ICIGWA CA 6
Iparadizo Iri Hafi!
Ibintu bibi biriko biraba ubu kw’isi vyerekana ko Iparadizo iri hafi. Bibiliya yavuze yuko twobonye ibihe vy’agacamutima imbere gatoyi yuko Iparadizo iza. Ubu turi mu bihe mwene ivyo! Raba bimwebimwe muri nya bintu Bibiliya yavuze ko vyobaye:
Intambara zikomakomeye. “Ihanga rizotera irindi hanga, n’ubgami buzotera ubundi bgami.” (Matayo 24:7) Ubwo buhanuzi bwararangutse. Kuva mu mwaka w’1914, harabaye intambara zibiri z’isi yose be n’izindi ntambara ntonto. Zarahitanye abantu amamiliyoni.
Indwara zikwiye hose. Hobayeho ‘akaranda irya n’ino.’ (Luka 21:11, UB) Ivyo vyoba vyararangutse? Egome. Kanseri, indwara y’umutima, igituntu, malariya, SIDA n’izindi ndwara, zarisasiye amamiliyoni y’abantu.
Ubukene bw’ibifungurwa. Kw’isi iyo iva ikagera hariho abantu batagira ibifungurwa bikwiye vyo gufungura. Amamiliyoni y’abantu barapfa bishwe n’inzara uko umwaka utashe. Ico ni ikindi kimenyetso c’uko Iparadizo vuba igiye kuza. Bibiliya ivuga iti: “Amapfa azotera.”—Mariko 13:8.
Vya nyamugigima. “Kunyiganyiga kw’isi bizobaho henshi.” (Matayo 24:7) Ivyo na vyo nyene vyararangutse muri iki gihe turimwo. Abantu barenga umuliyoni barapfuye bahitanywe na vya nyamugigima kuva mu 1914.
Abantu b’ababisha. Abantu bobaye “bakunda amahera” kandi “bikunda gusa.” Bobaye “bakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana.” Abana bobaye “batumvira abavyeyi.” (2 Timoteyo 3:1-5) Ntiwemera ko hari abantu benshi bameze gutyo muri iki gihe? Ntibubaha Imana, kandi barateza ingorane abagerageza kwiga ivyerekeye Imana.
Ubugizi bwa nabi. Vyongeye hobayeho ‘ukugwira kw’ubugarariji.’ (Matayo 24:12) Kumbure uremera yuko ubugizi bwa nabi buguma bwunyuka kuruta mu myaka yahera. Abantu aho bari hose bama bahanamiwe n’ukwamburwa, kwibwa canke kugira ico baba.
Ivyo bintu vyose vyerekana yuko Ubwami bw’Imana buri hafi. Bibiliya ivuga iti: “Ni mwabona ivyo bibaye, muze mumenye yuk’ubgami bg’Imana buri hafi.” (Luka 21:31) Ubwami bw’Imana ni iki? Ni intwaro yo mw’ijuru y’Imana izozana Iparadizo kuri iyi si. Ubwami bw’Imana ni bwo buzosubirira intwaro z’abantu.—Daniyeli 2:44.