ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwyp ikiganiro 125
  • Gukundana: Igice ca 3: Twoba dukwiye guhagarika ubucuti?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gukundana: Igice ca 3: Twoba dukwiye guhagarika ubucuti?
  • Urwaruka ruribaza
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ingene wovyifatamwo igihe ufise amakenga
  • Ukuntu wofata ingingo
  • Ico wokora nimba ufashe ingingo yo guhagarika ubwo bucuti
  • Gukundana: Igice ca 2: Ni ibiki nokwitega mu kiringo co kumenyana?
    Urwaruka ruribaza
  • Kureshanya: Igice ca 1: Noba ngeze kurondera uwo dukundana?
    Urwaruka ruribaza
  • Gukundana mu mpisho hari ikibi kirimwo?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Twoba tuberanye?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
Ibindi
Urwaruka ruribaza
ijwyp ikiganiro 125
Umwigeme ariko araraba mw’iterefone ifoto yiwe ari kumwe n’umuhungu bakundana.

URWARUKA RURIBAZA

Gukundana: Igice ca 3: Twoba dukwiye guhagarika ubucuti?

Muramaze igihe mukundana, ariko utanguye kugira amakenga. Woba ukwiye kubandanya ubwo bucuti canke kubuhagarika? Iki kiganiro kiraza kugufasha gufata ingingo.

Muri iki kiganiro turaza kubona

  • Ingene wovyifatamwo igihe ufise amakenga

  • Ukuntu wofata ingingo

  • Ico wokora nimba ufashe ingingo yo guhagarika ubwo bucuti

Ingene wovyifatamwo igihe ufise amakenga

Umusore n’inkumi iyo bamaze igihe bakundana, barashobora kubona ko hari ibintu batandukaniyeko gusumba uko babibona mu ntango. Nk’akarorero:

  • Umwe yikundira kuja ku kiyaga, uwundi agakunda kuja gutembera mu misozi.

  • Umwe aratera inkuru cane, uwundi avuga make.

  • Umwe arabesha kenshi, uwundi yama avuga ukuri.

Urabona ko ivyo bintu bitandukanye. Ubwa mbere, abo bantu ntibakunda bimwe. Ubwa kabiri, ntibameze kumwe. Ubwa gatatu, ntibaha agaciro ibintu bimwe.

Zirikana kuri iki kintu: Muri ivyo bitatu, ni ikihe cokugora kwihanganira nka hamwe mwokwubakana? Hoba hari ico umwe wese muri mwebwe yohindura?

Umugabo n’umugore barashobora kuba badakunda bimwe canke batameze kumwe, ariko bakabana neza. Nakare, kugira uhuze n’umuntu si ngombwa ngo mube mumeze kumwe. Rimwe na rimwe, umugabo canke umugore arashobora kwiga gukunda ivyo uwo bubakanye akunda, hari n’igihe mbere kuba mutameze kumwe bibagirira akamaro.a

Ku rundi ruhande, birahambaye ko wubakana n’umuntu aha agaciro ivyo uha agaciro ni ukuvuga idini ryawe, ukuntu ubona ivy’inyifato runtu n’ivyerekeye ikibi n’iciza. Mu gihe bitifashe ukwo, kiba ari ikimenyetso cerekana ko ukwiye guhagarika ubwo bucuti.

Nk’akarorero, dufate ko mudahuje idini. Igitabu kimwe (Fighting for Your Marriage) kivuga giti: «Ubushakashatsi burabandanya kwerekana ko umugabo n’umugore badasangiye idini ari bo kenshi bahukana.»

Ico Bibiliya ivuga: «Ntimwifatanye n’abatizera kandi ata co musangiye.»​—2 Ab’i korinto 6:14, Bibiliya Yera.

Ukuntu wofata ingingo

Bibiliya ivuga ko abubakanye «bazogira amakuba.» (1 Abakorinto 7:28) Rero, ntutangare nimba hari ingorane ziriko zirabashikira mu kiringo co gukundana.

Nimba hari utuntu dutoduto mudahurizako, ntibisigura ko ubucuti bwanyu ata co buzovamwo. Urashobora kwibaza uti: “Twoba twobitorera umuti mu mahoro?” Mwempi muzoba mukeneye gutorera umuti ingorane muri ubwo buryo nka hamwe mwokubakana.

Ico Bibiliya ivuga: «Mugirire neza bagenzi banyu, mugire impuhwe zuzuye ikibabarwe, mubabarirane ata gahigihigi.»​—Abanyefeso 4:32.

Ariko rero, kwama mudahuza kandi mu bintu bihambaye bishobora kwerekana ko mutaberanye. Nimba vyifashe ukwo, ni vyiza ko ubimenya mutarubakana hako uza kubimenya mwaramaze kwubakana.

Amafoto: Wa mwigeme twabona mu ntango, ariko aribuka ibintu bimwebimwe batahurijeko n’umuhungu bakundana. 1. Umuhungu bakundana yamwirengagije aguma yirabira muri telefone. 2. Bariko baraharira bagiye bagura impuzu. 3. Wa mwigeme ahagaze imbere y’umuryango, akaba ariko aramwereka isaha ashikiyeko.

Kwama mudahuza kandi mu bintu bihambaye bishobora kwerekana ko mutaberanye

Iciyumviro nyamukuru: Nimba ufise amakenga ku bijanye n’uwo mukundanye canke mbere ukaba ubona ko hataragera ko wubaka urwawe, ntuvyirengagize.

Ico Bibiliya ivuga: «Umunyabwenge arihisha abonye akaga kaje, ariko ibijuju birabandanya inzira maze bikibonerako.»​—Imigani 22:3.

Itara.

Impanuro: Nimba utabona neza aho ubugenzi bwanyu buriko buraja, nuganire n’umugenzi amaze kwubaka urwiwe kandi ahumuye. Naho adashobora kugufatira ingingo, azoguha impanuro afatiye ku vyo amaze kwibonera.​—Imigani 11:14.

Ico wokora nimba ufashe ingingo yo guhagarika ubwo bucuti

Guhebana n’uwo mwakundana birashobora kubabaza. Ariko, nimba wewe canke uwo mukundana mwama mufise amakenga ku bijanye n’ubucuti bwanyu, vyoba vyiza mubuhagaritse.

Wobigenza gute? Ntivyoba vyiza umubwiye ko uhagaritse ubwo bucuti mu kumwandikira mesaje kiretse hari imvo yumvikana yo kubikora. Rero, nuhitemwo umwanya n’ikibanza bibereye kugira muganire muri kumwe ku bijanye n’iyo ngingo ihambaye.

Wa mwigeme ariko araganira n’umuhungu bakundanye aho bafatira agakawa.
Itara.

Impanuro: Muriko muraganira, uravugana ubugenge ariko udomeko. Si ngombwa ngo udondagure amakosa yiwe, ahubwo nuvuge gusa igituma udashobora kubandanya ubwo bucuti.

Ico Bibiliya ivuga: «Muvugane ukuri.»​—Zakariya 8:16.

Guhebana vyoba vyerekana ko ata co uzovamwo? Si uko biri. Niwibuke ko ikiringo co kumenyana ari co kibafasha kumenya nimba muzohitamwo kwubakana canke guhagarika ubwo bugenzi. Mbere n’igihe ubwo bucuti buhagaze, urashobora kwigira ku vyagushikiye.

Niwibaze uti: Hoba hari ico ubwo bucuti bwanyigishije ku binyerekeye? Ivyabaye vyoba vyaratumye mbona ko hari ivyo nkeneye kuryohora? Ni ibiki nzohindura ninasubira gukundana n’uwundi?

a Kugira utahure ingene ukudahuza hagati y’umugabo n’umugore bishobora kugira ingaruka ku mubano wabo, raba ikiganiro kivuga ngo «Icofasha umuryango: Kutamera kumwe» n’ikivuga ngo «Ingene wobona mu buryo bwiza utunenge tw’uwo mwubakanye.»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika