ICIGWA CA 7
Imburizi Dukura Kuri Kahise
Yehova ntazoreka ngo abantu babi bonone Iparadizo. Abakunzi bayo bonyene ni bo bazohaba. None abantu babi bizobagendera gute? Kugira ngo umenye inyishu, rimbura ya nkuru nyakuri yerekeye Nowa. Nowa haciye imyaka ibihumbi abayeho. Yari umuntu mwiza yama nantaryo agerageza rwose gukora ivyo Yehova agomba. Mugabo abandi bantu bari kw’isi bakora ibintu bibi. Nuko rero, Yehova abwira Nowa yuko agiye kuzana umwuzure wo guhonya abo bantu b’ababisha bose. Yabwiye Nowa kwubaka ubwato kugira ngo we hamwe n’umuryango wiwe ntibapfe nihaza Umwuzure.—Itanguriro 6:9-18.
Nowa n’umuryango wiwe barubatse nya bwato. Nowa yaraburiye abantu yuko Umwuzure ugiye kuza, ariko ntibamwumvirije. Babandanije gukora ibintu bibi. Ubwato bumaze kwuzura, Nowa yarinjije ibikoko muri bwo, hanyuma we hamwe n’umuryango wiwe na bo nyene barinjira. Maze Yehova yazanye imvura y’igihuhusi ikaze. Imvura yaguye imisi 40 n’amajoro 40. Amazi yaradengereye kw’isi yose.—Itanguriro 7:7-12.
Abantu b’ababisha barahasize ubuzima, mugabo Nowa n’umuryango wiwe bararokotse. Yehova yarabakingiye Umwuzure abazana kw’isi ihumanuwe ububisha. (Itanguriro 7:22, 23) Bibiliya ivuga yuko hagiye kwongera kuza igihe Yehova azohonya abo banka gukora ibigororotse. Abantu beza ntibazohonywa. Bazobaho ibihe bidahera kw’isi yabaye Iparadizo.—2 Petero 2:5, 6, 9.
Muri iki gihe abantu benshi bakora ibintu bibi. Isi iruzuye umudurumbanyo. Yehova aguma arungika kenshi Ivyabona vyiwe kugira ngo baburire abantu, yamara abenshi ntibashaka kwumviriza amajambo ya Yehova. Ntibashaka guhindura inzira zabo. Ntibashaka kwemera ivyo Imana ivuga ku vyerekeye iciza n’ikibi. None abo bantu bizobagendera gute? Mbega umusi umwe boba bazohinduka? Abenshi ntibazokwigera bahinduka. Hariko haregereza igihe abantu b’ababisha bazohonywa kandi ntibazokwigera bongera kubaho.—Zaburi 92:7.
Isi ntizohonywa; izohindurwa iparadizo. Abacika abakunzi b’Imana bazobaho ibihe bidahera mw’Iparadizo ngaha kw’isi.—Zaburi 37:29.