ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gf icig. 5 rup. 8-9
  • Abakunzi b’Imana Bazoba mw’Iparadizo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abakunzi b’Imana Bazoba mw’Iparadizo
  • Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!
  • Ivyo bijanye
  • Iparadizo
    Be maso!—2013
  • “Tuzosubira muri Paradizo!”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Hanyuma ya Haru–Magedoni, Isi Izoca Iba Iparadizo
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Iparadizo yo kw Isi
    Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?
Ibindi
Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!
gf icig. 5 rup. 8-9

ICIGWA CA 5

Abakunzi b’Imana Bazoba mw’Iparadizo

Iparadizo ntizoba imeze nk’iyi si tubamwo ubu. Imana ntiyigeze ishaka ko isi yuzura ingorane n’intuntu, umubabaro n’ugucumukura. Mu gihe kizoza, Imana izohindura isi iparadizo. None Iparadizo izoba isa gute? Reka turabe ico Bibiliya ibivugako:

Hazoba hari abantu beza. Mw’Iparadizo ni ho abakunzi b’Imana bazoba. Bazoba bagiriranira neza. Bazobaho bisunga inzira zigororotse z’Imana.—Imigani 2:21.

Ibifungurwa bizoba ari umukimba. Mw’Iparadizo, ntihazobazwa inzara. Bibiliya ivuga iti: “Hazokwera impeke [canke, ibifungurwa] habe agahimbo mu gihugu.”—Zaburi 72:16.

Hazoba hari amazu mezameza n’igikorwa gihimbaye. Kw’isi y’Iparadizo, umuryango wose uzoba ufise inzu wisangije. Umuntu wese azokora igikorwa kizana agahimbare nyakuri.—Yesaya 65:21-23.

Amahoro azosasagara kw’isi yose. Abantu ntibazosubira kurwana ngo bongere bapfire mu ntambara. Ijambo ry’Imana rivuga riti: “[Imana i]ca intambara.”—Zaburi 46:8, 9.

Amagara azoba ari meza. Bibiliya isezerana iti: “Uwaho [mw’Iparadizo] ntazovuga, ati Ndarwaye.” (Yesaya 33:24) Vyongeye, nta muntu azoba ari ikimuga, canke impumyi, canke igipfamatwi, canke ngo ananirwe kuvuga.—Yesaya 35:5, 6.

Umubabaro, intuntu n’urupfu, bizoba vyaheze. Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize.”—Ivyahishuriwe 21:4.

Abantu babi bazoba baragiye. Yehova asezerana ati: “Abanyavyaha bazokomborwa mu gihugu, kand’abaguranyi bazorandurwa muri co.”—Imigani 2:22.

Abantu bazokundana kandi bubahane. Ntihazokwongera kuba akarenganyo, agahahazo, umwina n’urwanko. Abantu bazoba bafatanye mu nda, kandi bazobaho bahuza n’inzira zigororotse z’Imana.—Yesaya 26:9.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika