ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwyp ikiganiro 7
  • Nkore iki ko ishure rindambiye?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nkore iki ko ishure rindambiye?
  • Urwaruka ruribaza
  • Ivyo bijanye
  • Noba nkwiye guheba ishure?
    Be maso!—2011
  • Noba nkwiye guheba ishure?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
  • Urupapuro rwa kabiri
    Be maso!—2012
  • Noba nkwiye guheba ishure?
    Urwaruka ruribaza
Ibindi
Urwaruka ruribaza
ijwyp ikiganiro 7
Umuhungu akiri muto yihebuye ahagaze imbere y’akabati babikamwo ibikoresho vyo kw’ishure.

URWARUKA RURIBAZA

Nkore iki ko ishure rindambiye?

Hari imvo nyinshi zoshobora gutuma uvuga ko ishure rikurambiye. Aho twovuga kugira abigisha bakaze, kugirwako umukazo n’urundi rwaruka, ibibazo mukora bitoroshe, udukorwa two kw’ishure two gukorera muhira.a Umukobwa akiri muto yitwa Rachelb avuga ati:

«Mba numva noja ahandi hantu atari kw’ishure. Nopfuma nja ku kiyaga canke nkaba ndi kumwe n’abagenzi canke mbere nkafasha abavyeyi udukorwa two muhira.»

Nimba nawe ubona ibintu nka Rachel, ushobora kuba ubona ko imyaka uzomara ku ntebe y’ishure ari nk’umunyororo waciriwe ubwirizwa kwihanganira gushika urangije amashure. Hoba hari icogufasha kubona neza ishure?

Wari ubizi? Igihe ugerageza kubona neza ishure, urahangana n’ivyo bihe urimwo kandi ukareka kubona ko kwiga ari igihano. Mu buryo kanaka, ishure rizogufasha gutsimbataza no kuryohora ubuhanga uzokoresha niwakura.

Kugira ubone neza ishure, nugerageze kwibanda kuri ibi bikurikira:

Akamenyetso k’ikaye n’ikaramu.

Ivyigwa. Niwiga neza, bizogufasha gutorera umuti ingorane zizogushikira muri kazoza haba ku kazi canke mu buzima busanzwe, aho kwama urondera gufashwa n’abandi. Niwibaze uti: «Naho hari ivyo ntakunda kw’ishure, kwiga bimariye iki?»

Ico Bibiliya ivuga: «Zigama ubukerebutsi nyabwo n’ubushobozi bwo kwiyumvira.»​—Imigani 3:21.

Ushaka ayandi makuru, raba ikiganiro kivuga ngo «Nokora iki hamwe noba ndiko ndananirwa kw’ishure?»

Akamenyetso k’aho barabira urutonde.

Inyifato yawe. Intunganyo y’ishure irashobora kukwigisha ukuntu wokoresha umwanya wawe, kuba umuntu yigumya kandi akora cane, izo akaba ari kamere uzokenera niwakura. Niwibaze uti: «Ni mu buryo ubuhe intunganyo y’ishure imfasha kuba umuntu yigumya kandi akora cane? Hoba hari ico noryohora muri iyo mice?»

Ico Bibiliya ivuga: «Akigoro kose umuntu agize karavamwo ivyiza.»​—Imigani 14:23.

Ushaka ayandi makuru, raba ikiganiro kivuga ngo «Ni gute nokoresha neza umwanya wanje?»

Akamenyetso k’abantu babiri bariko baraganira.

Imigenderanire ugiranira n’abandi. Imigenderanire mufitaniye n’abanyeshure mwigana irashobora kugufasha gutsimbataza impuhwe kandi ukubaha abandi. Umusore yitwa Joshua avuga ati: «Kumenya ukuntu woganira n’abandi birahambaye nko kwiga icigwa c’ivya kahise n’ivy’ubuhinga. Ni ubuhanga uzokoresha mu buzima bwawe bwose.» Niwibaze uti: «Ni ivyigwa ibihe nigiye kw’ishure ku bijanye no kuganira neza n’abandi, harimwo n’abo twakuriye ahatandukanye canke tudasangiye ukwemera?»

Ico Bibiliya ivuga: «Mugume murondera kugiranira amahoro n’abantu bose.»​—Abaheburayo 12:14.

Ushaka ayandi makuru, raba ikiganiro kivuga ngo «Ni ibiki nokora kugira noroherwe no kuyagisha abandi?»

Akamenyetso kerekana umuntu ariko agendagenda mw’ibarabara.

Kazoza kawe. Ishure rirashobora kugufasha kumenya ububangukirwe ufise no kwishingira imigambi wisunze ubwo bubangukirwe. Umwigeme umwe yitwa Brooke avuga ati: «Kuba warize ikintu kanaka, birashobora kugufasha gukora akazi neza, nk’uko nanje vyamfashije.» Niwibaze uti: «Ninaheza ishure, nzokwibeshaho gute? Ivyo nize bizomfasha gute mu kazi kanje?»

Ico Bibiliya ivuga: «Nusuzume neza inzira y’ibirenge vyawe.»​—Imigani 4:26, akajambo k’epfo.

a Ingingo ngenderwako nyinshi zatanzwe muri kino kiganiro zizofasha n’abakiri bato bigira muhira.

b Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

  • Madison.

    «Mu maproje, nkorana n’abantu batandukanye. Ivyo vyatumye niga ingene notega yompi umuntu wese tudasangiye imico kandi tutakuriye mu buzima bumwe. Abo twahora twigana bari abana beza kandi baranyubaha kubera ko bari bazi ko nabitaho kandi ko ntabavuga nabi.»​—Madison

  • Ryan.

    «Narize kubona mu buryo bwiza abo twigana. Benshi muri bo bari abana beza. Rero nararondera uturyo two kubabwira ikintu kiremesha co muri Bibiliya.»​—Ryan.

  • Brooke.

    «Ishure ryaramfashije kubana neza n’abandi. Kubera ko wirirwana n’abo mwigana, uramenya ivyo uvuga n’ivyo utavuga, ingene wokwihangana, n’ingene wosangira n’abandi. Mu mwanya wa siporo, urakinira hamwe n’abandi kandi ivyo birakwigisha gukorera hamwe n’abandi, ico akaba ari ikintu utazokwiyigisha wewe ubwawe.»​—Brooke

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika