekeye izuka. Ingingo iri muri iyo mburi ya Paulo irerekeye ukuja hamwe kwacu haba inyuma y’ikorane canke imbere muri ryo. (1 Ab’i Korinto 15:12, 33) Ubusanzwe, ntidushaka guhunga abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bo mu vy’impwemu ngo ni uko badashobora kwemera iciyumviro twebwe ubwacu twoba dufise. (Matayo 7:4, 5; Abaroma 14:1-12) Yamara ukugabisha kurakenewe mu gihe mw ikorane hari umuntu yihereje ingeso iteye amakenga canke akagaragaza agatima k’umwikomo canke k’ukwidodomba. (2 Timoteyo 2:20-22) Ni ubukerebutsi kuguma twegeranye n’abashobora kunezerezwa ‘n’ukuremeshanya.’ (Abaroma 1:11, 12) Ivyo bizodufasha gukurikirana ingendo irangwa ingeso nziza kandi tugume mu “nzira y’ubu[zima].”—Zaburi 16:11.

Guma Ukurikirana Ingeso Nziza

17. Dukurikije Guharūra ikigabane ca 25, ni icago ikihe cashikiye Abisirayeli, kandi ni icigwa giki ivyo bituronsa?

17 Gatoyi imbere y’uko Abisirayeli bashikira Igihugu c’Isezerano, abangana ibihumbi muri bo bahisemwo gukurikirana ingeso mbi—hanyuma bashikirwa n’ivyago. (Guharūra, ikigabane ca 25) Muri iki gihe, abantu ba Yehova bahagaze ku bwinjiriro bw’isi nshasha y’ubutungane. Ukuyinjiramwo kazoba agateka gahezagiwe gahabwa ababandanya kwiyama ingeso mbi z’iyi si. Kubera ko turi abanyamakemwa, turashobora kugira impengamiro mbimbi, ariko Imana irashobora kudufasha tugakurikira ubuyobozi bugororotse bw’impwemu yera yiwe. (Ab’i Galatiya 5:16; 1 Ab’i Tesalonike 4:3, 4) Nitube dukurikiza rero ya majambo Yosuwa yabwira Isirayeli abihanikiza ngo: “None rero ni mwubahe Uhoraho, mumusabe mu vy’ukuri ata buryarya.” (Yosuwa 24:14) Ukwibanga Yehova tugatinya kutamuhimbara bizodufasha gukurikirana ingendo irangwa ingeso nziza.

18. Ku biraba ingeso nziza na mbi, ni igiki Abakirisu bose bakwiye kwishingira?

18 Niba umutima wawe wipfuza guhimbara Imana, niwishingire gukurikiza uku kwihanikiza kwa Paulo: “Ivy’ukuri vyose, ivyo kwubahwa vyose, ibigororotse vyose, ibitānduye vyose, ivy’igikundiro vyose, ibishimwa vyose, ni haba harih’ingeso nziza, ni haba hariho gushimwa, abe ari vyo mwiyumvira.” Ivyo ubigize, ingaruka izoba iyihe? Paulo yavuze ati: “Abe ari vyo mukora: ni ho Imana Nyen’amahoro izobana namwe.” (Ab’i Filipi 4:8, 9) Egome, Yehova afashije, urashobora kwiyama ingeso mbi hanyuma ugakurikirana ingeso nziza.

[Akajambo k’epfo]

a Raba Umunara w’Inderetsi wo muri Ndamukiza 1993, urupapuro 22-27, n’urukurikirane rw’ibiganiro “Les jeunes s’interrogent . . . ” muri Réveillez-vous! yo ku wa 8 Ruhuhuma, ku wa 22 Ruhuhuma, no ku wa 22 Ntwarante 1993, no ku wa 22 Munyonyo 1996.

Ibintu vy’Isubiramwo

◻ Ni igiki gisabwa kugira umuntu akurikirane ingeso nziza?

◻ Hezekiya, Daniyeli, hamwe na ba Baheburayo batatu, bagumanye ingeso nziza ibintu vyifashe gute?

◻ Dushobora dute kuba nka Daniyeli mu vy’ukunanira ibidendekeranyo vya Shetani?

◻ Ni kuki Abakirisu bategerezwa kuguma bari maso ku vy’ukwisamaza?

◻ Ukwiga, ukuzirikana, hamwe n’ivy’ukuja hamwe birangura uruhara uruhe mu vy’ugukurikirana ingeso nziza?

[Ifoto ku rup. 15]

Umusore Hezekiya yarakurikiranye ingeso nziza naho nyene yari akikujwe n’abasenga Moleki

[Amafoto ku rup. 16]

Abakirisu bategerezwa kuguma bari maso mu vy’ukwisamaza

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika