ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwyp ikiganiro 6
  • Kuki abavyeyi banje batandeka ngo niryohere?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kuki abavyeyi banje batandeka ngo niryohere?
  • Urwaruka ruribaza
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kubera iki abavyeyi banje bama bambuza gukora ivyo nshaka?
  • Nokora iki kugira abavyeyi banyemerere gukora ivyo nshaka?
  • Kuki banshingira amategeko menshi?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Kuki abavyeyi banje batandeka nkiryohera?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
  • Nokora iki abavyeyi banje bashwanye?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Nokora iki kugira abavyeyi banje banyizigire?
    Urwaruka ruribaza
Ibindi
Urwaruka ruribaza
ijwyp ikiganiro 6
Umuhungu w’umuyabaga ariko aganira n’abavyeyi biwe. Utuzingi turi hampande yiwe twerekana ivyo ariko aravuga, kamwe karimwo udukoresho bakoresha mu gukina udukino two kuri orodinateri, akandi karimwo abakiri bato bari mu kirori bariko baratamba, akandi na ko kariko akabaho bagirako. Abavyeyi biwe bazinze amaboko kandi barababaye.

URWARUKA RURIBAZA

Kuki abavyeyi banje batandeka ngo niryohere?

Abagenzi bawe bagutumiye mu mutororokano mu mpera z’ino ndwi. Urasavye abavyeyi kuzogenda, ariko barakwankiye. Si bishasha kuri wewe kuko n’ubuheruka ni ko vyagenze.

Muri iki kiganiro, turaza kuronka inyishu z’ibi bibazo:

  • Kubera iki abavyeyi banje bama bambuza gukora ivyo nshaka?

  • Nokora iki kugira abavyeyi banyemerere gukora ivyo nshaka?

  • Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Kubera iki abavyeyi banje bama bambuza gukora ivyo nshaka?

Igihe umenga abavyeyi ntibigera bemera ivyo ubasavye, woshobora kwiyumvira ko badashaka ko wiryohera.

Umuyabaga umwe yitwa Marie na we nyene yabona ibintu muri ubwo buryo igihe yaronka telefone ari ryo rya mbere. Avuga ati: «Dawe yaranshingira amategeko menshi, nko ku bijanye n’amaprograma novomera muri telefone yanje, abo twoganira n’umwanya nomara ndiko nganira na bo. Ariko abagenzi banje bobo, bakaba bakora ivyo bashatse.»

Zirikana kuri iki kintu: Se wa Marie yoba vy’ukuri yariko amubuza kuryoherwa? Ni ikintu ikihe gishobora kuba cari kimuhagaritse umutima?

Imodoka iriko iragenda mw’ibarabara. Iruhande y’ibarabara hari icapa cerekana umuvuduko yogirako wa «50.» Akandi gafoto kerekana ko iyo modoka iriko igira kuri uwo muvuduko wa 50.

Amategeko agenga umuvuduko umuntu agirako arashobora kutubuza umwidegemvyo ku rugero kanaka, ariko aradukingira ingorane zoshobora kudushikira. Ni ko bimeze no ku mategeko abavyeyi badushiriraho

Nugerageze iki kintu: Dufate ko uri umuvyeyi, ukaba ufise umuyabaga aherutse kuronka telefone. Ni ibiki vyotuma uhagarika umutima? Ni amategeko ayahe woshinga kugira ukingire uwo mwana wawe w’umuyabaga? Wovuga iki nka hamwe uwo mwana wawe yokubwira ko udashaka ko yiryohera?

«Dawe yama ambwira ngo ‘niwishire mu kibanza canje.’ Kubigira vyaratuma ntabona gusa igituma ayo mategeko yari ay’agaciro, ariko kandi nkabona imvo zatuma ayatanga. Iyaba nari mfise abana, niyumvira ko nogiye ndabashiriraho amategeko nk’ayo dawe yanshiriraho.»​—Tanya.

Nokora iki kugira abavyeyi banyemerere gukora ivyo nshaka?

Umuhungu yashavuye arazinze amaboko, umwotsi ukaba uriko uva mu matwi yiwe.

Ntukore iki kintu: Ntubabare ngo widoge canke ngo wisigure.

Umuhungu yashavuye arazinze amaboko, umwotsi ukaba uriko uva mu matwi yiwe.

«Gushwana nta kindi bivamwo atari ugutuma wewe n’abavyeyi bawe mushavuriranira. Niwarondera kwisigura, abavyeyi bawe bazobona ko utarakura kandi ko hataragera ko uronka uburenganzira bwo gukora ivyo ushaka.»​—Richard.

Ahubwo gerageza ibi: Ntiwihutire kwishura. Ahubwo, nubone ibintu nk’uko abavyeyi bawe babibona. Ubwo ingorane yoba ihagaze ku kuba abavyeyi bawe batakwizera koko, canke ni kubera gusa bafise ubwoba bw’ahantu ushaka kuja canke abantu muza kuba muri kumwe? Ubona gute mubiganiriye mutekanye kugira umenye igituma babona ibintu gutyo?

Itara.

Impanuro: Igihe uriko uraganira n’abavyeyi bawe, nurabe ko ufise inyishu zumvikana ku bibazo bibaraje ishinga. Naho abavyeyi bawe boba bakikwankira ko ukora ivyo ubasavye, bazotahura ivyo wiyumvira kandi na wewe urashobora kuzotahura igituma babona ibintu muri ubwo buryo.

«Mu bisanzwe, abavyeyi banshingira amategeko babitumwe n’imvo nziza. Ntibaba bashaka kumbuza kwiryohera, ahubwo baba bashaka ko niryohera mu buryo butazonteza ingorane.»​—Ivy.

Ico Bibiliya ivuga: «Ikijuju kirasuka ishavu ryaco ryose, ariko umunyabwenge aguma atekanye, akigumya.»​—Imigani 29:11.

Umukobwa w’umuyabaga ariko arandika yongera aronka mesaje kandi ariko akoresha imbuga hwaniro mw’ijoro.

Ivyo utokora: Kugambararira abavyeyi mw’ibanga.

Umukobwa w’umuyabaga ariko arandika yongera aronka mesaje kandi ariko akoresha imbuga hwaniro mw’ijoro.

«Naragerageza kurenga ku mategeko dawe yari yaranshingiye ku bijanye no gukoresha telefone. Nararondera ingene nokwandikira abagenzi banje mw’ijoro canke nkavoma uduprograma dawe atanyemerera gukoresha. Naho nabikora ukwo, yategerezwa kubimenya, kandi yaca anshiriraho amategeko aremereye kubera atari akinyizera. Kugerageza kurenga ku mategeko mw’ibanga si vyiza.»​—Marie.

Ahubwo gerageza ibi: Niwereke abavyeyi bawe ko ushaka kwubahiriza amategeko baguha, ivyo bizotuma bakwizigira.

Itara.

Impanuro: Igihe abavyeyi bawe bakubajije badaca ku ruhande («Ni bande bazoba bari mu mutororokano?» «Ni ryari uzoba uri muhira?»), nubishure udomako kandi utange inyishu z’ukuri. Inyishu zidatomoye zizotuma batakwizigira.

«Niwihangane. Vyoshobora gusaba igihe kugira ngo abavyeyi bawe bakworohereze, ariko nibabona ko ugamburuka amategeko bashinze vyotuma baguha umwidegemvyo wiyongereye.»​—Melinda.

Ico Bibiliya ivuga: «Nimugamburukire abavyeyi banyu muri vyose.»​—Abakolosayi 3:20.

Umuhungu w’umuyabaga ariko aringinga. Utuzingi turi haruhande yiwe twerekana ivyo ariko aravuga, turimwo abandi bakiri bato b’abayabaga batatu.

Ivyo utokora: Guhata abavyeyi bawe ngo bakwemerere gukora ibintu kanaka, kumbure mu kubabwira ivyo abandi bana bemerewe gukora.

Umuhungu w’umuyabaga ariko aringinga. Utuzingi turi haruhande yiwe twerekana ivyo ariko aravuga, turimwo abandi bakiri bato b’abayabaga batatu.

«Kuguma ushimika ko ibintu vyogenda uko ushaka, si vyo bituma ibintu bigenda neza canke ushika ku vyo ushaka.»​—Natalie.

Ahubwo gerageza ibi: Nukoreshe umwimenyerezo uvuga ngo: «Wakira gute amategeko abavyeyi bagushingira?» kugira ubone ingene woganira n’abavyeyi bawe ku ngorane kanaka.

Itara.

Impanuro: Nuganire n’abavyeyi bawe igihe baba batekanye, atari igihe baba bavuye ku kazi canke bafatiriwe n’ibindi bintu.

«Abavyeyi bipfuza ko woba umuntu azi gufata ingingo nziza. Rero igihe ndiko ndayaga n’abavyeyi banje, ndagerageza gusigura ibintu mu buryo butomoye aho gutwarwa n’ibishobisho. Iyo ndabikoze gutyo biragenda neza.»​—Joseph.

Ico Bibiliya ivuga: «Tera iteka so wawe na nyoko wawe.»​—Abanyefeso 6:2.

Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

  • Isabella.

    «Ikintu nize ni uko mategeko akenewe kugira urugo rugende neza nka kurya nyene amavuta atuma imashini ikora neza. Naho yitwa amategeko, ahari kugira adukingire. Igihe mu muryango hari amategeko womengo araremereye, biba biva ku kuntu abavyeyi barazwa ishinga n’ibintu kanaka.»​—Isabella.

  • Michael.

    «Nibaza ko abakiri bato bakuze bashingirwa amategeko, bituma baba abantu beza bamaze gukura. Kugira turyohererwe ubuzima, umwidegemvyo wacu utegerezwa kuba ufise aho ugarukira. Utwo turimbi tudufasha kuba abantu bitwararika ibintu no kudukingira ingaruka mbi z’ivyo twokora.»​—Michael.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika