IVYO TWIGIRA KURI YEZU
Gukorera ikibi abandi si wo muti
Abantu benshi muri iki gihe babona ko uburyo bwiza bwo gutorera umuti ingorane canke ukudahuza ari ugukorera abandi ikibi. Ariko ivyo biratandukanye cane n’ivyo Yezu yigishije hamwe n’ivyo yakora. Raba bimwebimwe mu vyo Yezu yigishije hamwe n’ivyo yakora.
Ivyo Yezu yigishije
Mu nsiguro imenyerewe Yezu yatanze ari ku musozi, yavuze ko gushavura canke gukorera ikibi abandi atari uburyo bwiza bwo gutorera umuti ukutumvikana. Raba bimwebimwe mu vyo yavuze.
«Ibintu vyose . . . mushaka ko abandi babagirira, namwe mutegerezwa kubibagirira.» (Matayo 7:12; Luka 6:31) Iyi mpanuro idusaba gufata abandi nk’uko twipfuza ko badufata. Kubera ko ata n’umwe muri twebwe yipfuza gufatwa nabi, turakwiye kugerageza kwubaha abantu bose no kubafata neza naho hoba hari ibintu tudahurizako.
«Uwugukubise ikofe kw’itama ry’iburyo muhindukirize n’irindi.» (Matayo 5:38, 39; Luka 6:29) Yezu ntiyariko arigisha ko tworeka abandi bakatugirira nabi. Biboneka ko indongozi z’amadini zigisha ko kwihora ata co bitwaye. Rero, Yezu yariko arakosora ico kinyoma. Yariko abwira abigishwa biwe yuko badakwiye kwihora ahubwo ko bakwiye kuguma batekanye igihe hari umuntu abafashe nabi.a
«Mubandanye gukunda abansi banyu.» (Matayo 5:43, 44; Luka 6:27) Yezu yigishije ko dukwiye gufata neza abantu batwanka canke baturenganya. Ntiyariko aravuga ko dukwiye gushigikira ivyo bikorwa vyabo bibi.b Ahubwo tubafashe neza birashobora kugabanya ishavu ryabo, bigatuma mu nyuma na bo badufata neza.
Ivyo Yezu yakoze be n’ivyo azokora muri kazoza
Yezu yigishije ko gukorera abandi ikibi atari wo muti, kandi ivyo yigisha ni na vyo yakora. Igihe Yezu yafatwa mw’ijoro ry’imbere y’uko yicwa, umwe mu bigishwa biwe yararwanye kugira amukingire. Ariko Yezu yamubwiye ati: «Subiza inkota yawe mu rwubati, kuko abarwanisha inkota bose bazokwicwa n’inkota.» (Matayo 26:52) Yezu yarakunda abansi biwe, akababarira abamufata nabi akongera akabasengera.—Luka 23:33, 34; 1 Petero 2:23.
Bibiliya ivuga ko Yezu ari Umutware w’amahoro kandi ko vuba agiye gukuraho ubukozi bw’ikibi bwose. (Yesaya 9:6, 7) Kugira umenye n’ibindi ku bijanye n’uwu muhango, nusome ikiganiro kivuga ngo «Ingene intambara n’imishamirano bizohera.»
a Wipfuza kumenya n’ibindi, soma ikiganiro kivuga ngo «Imvugo ngo “ijisho ku rindi” isobanura iki?»
b Wipfuza kumenya n’ibindi, soma ikiganiro kivuga ngo «“Gukunda abansi bawe” bisobanura iki?»