ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwyp ikiganiro 124
  • Ni ibiki nokora kugira noroherwe no kuyagisha abandi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni ibiki nokora kugira noroherwe no kuyagisha abandi?
  • Urwaruka ruribaza
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kubera iki ari vyiza kuyaga n’umuntu amaso mu yandi?
  • Ingene wotanguza ikiyago
  • Uburyo bwo Kuryohora Ubuhanga bwo Kuyaga
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Gutanguza ikiyago kugira wamamaze akaryo kizanye
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Kwitwararika abandi
    Nukunde abantu ubahindure abigishwa
  • Nokora iki mfise amasoni?
    Urwaruka ruribaza
Ibindi
Urwaruka ruribaza
ijwyp ikiganiro 124
Umuhungu w’umuyabaga ariko araganira na bamwe mu bo bigana bariko barafungura.

URWARUKA RURIBAZA

Ni ibiki nokora kugira noroherwe no kuyagisha abandi?

Ng’ibi ivyo tuza kubona muri iki kiganiro:

  • Kubera iki ari vyiza kuyaga n’umuntu amaso mu yandi?

  • Ingene wotanguza ikiyago

  • Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Kubera iki ari vyiza kuyaga n’umuntu amaso mu yandi?

Abantu bamwebamwe bavuga ko kuvugana n’umuntu amaso mu yandi bigoye kandi ko bitesha umutwe, ariko bakabona ko kwandikiranira amamesaje vyoroshe kuruta.

«Igihe uriko uravugana n’umuntu amaso mu yandi biratesha umutwe kubera ko udashobora guhindura ivyo wamaze kuvuga canke ngo ubifute.»​—Vyavuzwe na Anna.

«Kwandikiranira amamesaje bimeze nka programa yafashwe amajwi, mu gihe na ho kuvugana n’umuntu amaso mu yandi bimeze nko gukurikirana ikiganiro ikibiriraho. Iyo ndiko ndavugana n’umuntu, nguma nibwira ko nkeneye kuguma ndi maso kugira simvuge amakosa.»​—Vyavuzwe na Jean.

Naho ari ukwo, hazogera igihe ukenera kumenya uburyo wokoresha mu kuyaga n’abantu amaso mu yandi. Nk’akarorero, ubwo buryo buzogufasha kumenya ingene woronka abagenzi bashasha, kuronka akazi no kukagumamwo canke kumenya ukuntu woyagisha umuntu wipfuza ko mukundana igihe uzoba ugeze.

Ariko rero, si ngombwa ngo ugire ubwoba igihe uriko urayaga n’abantu amaso mu yandi. Urashobora kwiga ingene wovyifatamwo naho woba ufise amasoni.

Akamenyetso k’itara.

Impanuro: Ntugire ubwoba bwo kuyaga n’abantu kubera ko wibaza ko uza kuvuga amakosa. Kumenya uburyo wokoresha mu kuyaga n’abantu bimeze nko kwiga kunyonga ikinga. Woshobora kugwa nk’incuro nka zingahe, ni ukuvuga ko vyoshobora gushika ukavuga amakosa, ariko uko ubandanya kuyaga n’abandi ni ko uzorushiriza kwumva worohewe no kubayagisha maze bisigare bikuryohera.

«Bizoshika rimwe na rimwe uvuge amakosa maze bitume wiyagiriza. Ariko rero, niwibuke ko udatunganye.»​—Vyavuzwe na Neal.

Ingene wotanguza ikiyago

  • Nubaze ibibazo. Niwiyumvire ibintu bishimisha abantu, uce utanguza ikiyago ufatiye kuri vyo. Nk’akarorero:

    «Ni ibibanza ibihe umaze gutemberamwo?»

    «Uru rubuga ruriko amakuru ashimishije. Woba umaze kurujako?»

    «Woba warumvise ivyerekeye . . . ?»

    Kugira uvuge udomako, niwiyumvire ikintu kimaze kubashikira mwempi canke kibaryohera. Nk’akarorero, mwoba mwigana canke mukorana? Nuce ubaza ikibazo ufatiye kuri ico kintu muhurizako?

    Abahungu babiri bariko baraganira bongera bafungura. Biboneka ko bariko baganira ivyerekeye umupira w’amaguru.

    «Niwiyumvire ibibazo ubona ko vyoshimisha abantu kandi wipfuza kumenya ico bavyibazako.»​—Vyavuzwe na Maritza.

    Akamenyetso k’itara.

    Impanuro: Ibibazo nk’ivyo biri aho haruguru, birashobora kugufasha gutanguza ikiyago. Igihe bishoboka, nubaze ibibazo bituma ikiyago kibandanya aho gutuma umuntu yishura ego canke oya. Nk’akarorero, kubaza ngo «Ni igice ikihe c’iyi sinema cakuryoheye? vyotuma vyoroha ko ikiyago kibandanya kuruta kubaza ngo «Iyi sinema yoba yakuryoheye?»

    Uriyubara: Niwirinde kubaza ibibazo vyinshi ku buryo bituma uwo muriko murayaga yumva umengo uriko uramusambisha. Vyongeye, niwirinde kwinjira mu buzima bwiwe. Ibibazo nk’ibi «Ni ikintu ikihe kigutera ubwoba cane?» canke «Ni kubera iki wama wambaye impuzu zisa n’ubururu?» birashobora gutuma umuntu yumva ubuyega. Ico kibazo ca kabiri coshobora gutuma umuntu yumva umengo uriko uramutora amahinyu.

    Urashobora kandi kwirinda kuboneka nk’aho uriko uramusambisha nk’igihe umubwira ico wiyumvira canke uko wiyumva ku bijanye n’ikibazo wipfuza kumubaza imbere y’uko akwishura canke inyuma y’aho. Mu yandi majambo, nutume haba ikiyago aho umwe wese atanga ivyiyumviro, ntibimere nk’ikiganiro co kubaza ibibazo.

    Umusore yambaye impuzu z’igipolisi, asa n’uwushavuye akaba ariko arandika ikintu ku rupapuro. Agahungu kari imbere yiwe karabana ubwoba gakanzwe n’itara rikamuritse mu maso.

    Ukuntu ubaza ibibazo vyoba bituma uwo muriko murayaga abona umengo uriko uramusambisha?

    Ico Bibiliya ivuga: «Inama yo mu mutima w’umuntu ni nk’amazi yo hasi mw ibenga, arik’umuntu w’umunyabgenge arayivoma.»​—Imigani 20:5, Bibiliya Yera.

  • Niwumvirize neza. Kugira ngo ikiyago kibandanye, birahambaye ko wumviriza neza aho kuguma uvuga.

    «Narafashe ingingo yo kurondera kumenya ikintu kimwe gishasha cerekeye uwo turiko turaganira. Mu nyuma, ndagerageza kwibuka ivyo uwo twayaze yambwiye kugira menye ikibazo nomubaza mu kiyago gikurikira.»​—Vyavuzwe na Tamara.

    Akamenyetso k’itara.

    Impanuro: Ntuhagarike umutima bishitse ntumenye ico wovuga kugira ikiyago kibandanye. Niwiyumvire ibintu bigukikuje. Woba uri kw’ishure, ku kazi, ku rubanza canke ahandi hantu? Ahantu uri harashobora kugufasha kumenya ivyo mwoyaga. Nk’akarorero, urashobora kubaza uwo mukorana uti: «Woba ufata urugendo rurerure kugira ushike ku kazi?»

    Uriyubara: Ntuhagarike umutima ku bijanye n’ivyo uza kuvuga ubukurikira. Wumvirije witonze, woshobora kugira ico uvuze ku bijanye n’ivyo uwo muriko murayaga yavuze.

    Ico Bibiliya ivuga: ‘Nunyaruke kwumva, utebe kuvuga, utebe gushavura.’​—Yakobo 1:19.

  • Niwerekane ko witwararika abandi. Niwitwararika uwo muriko murayaga, uzorushiriza guhimbarirwa ikiyago muzogiranira.

    Abigeme babiri bicaye ku ntebe barabana. Umwe muri bo ariko yumviriza yitonze igihe mugenzi we ariko aramuyagira.

    «Niwatuma uwo muriko murayaga yumva ko witwararika vy’ukuri ivyo avuga, ikiyago kizoryoha naho vyoshika rimwe na rimwe ukagira ubuyega.»​—Vyavuzwe na Marie.

    Akamenyetso k’itara.

    Impanuro: Nukeze uwo muriko murayaga ubikuye ku mutima uce umubaza akabazo. Nk’akarorero, womubaza uti: «Wambaye impuzu nziza. Wayikuye hehe?»

    Uriyubara: Ntumwinjirire mu buzima. Kumubwira ngo «Wambaye impuzu nziza. Wayiguze angahe?» vyoshobora gutuma yumva ko utamwubashe.

    Ico Bibiliya ivuga: «Ntimugume muraba ivyanyu gusa, ariko murabe n’ivy’abandi.»​—Abafilipi 2:4.

Ni gute worangiza ikiyago? Uwukiri muto umwe yitwa Jordan avuga ati: «Nugerageze kurangiriza ikiyago ku ciyumviro ciza. Urashobora kuvuga ngo “Nahimbawe no kuganira nawe” canke ngo “Uze kugira umusi mwiza.” Ivyo vyocira inzira ikiyago muzogiranira nimwasubira guhura.»

Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

  • Bethel.

    «Kwiga ukuntu woganira n’abandi, bimeze nko kwiga ururimi rushasha. Mu ntango ntivyoroha, ariko uko ugira utwigoro kandi ukimenyereza urateba ukabishobora.»​—Vyavuzwe na Bethel.

  • Isaac.

    «Igihe uwundi muntu ariko arakuvugisha niwumvirize witonze. Numurabe mu maso ariko aravuga. Niwemeze n’umutwe igihe ushimye ivyo ariko aravuga. Numwenyure. Abantu bararyoherwa igihe werekanye ko uriko urabumviriza.»​—Vyavuzwe na Isaac.

  • Kate.

    «Mu ntango kuyagisha abandi vyarampagarika umutima. Mbere n’ubu biranshikira rimwerimwe. Ariko igihe nitwararitse uwo muntu aho gushira umutima ku kuntu niyumva, biramfasha cane.»​—Vyavuzwe na Kate.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika