Kwamana Ingeso Nziza mw Isi Yuzuye Ingeso Mbi
“Mukore vyose ata kwidodomba, ata guhārīra, kugira ngo ntimugire umugayo cank’akarohe, mube abana b’Imana batagira agasembga, hagati y’ab’iki gihe bagoramye b’ibidambidambi.”—AB’I FILIPI 2:14, 15.
1, 2. Ni kuki Imana yategetse ko Abanyakanani barandurwa?
AMABWIRIZWA ya Yehova ntiyemera ko hagira uwuyadohokako. Hari hasigaye gato ngo Abisirayeli binjire mu Gihugu c’Isezerano igihe umuhanuzi Musa yababwira ati: “Muze murandure rwose ayo mahanga, ni bo Baheti, n’Abamori, n’Abanyakanani, n’Abaferizi, n’Abahiwi, n’Abayebusi, nk’uk’Uhoraho Imana yanyu yababariye.”—Gusubira mu vyagezwe 7:2; 20:17.
2 Ko Yehova ari Imana y’ikigongwe, ni kuki yategetse ko abantu baba i Kanani bahonywa? (Kuvayo 34:6) Imwe mu mpamvu kwari ‘kugira ngo ntibaze bigishe Abisirayeli gukora ivy’ibizira bakora vyose, ivyo bakorera imana zabo, mukaba mucumuye kuri Yehova.’ (Gusubira mu vyagezwe 20:18) Musa yavuze kandi ati: “Ukugabitanya kw’ayo mahanga ni kwo kuzoba gutumye Uhoraho ayirukana imbere yanyu.” (Gusubira mu vyagezwe 9:4) Abanyakanani ni bo nyene bari intambirakibi. Ubuhumbu hamwe n’ugusenga ibigirwamana ni vyo vyaranga uburyo bwabo bwo gusenga. (Kuvayo 23:24; 34:12, 13; Guharūra 33:52; Gusubira mu vyagezwe 7:5) Ukugoka, ukumarana inambu y’umubiri kw’abasangiye igitsina, ugukora ibiteye isoni n’ibikoko, ‘ni vyo abo mu gihugu c’i Kanani bakora.’ (Abalewi 18:3-25) Abana batagira ico bazira bǎricwa rubi mu gutangwako ibimazi ku mana z’ikinyoma. (Gusubira mu vyagezwe 18:9-12) Ntibitangaje kubona Yehova yarabonye ko ukubaho kw’ayo mahanga guhanamiye ukumererwa neza kw’abantu biwe mu vy’umubiri, mu vy’ukwigenza runtu, no mu vy’impwemu!—Kuvayo 34:14-16.
3. Ni igiki cavuye mu vy’uko Abisirayeli batakurikije amabwirizwa y’Imana ku biraba Abanyakanani?
3 Kubera ko amategeko y’Imana atakurikijwe bimwe vyuzuye, hari Abanyakanani benshi barusimvye igihe Isirayeli yarwana ngo yigarurire Igihugu c’Isezerano. (Abacamanza 1:19-21) Mu nyuma, Abanyakanani baraboheje bukebuke, kandi harashobora kuvugwa ibi: “[Abisirayeli] bakēngēra amateka [ya Yehova], n’isezerano yasezeranye na ba sekuruza, n’imbūri yababūriye, bagakurikira ibitagira ikimazi, baca bahinduka ba nta kimazi, bīgāna amahanga abakikije, abo Uhoraho yari yarabihanikirije ngo ntibabīgāne.” (2 Abami 17:15) Egome, mu myaka n’iyindi Abisirayeli benshi barakoze ivy’ingeso mbi nyene vyari vyaratumye Imana itegeka ko Abanyakanani bazimanganywa—ugusenga ibigirwamana, ukurenza urugero mu vy’ukwimara inambu y’umubiri, hamwe mbere ugutanga abana kw ibimazi!—Abacamanza 10:6; 2 Abami 17:17; Yeremiya 13:27.
4, 5. (a) Ni ibiki vyashikiye Ubwisirayeli n’Ubuyuda vyari vyarahemutse? (b) Mu B’i Filipi 2:14, 15 hihanikiza ibiki, kandi ni ibibazo ibihe bivyurwa?
4 Umuhanuzi Hoseya rero yaramenyesheje ati: “Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe Bisirayeli: ereg’Uhoraho afitaniyie imibūrano na ben’igihugu, kukw ata kuyoboka kuri mu gihugu, cank’imbabazi, cank’ukumenya Imana. Nta kindi kiriho atar’ukurahira n’ukubesha n’ukwica n’ukwiba n’ugusambana, no kumena amazu, n’amaraso ahōrwa ayandi. Ni co gituma igihugu kirira, abakibamwo bagahondobera, bo n’ibikōko vyo mw ishamba n’ibisīga vyo mu kirēre; mbere n’amafi yo mu kiyaga na yo agakamangana.” (Hoseya 4:1-3) Mu 740 B.G.C., ubwami bwononekaye bwa Isirayeli bwo mu buraruko bwaraneshejwe n’Abashuri. Nk’ikinjana kimwe inyuma yaho, ubwami bwa Yuda bwari bwarahemutse bwarigaruriwe na Babiloni.
5 Ivyo bintu vyabaye birerekana neza ukuntu hogwa ibara igihe tworeka tugatwarwa n’ingeso mbi. Imana ntihimbarwa n’ukugabitanya, kandi ntizokureka ngo kube mu gisata cayo. (1 Petero 1:14-16) Ni ivy’ukuri yuko tuba muri “iki gihe kibi ca none,” mw isi iguma irushiriza kwononekara. (Ab’i Galatiya 1:4; 2 Timoteyo 3:13) N’aho biri ukwo, Ijambo ry’Imana ririhanikiza Abakirisu bose kuguma bakora mu buryo “[batagira] umugayo cank’akarohe, [bakaba] abana b’Imana batagira agasembga, hagati y’ab’iki gihe bagoramye b’ibidambidambi, abo [ba]bonekeramwo nk’amatara mw isi.” (Ab’i Filipi 2:14, 15) Ariko dushobora dute kwamana ingeso nziza mw isi yuzuye ingeso mbi? Vy’ukuri vyoba bishoboka?
Ya Si y’Abaroma Yari Yuzuye Ingeso Mbi
6. Ni kuki Abakirisu bo mu kinjana ca mbere bahangana n’urugamba mu kugira bagumye ingeso nziza?
6 Abakirisu bo mu kinjana ca mbere barahanganye n’ingorane y’ukugumana ingeso nziza, kubera ko ingeso mbi zari zikwiye mu mice yose y’umubano w’Abaroma. Umufilozofe w’Umuroma Seneca yaravuze ivy’abo mu gihe ciwe ati: “Abantu barita ku rutare bahiganwa mu vy’ugukora ikibi. Buri musi icipfuzo c’ugukora inabi kirushiriza kuba kinini, ic’ugutinya gukora inabi kikarushiriza kugabanuka.” Yagereranije umubano w’Abaroma n’“umuryango w’inyamaswa.” Ntibitangaje rero kubona Abaroma mu kwinezereza barondera ivy’ukugigana n’ibikoko kwica nabi hamwe n’ukugira ivyo bashikako bibi mu vy’ibikino.
7. Paulo yadondoye ate ingeso mbi zari zeze mu batari bake bo mu kinjana ca mbere G.C.?
7 Intumwa Paulo ashobora kuba yari afise mu muzirikanyi ingeso yatuma abantu bo mu kinjana ca mbere batemba, igihe yandika ibi: “Imana [yarabahevye] ngo bifuze ivyonona: kukw abagore babo ic’imibiri yabo yaremewe bāgihinduye ukundi, itāremewe. Kandi n’abagabo n’uko, bāretse kugirira abagore ivy’imibiri yabo yaremewe, bashuha babengukana, abagabo bagirira abandi bagabo ibiteye isoni, kandi mu mibiri yabo bahabga ingero zikwiranye n’ubuzimire bgabo.” (Abaroma 1:26, 27) Kubera ko umubano w’Abaroma wari uhengamiye ku vyipfuzo vy’umubiri bihumanye, cahavuye cuzura ingeso mbi.
8. Mu mubano w’Abagiriki n’uw’Abaroma, abana kenshi bagirirwa ibiki?
8 Inkuru ya kahise ntitomora ivy’ukuntu ukumarana inambu kw’abasangiye igitsina kwari gukwiragiye mu Baroma. Mugabo ntitwokeka ko bari bohejwe n’Abagiriki bari barabayeho imbere yabo, muri bo ivyo bikaba vyari vyeze. Wari nk’umugenzo ku bagabo bakuze kwonona uduhungu dutoduto, baja kubabungabunga mu bucuti bw’umwigisha n’umwigishwa, kenshi ivyo nya bana bikabajana mu ngeso y’ubushirasoni bubi. Nta wobura kwemera yuko Shetani yari inyuma ya mwen’izo ngeso na mwen’ukwo kugirira nabi abana.—Yoweli 3:3; Yuda 6, 7.
9, 10. (a) Ni mu buryo ubuhe muri 1 Ab’i Korinto 6:9, 10 hanegura ingeso mbi z’ubwoko bunyuranye? (b) Bamwe mw ikorane ry’i Korinto bari bâkuze bate, kandi ni ihinduka nyabaki ryabaye mu biberekeye?
9 Paulo yaranditse ahumekewe n’Imana, abwira Abakirisu b’i Korinto ati: “Ntimuzi yukw abagabitanya batazoragwa ubgami bg’Imana? Ntimuzimire: abashakanyi, cank’abasenga ibigirwamana, cank’abasambanyi, cank’abagabo bendwa, cank’abagabo bendana, cank’ibisuma, cank’abifuza, cank’imborerwa, cank’abatukana, cank’abanyazi, ntibazoragwa ubgami bg’Imana. Kandi bamwe muri mwebge ni ko mwari muri: ariko mwaruhagiwe, ariko mwarejejwe, ariko mwatsindanishirijwe mw izina ry’Umwami Yesu Kristo no [mu m]pwemu [y]’Imana yacu.”—1 Ab’i Korinto 6:9-11.
10 Iryo kete Paulo yahumekewe rero ryiyamiriza ubushegabo, rikavuga yuko “abasambanyi” batoshoboye “[ku]ragwa ubgami bg’Imana.” Ariko rero Paulo amáze gutondekanya igitigiri c’ingeso mbi, yavuze ati: “Bamwe muri mwebge ni ko mwari muri: ariko mwaruhagiwe.” Imana yarafashije birashoboka ko inkozi z’ikibi zuhagirwa mu maso yayo.
11. Abakirisu bo mu kinjana ca mbere bari bamerewe gute mu bintu bibibibi vyari bibakikije mu gihe cabo?
11 Egome, ingeso nziza za gikirisu zaratsimbataye no mw isi yuzuye ingeso mbi yo mu kinjana ca mbere. Abizera bari ‘bahindutse rwose bagize imitima misha.’ (Abaroma 12:2) Barahevye “ingeso za kera” hanyuma ‘bahinduka basha mu nguvu ikoresha ubwenge bwabo.’ Gutyo barahunze ingeso mbi z’isi hanyuma “[ba]mbara wa muntu musha, yaremwe mw ishusho y’Imana mu kugororoka no mu kwera kw’ukuri.”—Abanyefeso 4:22-24.
Isi Yuzuye Ingeso Mbi ya Kino Gihe
12. Ni ihinduka irihe ryaje kw isi guhera mu 1914?
12 Iki gihe turimwo co bite? Isi tubamwo irarushiriza kugenzwa n’ingeso mbi kuruta uko vyigeze. Na canecane kuva mu 1914 harabaye ugutituka kw’ingeso runtu kw isi yose. (2 Timoteyo 3:1-5) Kubera ko benshi biyamiriza ivyiyumviro kavukire vyerekeye ingeso nziza, ukwigenza runtu, urupfasoni, na kamere nziza, usanga bîshinga ivyabo mu kwiyumvira kwabo hanyuma “[bakaba nk’]ibiti.” (Abanyefeso 4:19) Ikinyamakuru Newsweek cavuze yuko “Tuba mu kiringo ibibonwa ko ari ukwigenza runtu biva ku muntu umwumwe ukwiwe,” hanyuma kirongerako yuko ubushegabo bukwiragiye “bwatumye ivy’ukuvuga ngo ikintu ni ciza canke ni kibi bava ku biryohera umuntu, ku vyo akunda bivuye ku bimunyura, canke bikava ku bintu bigirwa mu mico kama yakuriyemwo.”
13. (a) Vyinshi mu bintu bikoreshwa mu kwisamaza muri iki gihe butuma haba ingeso mbi gute? (b) Ibikoreshwa mu kwisamaza bibi bigira ingaruka mbi iyihe ku bantu?
13 Nk’uko vyari mu kinjana ca mbere, ivy’ukwisamaza birushiriza kuba bibi biragwiriye ubu. Televiziyo, radiyo, amasenema, hamwe n’amavidewo, biguma bidahengeshanya gushikiriza ibiganiro bihengamiye ku vy’ukwimara inambu y’umubiri. Ivyerekeye ingeso mbi vyaranyengetereye no muri za orodinateri. Hari raporo y’itohoza ryagizwe na kaminuza imwe ivuga yuko ubushegabo bwerekanwa muri za orodinateri ubu ari “kimwe mu bintu bikunda kuruhukirwako (ni yaba atari co gikundwa kuruta) n’abakoresha ibiganiro biciye muri orodinateri.” Ivyo vyose bivamwo iki? Umwanditsi umwe w’ikinyamakuru avuga ati: “Igihe ugusesa amaraso n’intureka n’ubuhumbu bishwaye mu mico kama yacu, turabimenyera. Biraturengera tukabura uko tubifata. Ubuhumbu butera burushiriza kuba ubutaco butwaye kubera ko uguterwa isoni na bwo gutera kuba guke.”—Gereranya na 1 Timoteyo 4:1, 2.
14, 15. Ni ikimenyamenya ikihe kihari c’uko ingeso runtu mu vy’ukwimara inambu y’umubiri yononekaye kw isi yose?
14 Iyumvire ivy’iyi raporo yo mu kinyamakuru The New York Times: “Ivyobonywe ko ari ibiteye isoni mu myaka 25 iheze ubu vyabaye umubano wemewe. Igitigiri c’abagabo n’abagore bahitamwo kwibanira gusa hako babirana biciye mu mategeko congerekanye gushika ku 80 kw ijana [muri Reta Zunze Ubumwe] hagati y’1980 n’1991.” Ivyo si ibiri muri Amerika yo mu Buraruko honyene. Ikinyamakuru Asiaweek kivuga giti: “Ibihǎri vyerekeye imico kama birakomeye muri [Aziya] hose. Ikibazo ni icerekeye umwidegemvyo w’ivy’ukwimara inambu y’umubiri binyuranijwe n’indero kavukire, ukurondera ko vyanse bikunze haba ihinduka kukaba kwiyongera cane.” Ibitigiri birerekana iyongerekana ry’ukwemera ukurenga ibigo n’ubusambanyi mu bihugu vyinshi.
15 Bibiliya yari yaravuze ivy’uko muri iki gihe turimwo Shetani yokoze yivuye inyuma. (Ivyahishuriwe Yohana 12:12) Ntidukwiye rero gutangazwa n’uko ingeso mbi ziganje bimwe vy’agaterantimba muri iki gihe. Nk’akarorero, ivy’ukugoka ku bana bikwiragiye nk’akaranda.a Urwego rwa rya Shirahamwe Mpuzamakungu Riraba Ikigega c’Abana ari ryo UNICEF, rivuga yuko “urucuruza rugirwa mu vy’ukwimara inambu y’umubiri ruriko ruronona abana nko mu bihugu vyose vy’isi.” Havugwa ko buri mwaka, “abana barenga umuliyoni kw isi yose bahātirwa kugira ubumaraya, bagashorwa hanyuma bakagurishwa kugirango bakoreshwe mu kwimarirwako inambu y’umubiri, kandi ngo bakoreshwe mu vy’ugutegura ibitabu vy’ibishegu vyerekwa abana.” Ukumarana inambu kw’abasangiye igitsina na kwo nyene kuragwiriye, abanyapolitike n’abakuru b’amadini bakaba baja imbere mu kubikomeza ngo ni “ubundi buryo bw’ukubaho.”
Twiyame Ingeso Mbi z’Isi
16. Ivyabona vya Yehova bahagarara he ku biraba ivy’ukwigenza runtu mu vy’ukwimara inambu y’umubiri?
16 Ivyabona vya Yehova ntibavuga rumwe n’abashigikira ingingo ataco zibuza mu bijanye n’ukwimara inambu y’umubiri. Muri Tito 2:11, 12 havuga hati: “Ubuntu bg’Imana bgaserutse, buzanira abantu bose agakiza, butwigisha kwikunkumura ukutubaha Imana n’ukwifuza ivy’isi, bukatwigisha kwama tudahugumba, tugororoka, twubaha Imana, mu gihe ca none.” Egome, turatsimbataza urwanko nyarwo n’iseseme dufitiye ingeso mbi, nk’ukumarana inambu y’umubiri kw’abatarabirana, ukurenga ibigo, hamwe n’ukumarana inambu kw’abasangiye igitsina.b (Abaroma 12:9; Abanyefeso 5:3-5) Paulo yihanikije ati: “Umuntu wese avuga izina ry[a Yehova] ave mu kugabitanya.”—2 Timoteyo 2:19.
17. Abakirisu babona gute ivy’ukunywa inzoga?
17 Abakirisu b’ukuri bariyama ukuntu isi ibona ivyitwa ingeso mbi ataco zitwaye. Nk’akarorero, abantu benshi muri iki gihe babona akaborerwe ukutari kwo ngo ni ukwinezereza. Ariko abantu ba Yehova bakurikira impanuro yo mu Banyefeso 5:18: “Ntimukaborerwe vino, irimw’ubuhumbu; ariko mwuzure [i]mpwemu.” Mu gihe Umukirisu ahisemwo kunywa, anywa ku rugero.—Imigani 23:29-32.
18. Ingingo za Bibiliya ziyobora gute bakozi ba Yehova mu kuntu bafata abo mu rugo?
18 Kubera ko turi abakozi ba Yehova, turiyama kandi ukuntu abantu bamwebamwe mw isi babona ibintu, bakavuga ngo umuntu akankamiye canke akaryagagura uwo bubakanye hamwe n’abana canke akabatukagura ababwira amajambo ababaza ataba yigenjeje nabi. Abakirisu b’abanega n’abakenyezi bariyemeza gukurikirana ingendo iranga ingeso nziza, bagasenyera ku mugozi umwe mu gukurikiza iyi mpanuro ya Paulo: “Umururazi wose no kujingitwa n’uburake no gutongana no gutukana bibavemwo, hamwe n’inzigo yose. Mugiriranire neza, mugiriranire imbabazi, muharirane, nk’ukw Imana na yo yabahaririye muri Kristo.”—Abanyefeso 4:31, 32.
19. Ingeso mbi zigwiriye ku rugero ki mu vy’urudandaza?
19 Ubugunge, kunyuruza, ukubesha, ubugome, hamwe n’ukwiba na vyo nyene bireze muri iki gihe. Hari ikiganiro co mu kinyamakuru c’ivy’urudandaza citwa CFO kivuga giti: “Itohoza ryagizwe ku bakozi 4 000 . . . ryasanze 31 kw ijana muri abo bantu bari bariboneye ‘ukwigenza nabi gukomeye’ mu myaka yaheruka.” Muri ukwo kwigenza nabi harimwo ukubesha, gutanga raporo zitari zo, ukugoragoza umuntu mu kurondera kumarwa inambu y’umubiri, hamwe n’ubusuma. Niba dushaka kuguma tudahumanye mu vy’ukwigenza runtu mu nyonga za Yehova, dutegerezwa kwirinda ingeso mwen’izo kandi tukazira ubugunge mu vy’amahera.—Mika 6:10, 11.
20. Ni kuki Abakirisu bakeneye kwiyambura “gukunda amahera”?
20 Rimbura ivyashikiye umugabo umwe yiyumviriye yuko yoronka umwanya urushirije w’ugukorera Imana aramutse ashinga umutahe ushobora kumwungukira umurengera atabiriye akuya. Yarakwegakwegeye abandi mu mugambi w’urudandaza mu kubemerera inyungu zidashoboka. Aho nya nyungu ziburiye, vyaramwankiye ko ariha amahera menshi cane yahomvye ku buryo yivye amahera yari yarabikijwe. Kubera ivyo akoze no kubera ko yabuze agatima ko kwihana, yaraciwe mw ikorane ry’Abakirisu. Ibaze rero ukuntu imburi ya Bibiliya ari iy’ukuri: “Abagomba kuba abatunzi bagwa mu nyosha no mu mutego no mu kwifuza kwinshi kw’ubupfu gusinzikaza, kudobeza abantu mu bibonona bikabarandura. Kuko gukunda amahera ar’imizi y’ibibi vyose; ayo bamwe bifuje, bakazimira, bagata ukwizera, bitobekeranisha imibabaro myinshi.”—1 Timoteyo 6:9, 10.
21. Abantu bafise ububasha mw isi baharaye kwigenza gute, ariko abashinzwe amabanga mw ikorane ry’Abakirisu bakwiye kwigenza gute?
21 Abantu bo mw isi bafise ububasha kandi bubahwa, kenshi nta ngeso nziza bagira, kandi bakora ivyemeza ukuri kw’abayamaze ngo ‘Ubutware buronona.’ (Umusiguzi 8:9) Mu bihugu bimwebimwe, igiturire hamwe n’ubundi bwoko bw’ikibi usanga ari bwo buzima mu bacamanza, mu bapolisi, no mu banyapolitike. Ariko rero, abayobora ikorane ry’Abakirisu bategezwa kuba bafise ingeso nziza, kandi babwirizwa kudatwaza abandi amanyama. (Luka 22:25, 26) Abakurambere hamwe n’abasuku b’ubukenuzi, ntibakorera “kuronka inyungu mbi.” Bategerezwa kwanka urunuka ibintu vyose vyogerageza kubatuma baca iza ngondegonde bironderera amaronko.—1 Petero 5:2; Kuvayo 23:8; Imigani 17:23; 1 Timoteyo 5:21.
22. Ikiganiro gikurikira kija kuyaga ibiki?
22 Muri rusangi, Abakirisu barererwa mu rugamba rwa kino gihe rw’ukugumya ingeso nziza mw isi turimwo yuzuye ingeso mbi. Yamara, kugira ingeso nziza ntibisaba gusa ukwirinda ugukora ikibi. Ikiganiro gikurikira kiraja kwihweza ico ugutsimbataza ingeso nziza bisaba vy’ukuri.
[Utujambo tw’epfo]
a Raba urukurikirane rw’ibiganiro bivuga ngo “Kingira Abana Bawe!” biboneka muri Réveillez-vous! yo ku wa 8 Gitugutu 1993.
b Abǎgiye mu vy’ukumarana inambu y’umubiri n’abo basangiye igitsina mu bihe vyaheze barashobora kuhindura ukuntu bǐgenza, nk’uko nyene bamwe babigize mu kinjana ca mbere. (1 Ab’i Korinto 6:11) Haravuzwe ibintu vy’ingirakamaro muri Réveillez-vous! yo ku wa 22 Ntwarante 1995, urupapuro 21-3.
Ibintu vy’Isubiramwo
◻ Ni kuki Yehova yabwirije ko Abanyakanani barandurwa
◻ Ni ingeso mbi izihe zari zeze mu kinjana ca mbere, kandi Abakirisu bǎmererwa gute ahantu hameze mwen’ukwo?
◻ Ni ikimenyamenya ikihe kihari c’uko isi yashikiwe n’ugutemba kw’ingeso runtu kuva mu 1914?
◻ Abantu ba Yehova bategerezwa kwiyama ingeso mbi izihe zigwiriye?
[Ifoto ku rup. 9]
Abakirisu bo mu kinjana ca mbere bari n’ingeso nziza, naho nyene baba mw isi yuzuye ingeso mbi
[Ifoto ku rup. 10]
Ivyerekeye ingeso mbi vyaranyengetereye no mu maporogarama yo muri za orodinateri, biha abakiri bato benshi hamwe n’abandi akaryo ko kuraba ibintu vyerekana ubushegabo
[Ifoto ku rup. 12]
Abakirisu bategerezwa kuzigama ingeso nziza, ntibigane ubugunge bw’abandi