Ibibazo Biva ku Basomyi
Kubera ko Ivyabona vya Yehova bihatira kutagira ubugunge kandi bakaba bizigiranira, ni kubera iki bumva ko bihambaye kwandikiranira urupatano igihe bagiriranira ivy’ubuguzi?
Ukugira gutyo bihwanye n’Ivyanditswe, ni ivy’ingirakimazi, kandi biranga urukundo. Uti gute? Urumva, reka turimbure iyo mice y’impatano z’ivy’ubuguzi.
Bibiliya irerekana urwandiko rw’ibintu Imana yagiranye n’abantu bayo vyari vyaragiraniye isezerano, ari bo Bisirayeli. Harimwo n’ivy’ubuguzi bigirwa n’abasenga b’ukuri. Mw Itanguriro ikigabane ca 23 harimwo ico twoshobora kurimbura. Igihe Sara umukundwa wa Aburahamu yapfa, Aburahamu yarashatse kuronka itongo amufubamwo. Atangura kubaza Abanyakanani baba hafi ya Heburoni. Imirongo y’7-9 irerekana yuko iryo tongo yashaka yemeye kuririha ikiguzi gitomoye. Umurongo w’10 uragaragaza yuko ukwo kuriha yakugize ben’umurango babona, aho abandi bumva kw irembo ry’igisagara. Umurongo w’13 urerekana yuko nyene iryo tongo yemeye kurihereza Aburahamu, ariko uno avuga yuko yoritwara kabuguzi gusa. Imirongo ya 17, 18 na 20 irasigura yuko uko ari ko vyagenze, biremezwa “imbere y’Abaheti no mu maso y’abaca mw irembo ry’igisagara cabo bose.”
None vyoba ukundi mu gihe abagiriranira ivya mwene ubwo buguzi bompi boba ari abasenga b’ukuri? Ikigabane ca 32 ca Yeremiya kiratanga inyishu. Guhera ku murongo wa 6, turabona yuko Yeremiya yagomba kugura itongo na mwene sewabo. Umurongo w’9 werekana yuko bumvikanye igiciro kitagiramwo akarenganyo. Ubu na ho soma imirongo 10-12: “[Jewe Yeremiya] nandika icete c’uko tuguze, nkiyagirizakw ishashara ndomamw’ikimenyetso, mpamagara ivyabona, ndamugerera za feza ku munzane. Nuko nābīra ico cete c’uko tuguze, ikidomwekw ikimenyetso nk’ukw’ivyagezwe n’imigenzo biri, bo n’ikindi kitamatanijwe, maz’ico cete c’uko tuguze ngihera Baruki mwene Neriya wa Mahaseya imbere ya Hanameli mwene wacu, n’imbere y’ivyabona vyari vyanditse amazina yabo kur’ico cete c’uko tuguze, n’imbere y’Abayuda bose bari bicaye mu rugo rw’ibohero.”
Ni vyo, naho Yeremiya yariko agura n’uwusenga Yehova nka we, mbere akaba n’incuti, yarakurikije uburyo bumwebumwe bwumvikana buhwanye n’amategeko. Ivyandiko bibiri vyarakozwe—kimwe kiguma cuguruwe ngo kibe ico kurabiramwo bitagoranye, ikigira kabiri gishirwakw ishashara kugira kizobe ikimenyamenya cishimikizwa mu gihe hogira amazinda ahaba ku vy’uko ibiri mu cuguruye ari ivy’ukuri. Ivyo vyose vyaranguwe, nk’uko umurongo wa 13 ubivuga, ‘imbere yabo.’ Urumva rero ko bwari ubuguzi bubereye imbere y’abantu, bushingiwe intahe, buhuye n’amategeko. Birumvikana rero ko abasenga b’ukuri batunganya ibintu muri mwene ubwo buryo bwemejwe kandi buciye mu vyandiko bakurikije akarorero ko mu Vyanditswe.
Vyongeye, ni kirumara. Turazi ukuntu imvugo ngo “ibihe n’ibiza ku muntu bipfa kubazako bose” ari iy’ukuri. (Umusiguzi 9:11) Ivyo birerekeye n’Abakirisu bitanze kandi b’abizigirwa. Muri Yakobo 4:13, 14 habivuga uku: “Umve rero, yemwe abavuga ng’Uyu musi cank’ejo tuzoja mu gisagara c’i naka, tuzomaray’umwaka, tudandaze, turonke inyungu: ariko mutazi ibizoba ejo.” Turashobora rero gutangura umugambi munaka, nk’ukugura ikintu, tukarangura igikorwa canke ugufasha kunaka twumvikanyeko, canke tugahingurira umuntu ikintu. Ariko none ejo—canke mu kwezi kuza canke ku mwaka uza—hazozana iki? Vyogenda gute nko mu gihe hagati ya wewe n’uwo mwaguze hogira uwuhura n’isanganya? Ivyo vyosa n’ivyotuma kuguma ku co mwumvikanye biba ibidadashoboka. Mbega hoho vyogenda gute mu gihe twoba tudashoboye gukora nya gikorwa, canke ngo tugire kwa gufasha, canke mu gihe uwo wundi asanze bisa n’ibidashoboka kuriha canke kurangura uruhara rwiwe muri nya mwumvikano? Mu gihe hoba ata mwumvikano wanditswe uriho, ingorane nyazo zovyuka, izari gutunganywa canke umuntu akazirinda mu kugira gusa urupatano rwanditswe.
Ikindi kandi, ntidukwiye kwibagira yuko ukutizigirwa kw’ibintu vyinshi vyo mu buzima kwoshobora mbere no gutuma biba ngombwa ko hagira uwundi muntu yakira canke atunganya ivy’ubuguzi bwawe (canke ivy’uwo mwaguze). Yakobo yongeyeko mu murongo wa 14 ati: “Mur’umwuka uboneka umwanya muto, ugahava uyongayonga.” Tutabesha, dushobora gupfa tutari tuvyiteze. Umwumvikano wanditswe, urupatano, mu buryo bwumvikana bishobora koko guha abandi inzira yo gushishikara gutunganya ibintu mu gihe hogira ikintu kitari citezwe gishikira umwe muri bene kwumvikana.
Mu nsobanuro imwe, ivyo bijana ku muce ugira gatatu—impatano zanditswe ziranga urukundo. Mu vy’ukuri, mu gihe umwe mu baguze yopfa canke agashikirwa n’isanganya rimumugaza, vyobaye ari ibiranga urukundo Umukirisu atanze urwandiko ruvuga ivyo yabwirizwa kuriha canke ivyo bari bamwitezeko mu vy’amahera. Kandi gukora urupatano rwanditswe ruzovuga mu majambo atomoye no mu buryo budahusha ico abwirizwa kugira canke ico ari buhabwe, aho kuba biranga ko ata kwizerana kuhari, biranga urukundo tuba tweretse uwo turiko turumvikana. Iyo ntambwe iranga urukundo izogira ubusa ikintu cose cotuma haba inyiyumvo z’umubabaro canke inzigo mu gihe hogira umwe muri abo bantu b’abanyagasembwa bumvikanye yibagiramwo utuntu tumwetumwe canke ibintu bimwebimwe bimuraba. Kandi mbega ni nde muri twebwe atari umunyagasembwa, atibagira, canke atoshobora gutahura nabi ibintu canke imigabo?—Matayo 16:5.
Hariho ubundi buryo bubonekeramwo ko ukugira imyumvikano y’ubuguzi yanditswe bigaragaza urukundo tugiriye umuvukanyi wacu, urugo rwacu, n’ikorane turifatiye hamwe. Ariko bikwiye kuba ibitomotse yuko mwene izo nzandiko ari ngirakimazi kandi zihuye n’Ivyanditswe, tudasize inyuma ivy’uko zivuga ibintu ido n’ido mu buryo bubereye kandi ko ziranga urukundo.