Courtesy Jamie Christiani/Bulletin of the Atomic Scientists
NUGUME URI MASO!
Isaha y’ikigereranyo y’umuhero iriko iregereza sasita z’ijoro
Ku wa 27 Nzero 2026, abahinga mu vya siyansi barunguruje urushinge rw’isahaa y’ikigereranyo yerekana umwanya usigaye kugira umuhero ushike. Kuri iyo saha, sasita z’ijoro zigereranya igihe umuhero w’isi uzoshika bivuye ku vyo abantu bakora.
«Komite y’ishirahamwe Bulletin of the Atomic Scientists ijejwe ivya siyansi be n’ivy’umutekano yarunguruje urushinge rw’isaha y’ikigereranyo y’umuhero. Ubu habura amasegonda 85 kugira sasita z’ijoro zigere, ivyo bikaba bisobanura ko umuhero uriko uregereza cane.»—Vyavuzwe n’ishirahamwe Bulletin of the Atomic Scientists.
«Abanyasiyansi bariko barakoresha iyo saha y’ikigereranyo kugira batubwire ubutumwa butomoye. Ibintu bishobora gutuma isi yononekara buhere biguma vyiyongera, abantu ntibashobora kuja hamwe ngo batorere umuti ivyo bibazo kandi ibintu birushiriza kwunyuka. Birakenewe rero ko ibintu bihinduka kandi birashoboka. Ariko abantu bo kw’isi yose barakwiye gusaba bashimitse yuko abategetsi babo bogira ico bakoze mu maguru masha.»—Vyavuzwe na Alexandra Bell, akaba ari umuyobozi w’ishirahamwe Bulletin of the Atomic Scientists.
None abantu be n’umubumbe wacu vyoba vyegereje guhona? Twoba dukwiye gutinya kazoza? Bibiliya ibivugako iki?
Ico kazoza katubikiye
Bibiliya ivuga ko ‘isi yamaho ibihe vyose’ kandi ko abantu «bazoyibako ibihe bidahera.» (Umusiguzi 1:4; Zaburi 37:29) Rero, abantu ntibazohonya isi canke ngo batume imera nabi ku buryo ata woyibako.
Naho biri ukwo, Bibiliya iravuga ibijanye n’iherezo. Nk’akarorero, iravuga ko «isi iriko irahera.»—1 Yohani 2:17.
Kugira umenye ico umuhero w’isi usobanura muri Bibiliya, nusome ikiganiro kivuga ngo «Isi yoba yimirije gukurwaho? Bibiliya yoba ivuga ko isi izovaho buhere?»
Kugira umenye ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’igihe umuhero uzozirako, nusome ikiganiro kivuga ngo «Umuhero w’isi uzoza ryari?»
Nugume ubona ibintu mu buryo bwiza
Bibiliya irashobora kudufasha kuguma tubona ibintu mu buryo bwiza naho hari ingorane mw’isi. Uti gute?
Bibiliya iraduha impanuro zidufasha mu buzima. (2 Timoteyo 3:16, 17) Nk’akarorero, nusome ikiganiro kivuga ngo «Ingene wokwirinda kwiganyira» kugira ngo ubone ukuntu Bibiliya yogufasha kuguma ubona ibintu mu buryo bwiza naho mu buzima dushikirwa n’ingorane nyinshi.
Bibiliya iratanga icizigiro nyakuri ku bijanye na kazoza. (Abaroma 15:4) Irasigura neza ivyo twokwitega muri iyi misi ya nyuma be n’ibizoshika muri kazoza. Kubimenya biradufasha kuguma dutekanye mu ngorane zishika muri iki gihe.
Kugira nawe urushirize gutahura Bibiliya, turagusavye wige ivyigwa vya Bibiliya dutanga ku buntu.
a “Isaha y’ikigereranyo y’umuhero ni isaha yakozwe kugira yereke abantu igihe gisigaye ngo isi isangangurwe bivuye ku buhinga buteye akaga abantu ubwabo bashizeho. Iyo saha ni ikigereranyo, ikaba ifasha abantu kubona ivyo bokosora nimba bipfuza kurusimba.”—Vyavuzwe na Bulletin of the Atomic Scientists.