Ukunda Ijambo ry’Imana Ukungana Iki?
“Ewe kuntu nkunda ivyagezwe vyawe! Ni vyo ndimbūra bukarinda bgīra.”—ZABURI 119:97
1. Ni mu buryo bumwe ubuhe abantu bubaha Imana bagaragaza urukundo bakunda Ijambo ry’Imana?
AMAMILIYONI amajana y’abagabo n’abagore baratunze Bibiliya. Ariko hariho itandukaniro hagati y’ugutunga Bibiliya n’ugukunda Ijambo ry’Imana. Hoba hari umuntu ashobora kuvuga atihenda ko akunda Ijambo ry’Imana mu gihe arisoma gake? Birumvikana ko atawe! Igihushanye n’ivyo, bamwebamwe bahoze bafata minenegwe Bibiliya ubu basigaye bayisoma imisi yose. Barize gukunda Ijambo ry’Imana, kandi nka kurya kw’umwanditsi wa Zaburi, Ijambo ry’Imana ni ryo barimbura “bukarinda bgira.”—Zaburi 119:97.
2. Ukwizera kw’icabona ca Yehova umwe kwashigikiwe gute mu bihe bigoye?
2 Umwe mu bize gukunda Ijambo ry’Imana ni Nasho Dori. Ari kumwe n’abo basangiye ukwizera, yihanganye imyaka mirongo akorera Yehova mu gihugu ciwe c’amavukiro ca Alubaniya. Mu gice kinini c’ico kiringo, Ivyabona vya Yehova bari babujijwe, kandi abo Bakirisu b’abizigirwa baronka ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya bike cane. Yamara, ukwizera kw’Umuvukanyi Dori kwagumye gukomeye. Vyagenze gute? Yavuze ati: “Intumbero yanje, [kwari] ugusoma Bibiliya n’imiburiburi isaha ku musi, ivyo nkaba nabigize mu myaka 60 imbere yuko amaso yanje ahuma.” Gushika mu misi ya vuba, Bibiliya yose uko ingana ntiyaribwaboneke mu Kinyalubaniya, ariko Umuvukanyi Dori yari yarize Ikigiriki akiri umwana, ari co gituma Bibiliya yayisoma muri urwo rurimi. Ugusoma Bibiliya ubudahengeshanya vyarashigikiye Umuvukanyi Dori mu bigeragezo bitandukanye, kandi natwe kurashobora kudushigikira.
“Mwifuze” Ijambo ry’Imana
3. Ni inyifato iyihe Abakirisu bakwiye gutsimbataza ku vyerekeye Ijambo ry’Imana?
3 Intumwa Petero yanditse ati: “Nk’inzoya zivutse vuba, mwifuze amata y’umutima [“ya rya jambo,” NW] adafunguye.” (1 Petero 2:2) Nka kurya uruyoya rwipfuza cane amaberebere ya nyina, Abakirisu batahura yuko bakeneye ivy’impwemu barakura umunezero mwinshi mu gusoma Ijambo ry’Imana. Ukwo kwoba ari ko wumva umerewe? Niba atari ukwo wumva umerewe, ntiwihebure. Na wewe urashobora gutsimbataza ukwipfuza cane Ijambo ry’Imana.
4. Kugira akamenyero ko gusoma Bibiliya buri musi bisaba iki?
4 Kugira ngo ubigire, ubwa mbere niwihate kugira ngo ugusoma Bibiliya ubigire akamenyero k’ubudahengeshanya, bishobotse ukakagira ak’imisi yose. (Ivyakozwe 17:11) Kumbure woba imisi yose udashobora kumara isaha usoma Bibiliya nk’uko Nasho Dori yabigize, mugabo birashoboka cane ko imisi yose utegekanya umwanya wo kurimbura Ijambo ry’Imana. Abakirisu benshi barazinduka iminuta mikeya imbere y’igihe kugira ngo bazirikane ku canditswe ca Bibiliya. Mbega hoba hari ubundi buryo bwiza bwo gutangura umusi? Abandi bashima kurangiza umusi mu gusoma Bibiliya imbere yuko baruhuka. Abandi na bo basoma Bibiliya ku kindi gihe kibereye. Igihambaye ni ugusoma Bibiliya ubudahengeshanya. Maze, nufate umwanya mutoyi wo kuzirikana ku vyo wasomye. Reka twihweze uturorero tumwetumwe tw’abantu bungukiye ku gusoma no ku kuzirikana kw’Ijambo ry’Imana.
Umwanditsi wa Zaburi Yakunda Ivyagezwe vy’Imana
5, 6. Naho twoba tutazi izina ry’umwanditsi wa Zaburi y’119, twomwigirako iki mu gusoma no mu kuzirikana ku vyo yanditse?
5 Uwanditse Zaburi y’119 nta nkeka yarashima cane Ijambo ry’Imana. Ni nde yanditse iyo zaburi? Uwayanditse ntiyerekanwa muri Bibiliya. Ariko turavye ivyo yanditse turamenya utuntu tumwetumwe ku bimwerekeye, kandi turazi ko atari abuze ingorane mu buzima bwiwe. Bamwe mu bo bari bazinanye botegerejwe kuba abasenga Yehova, ntibifatanya na we mu gukunda ingingo ngenderwako za Bibiliya. Naho vyari ukwo, uyo mwanditsi wa Zaburi ntiyaretse ngo inyifato yabo imubuze gukora ibigororotse. (Zaburi 119:23) Niba ubana canke ukorana n’umuntu atubaha ingingo ngenderwako za Bibiliya, woshobora kubona isano riri hagati y’ukuntu ivy’uyo mwanditsi wa Zaburi vyari vyifashe n’ukuntu ivy’iwawe vyifashe.
6 Naho uyo mwanditsi wa Zaburi yari umuntu ayobokera Imana, ntiyibona ubugororotsi na gato. Yariyemereye atarya umunwa udusembwa twiwe bwite. (Zaburi 119:5, 6, 67) Ariko, ntiyaretse ngo icaha kimutegeke. Yabajije ati: “Umusore azokwezesha inzira yiwe iki?” Yishura ati: “Azoyezesha kuyitondera nk’ukw ijambo ryawe rivuga.” (Zaburi 119:9) Hanyuma, mu gushimika ku kugene Ijambo ry’Imana ari inguvu ikomeye izana ivyiza yongeyeko ati: “Nabitse ijambo ryawe mu mutima wanje ngo noye kugucumurako.” (Zaburi 119:11) Inguvu yodufasha kwirinda gucumura ku Mana mu vy’ukuri irakomeye!
7. Ni kuki abakiri bato canecane bari bakwiye kumenya ko bakeneye gusoma Bibiliya imisi yose?
7 Vyoba vyiza Abakirisu bakiri bato barimbuye amajambo y’uyo mwanditsi wa Zaburi. Abakirisu bakiri bato baraterwa muri iki gihe. Diyabule yokunda cane gushobora kwonona urwaruka rusenga Yehova. Intumbero ya Shetani ni ugukwegakwega Abakirisu bakiri bato ngo bisuke mu vyipfuzo vy’umubiri maze bakarenga ivyagezwe vy’Imana. Ibiganiro vyerekanwa mu masinema no kuri televiziyo kenshi zigaragaza ivyiyumviro vya ya Diyabule. Abantu ba rurangiranwa bo muri ivyo biganiro basa n’abateye igomwe; imigenderanire iranga ubushegabo iri hagati yabo yerekanwa ko ataco itwaye. Ni iciyumviro ikihe gishikirizwamwo? Ngo ‘Nta ngorane iyo abantu batabiranye baryamanye, bakire gusa kuba bakundana vy’ukuri.’ Ikibabaje ni uko uko umwaka utashe Abakirisu bakiri bato batari bake bagwa mu mutego wa mwen’ivyo vyiyumviro. Bamwe ukwizera kwabo kurasāba. Mu vy’ukuri umukazo uriho! Ariko uwo mukazo woba ukomeye ku buryo bidashoboka ko mwebwe rwaruka muvyifatamwo neza? Haba na mba! Yehova yaratanze uburyo butuma Abakirisu bakiri bato bashobora gutsinda ivyipfuzo bibi. Barashobora guhangana n’ikirwanisho cose Diyabule ashobora gucura mu ‘kuguma bari maso nk’uko Ijambo ry’Imana rivuga, bakazigama mu mitima yabo ivy’Imana yavuze.’ Wewe umara umwanya ungana iki wisomera Bibiliya wongera uyizirikanako ubudahengeshanya?
8. Uburorero bwatanzwe muri iyi ngingo bushobora kugufasha gute kurushiriza gushima Ivyagezwe vya Musa?
8 Umwanditsi wa Zaburi y’119, yavuze ati: “Ewe kuntu nkunda ivyagezwe vyawe!” (Zaburi 119:97) Yariko yerekeza ku vyagezwe ibihe? Yariko yerekeza kw’ijambo ryahishuwe rya Yehova, harimwo n’Ivyagezwe ngenderwako vya Musa. Bamwebamwe bagikubitiza amaso ku Vyagezwe barashobora kubitera akagere kandi bakibaza ukuntu umuntu ashobora kubikunda. Ariko rero, mu gihe tuzirikana ku mice itandukanye y’Ivyagezwe vya Musa, nk’uko umwanditsi wa Zaburi yabigize, turashobora gutahura ubukerebutsi buri muri ivyo Vyagezwe. Turetse imice myinshi yerekeye ubuhanuzi y’ivyo Vyagezwe, harimwo n’amabwirizwa y’intungamagara n’ayerekeye imfungurwa zibereye vyatuma abantu bagira isuku n’amagara meza. (Abalewi 7:23, 24, 26; 11:2-8) Ivyagezwe vyararemesha ukutagunga mu bikorwa vy’ubucuruzi bikongera bigahimiriza Abisirayeli kugirira impuhwe abo bafatanije gusenga bari mu bukene. (Kuvayo 22:26, 27; 23:6; Abalewi 19:35, 36; Gusubira mu Vyagezwe 24:17-21) Ingingo zerekeye ubutungane zategerezwa gufatwa ata kugira nkunzi. (Gusubira mu Vyagezwe 16:19; 19:15) Uko umwanditsi wa Zaburi y’119 yabona utuntu n’utundi mu buzima, nta nkeka ko yabona ingene ibintu vyagendera neza abashira mu ngiro Ivyagezwe vy’Imana, kandi ukubikunda kwiwe kwaca kurushiriza gukomera. Co kimwe no muri iki gihe, uko Abakirisu baroranirwa mu gushira mu ngiro ingingo za Bibiliya, ugukunda Ijambo ry’Imana n’ukurishima kwabo birakomera.
Umuganwa Yari Afise Umutima Rugabo wo Kutamera nk’Abandi
9. Ni inyifato nyabaki Hezekiya yatsimbataje ku vyerekeye Ijambo ry’Imana?
9 Ibiri muri Zaburi y’119 birahuye neza n’ivyo tuzi kuri Hezekiya igihe yari umuganwa akiri muto. Incabwenge zimwezimwe mu vya Bibiliya zitanga iciyumviro ko Hezekiya ari we yanditse iyo zaburi. Naho ivyo ata wubizi neza, ico tuzi ni uko Hezekiya yubaha cane Ijambo ry’Imana. Mu ngendo y’ubuzima bwiwe, yarerekana y’uko yemera abikuye ku mutima amajambo dusanga muri Zaburi 119:97. Ku biraba Hezekiya, Bibiliya ivuga iti: “Kuko yifatanije n’Uhoraho akaramata, ntākevye ngw areke kumukurikira, arikw akitondera ivyagezwe Uhoraho yageze Mose.”—2 Abami 18:6.
10. Ni indemesho nki akarorero ka Hezekiya gaha Abakirisu barezwe n’abavyeyi batazi Imana?
10 Ikizwi ni uko Hezekiya atakuriye mu muryango wubaha Imana. Se wiwe, Umwami Ahazi, yari umuntu asenga ibigirwamana atagira ukwizera; akaba yaratanze n’imiburiburi umwe mu bahungu biwe, ni ukuvuga mwenewabo na Hezekiya, ngo aturirwe abona bwa kimazi c’ikimana c’ikinyoma! (2 Abami 16:3) Naho yahawe ako karorero kabi, Hezekiya yarashoboye “kweza inzira yiwe” ayikuramwo akosho ka gipagani mu kumenya Ijambo ry’Imana.—2 Ngoma 29:2.
11. Nk’uko Hezekiya yavyiboneye, ibintu vyagendeye gute se wiwe w’umuhemu?
11 Uko Hezekiya yagenda akura, yaribonera ubwiwe ingene se yasenga ibigirwamana yatunganya ibintu vyerekeye Igihugu. Yuda yari ikikujwe n’abansi. Hariho Rezini umwami w’i Siriya, uwifatanije n’Umwami Peka wa Isirayeli mu kwugariza Yeruzalemu. (2 Abami 16:5, 6) Hariho Abanyedomu n’Abafilisitiya bagavye ibitero i Buyuda barererwa kandi mbere barigarurira n’ibisagara bimwebimwe vy’i Buyuda. (2 Ngoma 28:16-19) Ahazi yavyifashemwo gute muri izo ngorane? Aho gutakambira Yehova ngo amufashe gutsinda Siriya, Ahazi yahindukiriye umwami w’i Ashuri, amushikanira amazahabu n’amafeza, ushizemwo n’ayavuye mu kigega c’urusengero. Ariko ivyo ntivyazaniye Ubuyuda amahoro y’igihe kirekire.—2 Abami 16:6, 8.
12. Hezekiya yokwirinze gusubiramwo amakosa ya se wiwe mu gukora iki?
12 Amaherezo Ahazi yarapfuye, Hezekiya aca aba umwami afise imyaka 25. (2 Ngoma 29:1) Yari akiri muto, ariko ivyo ntivyabujije ko aba umwami atunganirwa. Aho kwigana inyifato ya se w’umuhemu, yumiye ku Vyagezwe vya Yehova. Ivyo vyarimwo icagezwe kidasanzwe cahawe abami kivuga ngo: “Ni yamara kuja ku ngoma, aze yiyandikishirize ibi vyagezwe mu gitabo, abikuye mu gitabo gifiswe n’abaherezi ari bo Balewi. Ico gitabo az’acamane, agisome imisi yose y’ukubaho kwiwe: kugira ngo yige kwubaha Uhoraho Imana yiwe, yitondere amajambo yose y’ibi vyagezwe.” (Gusubira mu vyagezwe 17:18, 19) Mu gusoma Ijambo ry’Imana imisi yose, Hezekiya yokwize gutinya Yehova no kwirinda gusubiramwo amakosa ya se atubaha Imana.
13. Umukirisu ashobora kwiyemeza gute yuko, mu buryo bw’impwemu, ikintu cose akora kizomubera ko?
13 Abami ba Isirayeli si bo gusa bari baremeshejwe kwama nantaryo bazirikana kw’Ijambo ry’Imana, ariko Abisirayeli batinya Imana bose bategerezwa kubigira. Zaburi ya mbere idondora umuntu ahiriwe vy’ukuri ko ari uwo “ibimuhimbara biri mu vyagezwe vy’Uhoraho, kand’ivyagezwe vyiwe [bikaba ari] vyo ashirak’umutima ku murango no mw ijoro” (Zaburi 1:1, 2) Ku vyerekeye umuntu mwene uwo, umwanditsi wa Zaburi avuga ati: “Ic’azokora cose kizomubera ko.” (Zaburi 1:3) Igihushanye n’ivyo, ku vyerekeye uwutagira ukwizera Yehova Imana, Bibiliya ivuga iti: “[Ni] umuntu w’imitima ibiri, adāguza mu nzira ziwe zose.” (Yakobo 1:8) Twese dushaka kugira ubuhirwe no gutunganirwa. Gusoma Bibiliya mu buryo buri n’ico buvuze, tudahengeshanya, birashobora kugira ico biterereye ku buhirwe bwacu.
Ijambo ry’Imana Ryarashigikiye Yezu
14. Yezu yerekanye gute urukundo akunda Ijambo ry’Imana?
14 Igihe kimwe, abavyeyi ba Yezu bamusanze mu rusengero i Yeruzalemu yicaye mu bigisha hagati. Ese ukuntu abo bahanga mu Vyagezwe vy’Imana ‘batangajwe n’ubgenge bgiwe be n’ivyo abishura!’ (Luka 2:46, 47) Aho hari igihe Yezu yari afise imyaka 12. Egome, n’igihe yari akiri muto, biragaragara ko yakunda cane Ijambo ry’Imana. Mu nyuma, Yezu yarakoresheje Ivyanditswe mu gukangira Diyabule, avuga ati: “Umuntu ntatungwa, n’umutsima gusa, arikw atungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana.” (Matayo 4:3-10) Inyuma y’aho gato, Yezu yaramamaje inkuru nziza ku baba mu gisagara ciwe c’amavukiro c’i Nazareti akoresheje Ivyanditswe.—Luka 4:16-21.
15. Yezu yatanze akarorero gute igihe yamamaza inkuru nziza ku bandi?
15 Yezu kenshi yarasubiramwo ibiri mw’Ijambo ry’Imana mu gushigikira inyigisho ziwe. Abamwumviriza “[ba]tangazwa n’inyigisho ziwe.” (Matayo 7:28) Kandi ntibitangaje—inyigisho za Yezu zava kuri Yehova Imana ubwiwe! Yezu yavuze ati: “Izi nyigisho zanje, s’izanje n’iz’uwantumye. Ūvuga ivyo yigeneye aba yironderera icubahiro; arik’ūrondera icubahiro c’uwamutumye, ni we w’ukuri, kandi nta kugabitanya kuba kuri muri we.”—Yohana 7:16, 18.
16. Ni ku rugero rungana iki Yezu yagaragaje ko akunda Ijambo ry’Imana?
16 Yezu ntiyari nka wa mwanditsi wa Zaburi y’119, “nta kugabitanya” kwari muri we. Nta caha yagira, yari Umwana w’Imana “yicisha bugufi, araganduka no gushitsa ku rupfu.” (Ab’i Filipi 2:8; Abaheburayo 7:26) Yamara, naho Yezu atagira agasembwa, yariga kandi akubaha Ivyagezwe vy’Imana. Ico ni co kintu nyamukuru catuma ashobora kuguma ari intadohoka. Igihe Petero yakoresha inkota mu kugerageza gukingira Shebuja ngo ntafatwe, Yezu yarakangiriye iyo ntumwa aca abaza ati: “Ugira ngo sinoshobora kwinginga Data, na we akandungikira ubu nyene abamarayika basāga legiyono cumi na zibiri? Non’Ivyanditswe vyoshika bite kw ari ko bikwiye kuba?” (Matayo 26:53, 54) Egome, kuri Yezu iranguka ry’Ivyanditswe ryasigura ibirenze guhunga ukwicwa runyamaswa kandi vy’agashinyaguro. Mbega ukuntu kwari ugukunda Ijambo ry’Imana kwibonekeje!
Abandi Bigana Kirisitu
17. Ku ntumwa Paulo Ijambo ry’Imana ryari rihambaye ukungana iki?
17 Intumwa Paulo yandikiye Abakirisu bagenziwe ati: “Munyigāne, nk’uko nanje nīgāna Kristo.” (1 Ab’i Korinto 11:1) Nka kumwe kwa Shebuja wiwe, Paulo yaratsimbataje ugukunda Ivyanditswe. Yatuye ati: “Nnezererwa ivyagezwe n’Imana mu mutima wanje.” (Abaroma 7:22) Paulo yarasubiramwo kenshi ibiri mw’Ijambo ry’Imana. (Ivyakozwe 13:32-41; 17:2, 3; 28:23) Igihe Paulo yaha amabwirizwa ya nyuma uwo basangiye Timoteyo mukundwa bari umurimo, yarashimitse ku ruhara ruhambaye Ijambo ry’Imana rikwiye kugira mu buzima bwa misi yose bw’ ‘umuntu w’Imana wese.’—2 Timoteyo 3:15-17.
18. Tanga akarorero k’umuntu mu gihe ca none yerekanye ko yubaha Ijambo ry’Imana.
18 Abasavyi ba Yehova b’abizigirwa benshi bo mu gihe ca none na bo, bariganye urukundo Yezu yari afitiye Ijambo ry’Imana. Mu ntango z’iki kinjana, hari umusore yahawe Bibiliya n’umugenzi wiwe. Yaradondoye ico iyo ngabire y’agaciro yagize kuri we ati: “Niyemeje kwama mu buzima bwanje nsoma igihimba ca Bibiliya imisi yose ata gusiba.” Uwo musore yari Frederick Franz, kandi ukwo gukunda Bibiliya kwiwe kwamushikanye ku kubaho igihe kirekire kandi yererwa mu murimo wa Yehova. Abantu baramwibukana igishika ku kuntu yashobora gusubiramwo ku mutwe ibigabane binaka vya Bibiliya uko binganangana.
19. Bamwebamwe bategekanya gute ugusoma Bibiliya buri yinga ku bw’Ishure ry’Igikenurwa ca Gitewokarasi?
19 Ivyabona vya Yehova barashimika cane ku gusoma Bibiliya ubudahengeshanya. Buri yinga, mu kwitegurira rimwe mu makoraniro bagira ya gikirisu, ari ryo Shure ry’Igikenurwa ca Gitewokarasi, barasoma ibigabane bitari bike vya Bibiliya. Ivyiyumviro bikurubikuru vyo mu gisomwa ca Bibiliya catanzwe birihwezwa mu gihe c’iryo koraniro. Ivyabona bamwebamwe basanga bibereye ko ivyo bice vya Bibiliya vyo gusoma mu ndwi babigaburamwo uduhimba indwi dutoduto, bakaza barasoma kamwe ku musi. Mu gihe bagasoma, barazirikana kuri ayo mayagwa. Igihe bishoboka, baragira ubundi bushakashatsi bifashishije ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya.
20. Ni igiki gikenewe kugira turondere umwanya wo gusoma Bibiliya ubudahengeshanya?
20 Wokenera ‘[ku]gura umwanya’ uwukura ku bindi bikorwa kugira ngo usome Bibiliya ubudahengeshanya. (Abanyefeso 5:16) Ariko, ivyiza bizovamwo bizoruta kure n’iyo utwigoro twakozwe. Uko uzoja uratsimbataza akamenyero ko gusoma Bibiliya buri musi, niko urukundo ukunda Ijambo ry’Imana ruzoza rurakura. Bidatevye, uzokwumva usunitswe kwifatanya n’umwanditsi wa Zaburi mu kuvuga uti: “Ewe kuntu nkunda ivyagezwe vyawe! Ni vyo ndimbūra bukarinda bgīra.” (Zaburi 119:97) Inyifato nk’iyo izozana ivyiza vyinshi ubu no muri kazoza, nk’uko ikiganiro gikurikira kiza kuvyerekana.
Woba Uvyibuka?
◻ Umwanditsi wa Zaburi y’119 yagaragaje gute ko akunda cane Ijambo ry’Imana?
◻ Ni ivyigwa ibihe dushobora gukura ku karorero ka Yezu no ku ka Paulo?
◻ Ni gute twebwe ubwacu dushobora kwongereza urukundo dukunda Ijambo ry’Imana?
[Amafoto ku rup. 23]
Abami b’abizerwa bategerezwa gusoma Ijambo ry’Imana ubudahengeshanya. Weho woba ubigira?
[Ifoto ku rup. 24]
N’igihe nyene Yezu yari akiri umwana, yarakunda Ijambo ry’Imana