ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwyp ikiganiro 102
  • Noba nkwiye guheba ishure?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Noba nkwiye guheba ishure?
  • Urwaruka ruribaza
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Igituma hari abaheba ishure
  • Zirikana ingaruka
  • Ikintu ciza wokora
  • Noba nkwiye guheba ishure?
    Be maso!—2011
  • Noba nkwiye guheba ishure?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
  • Nkore iki ko ishure rindambiye?
    Urwaruka ruribaza
  • Nokora iki hamwe noba ndiko ndananirwa kw’ishure?
    Urwaruka ruribaza
Urwaruka ruribaza
ijwyp ikiganiro 102
Umuhungu w’umuyabaga adugije ukuboko mu kwerekana ko yanse ishure, akaba ariko aragenda ava ku kigo c’ishure.

URWARUKA RURIBAZA

Noba nkwiye guheba ishure?

«Ndanka ishure ga yemwe!» Nimba wanka ishure, ushobora kuba wumva woriheba. Iki kiganiro kirakwereka ibindi bintu vyiza wokora, aho guheba ishure.

  • Igituma hari abaheba ishure

  • Zirikana ingaruka

  • Ikintu ciza wokora

  • Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Igituma hari abaheba ishure

Ng’izi imvo zimwezimwe abigisha batanga:

  • Amanota mabi. «Nguma ndonka amanota mabi.»

  • Kutavyitaho. «Ivyo niga mbona ata kamaro bifise.»

  • Ubukene. «Mbwirizwa kurondera utwo nkora kugira mfashe umuryango.»

Zirikana ingaruka

Bibiliya ivuga iti: «Umuntu yiyubara aritondera intambuko ziwe.» (Imigani 14:15) Icigwa ni ikihe? Nimba uriko uriyumvira guheba ishure, nuzirikane witonze ingaruka.

Niwibaze uti:

  • «Nintaheza amashure, vyoba bizonyorohera kuronka akazi?»

    «Niwibuke ko umusi uri izina uzobwirizwa kurondera akazi kugira uronke igitunga umuryango. Wobigenza gute usanze abakoresha nka bose basaba ko umuntu aba yarahejeje n’imiburiburi amashure yisumbuye kugira bamuhe akazi?»​—Julia.

  • «Hamwe noheba ishure, vyoba bizonyorohera kwihanganira ingorane zizonshikira muri kazoza?»

    «Ishure riragutegura mu buzima. Muri kazoza, uzohura n’abantu batandukanye, ushikirwe n’ibigeragezo wongere ukore ibikorwa bisa neza na neza n’ivyagushikiye kw’ishure.»​—Daniel.

  • «Hamwe noheba ishure, noba nzoronka ubuhanga nzokenera ninakura?»

    «Ubu ushobora kubona ko umenga ishure nta kamaro rifise, ariko niwashikana imyaka 23 ugatangura kugerageza gukoresha neza amahera yawe, uzokwibwira uti: “Nagize neza gukurikira icigwa c’ibiharuro.”»​—Anna.

Ikintu ciza wokora

  • Nusabe imfashanyo. Bibiliya ivuga iti: «Abajanama benshi batuma ibintu bigenda neza.» (Imigani 11:14) Nimba uguma uronka amanota mabi, niwiture umuvyeyi, umwigisha canke uwundi muntu akuze wizigiye akwereke ivyo woryohora.

    «Nimba biriko birakugora, nuganire n’umwigisha wawe. Hari igihe woba wibaza ko ingorane ihagaze kuri uwo mwigisha, ariko akenshi gusaba imfashanyo gusa birashobora gutuma ibintu bigenda neza.»​—Edward.

  • Niwiyumvire ingene ishure rizokugirira akamaro muri kazoza. Bibiliya ivuga iti: «Iherezo ry’ikintu riruta intango yaco.» (Umusiguzi 7:8) Niwaheza amashure, uzoba waratsimbataje kamere n’ubuhinga biruta kure n’iyo ivyo wize mw’ishure.

    «Niwakura ntuzoza uratunganya ibisomwa canke ngo ukore ibibazo, ariko ukuntu uvyifatamwo mu bintu bitesha umutwe kw’ishure biragutegura ku bw’ingorane zishobora kuzogushikira niwaheza amashure.»​—Vera.

    Umuhungu w’umuyabaga agira asimbe ava mu bwato butarashika ku nkengera. Umwigisha wiwe n’abo bigana bariko baramwinginga ngo ntabuvemwo.

    Guheba ishure bimeze nko kuva mu bwato butarashika ku nkengera. Uricuza icatumye ubuvamwo!

  • Nuzirikane witonze ingingo ufata. Bibiliya ivuga iti: «Abihutagiza bose bibashikana ku bukene.» (Imigani 21:5) Ntiwihutire kubona ko ata kindi wokora atari guheba ishure. Urashobora kurangiza amashure yawe mu gukurikirana ivyigwa vyigishwa biciye ku buhinga bwa none.

    «Ishure rirakwigisha gukora cane, gutorera umuti ingorane no gukorana neza n’abandi. Kwiga biravamwo ivyiza bimara igihe kirekire. Birabereye ko wihata ugaheza amashure.»​—Benjamin.

Iciyumviro nyamukuru: Niwaheza amashure, uzoba wize ibintu vyinshi bizogufasha mu buzima niwakura.

Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Annabelle.

«Niwaja kurondera akazi, birashoboka cane ko abakoresha bazogushima niwaba warahejeje amashure. Kuba warashoboye guheza ishure birerekana ko ufise umwiyemezo wo kurangiza ikintu utanguye. Guheba ishure si vyiza na gato.»​—Annabelle.

Cole.

«Kuguma mw’ishure birashobora gusa n’ibigoye, ukabona ko icokworoha ari ukuriheba. Ariko kubera ko mu buzima uzokwama ubwirizwa kwihanganira ibintu bitesha umutwe, ukwiye kuba umuntu ashoboye kwihanganira ingorane zose zogushikira. Ishure rero riragutegura kugira umenye uko uzovyifatamwo mu buzima niwamara gukura.»​—Cole.

Brynn.

«Umaze gukura, ntibizoba ngombwa ko umenya gukora igiharuro kanaka kigoye. Ariko uzobwirizwa kumenya gukoresha neza umwanya, guheza ibintu ku gihe, eka mbere no kwimenyereza kuvyuka kare. Ishure rirashobora kugufasha muri ivyo.»​—Brynn.

Incamake: Noba nkwiye guheba ishure?

  • Zirikana ingaruka. Zirikana ukuntu guheba ishure bizoshobora gutuma bikugora kuronka akazi, ntumenye ubuhinga wari ukwiye kuronka, canke mbere bikakugora kwihangana uri mu ngorane.

  • Nusabe imfashanyo. Nimba uguma uronka amanota mabi, niwiture umuvyeyi, umwigisha canke uwundi muntu akuze wizigiye.

  • Niwiyumvire ingene ishure rizokugirira akamaro muri kazoza. Kw’ishure urahungukira ibintu vyinshi biruta kure n’iyo ivyigwa muba mwize. Ishure kandi riragufasha kumenya kwiga, guheza ku gihe ibikorwa ushinzwe no kuvyitwararika neza.

  • Nuzirikane witonze ingingo ufata. Nimba uko ivyawe vyifashe bishobora gutuma uhagarika ishure, nurabe nimba woronka umuntu akwigishiriza muhira canke wigire kuri internet.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika