ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ll igice 9 rup. 20-21
  • Iparadizo izoza ryari?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Iparadizo izoza ryari?
  • Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera
  • Ivyo bijanye
  • Iparadizo Iri Hafi!
    Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!
  • Igice ca 9
    Niwumvirize Imana
  • Twoba turi mu “misi ya nyuma”?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Twoba vy’ukuri turi mu “misi y’iherezo”?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera
ll igice 9 rup. 20-21

IGICE CA 9

Iparadizo izoza ryari?

Ingorane ziri kw’isi zirerekana yuko Ubwami bw’Imana buzogira ico bukoze vuba. Luka 21:10, 11; 2 Timoteyo 3:1-5

Ingorane zo mu misi ya nyuma: akamari, intambara, indwara, inzara, kugambararira abavyeyi, amabi akorerwa mu ngo

Bibiliya yari yaravuze vyinshi mu bintu biriko biraba muri iki gihe. Yaravuze yuko abantu bobaye inkunzi z’amahera, abagambararira abavyeyi, inkazi, n’abakunda ibinezereza.

Hobaye vya nyamugigima bikomakomeye, intambara, amapfa hamwe n’indwara zikwiye hose. Ivyo bintu biriko biraba muri iki gihe.

Icabona ca Yehova ariko arabwira umuntu inkuru nziza y’Ubwami

Yezu yaravuze kandi yuko inkuru nziza yerekeye Ubwami yokwamamajwe mw’isi yose.—Matayo 24:14.

Ubwo Bwami buzokuraho ububisha bwose. 2 Petero 3:13

Ababisha baranduwe kuri Harumagedoni, Shetani n’amadayimoni yiwe bagaca bahanwa

Yehova agiye gutikiza ababisha bose.

Shetani n’amadayimoni bazohanwa.

Yezu yicaye ku ntebe yiwe y’ubwami mw’ijuru, abantu bo mu mahanga yose banezerewe

Abumviriza Imana bazorokoka babe mw’isi nshasha igororotse, ahatazosubira kuba ibintu biteye ubwoba. Iyo si izoba irimwo abantu bizigirana kandi bakundana.

  • Ni ibiki Yezu yavuze ko vyobaye muri iki gihe cacu?—Matayo 24:3-14.

  • Abanyakibi bazotikizwa.—2 Petero 3:7.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika